Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

“Icamwa c’impwemu” coba kigizwe gusa na kamere zivugwa mu Bagalatiya 5:22, 23?

Iyo mirongo iravuga kamere icenda abakirisu bakwiye gutsimbataza, iti: “Icamwa c’impwemu ni urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.” Ariko rero, ntidukwiye kubona ko izo ari zo kamere zonyene impwemu y’Imana ishobora kudufasha gutsimbataza.

Raba ivyo intumwa Paulo yavuze mu mirongo y’imbere y’aho, ati: “Ibikorwa vy’umubiri . . . [ni] ubusambanyi, ubuhumane, ubushirasoni, ugusenga ibigirwamana, gukora ivy’ubupfumu, inzankano, ugushihana, ishari, ukwiguburiza kw’ishavu, amahane, amacakubiri, imice, inzigo, ukunywera akaborerwe, ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo.” (Gal. 5:19-21) Paulo rero yari gushobora kuvuga n’ibindi bintu biri mu bigize “ibikorwa vy’umubiri,” nk’ibivugwa mu Bakolosayi 3:5. Muri ubwo buryo nyene, arangije kuvuga za kamere nziza icenda, yaciye agira ati: “Ibintu mwene ivyo nta tegeko ribibuza.” Ntitwovuga rero ko Paulo yadondaguye kamere nziza zose dushobora gutsimbataza tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda.

Ivyo bica vyigaragaza tugereranije urutonde rw’izo kamere nziza be n’ivyo Paulo yandikiye ishengero ry’i Efeso. Yanditse ati: “Ivyamwa vy’umuco bigizwe n’ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri.” (Ef. 5:8, 9) Ego cane, cokimwe n’ubugororotsi be n’ukuri, “ukumera neza” kuri mu bigize “ivyamwa vy’umuco,” kukaba kandi ari kimwe mu bigize “icamwa c’impwemu.”

N’ikindi kandi, Paulo yahimirije Timoteyo gukurikirana kamere nziza zitandatu, ari zo “ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana, ubwitonzi.” (1 Tim. 6:11) Zitatu muri izo kamere (ukwizera, urukundo, ubwitonzi) ni zo gusa dusanga mu zigize “icamwa c’impwemu.” Ariko rero Timoteyo yokeneye no gufashwa n’impwemu kugira ngo atsimbataze n’izo zindi kamere zisigaye, ari zo ubugororotsi, ukwihebera Imana n’ukwihangana.​—Gereranya n’​Abakolosayi 3:12; 2 Petero 1:5-7.

Ku bw’ivyo rero, mu Bagalatiya 5:22, 23 ntihavuga kamere zose abakirisu bakwiye gutsimbataza. Impwemu y’Imana irashobora kudufasha gutsimbataza ya mice icenda y’“icamwa c’impwemu.” Ariko rero, hariho n’izindi kamere dutegerezwa gutsimbataza uko turushiriza kuba abakirisu bahumuye, gutyo “[t]ukambara wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.”​—Ef. 4:24.