Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 39

Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera

Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera

“Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.”​—ZAB. 68:11.

URURIRIMBO RWA 137 Abakenyezi b’abizigirwa

INCAMAKE *

Bashiki bacu bakora vyinshi kandi b’abanyamwete baragira uruhara mu makoraniro, mu ndimiro, bagafasha kubungabunga Ingoro z’Ubwami, bakongera bakitwararika abo basangiye ukwizera (Raba ingingo ya 1)

1. Bashiki bacu bashigikira gute ishirahamwe ryacu, ariko abenshi bashikirwa n’ingorane izihe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

NTIWORABA ingene dukenguruka kubona mw’ishengero dufise bashiki bacu benshi bakora bagatama! Nk’akarorero, baragira uruhara mu makoraniro no mu ndimiro. Hari abafasha kubungabunga Ingoro z’Ubwami bakongera bagafasha kwitwararika abo basangiye ukwizera. Ariko ntibabuze ingorane. Bamwebamwe usanga bitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru, abandi na bo ugasanga bariko barahamwa n’abo mu muryango. Hari n’abandi bireranye abana, ugasanga barakora cane kugira ngo baronse abana babo ivyo bakenera.

2. Kubera iki twozirikana ivyo gushigikira bashiki bacu?

2 Kubera iki twoshigikira bashiki bacu? Kubera yuko ab’isi batama baha abakenyezi icubahiro babereye. Vyongeye, Bibiliya iraturemesha kubashigikira. Nk’akarorero, intumwa Paulo yasavye ishengero ry’i Roma guha ikaze Foyibe no ‘kumusahiriza mu kintu cose yobakenerako.’ (Rom. 16:1, 2) Kubera ko Paulo yahoze ari Umufarizayo, ashobora kuba yakuranye umuco wo gushira hasi abakenyezi. Mugabo kubera ko yari amaze kuba umukirisu, yariganye Yezu arafatana abakenyezi icubahiro n’ubuntu.​—1 Kor. 11:1.

3. Yezu yafata gute abakenyezi, kandi yabona gute abakenyezi bakora ivyo Imana igomba?

3 Yezu yaratera iteka abakenyezi bose. (Yoh. 4:27) Ntiyabona abakenyezi nk’uko indongozi z’Abayuda zo mu gihe ciwe zababona. Kukaba nkako, igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kigira giti: “Yezu ntiyigeze avuga ijambo na rimwe ryo gusuzugura canke gushira hasi abakenyezi.” Ahubwo riho, Yezu yaraha icubahiro cinshi abakenyezi bakora ivyo Se agomba. Birashimishije kubona igihe yavuga abagize umuryango wiwe wo mu buryo bw’impwemu, yarashizemwo abagabo n’abagore.​—Mat. 12:50.

4. Muri iki kiganiro turimbura iki?

4 Yezu yama yiteguriye gufasha abakenyezi bakorera Imana. Yarabaha agaciro akongera akabavugira. Nimuze turabe ingene twomwigana mu kwerekana ko twitaho bashiki bacu.

NIWITEHO BASHIKI BACU TWIKUNDIRA

5. Kubera iki bashiki bacu bamwebamwe vyoshobora kubagora kwifatanya n’abandi ngo baremeshanye?

5 Baba abavukanyi canke bashiki bacu, twese turakenera kwifatanya n’abagenzi beza. Ariko rero vyoshika bashiki bacu bikabagora muri uwo muce. Kubera iki? Raba ivyo mushiki wacu umwe yitwa Jordan * yavuze. Yagize ati: “Kubera ko ntarubaka urwanje, akenshi numva umenga nta kibanza mfise mw’ishengero, ko ntari mu barigize vy’ukuri.” Umutsimvyi yitwa Kristen na we, akaba yarimukiye mu kandi karere kugira yagure igikorwa, avuga ati: “Iyo wimukiye mw’ishengero rishasha, urashobora kwumva irungu.” Hari n’abavukanyi biyumva gutyo nyene. Ababa mu muryango badasangiye ukwemera, boshobora kwumva yuko batisanze mu muryango wabo, ariko kandi bakumva ko batifatanije n’umuryango wabo wo mu vy’impwemu nk‘uko vyategerezwa. Abatagishoboye kuva muhira na bo boshobora kwumva irungu, cokimwe n’ababwirizwa kwitwararika abo mu miryango yabo barwaye. Uwitwa Annette avuga ati: “Ntivyakunda ko nitaba ubutumire bw’imitororokano kubera ko ari je ahinini nitwararika mawe.”

Cokimwe na Yezu, turashobora kwerekana ko twitaho bashiki bacu b’abizigirwa (Raba ingingo ya 6-9) *

6. Twisunze Luka 10:38-42, Yezu yafashije gute Mariya na Marita?

6 Yezu yaramarana umwanya n’abakenyezi bakorera Imana, akongera akababera umugenzi nyakuri. Rimbura ubugenzi yari afitaniye na Mariya na Marita, abo biboneka ko batari bubatse izabo. (Soma Luka 10:38-42.) Biragaragara ko ivyo Yezu yavuga be n’ivyo yakora vyatuma bumva bisanze. Mariya yarahimbawe no kwicara imbere y’ibirenge vya Yezu nk’umwigishwa wiwe. * Igihe Marita na we yababazwa no kubona Mariya atariko aramufasha, yarabwiye Yezu yisanzuye ivyo yariko ariyumvira. Muri ico kiyago, Yezu yarafashije abo bagore bompi kwiga icigwa gihambaye. Yarerekanye kandi ko yabitwararika be na musaza wabo Lazaro, mu kubagendera mu bindi biringo. (Yoh. 12:1-3) Ntibitangaje rero kubona igihe Lazaro yarwara akaremba, Mariya na Marita babonye ko bokwitura Yezu ngo abafashe.​—Yoh. 11:3, 5.

7. Uburyo bumwe tworemesha bashiki bacu ni ubuhe?

7 Bashiki bacu bamwebamwe babona ko amakoraniro ari ko karyo nyamukuru ko kuba kumwe n’abo basangiye ukwizera. Twipfuza rero ko amakoraniro aba ibiringo vyo kubaha ikaze, kubayagisha, no kubereka ko tubitwararika. Umwe Jordan twavuga agira ati: “Birandemesha cane iyo abandi bankeje ku nyishu natanze, bagatunganya ivy’uko dukorana mu ndimiro, canke bakanyitwararika no mu bundi buryo.” Turakwiye kwereka bashiki bacu ko ari ab’agaciro kuri twebwe. Mushiki wacu yitwa Kia avuga ati: “Iyo ntagiye kw’ikoraniro, mba nzi ko nza kuronka ama mesaje ambaza ko ata ngorane nagize. Ivyo biranyereka ko abo dusangiye ukwizera banyitwararika.”

8. Ni mu yindi mice iyihe twokwigana Yezu?

8 Nka kumwe kwa Yezu, turashobora kurondera umwanya wo kwifatanya na bashiki bacu. Kumbure twobatumira ku dufungurwa dusanzwe canke kwiruhura. Igihe tubatumiye, dukwiye kuyaga na bo ibiremesha. (Rom. 1:11, 12) Abakurambere barakwiye kugira agatima nk’aka Yezu. Naho yari azi ko hari abatokworohewe no kuba abirebange, yaratomoye kandi ko kwubaka urwawe canke kwibaruka abana atari vyo bituma umuntu agira agahimbare karamba. (Luka 11:27, 28) Ahubwo agahimbare karamba gashingiye ku gushira imbere igikorwa ca Yehova.​—Mat. 19:12.

9. Abakurambere bokora iki kugira bafashe bashiki bacu?

9 Abakurambere canecane barakwiye gufata abakenyezi dusangiye ukwizera nka bashiki babo na ba nyina babo mu vy’impwemu. (1 Tim. 5:1, 2) Abakurambere barakwiye gufata umwanya wo kuyagisha bashiki bacu, imbere y’amakoraniro n’inyuma yayo. Umwe Kristen twavuga, agira ati: “Hari umukurambere yabonye ingene nkora ngasanzara, aca arondera kumenya ingene urutonde rwanje rwifashe. Narakengurutse cane ingene yanyitwararitse.” Igihe abakurambere bama bafata umwanya wo kuyaga na bashiki bacu, birerekana ko babitwararika. * Umwe Annette twavuga, arasigura iciza kiva ku kwama avugana n’abakurambere. Avuga ati: “Ndarushiriza kubamenya, na bo bakamenya. Igihe rero ngize ingorane, ndabitura nisanzuye kugira bamfashe.”

NUKENGURUKIRE BASHIKI BACU

10. Ni igiki cotuma bashiki bacu baryoherwa?

10 Twese abagabo n’abagore, turaryoherwa igihe abandi bashimye ububangukirwe bwacu bakongera bakatubwira ko bakenguruka ivyo dukora. Ariko iyo ata n’umwe ashima ububangukirwe dufise be n’ivyo dukora, duca ducika intege. Umutsimvyi umwe atarubaka urwiwe yitwa Abigail aravuga ko bishika akumva ko atitwararitswe. Avuga ati: “Bambona gusa ko mvukana na ba naka, canke ko ndi umukobwa wa naka. Hari igihe nibaza ko batambona.” Ariko raba ivyo mushiki wacu yitwa Pam yavuze. Ni umwirebange yamaze imyaka myinshi ari umumisiyonari. Mu nyuma, yarasubiye imuhira iwabo kwitwararika abavyeyi biwe. Naho ubu afise imyaka irenga 70, aracari umutsimvyi. Pam avuga ati: “Ivyagiye birandemesha cane ni igihe abandi baba bambwiye ko bashima ivyo nkora.”

11. Yezu yerekanye gute ko aha agaciro abagore bamuherekeza mu gikorwa ciwe?

11 Yezu yarakenguruka ingene abakenyezi bakunda Imana bamukorera “bakoresheje ibintu batunze.” (Luka 8:1-3) Uretse kubatera ako gateka ko kumukorera, yaranabahishuriye ibintu vyimbitse vy’Imana. Nk’akarorero, yarabamenyesheje ko yopfuye hanyuma akazuka. (Luka 24:5-8) Yarabateguye ku bw’ibigeragezo vyobashikiye, nk’uko nyene yari yateguye intumwa ziwe. (Mrk. 9:30-32; 10:32-34) Birashimishije kubona igihe baza gufata Yezu intumwa zigahunga, bamwebamwe mu bagore bari baramukoreye bagumye hafi yiwe igihe yariko aracikana ku giti co kubabarizwako.​—Mat. 26:56; Mrk. 15:40, 41.

12. Ni igikorwa ikihe Yezu yajeje abakenyezi?

12 Yezu yarajeje abakenyezi igikorwa gihambaye. Nk’akarorero, abagore bakunda Imana ni bo batanguye kubona ko yazutse. Yaciye abatuma kumenyesha intumwa yuko yari yazutse. (Mat. 28:5, 9, 10) Kuri Pentekoti yo mu 33 na ho, abagore bashobora kuba ari ho bari igihe abigishwa basukwako impwemu nyeranda. Nimba ari ho bari, abo bashiki bacu bari bahejeje kurobanuzwa impwemu bashobora kuba bararonse ububasha ku gitangaro bwo kuvuga mu zindi ndimi no kubwira abandi “ibintu vy’agatangaza vy’Imana.”​—Ivyak. 1:14; 2:2-4, 11.

13. Bashiki bacu bariko bakora ibiki muri iki gihe, kandi twokwerekana gute ko dukenguruka ivyo bakora?

13 Bashiki bacu barakwiye gukezwa ku vyo bakora vyose mu murimo wa Yehova. Aho harimwo kwubaka no kubungabunga inyubakwa, gushigikira imigwi ikoresha ururimi runyamahanga, no kwitanga gukorera mu nyubakwa za Beteli. Barafasha mu gutabara abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka, bagahindura ibitabu vyacu, bakaba abatsimvyi n’abamisiyonari. Cokimwe n’abavukanyi, bashiki bacu baritaba ishure ry’abatsimvyi, Ishure y’abamamaji b’Ubwami be n’Ishure rya Gileyadi. Vyongeye, abakenyezi barafasha abagabo babo kwitwararika igikorwa kiremereye barangura mw’ishengero no mw’ishirahamwe. Abo bavukanyi bajejwe amabanga ntiboshoboye gukora bimwe bishitse nk’“ingabirano z’abagabo,” badashigikiwe n’abakenyezi babo. (Ef. 4:8) Woba wozirikana ingene woshigikira abo bashiki bacu mu bikorwa barangura?

14. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 68:11, abakurambere b’inkerebutsi bakora iki?

14 Abakurambere b’inkerebutsi baratahura ko bashiki bacu ari “ingabo nyinshi” zigizwe n’abakozi bakora babikunze, kandi ko akenshi usanga ari abamamaji b’inkuru nziza babishoboye. (Soma Zaburi 68:11.) Abakurambere rero bararondera gukura ivyigwa kuri abo bashiki bacu. Umwe mushiki wacu Abigail twavuga, arabikenguruka igihe abavukanyi bamubajije uburyo yasanze ari ngirakamaro mu gutanguza ibiyago ku bantu bo mu cibare. Avuga ati: “Ivyo bituma mbona ko Yehova ampa ikibanza mw’ishirahamwe ryiwe.” Vyongeye, abakurambere barazi yuko bashiki bacu b’intahemuka kandi bahumuye ari kirumara mu gufasha bashiki bacu bakiri bato kuvyifatamwo neza mu ngorane zibashikira. (Tito 2:3-5) Mu vy’ukuri, birabereye ko dukengurukira bashiki bacu!

NUVUGIRE BASHIKI BACU

15. Ni ryari bashiki bacu bokenera umuntu abavugira?

15 Rimwe na rimwe, bashiki bacu boshobora gukenera uwobavugira igihe bari mu ngorane kanaka. (Yes. 1:17) Nk’akarorero, mushiki wacu yapfakaye canke yahukanye yoshobora gukenera uwomuvugira n’uwomufasha ibikorwa bimwebimwe umugabo wiwe yahora akora. Mushiki wacu yitereye mu myaka, yoshobora gukenera uwomuvugira kwa muganga. Canke mushiki wacu w’umutsimvyi akora ibindi bikorwa mw’ishirahamwe, yokenera uwumuvugira igihe hari abamunegura ko ataja kwamamaza kenshi nk’abandi batsimvyi. Ni mu bundi buryo ubuhe twofasha bashiki bacu? Nimuze dusubire kurimbura akarorero ka Yezu.

16. Twisunze Mariko 14:3-9, Yezu yavugiye gute Mariya?

16 Yezu yarihutira kuvugira bashikiwe mu vy’impwemu igihe abandi baba babatahuye ukutari kwo. Nk’akarorero, yaravugiye Mariya igihe Marita yamunegura. (Luka 10:38-42) Yaravugiye Mariya ubugira kabiri, igihe abandi bamutukagura bibaza ko yakoze ikintu kitabereye. (Soma Mariko 14:3-9.) Yezu yaratahuye imvo yatumye Mariya abikora maze aramukeza ati: “Ankoreye igikorwa ciza. . . . Yakoze ivyo ashoboye.” Yaranavuze ko ico gikorwa ciza yari amukoreye covuzwe “ahantu hose inkuru nziza [yokwamamajwe] mw’isi yose,” nk’uko n’iki kiganiro kiriko kirabigira. Ese ukuntu bikora ku mutima kubona Yezu yavuze ko aho inkuru nziza yovuzwe kw’isi hose, ari ho n’ico gikorwa kizira ubwikunzi uwo mukenyezi yakoze covuzwe! Nta nkeka ko ayo majambo ategerezwa kuba yarahumurije Mariya inyuma y’aho abandi bamunebaguriye!

17. Tanga akarorero k’igihe vyokenerwa ko tuvugira mushiki wacu.

17 Woba nawe uhora uvugira bashiki bacu igihe bikenewe? Nk’akarorero, rimbura ivyoshika. Abamamaji bamwebamwe barabona ko mushiki wacu yubakanye n’uwo badasangiye ukwizera, akenshi ashika ku makoraniro yacerewe kandi agaca ataha amakoraniro akimara kurangira. Barabona kandi ko azana gake abana biwe ku makoraniro. Baca batangura kumutora amahinyu kubera ko bibaza ko atabwira umugabo wiwe impagararo yiwe ashikamye. Ariko ico birengagiza ni uko uwo mushiki wacu ariko arakora uko ashoboye kwose. Si we afise ijambo rya nyuma ku rutonde yishingira, kandi si we afata ingingo ya nyuma ku bijanye n’abana biwe. None woca ukora iki? Hamwe wokeza uwo mushiki wacu ukongera ukabwira abandi ivyiza ariko arakora, woshobora gutuma abandi bareka kumuvuga nabi.

18. Ni mu bundi buryo ubuhe twofasha bashiki bacu?

18 Turashobora kwereka bashiki bacu ko tubitwararika mu kubakorera ibintu bimwebimwe. (1 Yoh. 3:18) Umwe mushiki wacu Annette twavuga ariko aritwararika nyina wiwe arwaye, agira ati: “Bamwe mu bagenzi banje baraza kunduhurira, canke na ho bakazana ibifungurwa. Ivyo vyaratumye numva ko nkundwa cane kandi ko ndi mu bagize ishengero.” N’umwe Jordan na we nyene yararonse uwumufasha. Hari umuvukanyi yamweretse ingene yoza arabungabunga imodoka yiwe. Uwo mushiki wacu avuga ati: “Birandyohera kubona ingene abo dusangiye ukwemera bitwararika ineza yanje.”

19. Ni mu bundi buryo ubuhe abakurambere bofasha bashiki bacu?

19 Abakurambere na bo nyene bararondera ingene bofasha bashiki bacu. Barazi ko Yehova yipfuza ko bashiki bacu bafatwa neza. (Yak. 1:27) Barigana rero Yezu mu gukora ibitegereka, ntibashinge amategeko igihe bidakenewe. (Mat. 15:22-28) Abakurambere bibwiriza kugira ico bafashije, baratuma bashiki bacu bumva ko bashigikiwe. Igihe umucungezi w’umugwi Kia yarimwo yamenya ko agira yimuke, ubwo nyene yaciye atunganya ivyo kumufasha. Kia avuga ati: “Biratuma umuntu adata umutwe cane. Kuba abakurambere barandemesheje kandi bakamfasha, vyaranyeretse neza ko ndi uw’agaciro mw’ishengero kandi ko igihe ndi mu ngorane ntaba ndi jenyene.”

TURAKWIYE GUFASHA BASHIKI BACU BOSE

20-21. Twokwerekana gute ko duha agaciro bashiki bacu bose dusangiye ukwemera?

20 Turavye mu mashengero yacu muri iki gihe, turabona bashiki bacu benshi bakora bagatama dukeneye gushigikira. Nk’uko twabibonye mu karorero ka Yezu, turashobora kubafasha mu kumarana umwanya na bo no mu kubamenya. Twoshobora kandi kubereka ko dukenguruka ivyo bakora mu murimo w’Imana. Vyongeye, turashobora kubavugira igihe bikenewe.

21 Mu gusozera ikete yandikiye Abaroma, intumwa Paulo yaravuze adomako abakenyezi icenda. (Rom. 16:1, 3, 6, 12, 13, 15) Nta nkeka ko abo bakenyezi bumvise baryohewe igihe bumva abaramukije akongera akabakeza. Nimuze natwe dushigikire bashiki bacu bose bo mw’ishengero ryacu. Tubigenjeje gutyo, tuzoba twerekanye ko tubaha agaciro nk’abagize umuryango wacu wo mu vy’impwemu.

URURIRIMBO RWA 136 Yehova aguhe impembo ikwiye

^ ing. 5 Bashiki bacu bashikirwa n’ingorane nyinshi. Iki kiganiro kiraza kutwereka ingene twokwigana Yezu mu gushigikira bashiki bacu dusangiye ukwemera. Turashobora gukura icigwa ku kuntu Yezu yamarana umwanya n’abakenyezi, akabaha agaciro, akongera akabavugira.

^ ing. 5 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 6 Igitabu kimwe kivuga giti: “Abigishwa bicara imbere y’ibirenge vy’abigisha babo. Abigishwa bafatana ibintu uburemere baba bariko barategurwa kugira babe abigisha, iryo banga rikaba ritashingwa abagore . . . . Kuba Mariya yaricaye maze akumviriza inyigisho za Yezu abishashaye, aho kwitwararika ibikorwa abagore bari bajejwe . . . bitegerezwa kuba vyaratsitaje abagabo benshi b’Abayuda.”

^ ing. 9 Abakurambere barakwiye kwiyubara igihe bafasha bashiki bacu. Nk’akarorero, umukurambere arakwiye kwirinda kugendera mushiki wacu ari wenyene.

^ ing. 65 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu kwigana ingene Yezu yitwararika abakenyezi b’abizigirwa, umuvukanyi umwe ariko arafasha bashiki bacu babiri guhindura ipine ry’imodoka, uwundi yagendeye mushiki wacu amugaye, uwundi na we yajanye n’umukenyezi wiwe kwifadikanya na mushiki wacu be n’agakobwa kiwe mu gusenga kwo mu muryango.