Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibivugwa mu Musiguzi 5:8, vyoba vyerekeza ku bategetsi b’abantu, canke birerekeza no kuri Yehova?

Amajambo avugwa muri uwo murongo aratuma umuntu azirikana. Agira ati: “Niwabona mu ntara y’ubutware uguhahazwa kwa ntahonikora n’ugukurwaho kw’urubanza be n’ugukurwaho kw’ubugororotsi hakoreshejwe ubukazi, ntibize bikwumize, kuko uwuri hejuru y’uwuri hejuru ariko aritegereza, kandi hariho abari hejuru yabo.”​—Umus. 5:8.

Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, uwo murongo usa n’uwerekeza neza ku bategetsi b’abantu. Ariko tuwuzirikanyeko cane, uravuga kandi ivyerekeye Yehova, ivyo bikaba bikwiye kuturemesha no kuduhumuriza.

Mu Musiguzi 5:8 herekeza ku mutegetsi ahahaza abakene akongera akabarenganya. Uwo mutegetsi yari akwiye kwibuka ko hari uwundi amurusha igiti canke ububasha ariko aramwihweza. Nkako, hoshobora kuba hari n’abandi bamurusha ubukuru cane. Ikibabaje, ni uko mu ntwaro z’abantu abo bategetsi bose boshobora kuba barenganya, maze abantu batobato bagacinyizwa mu buryo butandukanye.

Ariko rero naho ivyo vyotuma twihebura, twoshobora guhumurizwa no kumenya yuko Yehova ariko ‘aritegereza mbere abategetsi bari hejuru’ mu ntwaro z’abantu. Turashobora kumwitura tugaterera imizigo yacu kuri we. (Zab. 55:22; Flp. 4:6, 7) Turazi yuko “amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.”​—2 Ngo. 16:9.

Ku bw’ivyo rero, mu Musiguzi 5:8 haratwibutsa ukuntu ibintu vyifashe mu butegetsi bw’abantu: Abategetsi bagenda bararushanya ubukuru. N’igihambaye kuruta, uwo murongo uratwibutsa ko Yehova ari we Mutegetsi ari hejuru ya bose, egome, ko ari we Mutegetsi Ruheta. Araganza biciye ku Mwama wiwe Yezu Kristu, wa Mwami w’Ubwami bwiwe. Mushoboravyose, akaba ariko aritegereza vyose, aragororotse bimwe bitagira agahaze kandi ntarenganya, kandi n’Umwana wiwe ni ukwo.