Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 23

“Izina ryawe niryezwe”

“Izina ryawe niryezwe”

“Ewe Yehova, izina ryawe ni iryo gushika igihe kitagira urugero.”​—ZAB. 135:13.

URURIRIMBO RWA 10 Shemeza Yehova Imana yacu!

INCAMAKE *

1-2. Ni ibibazo ibihe Ivyabona vya Yehova babona ko bihambaye?

HARIHO ibibazo bihambaye bituraba muri iki gihe, na vyo bikaba ari ubusegaba bwa Yehova be n’ukwemezwa kw’izina ryiwe. Twebwe Ivyabona vya Yehova, turakunda kuvuga ibijanye n’ivyo bibazo bihambaye. Ariko ntituba dushaka kwerekana ko ubusegaba bwa Yehova be n’ukwezwa kw’izina ryiwe ari ibintu bidafitaniye isano.

2 Twese turemera ko izina ry’Imana ritegerezwa gukurwako iceyi ryasizwe. Turatahura kandi yuko ubusegaba bwa Yehova, ni ukuvuga uburyo ategeka, butegerezwa kugaragara ko ari bwo bubereye kuruta. Ivyo bibazo vyompi birahambaye kuri twebwe.

3. Izina Yehova ririmwo n’iki?

3 Muri rusangi, mw’izina Yehova harimwo ibintu vyose vyerekeye Imana, ushizemwo n’uburyo itegeka. Igihe rero tuvuze ko gukura iceyi kw’izina rya Yehova ari co kintu gihambaye kuruta vyose, tuba kandi tuvuze ko uburyo Yehova ategeka butegerezwa kugaragara ko ari bwo bubereye kuruta. Izina rya Yehova rirafitaniye isano rya hafi n’uburyo ategeka nka Segaba Mushoboravyose.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ibibazo bifitaniye isano na ca kibazo gihambaye.”

4. Muri Zaburi 135:13 hadondora gute izina ry’Imana, kandi muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

4 Izina Yehova ntirisanzwe. (Soma Zaburi 135:13.) Ni igiki none gituma izina ry’Imana riba irihambaye gutyo? Ryatanguye kwambikwa ibara gute? Imana irigira ryeranda gute? Vyongeye, twoburanira gute izina ryayo? Ivyo bibazo ni vyo tugiye kurimbura.

IZINA NI IKINTU GIHAMBAYE

5. Ni ikibazo ikihe umuntu yokwibaza ku bijanye no kweza izina ry’Imana?

5 “Izina ryawe niryezwe.” (Mat. 6:9) Ico ni co Yezu yavuze ko twoshira imbere mw’isengesho. None ayo majambo asobanura iki? Kweza ikintu bisobanura kukigira ceranda, kugihumanura, canke kugityorora. Ariko rero, umuntu yokwibaza ati: ‘None izina rya Yehova ntirisanzwe ari ryeranda, canke rityoroye?’ Kugira ngo twishure ico kibazo, turakeneye kubanza kumenya ico izina risobanura.

6. Ni igiki gituma izina rigira agaciro?

6 Izina si ijambo gusa umuntu avuga canke yandika ku rupapuro. Bibiliya ivuga iti: “Wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi.” (Imig. 22:1; Umus. 7:1) Kubera iki none izina rifise agaciro nk’ako? Kubera ko izina ririmwo n’ukuntu umuntu azwi, ni ukuvuga ivyo abandi biyumvira kuri nyeneryo. Igihambaye cane rero si ukuntu izina ryandikwa canke ryaturwa. Ahubwo igihambaye kuruta, ni ico abandi baca babona mu bwenge igihe babonye iryo zina canke baryumvise.

7. Abantu basize gute iceyi izina ry’Imana?

7 Igihe abantu bavuze ibinyoma ku bijanye na Yehova, baba bariko baramucafuza. Iyo bamucafuje, baba bariko barasiga iceyi izina ryiwe. Izina ry’Imana be n’ukuntu izwi vyatanguye gusigwa iceyi haheze igihe gito abantu batanguye kubaho. Nimuze turimbure ico tuvyigirako.

INGENE RYA ZINA RYATANGUYE GUTYOZWA

8. Ni ibiki Adamu na Eva bari bazi, kandi ni ibibazo ibihe twokwibaza?

8 Adamu na Eva bari bazi izina rya Yehova, n’ibindi bintu bihambaye ku bijanye na nyeneryo. Bari bazi ko ari Umuremyi wabo, uwabahaye ubuzima, Iparadizo nziza yo kubamwo be n’umubano utunganye. (Ita. 1:26-28; 2:18) Ariko none boba bogumye bazirikana ku vyo Yehova yari yarabakoreye vyose? Boba bogumye bakunda nyene iryo zina kandi bakamukengurukira? Igihe umwansi w’Imana yabagerageza, inyishu z’ivyo bibazo zaciye zitomoka.

9. Twisunze Itanguriro 2:16, 17 na 3:1-5, Yehova yabwiye iki Adamu na Eva, kandi ni gute Shetani yagoretse ukuri?

9 Soma Itanguriro 2:16, 17 na 3:1-5. Shetani akoresheje inzoka, yabajije Eva ati: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?” Ico kibazo carimwo ikinyoma kitibonekeza kimeze nk’ubumara bwihishije. Mu vy’ukuri, Imana yari yavuze yuko boriye ku biti vyose, uretse kimwe conyene. Ibifungurwa Adamu na Eva bari bafise vyari ubwoko butandukanye. (Ita. 2:9) Emwe, Yehova aratanga cane kuko yari yabujije Adamu na Eva kurya ku giti kimwe gusa. Ico kibazo ca Shetani rero caragoretse ukuri. Shetani yabaye nk’uwerekana yuko Imana ari umwimanyi. Eva ashobora kuba yaciye yibaza ati: ‘Ubwo ntihari ikintu ciza Imana ishaka kunyima?’

10. Ni gute Shetani yatyoje imbonankubone izina ry’Imana, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

10 Gushika ico gihe, Eva yari akibona ko Yehova ari we Mutware wiwe. Mu kwishura Shetani, Eva yasubiyemwo ubuyobozi butomoye Imana yari yarabahaye iti: “Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.” Yari azi ko Imana yabagabishije ko kugambarara vyobakwegeye urupfu. Ariko Shetani yaciye amubwira ati: “Haba namba ntimuzopfa.” (Ita. 3:2-4) Shetani ntiyari acihishije. Yari atyoje imbonankubone izina ry’Imana, akaba yari abwiye Eva ko Yehova ari umubeshi. Gutyo, Shetani yari acitse umubesheranyi, canke uwambika ibara abandi. Eva yari ahenzwe bimwe bibi, na we aremera ikinyoma ca Shetani. (1 Tim. 2:14) Yaramwizigiye aho kwizigira Yehova. Ivyo vyatumye Eva afata ingingo mbi cane yo kugambararira Yehova, ararya ku camwa Yehova yari yarababujije. Mu nyuma yarahayeko Adamu, na we ararya.​—Ita. 3:6.

11. Ni ibiki abavyeyi bacu ba mbere bari bakwiye gukora?

11 Zirikana gato ku vyo Eva yari akwiye kubwira Shetani. Ibaze nk’iyo aza kumubwira ati: “Wewe sindakuzi, ariko Umuvyeyi wanje Yehova we ndamuzi, ndamukunda kandi nkamwizigira. Twe n’umugabo wanje Adamu, ivyo dufise vyose ni we yabiduhaye. Wubahuka gute kumuvugako ikintu nk’ico? Ja hiyo!” Emwe, Yehova yari guhimbarwa no kwumva amajambo nk’ayo aranga ukudahemuka avugwa n’umukobwa wiwe yikundira! (Imig. 27:11) Ariko rero Eva ntiyakunze Yehova urukundo rudahemuka, eka na Adamu ni ukwo. Kubona Adamu na Eva batakunda Umuvyeyi wabo urukundo nk’urwo, vyatumye bananirwa kuburanira izina ryiwe ngo ntirityozwe.

12. Shetani yabivye inkeka gute mu bwenge bwa Eva, kandi ni igiki Adamu na Eva bananiwe gukora?

12 Nk’uko twabibonye, Shetani yatanguye kubiba inkeka mu bwenge bwa Eva. Ivyo yabigize mu gutuma Eva agira amakenga ko Yehova yari ameze ukundi. Ivyo vyatumye Adamu na Eva bananirwa kuburanira izina rya Yehova. Barirekeranye bituma bemera iciyumviro ca Shetani co kugarariza Umuvyeyi wabo. N’ubu Shetani akoresha amayeri nk’ayo nyene. Acafuza izina rya Yehova mu kurityoza. Abemera ibinyoma vya Shetani, biroroha ko abosha gutera akagere ubutegetsi bwa Yehova bugororotse.

YEHOVA AREZA IZINA RYIWE

13. Muri Ezekiyeli 36:23 herekana gute ubutumwa nyamukuru buri muri Bibiliya?

13 None Yehova yoba yirengagiza ukwo kwambikwa ibara? Habe namba! Ibivugwa muri Bibiliya yose, birerekana ingene Yehova yagiye aragira ico akoze kugira ngo yikureko iceyi yasizwe muri Edeni. (Ita. 3:15) Muri make rero, twovuga ko ubutumwa nyamukuru buri muri Bibiliya ari ubu: Yehova areza izina ryiwe kandi agatuma isi isubira kurangwamwo amahoro n’ubugororotsi biciye ku Bwami buganzwa n’Umwana wiwe. Bibiliya irimwo amakuru adufasha gutahura ingene Yehova abigenza mu kweza izina ryiwe.​—Soma Ezekiyeli 36:23.

14. Ingene Yehova yavyifashemwo ku bijanye n’ubugarariji bwo muri Edeni vyejeje gute izina ryiwe?

14 Nta co Shetani atakoze kugira ngo aburabuze umugambi wa Yehova. Ariko vyagumye bimuta ku w’amazi. Bibiliya yerekana ko Yehova yagiye aragira ico akoze, ikerekana n’uko ata wuriho ameze nka Yehova Imana. Mu vy’ukuri, Yehova yaratuntujwe cane n’ubugarariji bwa Shetani n’abifadikanije na we bose. (Zab. 78:40) Ariko rero ico kibazo yagitunganije akoresheje ubukerebutsi, ukwihangana n’ubutungane. Yarerekanye kandi ko ari Mushoboravyose mu buryo butandukanye. Ikiruta vyose, urukundo rwiwe rurigaragaza mu vyo akora vyose. (1 Yoh. 4:8) Yehova yagumye akora adahengeshanya kugira ngo yeze izina ryiwe.

Shetani yarahenze Eva ku vyerekeye Yehova, kandi mu binjana n’ibindi yarabandanije kwambika ibara Imana (Raba ingingo ya 9-10, 15) *

15. Shetani ariko atyoza gute izina ry’Imana, kandi bivamwo iki?

15 N’ubu Shetani aracambika ibara izina ry’Imana. Aratuma abantu bakekeranya nimba Imana ifise ububasha, ubutungane, ubukerebutsi n’urukundo. Nk’akarorero, aragerageza kujijura abantu ko Yehova atari Umuremyi. Abemera ko Imana ibaho na bo, aca agerageza kubumvisha ko amategeko yayo atuzitira kandi ko arimwo akarenganyo. Araheba akigisha abantu ko Yehova ari Imana ruburakigongwe ituririra abantu mu muriro. Iyo bemeye ivyo binyoma, bica vyoroha ko batera intambwe ikurikira, na yo ikaba ari ugutera akagere ubutegetsi bwa Yehova bugororotse. Igihe cose Shetani azoba atarakurwaho burundu, azobandanya isekeza ryiwe ryo kwambika ibara Yehova, kandi na wewe azorondera ko umwiyungako. None yoba azororanirwa?

URUHARA RWAWE MURI CA KIBAZO GIHAMBAYE

16. Ni igiki ushobora gukora cananiye Adamu na Eva?

16 Yehova aratera iteka abantu badatunganye ryo kugira uruhara mu kwezwa kw’izina ryiwe. Urashobora rero gukora ico Adamu na Eva bananiwe gukora. Naho turi mw’isi yuzuyemwo abantu batyoza izina rya Yehova kandi barirogotako, uri n’akaryo ko guhaguruka ukavuga ukuri yuko Yehova ari mweranda, agororotse, ameze neza kandi akundana. (Yes. 29:23) Urashobora gushigikira uburyo ategeka. Urashobora kwerekana ko ari bwo bugororotse vy’ukuri, kandi ko ari bwo buzotuma ibiremwa vyose bigira amahoro n’agahimbare.​—Zab. 37:9, 37; 146:5, 6, 10.

17. Yezu yamenyekanishije gute izina rya Se?

17 Iyo tuburaniye izina rya Yehova, tuba twiganye Yezu Kristu. (Yoh. 17:26) Yezu ntiyamenyesheje izina rya Se mu kurikoresha gusa, ariko yabigize no mu kumuburanira. Nk’akarorero, yarabeshuje Abafarizayo, abatuma abantu babona umengo Yehova ni ruburakigongwe, asaba amananiza, ategereka kandi atagira imbabazi. Yezu we yarafashije abantu kubona ko Se wiwe akora ibitegereka, yihangana, akundana, be n’uko yuzuye imbabazi. Vyongeye, yarafashije abantu kumenya Yehova biciye ku kuntu yabaho yigana kamere za Se ata gahaze.​—Yoh. 14:9.

18. Twokora iki kugira tubeshuze ibinyoma abarwanya Yehova bamuvugako?

18 Nk’uko kwa Yezu, na twebwe turashobora kubwira abandi ivyo tuzi ku bijanye na Yehova, mu kubigisha ko ari Imana y’urukundo kandi imeze neza. Ivyo tubigize, tuba tubeshuje ibinyoma bivugwa kuri Yehova, tukamukurako n’iceyi asigwa. Tuba twejeje izina rya Yehova, tugatuma abantu batamwiyumvira ukutari kwo. Na twebwe turashobora kwigana Yehova naho turi abanyagasembwa. (Ef. 5:1, 2) Igihe ivyo tuvuga n’ivyo dukora vyeretse abantu uko Yehova ameze vy’ukuri, tuba tugize uruhara mu kweza izina ryiwe. Igihe na ho dufashije abantu kuvavanura n’inyigisho zitari zo bafise ku vyerekeye Yehova, tuba twemeje izina ryiwe. * Vyongeye, tureza izina ry’Imana igihe tugumye turi intahemuka naho tudatunganye.​—Yobu 27:5.

Twipfuza gufasha abo twigisha Bibiliya gutahura ko Yehova ari Imana imeze neza kandi ikundana (Raba ingingo ya 18-19) *

19. Muri Yesaya 63:7 hadufasha gute kubona intumbero dukwiye kuba dufise igihe twigisha abandi?

19 Raba ikindi cigwa gihambaye twoshira mu ngiro. Igihe twigisha abandi ukuri kwo muri Bibiliya, turakunda gushimika ku busegaba bwa Yehova, tukababwira ko afise uburenganzira bwo kugaba no kuganza ibiriho vyose, kandi ukwo ni ukuri kwuzuye. Ariko rero, naho bihambaye ko tubigisha amategeko y’Imana, intumbero nyamukuru ni iyo kubafasha gukunda Umuvyeyi wacu Yehova no kuba intahemuka kuri we. Ku bw’ivyo rero, turakwiye gushimika kuri kamere nziza za Yehova, tukabafasha gutahura ukuntu nyene iryo zina ameze. (Soma Yesaya 63:7.) Tubigenjeje gutyo, tuzofasha abandi gukunda Yehova no kumugamburukira babitumwe n’icipfuzo co kutamuhemukira.

20. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

20 Inyuma yo kurimbura akamaro ko kweza izina rya Yehova, turashobora guca twibaza duti: Twokwiyemeza gute ko uburyo twigisha be n’ukuntu twigenza, bituma abandi babona neza izina rya Yehova maze bakamwiyegereza? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ico kibazo.

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

^ ing. 5 Ni ikibazo ikihe gihambaye kiraba abantu bose be n’abamarayika? Ni ibiki bituma ico kibazo kiba igihambaye cane, kandi kituraba gute? Kumenya inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi bifitaniye isano, biraza gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova.

^ ing. 18 Ibitabu vyacu vyarigeze kuba bivuga ko izina rya Yehova ridakeneye kwemezwa kubera ko ata wahaririye nimba afise uburenganzira bwo kuryitwa. Ariko rero, kw’Ikoraniro rya buri mwaka ryo mu 2017, twaratahuye ibintu mu bundi buryo. Umuhagarikizi yavuze ati: “Bisobanura gusa ko atari bibi gusenga dusaba ko izina rya Yehova ryemezwa kubera ko mu vy’ukuri ukuntu azwi gukeneye kwambikwa izera.”​—Raba kuri jw.org ikiganiro ca buri kwezi co muri Nzero 2018. Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > TELEVIZIYO YA JW.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Shetani yarambitse ibara Imana mu kubwira Eva ko Imana ari umubeshi. Mu binjana vyakurikiye, Shetani yaratumye abantu bemera inyigisho z’ibinyoma, nk’iyivuga ko Imana ari ruburakigongwe be n’uko itaremye abantu.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya, arashimika ku kuntu Imana imeze.