Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 27

Ntitwiyumvire ko duhambaye kuruta uko tubwirizwa kwiyumvira

Ntitwiyumvire ko duhambaye kuruta uko tubwirizwa kwiyumvira

“Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye.”​—ROM. 12:3.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

INCAMAKE *

1. Twisunze Abafilipi 2:3, ni gute kwicisha bugufi bituma tugiranira ubucuti bwiza n’abandi?

TURAGAMBURUKIRA Yehova twicishije bugufi kubera tuzi ko yama azi icotubera ciza kuruta. (Ef. 4:22-24) Iyo twicisha bugufi biratuma dushira imbere ivyo Yehova agomba aho gushira imbera ivyacu, bikanatuma tubona yuko abandi baturuta. Ivyo bica bituma tugiranira ubucuti bwiza na Yehova be n’abo dusangiye ukwizera.​—Soma Abafilipi 2:3.

2. Ni igiki intumwa Paulo yatahura, kandi turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Ariko rero tutabaye maso, twoshobora kwandukirwa n’agatima k’abantu bo muri iyi si ya Shetani bibona kandi bikunda. * Biboneka ko ari vyo vyariko birashikira abakirisu bamwebamwe mu kinjana ca mbere. Intumwa Paulo yandikiye Abaroma ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye.” (Rom. 12:3) Paulo yaratahura ko dukenera kwumva ko turi n’agaciro ku rugero kanaka. Yamara rero, kwicisha bugufi bizodufasha kugira uburimbane mu kuntu tubona ibitwerekeye. Muri iki kiganiro turarimbura ingene kwicisha bugufi bituma twirinda kwiyumvira ko turi agakomeye muri iyi mice itatu: (1) umubano wacu, (2) uduteka dufise tw’umurimo, (3) ingene dukoresha imbuga hwaniro.

NIWICISHE BUGUFI MU MUBANO WANYU

3. Kubera iki abubakanye bashobora kugira ivyo batumvikanako, kandi bamwebamwe baca bavyifatamwo gute?

3 Yehova yatanguje umubano w’ababiranye kugira utume umugabo n’umugore bagira agahimbare. Ariko kubera ata n’umwe muri bo atunganye, harashobora kuba ivyo batumvikanako. Nkako, Paulo yanditse yuko abubaka bazogira amakuba. (1 Kor. 7:28) Hari ababona ko bama bariko barashwana n’abo bubakanye, bagaca bashika ku ciyumviro c’uko batari bakwiranye. Nimba barohejwe n’isi hoho, baca babona ko kwahukana ari wo muti. Kubera ko biyumvira ivyabo gusa, baca bibwira ko bahukanye ari ho bogira agahimbare.

4. Dukwiye kwirinda iki?

4 Turakwiye kwirinda kubona ko umubano wacu utakivayo. Turazi ko imvo yonyene yo kwahukana ishingiye ku Vyanditswe ari ubusambanyi. (Mat. 5:32) Igihe rero turi muri ya makuba Paulo yavuga, ntidukwiye kureka ngo ubwibone butume dutangura kwibwira duti: ‘Uwu mubano woba undonsa ivyo nkeneye? Uwo twubakanye yoba ankunda nk’uko ndabibereye? Ubwo sinorushiriza guhimbarwa nirondereye uwundi?’ Muri ivyo bibazo, woba wabonyemwo ubwikunzi? Ubwenge bw’isi bwoshobora gutuma wumvira umutima wawe maze ugakora ibiguhimbara, naho vyoba bisaba ko usambura umubano wanyu. Ubukerebutsi buva ku Mana bwobwo buvuga ngo umuntu “ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.” (Flp. 2:4) Yehova yipfuza ko ukingira umubano wanyu aho kuwusambura. (Mat. 19:6) Ashaka ko umushira imbere, aho kwishira imbere.

5. Twisunze Abanyefeso 5:33, abubakanye bakwiye gufatana gute?

5 Abubakanye bakwiye gukundana no kwubahana. (Soma Abanyefeso 5:33.) Bibiliya itwigisha gushira umutima ku gutanga aho kuwushira ku guhabwa. (Ivyak. 20:35) None ni kamere iyihe ishobora gufasha abubatse gukundana no kwubahana? Ni ukwicisha bugufi. Abagabo n’abakenyezi bicisha bugufi ntibarondera akarusho kabo bwite, mugabo barondera “ak’uwundi.”​—1 Kor. 10:24.

Aho gushihana, abubakanye bicisha bugufi basenyera ku mugozi umwe (Raba ingingo ya 6)

6. Ivyo Steven na Stephanie bavuze bikwigisha iki?

6 Ukwicisha bugufi kwarafashije abubakanye benshi bararushiriza kugira agahimbare mu mubano wabo. Nk’akarorero, uwitwa Steven avuga ati: “Iyo mwunze ubumwe, murasenyera ku mugozi umwe, canecane igihe hari ingorane. Aho kwibaza ngo ‘ni igiki combera ciza kuruta?’ ukwiye kwibaza ngo ‘ni igiki cotubera ciza kuruta?’” Umukenyezi wiwe Stephanie, na we nyene ni ko abibona. Agira ati: “Nta wipfuza kubana n’uwo baguma bashihana. Iyo rero hadutse amatati, turagerageza kumenya icabitumye. Turasenga, tukagira ubushakashatsi maze tukabiganirako. Duhangana n’iyo ngorane aho guhangana hagati yacu.” Vy’ukuri, abubatse barahungukira cane igihe birinze kwiyumvira ko bahambaye kuruta abo bubakanye.

NUKORERE YEHOVA URI “N’UKWIYOROSHA KWO MU MUZIRIKANYI”

7. Igihe umuvukanyi aronse ibanga akwiye kuvyifatamwo gute?

7 Gukorera Yehova mu vyo dushoboye vyose ni agateka. (Zab. 27:4; 84:10) Igihe umuvukanyi yitanze kugira aterwe agateka kadasanzwe k’umurimo, arakwiye gukezwa. Nkako Bibiliya igira iti: “Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi, aba yipfuje igikorwa ciza.” (1 Tim. 3:1) Yamara rero igihe aronse ibanga, ntakwiye guca yiyumvira ko aruta abandi. (Luka 17:7-10) Intumbero yiwe ikwiye kuba iyo gusukurira abandi yicishije bugufi.​—2 Kor. 12:15.

8. Twigira iki kuri Diyotirefe, Uziya na Abusalomu?

8 Bibiliya irimwo inkuru zo kutuburira zerekeye abantu bagaragaje ubwibone. Nk’akarorero, Diyotirefe ntiyifata ruto kuko yarondera kugira “ikibanza ca mbere” mw’ishengero. (3 Yoh. 9) Uziya na we n’ubwibone n’akantu, yagerageje gukora igikorwa Yehova atari yaramujeje. (2 Ngo. 26:16-21) Abusalomu wewe abigiranye uruyeri, yagerageje kwigarurira imitima y’abanyagihugu arondera kuba umwami. (2 Sam. 15:2-6) Nk’uko inkuru z’abo bantu zivyerekana neza, Yehova ntahimbarwa n’abantu barondera ubuninahazwa bwabo bwite. (Imig. 25:27) Bitebe bitebuke, ubwibone no kurondera icubahiro nta kindi bivamwo atari akaga.​—Imig. 16:18.

9. Yezu yadusigiye akarorero gute?

9 Mu buryo butandukanye n’ubwo burorero bubi, rimbura akarorero ka Yezu. Bibiliya igira iti: “Uyo naho yari ameze nk’Imana, ntiyiyumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana.” (Flp. 2:6) Naho Yezu ari we agira kabiri kuri Yehova, ntiyigeze yishira hejuru. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese [ni] we mukuru.” (Luka 9:48) Ese ukuntu bihimbaye gukorana n’abatsimvyi, abakozi b’ishengero, abakurambere n’abacungezi b’imizunguruko bigana Yezu mu kwicisha bugufi. Abasavyi ba Yehova bicisha bugufi baragaragaza urukundo, ari na rwo ruranga abasavyi b’Imana b’ukuri.​—Yoh. 13:35.

10. Wokora iki nimba ubona umengo mw’ishengero hari ingorane zitariko ziritwararikwa neza?

10 Bite ho nimba ubona umengo mw’ishengero hari ingorane zisa n’izitariko ziritwararikwa neza? Aho kwidoga, urakwiye kwicisha bugufi mu gushigikira abatuja imbere. (Heb. 13:17) Kugira ubishikeko, niwibaze uti: ‘Ingorane mbona zoba vy’ukuri zikomeye cane ku buryo zitegerezwa kwicarirwa? Ubu coba ari co gihe kibereye co kuzicarira? Noba ari jewe njejwe kuzicarira? Ntabeshe, noba vy’ukuri ndiko ndondera kuremesha ubumwe mw’ishengero canke ndiko ngerageza kwishira hejuru?’

Abajejwe amabanga ntibakwiye kumenyekana gusa ko bafise ububangukirwe, ariko kandi bakwiye kumenyekana ko bicisha bugufi (Raba ingingo ya 11) *

11. Twisunze Abanyefeso 4:2, 3, gukorera Yehova twicishije bugufi bivamwo iki?

11 Yehova araha agaciro abicisha bugufi kuruta abafise ububangukirwe, be n’abaremesha ubumwe kuruta abakora vyinshi. Ku bw’ivyo, nukore uko ushoboye usukurire Yehova wicishije bugufi. Gutyo uzoremesha ubumwe mw’ishengero. (Soma Abanyefeso 4:2, 3.) Niwamamaze ubigiranye umwete. Nurondere uturyo two gufasha abandi mu kubakorera ibintu biranga umutima mwiza. Nube umwakiranyi kuri bose, ushizemwo n’abadafise uduteka mw’ishengero. (Mat. 6:1-4; Luka 14:12-14) Niwakorana n’ishengero wifashe ruto, abandi ntibazobona gusa ko ufise ububangukirwe, ariko n’igihambaye kuruta, bazobona ko wicisha bugufi.

NIWICISHE BUGUFI IGIHE UKORESHA IMBUGA HWANIRO

12. Bibiliya yoba ituremesha kugira abagenzi? Sigura.

12 Yehova yipfuza ko duhimbarwa no kwifatanya n’incuti be n’abagenzi. (Zab. 133:1) Yezu na we nyene yari afise abagenzi beza. (Yoh. 15:15) Na Bibiliya iratubwira ivyiza vyo kugira abagenzi b’ukuri. (Imig. 17:17; 18:24) Vyongeye ivuga ko atari vyiza kwigungira ukwa twenyene. (Imig. 18:1) Hari benshi babona ko imbuga hwaniro zituma baronka abagenzi benshi kandi zigatuma batagira irungu. Yamara rero, turakwiye kwiyubara igihe dukoresha ubwo buryo bwo guhanahana amakuru.

13. Kubera iki bamwebamwe mu bakoresha imbuga hwaniro bishika bakicwa n’irungu be n’ukuvunika umutima?

13 Ivyigwa vyagizwe birerekana ko abamara umwanya munini baraba ivyashizwe kuri izo mbuga hwaniro, amaherezo bishika bakicwa n’irungu be n’ukuvunika umutima. Uti kubera iki? Imvo imwe ni uko abantu usanga akenshi bashira kuri izo mbuga amafoto yerekana gusa ibiringo bihimbaye vy’ubuzima bwabo, nk’amafoto yabo mezameza, abagenzi babo be n’ibibanza vyizavyiza batembereyemwo. Uwuravye ayo mafoto yoshobora kwigereranya na bo agaca abona umenga yarasizwe n’amajambere, mbere ko ata co akimaze. Mushiki wacu umwe w’imyaka 19 yiyemerera ati: “Igihe nabona ingene abandi biryoheye cane mu mpera z’imishamvu nanje ndi muhira nishwe n’irungu, naciye ntangura kwumva niyanse.”

14. Impanuro dusanga muri 1 Petero 3:8 yodufasha gute mu bijanye no gukoresha imbuga hwaniro?

14 Ego ni ko imbuga hwaniro zirashobora kuba kirumara. Nk’akarorero, ziradufasha kuguma duhanahana amakuru n’incuti be n’abagenzi. Ariko none, woba umaze kubona ko bimwe mu vyo abantu bazishirako ari ivyo kwiyerekana? Ni nk’aho baba bashaka kuvuga ngo “Mwambonye?” Hari mbere n’abashira amajambo atsitaza canke ateye isoni ku mafoto yabo bwite canke ku mafoto abandi bashizeko. Ivyo na vyo nyene ntibiranga ukwicisha bugufi canke impuhwe abakirisu baremeshwa kugaragaza.​—Soma 1 Petero 3:8.

Ivyo ushira ku mbuga hwaniro vyoba bituma abandi babona ko wiyemera canke ko wicisha bugufi? (Raba ingingo ya 15)

15. Bibiliya idufasha gute kwirinda agatima ko kwihayagiza?

15 Nimba ukoresha imbuga hwaniro, niwibaze uti: ‘Amajambo, amafoto canke amavidewo nshirako yoba atuma abandi babona ko niyemera? Noba ntuma abandi baca bagira agashari?’ Bibiliya ivuga ko “ikiri mw’isi cose​— icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho​—kidakomoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi.” (1 Yoh. 2:16) Iyo mvugo ngo “uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho,” Bibiliya imwe iyihindura ngo “ukurondera kuboneka ko uhambaye.” Abakirisu barazi ko badakeneye kwihayagiza. Barisunga impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.” (Gal. 5:26) Nitwicisha bugufi, bizotuma twirinda agatima isi ifise ko kwihayagiza.

‘NIWIYUMVIRE KU BURYO UGIRA UMUZIRIKANYI URORANYE’

16. Kubera iki dukwiye kwirinda ubwibone?

16 Turakwiye kwicisha bugufi kubera ko abibona batagira “umuzirikanyi uroranye.” (Rom. 12:3) Abibona barangwa n’agatima ko guhiganwa no kwikunda. Akenshi ivyo biyumvira n’ivyo bakora birabagirira nabi ubwabo bikagirira nabi n’abandi. Iyo rero batikubise agashi, Shetani arahuma imizirikanyi yabo akongera akayonona. (2 Kor. 4:4; 11:3) Umuntu yicisha bugufi wewe usanga afise umuzirikanyi uroranye. Abona ivyiwe mu buryo burimwo uburimbane, akamenya ko abandi bamuruta mu buryo butari bumwe. (Flp. 2:3) Vyongeye aramenya yuko “Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi.” (1 Pet. 5:5) Abantu b’umuzirikanyi uroranye ntibipfuza ko Yehova yobarwanya.

17. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tugume twicisha bugufi?

17 Kugira tugume twicisha bugufi, dutegerezwa kwisunga impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mwambure wa muntu wa kera n’ingeso ziwe, hanyuma mwambare wa muntu mushasha.” Ivyo bisaba akigoro gakomeye. Dutegerezwa kwiga ivyo Yezu yakoze maze tukagerageza kumwigana uko dushoboye kwose. (Kol. 3:9, 10; 1 Pet. 2:21) Ariko rero ako kigoro si impfagusa. Nitwiga kwicisha bugufi, umubano wacu uzororanirwa, turemeshe ubumwe mw’ishengero, twongere twirinde gukoresha nabi imbuga hwaniro. N’ikiruta vyose, Yehova azoduhezagira yongere adutoneshe.

URURIRIMBO RWA 117 Kamere yo kumera neza

^ ing. 5 Tubaye mw’isi yuzuyemwo abantu bibona kandi bikunda. Turakwiye rero kuba maso kugira ntitwandukirwe n’agatima bafise. Muri iki kiganiro, turarimbura ingene twokwiyubara kugira ntidusange twiyumviriye ko duhambaye kuruta abandi mu mice itatu.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Umuntu yibona usanga yiyumvira cane ivyiwe kuruta uko yiyumvira ivy’abandi. Umuntu yibona rero aba yikunda. Kwicisha bugufi vyovyo bituma umuntu yirinda ubwikunzi. Kwicisha bugufi bidondorwa ko ari ukwirinda ubwibone canke ukwiyemera, ukiyorosha mu muzirikanyi.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukurambere azi kwigisha neza ku mahwaniro no guhagarikira abandi bavukanyi aranashima agateka ko kuja imbere abandi mu busuku n’ako gusukura Ingoro y’Ubwami.