Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 36

Woba witeguriye kuba umurovyi w’abantu?

Woba witeguriye kuba umurovyi w’abantu?

“Yaco utinya. Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima.”​—LUKA 5:10.

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

INCAMAKE *

1. Ni akamo akahe Yezu yateye abarovyi bane, kandi bakakiriye gute?

ABIGISHWA ba Yezu, ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani, bahoze bakora umwuga wo kuroba. Iyumvire rero ingene batangaye bumvise akamo Yezu yabateye kagira gati: “Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu.” * None bavyakiriye gute? Bibiliya igira iti: “Baca baheba za nsenga, baramukurikira.” (Mat. 4:18-22) Iyo ngingo bafashe yohinduye ubuzima bwabo burundu. Aho kuroba amafi nya mafi, ‘borovye abantu ari bazima.’ (Luka 5:10) No muri kino gihe, Yezu aratera ako kamo nyene abantu b’umutima utagira uburyarya kandi bakunda ukuri. (Mat. 28:19, 20) Woba waremeye ako kamo ka Yezu ko gucika umurovyi w’abantu?

2. Ni nde akwiye kurimbura ata gufyina ingingo yo gucika umurovyi w’abantu, kandi ni igiki comufasha gutera iyo ntambwe?

2 Ushobora kuba uri umwigishwa wa Bibiliya ateye imbere, kandi ukaba uriko uriyumvira nimba wocika umwamamaji w’inkuru nziza. Nimba ukigonanwa kwitaba ako kamo ka Yezu, ntucike intege. Ukwo kugonanwa gushobora kuba kwerekana ko uzi yuko gutera iyo ntambwe ari ikintu gihambaye. Ego ni ko, Bibiliya ivuga ko Petero na bagenziwe ‘baciye’ baheba insenga zabo badatebaganye. Ariko rero, Petero na mwenewabo ntibafashe iyo ngingo gihutihuti. Hari haciye amezi arenga atandatu bamenye bongera baremera ko Yezu ari we Mesiya. (Yoh. 1:35-42) Na wewe ushobora kuba umaze kumenya vyinshi ku bijanye na Yehova na Yezu, kandi ukaba wipfuza kubandanya utera imbere mu vy’impwemu. Ariko rero imbere y’uko ufata iyo ngingo urakwiye kuzirikana witonze. None ni ibiki vyafashije Petero, Andereya be n’abandi gufata iyo ngingo?

3. Ni kamere izihe zotuma urushiriza kugira icipfuzo co kwemera ubutumire bwa Yezu?

3 Abigishwa ba Yezu bo mu ntango bari bafise icipfuzo co gukora, bakagira ubumenyi, umutima rugabo, kandi baricungera. Nta nkeka ko izo kamere nyene ari zo zabafashije kuba kirumara mu gikorwa co kuroba abantu. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ingene wotsimbataza izo kamere kugira ube umwigishwa kirumara wa Kristu.

NURUSHIRIZE KUGIRA ICIPFUZO CO GUKORA

Petero na bagenziwe baracitse abarovyi b’abantu. Ico gikorwa gihambaye kiracabandanya no muri iki gihe (Raba ingingo ya 4-5)

4. Ni igiki catumye Petero acika umurovyi w’abantu?

4 Naho Petero yakora igikorwa co kuroba kugira atunge umuryango, ico gikorwa ntiyakibona nk’umwuga gusa. Biboneka ko Petero yakunda kuroba. (Yoh. 21:3, 9-15) Yahavuye yiga no gukunda igikorwa co kuroba abantu. Petero abifashijwemwo na Yehova, yaracitse umuhanga muri ico gikorwa.​—Ivyak. 2:14, 41.

5. Twisunze Luka 5:8-11, ni igiki cateye ubwoba Petero, kandi ni igiki cotuma tutagira ubwoba nk’ubwo?

5 Ikintu nyamukuru gituma twamamaza, ni urukundo dukunda Yehova. Urwo rukundo rurashobora gutuma tutikengera ko tutokora ico gikorwa. Igihe Yezu yatera akamo Petero ngo abe umurovyi w’abantu, yamubwiye ati: “Yaco utinya.” (Soma Luka 5:8-11.) Petero ntiyatewe ubwoba n’ivyari gushobora kumushikira abaye umwigishwa wa Yezu. Ahubwo yari atangajwe n’ukubona Yezu yari ahejeje gutuma bafata amafi ku gitangaro, aca abona ko atari abereye guhabwa ubutumire bwo gukorana na Yezu. Na wewe umaze gutahura ico bisaba kuba umwigishwa wa Kristu, vyoshika ugahagarika umutima. Nimba ari ukwo bimeze, nurushirize gukomeza urwo ukunda Yehova, Yezu, be n’abandi bantu. Ivyo bizokuvyurira umutima wo kwitabira akamo ka Yezu ko kuba uwuroba abantu.​—Mat. 22:37, 39; Yoh. 14:15.

6. Ni izindi mvo izihe zituma twamamaza?

6 Raba izindi mvo nka zingahe zituma twamamaza. Twipfuza kugamburuka itegeko rya Yezu rigira riti: “Nimugende . . . muhindure abantu . . . abigishwa.” (Mat. 28:19, 20) Ikindi kintu gituma twamamaza, ni uko abantu ‘batabaguwe kandi bagasabagira,’ bakaba rero bakeneye kumenya ivyerekeye Ubwami bw’Imana. (Mat. 9:36) Yehova yipfuza ko abantu b’uburyo bwose baronka ubumenyi butagira amakosa kugira bakizwe.​—1 Tim. 2:4.

7. Mu Baroma 10:13-15 herekana gute ko igikorwa co kwamamaza gihambaye?

7 Dutahuye ko igikorwa co kwamamaza kirokora ubuzima, bizotuvyurira umutima wo kugikora. Twebwe ntitumeze nk’abarovyi bafata amafi kugira bayagurishe canke bayarye, ahubwo turoba abantu kugira dukize ubuzima bwabo.​—Soma Abaroma 10:13-15; 1 Tim. 4:16.

NIWONGEREZE UBUMENYI

8-9. Ni ibiki umurovyi ategerezwa kumenya, kandi kubera iki?

8 Mu gihe ca Yezu, umurovyi w’Umwisirayeli yategerezwa kumenya ubwoko bw’amafi yaroba. (Lew. 11:9-12) Yategerezwa no kumenya aho yosanga ayo mafi. Mu bisanzwe, ifi zikunda ahari amazi azorohereza kandi hari ivyo zirya vyinshi. None umurovyi yoba aja kuroba umwanya wose yishakiye? Ku bijanye n’umwanya ubereye wo kuroba amafi, raba ivyavuzwe n’Icabona wo mw’izinga rya Pasifike, igihe yatumira umumisiyonari umwe ngo bajane kuroba. Nya mumisiyonari yamubwiye ati: “Nzoza ejo mu gatondo isaha zitatu zuzuye.” Uwo muvukanyi yamwishuye ati: “Burya rero hari ico utazi. Tuja kuroba igihe ifi zishobora kuboneka, ntitugenda igihe twebwe dushakiye.”

9 No mu kinjana ca mbere, abarovyi b’abantu baja kuronderera abantu aho bashobora kubasanga, no ku mwanya bashobora kubasangaho. Nk’akarorero, abigishwa ba Yezu barigishiriza mu rusengero, mu masinagogi, ku nzu n’inzu no mu masoko. (Ivyak. 5:42; 17:17; 18:4) Na twebwe turakeneye kumenya ingene abantu bo mu karere kacu bameze. Turakeneye guhuza n’uko ibintu vyifashe, tukaja kuronderera abantu aho dushobora kubasanga no ku mwanya dushobora kubasangaho.​—1 Kor. 9:19-23.

ABAROVYI B’ABAHANGA . . . 1. baja kurobera ahantu ifi zishobora kuboneka no ku mwanya zishobora kubonekako (Raba ingingo ya 8-9)

10. Ni ibikoresho ibihe ishirahamwe rya Yehova ryaturonkeje?

10 Umurovyi arakenera ibikoresho bibereye kandi ategerezwa kumenya ingene yobikoresha. Na twebwe turakeneye ibikoresho bibereye twokoresha mu kwamamaza, tugakenera no kumenya ingene twobikoresha. Yezu yarahaye abigishwa biwe ubuyobozi bw’ukuntu boroba abantu. Yarababwiye ivyo bokwitwaza, aho boja kwamamaza, be n’ivyo bovuga. (Mat. 10:5-7; Luka 10:1-11) Muri iki gihe, ishirahamwe rya Yehova riraturonsa ibikoresho bidufasha kwigisha vyagaragaye ko ari ngirakamaro. * Vyongeye, riratwigisha ingene twobikoresha. Ukwo kumenyerezwa kuratuma dukora ico gikorwa umutima uri mu nda, tukongera tukagikorana ubuhanga.​—2 Tim. 2:15.

ABAROVYI B’ABAHANGA . . . 2. barazi gukoresha neza ibikoresho bigenewe igikorwa cabo (Raba ingingo ya 10)

NUGIRE UMUTIMA RUGABO

11. Kubera iki abaroba abantu bakeneye kugira umutima rugabo?

11 Abarovyi barakenera kugira umutima rugabo. Iyo bari mu kiyaga, rimwe na rimwe hari ibintu bibashikira giturumbuka. Akenshi bakora ijoro, kandi usanga ibihuhusi bishobora kubatera umwanya uwo ari wo wose. N’abarovyi b’abantu barakenera kugira umutima rugabo. Igihe dutanguye kwamamaza kandi tukimenyekanisha ko turi Ivyabona vya Yehova, twoshobora guhura n’ivyo twokwita “ibihuhusi,” na vyo akaba ari uguhamwa n’umuryango, ugutwengwa n’abagenzi be n’ugufatwa nabi n’abo tubwira inkuru nziza. Ariko rero ivyo ntibidutangaza. Yezu yaragabishije ko abigishwa biwe bokoreye mu bantu babarwanya.​—Mat. 10:16.

12. Twisunze Yosuwa 1:7-9, ni ibiki vyodufasha kugira umutima rugabo?

12 Ni ibiki none vyogufasha kugira umutima rugabo? Ica mbere: Nuhere amazinda ko Yezu abandanya kuyobora igikorwa co kwamamaza ari mw’ijuru. (Yoh. 16:33; Ivyah. 14:14-16) Ica kabiri: Nurushirize kwizera umuhango Yehova yatanze wo kukwitwararika. (Mat. 6:32-34) Uko urushiriza kugira ukwizera, ni ko urushiriza no kugira umutima rugabo. Petero na bagenziwe barerekanye ukwizera gukomeye igihe baheba umwuga wabo wo kuroba, bagakurikira Yezu. Na wewe warerekanye ukwizera gukomeye igihe wamenyesha incuti n’abagenzi ko watanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi ko witaba amakoraniro. Nta nkeka ko wahinduye ibitari bike mu mibereho yawe, kugira ngo ubeho uhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Ivyo na vyo nyene vyagusavye ukwizera be n’umutima rugabo. Urushirije kugira umutima rugabo, urashobora kwizigira udakeka ko “Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose.”​—Soma Yosuwa 1:7-9.

ABAROVYI B’ABAHANGA . . . 3. baguma bakora babigiranye umutima rugabo n’igihe ibintu bihindutse (Raba ingingo ya 11-12)

13. Isengesho be no kuzirikana vyogufasha gute kugira umutima rugabo?

13 Ni ibindi bintu ibihe vyogufasha kugira umutima rugabo? Nusenge usaba ubutinyutsi n’umutima rugabo. (Ivyak. 4:29, 31) Yehova azokwishura amasengesho yawe kandi ntazokwigera aguheba. Yama ari hafi yawe kugira agushigikire. Ikindi cogufasha, ni ukuzirikana ku kuntu Yehova yarokoye abandi bantu muri kahise. Nuzirikane kandi ku kuntu Yehova yagufashije igihe wari mu ngorane, n’ingene yaguhaye inkomezi zo kugira ivyo uhinduye mu buzima. Nta nkeka yuko Umwe yacisha abasavyi biwe mu Kiyaga Gitukura, ashobora kugufasha na wewe gucika umwigishwa wa Kristu. (Kuv. 14:13) Nugume wizigira Yehova nk’uwu mwanditsi w’amazaburi, uwavuze ati: “Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya. Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki?”​—Zab. 118:6.

14. Ivyashikiye Masae na Tomoyo bikwigisha iki?

14 Ikindi kintu cogufasha kugira umutima rugabo, ni ukumenya ibijanye n’ukuntu Yehova yafashije abantu bari basanzwe bafise amasoni, mugabo bakaba bahavuye bagira ubutinyutsi. Rimbura ivyashikiye mushiki wacu yitwa Masae. Yari asanzwe ari umunyamasoni, akaba rero yabona ko atokwigeze aja kwamamaza. Kuyagisha abantu atazi yabona ko ari nk’uruhome atokwigeze yurira. Yaciye rero agira akigoro kadasanzwe kugira akomeze urukundo yakunda Imana n’abantu nka we. Yarazirikanye ku kuntu igikorwa co kwamamaza cihuta muri iki gihe, yongera arasenga kugira akomeze icipfuzo afise co kwamamaza. Yahavuye atsinda ubwoba yari afise, mbere araba umutsimvyi asanzwe. Yehova kandi arashobora gufasha abamamaji bashasha “[ku]gira umutima rugabo.” Raba ivyashikiye mushiki wacu yitwa Tomoyo. Igihe yatangura kwamamaza inzu ku nzu, umuntu yagendeye ubwa mbere yaramukankamiye ati: “Nta vy’Ivyabona vya Yehova nshaka!”, aca akubitako urugi n’inguvu. Tomoyo yaciye abwira uwo bajanye ati: “Wumvise? Ntaramubwira n’ijambo na rimwe yari yamenye ko ndi Icabona ca Yehova. Ivyo birampimbaye cane!” Ubu Tomoyo ni umutsimvyi asanzwe.

NUBE UMUNTU YICUNGERA

15. Kwicungera bisobanura iki, kandi kubera iki bihambaye ku bakirisu?

15 Abarovyi baroranirwa usanga bicungera. Ukwicungera bivugwa ko ari “ubushobozi bwo kwitunira ku bintu utegerezwa gukora.” Abarovyi bategerezwa kugira akamenyero ko kuvyuka hakiri kare, gukora igikorwa gushika kirangiye, no kwumirako n’aho ikirere coba cifashe nabi. Na twebwe turakwiye kuba abantu bicungera nimba twipfuza kwumira ku gikorwa gushika kirangiye.​—Mat. 10:22.

16. Ni igiki codufasha gukora ibintu bisa n’ibitatworohera?

16 Kwicungera si ikintu mvukanwa. Ahubwo kenshi usanga abantu bipfuza gukora ibintu bitabagora. Kuba abantu bicungera bisaba kwigumya. Ku bw’ivyo, turakeneye icodufasha kwimenyereza gukora ibintu bisa n’ibitatworohera. Yehova arabidufashamwo biciye ku mpwemu yiwe nyeranda.​—Gal. 5:22, 23.

17. Twisunze 1 Abakorinto 9:25-27, Paulo yavuze ko yategerezwa gukora iki kugira yicungere?

17 Intumwa Paulo yaricungera. Ariko yariyemereye ko yategerezwa ‘gukubitagura ibipfunsi’ umubiri wiwe kugira akore ibigororotse. (Soma 1 Abakorinto 9:25-27.) Yarahimirije n’abandi kwicungera no gukora ibintu vyose mu buryo bubereye kandi buri ku rutonde. (1 Kor. 14:40) Natwe dutegerezwa kwicungera kugira tugumane akamenyero keza mu vy’impwemu, ivyo bikaba birimwo kwama tugira uruhara muri ca gikorwa c’ukuroba mu buryo bw’ikigereranyo.​—Ivyak. 2:46.

NTUTEBAGANE

18. Ni igiki gituma Yehova abona ko twaroraniwe?

18 Umurovyi, abona ko yaroraniwe iyo yafashe ifi nyinshi. Ariko twebwe, ukuroranirwa kwacu ntitukurabira ku bantu tuzana mw’ishirahamwe rya Yehova. (Luka 8:11-15) Igihe cose tugumye twamamaza inkuru nziza tukongera tukigisha abantu, Yehova abona ko tuba twaroraniwe. Uti kubera iki? Kubera ko tuba twamugamburukiye be n’Umwana wiwe.​—Mrk. 13:10; Ivyak. 5:28, 29.

19-20. Ni imvo idasanzwe iyihe ituma twamamaza muri iki gihe?

19 Mu bihugu bimwebimwe, usanga hari amezi babuza abarovyi kuroba. Muri ivyo bihugu, igihe umurovyi aba azi ko ico kiringo cegereje, usanga aroba yivuye inyuma. Kubera ko na twebwe turi abarovyi b’abantu, turafise iyindi mvo ituma twamamaza muri iki gihe, na yo ikaba ari ukwo umuhero w’iyi si wegereje cane. Dusigaranye igihe gito cane co gukora ico gikorwa kirokora ubuzima. Ntutebagane canke ngo wiyumvire ko worindira igihe kibereye co kugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye cane.​—Umus. 11:4.

20 Ubu ni co gihe c’uko worushiriza kugira icipfuzo co gukora, ukongereza ubumenyi bushingiye kuri Bibiliya, ukagira umutima rugabo, ukongera ukicungera. Niwifatanye n’abandi barovyi b’abantu barenga imiliyoni umunani, maze nawe wironkere umunezero Yehova atanga. (Neh. 8:10) Niwiyemeze kugira uruhara bimwe bishitse muri ico gikorwa gushika Yehova avuze ko kirangiye. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino uburyo butatu bwodufasha twebwe abarovyi b’abantu kurushiriza kugira umwiyemezo wo kubandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.

URURIRIMBO RWA 66 Tangaza inkuru nziza

^ ing. 5 Yezu yarateye akamo abarovyi b’abanyamwete kandi bicisha bugufi ngo bacike abigishwa biwe. No muri kino gihe, Yezu aracatera akamo abantu bafise kamere nk’izo nyene ngo bacike abarovyi b’abantu. Iki kiganiro, kirerekana ivyo abigishwa ba Bibiliya bakigonanwa kwitaba ako kamo ka Yezu bakwiye gukora.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Imvugo ngo “abarovyi b’abantu” yerekeza kuri abo bose bamamaza inkuru nziza bakongera bakigisha abandi kugira bacike abigishwa ba Kristu.

^ ing. 10 Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigishe ukuri” mu Munara w’Inderetsi wo muri Gitugutu 2018, rup. 11-16.