Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 43

Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe

Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe

“‘Si ku bw’inteko za gisirikare, canke ku bw’ububasha, mugabo ni ku bw’impwemu yanje,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”​—ZEK. 4:6.

URURIRIMBO RWA 40 Turi aba nde?

INCAMAKE *

1. Abakirisu babatijwe bategerezwa kuguma bakora iki?

WOBA warabatijwe? Nimba warabatijwe, warerekanye imbere y’isinzi ry’abantu ko wizera Yehova, kandi ko wipfuza gukorana n’ishirahamwe ryiwe. * Ariko rero, utegerezwa kubandanya urushiriza kwizera Yehova. Vyongeye, urakeneye kuguma urushiriza kwizigira yuko Yehova ariko arakoresha ishirahamwe ryiwe muri iki gihe.

2-3. Ni mu buryo ubuhe Yehova ayobora ishirahamwe ryiwe muri iki gihe? Tanga uburorero.

2 Muri iki gihe, Yehova arayobora ishirahamwe ryiwe mu buryo bugaragaza kamere ziwe, umugambi wiwe n’ingingo ngenderwako ziwe. Nimuze turabe ibintu bitatu biranga Yehova bigaragarira mw’ishirahamwe ryiwe.

3 Ica mbere: “Imana ntigira nkunzi.” (Ivyak. 10:34) Urukundo ni rwo rwatumye Yehova atanga Umwana wiwe ngo abe ‘incungu ku bwa bose.’ (1 Tim. 2:6; Yoh. 3:16) Yehova arakoresha abasavyi biwe kugira babwire inkuru nziza abipfuza kuyumviriza bose, gutyo akaba ahaye akaryo abantu benshi bashoboka ko kwungukira ku ncungu. Ica kabiri: Yehova ni Imana y’urutonde n’amahoro. (1 Kor. 14:33, 40) Ku bw’ivyo, dukwiye kwitega ko abamusenga bamukorera bagize umugwi utunganijwe neza kandi urangwa amahoro. Ica gatatu: Yehova ni ‘Umwigisha Ahambaye.’ (Yes. 30:20, 21) Ni co gituma ishirahamwe ryiwe ryibanda ku kwigisha Ijambo ryiwe ryahumetswe, haba mw’ishengero canke mu ndimiro. None ivyo bintu bitatu biranga Yehova, vyigaragaje gute mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere? Vyigaragaza gute muri iki gihe? Vyongeye, impwemu nyeranda yogufasha gute igihe ukorana n’ishirahamwe rya Yehova muri iki gihe?

IMANA NTIGIRA NKUNZI

4. Twisunze Ivyakozwe 1:8, Yezu yategetse abayoboke biwe gukora iki, kandi bobifashijwemwo n’iki?

4 Mu kinjana ca mbere. Ubutumwa Yezu yamamaje bwaratumye abantu bose bagira icizigiro. (Luka 4:43) Yategetse abayoboke biwe kubandanya igikorwa yari yatanguje, co gushinga intahe “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Soma Ivyakozwe 1:8.) Ariko ntiwumve, ntibari gushobora kurangura ico gikorwa ku bw’inkomezi zabo. Bokeneye impwemu nyeranda, “wa mufasha” Yezu yari yarabasezeraniye.​—Yoh. 14:26; Zek. 4:6.

5-6. Ni mu buryo butandukanye ubuhe impwemu nyeranda yafashije abigishwa ba Yezu?

5 Abigishwa ba Yezu baronse impwemu nyeranda kuri Pentekoti yo mu 33. Bafashijwe n’iyo mpwemu, baciye batangura kwamamaza kandi mu gihe gitoyi, abantu ibihumbi barakiriye inkuru nziza. (Ivyak. 2:41; 4:4) Igihe uruhamo rwaduka, abigishwa ntibaciye batekerwa n’ubwoba, ahubwo baciye bitura Imana ngo ibafashe. Basenze bati: “Nuhe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.” Baciye buzuzwa impwemu nyeranda, maze babandanya “[ku]vuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi.”​—Ivyak. 4:18-20, 29, 31.

6 Abigishwa ba Yezu barahuye n’izindi ngorane. Nk’akarorero, amakopi y’Ivyanditswe yari make cane. Nta bitabu vyabafasha gutahura Bibiliya bari bafise nk’ivyo dufise muri iki gihe. Vyongeye, abo bigishwa bategerezwa kubwira inkuru nziza abantu bavuga indimi zitandukanye. Naho bari bafise izo ngorane zose, abo bigishwa b’abanyamwete barakoze icasa n’ikidashoboka. Mu myaka nka mirongo ingahe gusa, bari bamaze kubwira inkuru nziza ‘ivyaremwe vyose vyari munsi y’ijuru.’​—Kol. 1:6, 23.

7. Mu myaka irenga 100 iheze, abasavyi ba Yehova bamenye gute ivyo Imana ibasaba, kandi bavyakiriye gute?

7 Muri iki gihe. Yehova arabandanya kuyobora abasavyi biwe no kubaha ububasha. Ahanini ubuyobozi bwiwe tuburonka biciye k’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Muri ryo, ni ho dusanga inkuru yerekeye igikorwa Yezu yaranguye, be n’itegeko yahaye abigishwa biwe ryo kubandanya igikorwa yatanguje. (Mat. 28:19, 20) Muri Mukakaro 1881, iki kinyamakuru cavuze giti: “Ntitwahamagawe canke ngo turobanurwe kugira duterwe iteka canke twirundanirize ubutunzi. Ahubwo riho, kwari ukugira ngo dutange ivyo dutunze kandi twitange, twongere twamamaze inkuru nziza.” Agatabu kitwa ngo Ni nde yajejwe igikorwa, kasohowe mu 1919, kavuze gati: “Naho ico gikorwa kiboneka ko ari amahero, ni ic’Umukama kandi tuzokirangura biciye ku nkomezi ziwe.” Cokimwe n’abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere, abo bavukanyi baritanze cane muri ico gikorwa babigiranye umutima rugabo, bizigiye ko impwemu nyeranda yobafashije kubwira inkuru nziza abantu b’uburyo bwose. No muri iki gihe, tuguma twizigiye ko iyo mpwemu nyeranda idufasha.

Ishirahamwe rya Yehova ryagiye rirakoresha ibikoresho bigezweho mu gukwiragiza inkuru nziza (Raba ingingo ya 8-9)

8-9. Ni ibiki ishirahamwe rya Yehova ryagiye rirakoresha mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza?

8 Ishirahamwe rya Yehova ryagiye rirakoresha ibikoresho bigezweho mu gukwiragiza inkuru nziza. Muri vyo harimwo ibitabu, ya sinema y’Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema, amafono, imiduga isamiriza amajwi, amaradiyo, mu gihe ca vuba na ho ivyo mu buhinga bwa none. Ishirahamwe rya Yehova kandi rirakora igikorwa co guhindura ibitabu mu ndimi nyinshi kuruta ikindi gihe cose. Kubera iki? Kugira ngo abantu b’uburyo bwose bashobore kwumva inkuru nziza mu rurimi rwabo. Yehova ntagira nkunzi, yaravuze ko inkuru nziza yotangajwe “kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose.” (Ivyah. 14:6, 7) Yipfuza ko abantu bose bumva ubutumwa bw’Ubwami.

9 None tuvuge iki ku bo bigoye gushikira, kumbure kubera ko baba mu nyubakwa zicungerewe cane? Kugira ngo ishirahamwe rya Yehova rishikire benshi muri bo, ryaratunganije uburyo butandukanye bwo kwamamaza ku mugaragaro. Nk’akarorero, mu 2001, Inama Nyobozi yaremeje ko mu Bufaransa hatangura gukoreshwa twa tuntu tw’amapine be n’ibindi bikoresho bishirwako ibitabu, mu nyuma na ho bitangura gukoreshwa no mu bindi bihugu. Ivyavuyemwo vyari bishimishije. Mu 2011 na ho, hari porogarama yatangujwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri kimwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi mu gisagara ca New York. Mu mwaka umwe, hatanzwe ibitabu 102.129 n’ibinyamakuru 68.911. Abantu 4.701 na bo, barasavye kwigishwa Bibiliya. Biragaragara ko impwemu nyeranda yari ishigikiye ico gikorwa. Inama Nyobozi rero yaciye yemeza ko kw’isi yose hakoreshwa ibikoresho vyo kwamamaza ku mugaragaro.

10. Twokora iki kugira ngo turyohore igikorwa cacu?

10 Ico wokora. Niwungukire bimwe bishitse ku kumenyerezwa Yehova atanga biciye ku makoraniro. Niwame ukorana n’umugwi wanyu wo gusohoka mu ndimiro. Abo musangiye umugwi barashobora kugufasha mu mice ukeneye kugira ivyo uryohoyemwo, bakongera bakakuremesha biciye ku burorero bwiza batanga. Nugume wamamaza n’igihe ibintu vyoba bitoroshe. Nk’uko icanditswe c’ishimikiro kibivuga, ntiturangura ivyo Imana igomba biciye ku bubasha bwacu, ahubwo tubifashwamwo n’impwemu nyeranda yayo. (Zek. 4:6) Kanatsinda, turiko dukora igikorwa c’Imana.

YEHOVA NI IMANA Y’URUTONDE N’AMAHORO

11. Ni mu buryo ki inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yakoze yunze ubumwe kugira ngo izigame urutonde mu basavyi b’Imana?

11 Mu kinjana ca mbere. Inama nyobozi yari i Yeruzalemu, yarakora yunze ubumwe kugira ngo itume mu basavyi b’Imana haguma harangwa urutonde n’amahoro. (Ivyak. 2:42) Nk’akarorero, igihe ikibazo co kugenyerwa cavyuka nko mu 49, inama nyobozi yaracicariye iyobowe n’impwemu nyeranda. Iyo ishengero riguma ritabona kumwe ivy’ico kibazo, igikorwa co kwamamaza cari kuhabonera. Naho intumwa n’abagabo b’inararibonye bari Abayuda, ntibemeye kwoshwa n’imigenzo y’Abayuda, canke abayishigikira bivuye inyuma. Ahubwo riho, barondeye kwisunga Ijambo ry’Imana no kuyoborwa n’impwemu yayo. (Ivyak. 15:1, 2, 5-20, 28) None vyavuyemwo iki? Yehova yarahezagiye ingingo bafashe, ubumwe n’amahoro birasasagara, igikorwa co kwamamaza na co kiratera imbere.​—Ivyak. 15:30, 31; 16:4, 5.

12. Ni igiki cerekana ko ishirahamwe rya Yehova rirangwamwo urutonde n’amahoro muri iki gihe?

12 Muri iki gihe. Ishirahamwe rya Yehova ryarafashije abasavyi biwe kuzigama urutonde n’amahoro. Mu 1895, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu, wo ku wa 15 Munyonyo warimwo ikiganiro cavuga ngo: “Mu buryo bubereye kandi ku rutonde,” gishingiye ku 1 Abakorinto 14:40. Ico kiganiro cavuga ngo: “Intumwa zarandikiye ishengero ryo mu ntango ibintu vyinshi ku bijanye n’urutonde . . . Birahambaye ko tuguma dukurikiza twitonze ‘ibintu vyanditswe kera kugira bitwigishe.’” (Rom. 15:4) Ico cipfuzo abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise c’uko mw’ishengero harangwa urutonde n’amahoro, kirigaragaza no mw’ishirahamwe rya Yehova muri iki gihe. Tubitangire akarorero: Bishitse ukitaba icigwa c’Umunara w’Inderetsi mu rindi shengero canke mbere mu kindi gihugu, uba uzi icigwa kiza kurimburwa be n’ingene kiza kuyoborwa. Emwe, ubwo nyene uca wumva wisanze! Hoba hari ikindi cotuma ubwo bumwe bw’agaciro bushoboka atari impwemu y’Imana?​—Zef. 3:9.

13. Twisunze Yakobo 3:17 ni ibibazo ibihe twokwibaza?

13 Ico wokora. Yehova yipfuza ko abasavyi biwe “bagumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:1-3) Niwibaze rero uti: ‘Noba ndemesha ubumwe n’amahoro mw’ishengero? Noba ngamburukira abatuja imbere? Abandi boba banyizigira na canecane nimba hari amabanga nshinzwe mw’ishengero? Noba nubahiriza umwanya, ngafasha abavukanyi kandi ngakorana umutima mwiza?’ (Soma Yakobo 3:17.) Nimba ubona ivyo woryohora, nusenge usaba impwemu nyeranda. Uko urushiriza kureka impwemu nyeranda ikagufasha kuryohora kamere zawe be n’ivyo ukora, ni ko abavukanyi na bashiki bacu barushiriza kugukunda no kuguha agaciro.

YEHOVA ARATWIGISHA AKONGERA AKATURONSA N’IBINDI DUKENEYE

14. Twisunze Abakolosayi 1:9, 10, Yehova yigishije gute abasavyi biwe bo mu kinjana ca mbere?

14 Mu kinjana ca mbere. Yehova arahimbarwa cane no kwigisha abasavyi biwe. (Zab. 32:8) Yipfuza ko bamumenya, bakamukunda kandi bakazobaho ibihe bidahera. Ivyo vyose ntivyoshobotse ataturonkeje inyigisho. (Yoh. 17:3) Yehova yarakoresheje ishengero ryo mu kinjana ca mbere kugira ngo yigishe abasavyi biwe. (Soma Abakolosayi 1:9, 10.) Impwemu nyeranda, ari we wa “mufasha” Yezu yari yarasezeranye, yararanguye uruhara ruhambaye muri ivyo. (Yoh. 14:16) Yaratumye abigishwa barushiriza gutahura Ijambo ry’Imana, yongera irabibutsa ibintu vyinshi Yezu yavuze be n’ivyo yakoze, nk’uko vyahavuye vyandikwa mu Njili. Ubwo bumenyi bwarakomeje ukwizera kw’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, burakomeza n’urukundo bakunda Imana, urwo bakunda Umwana wayo, be n’urwo bakundana hagati yabo.

15. Ni mu buryo ubuhe wiboneye ingene Yehova arangura ivyo yasezeranye muri Yesaya 2:2, 3?

15 Muri iki gihe. Yehova yaravuze ko “mu kiringo ca nyuma c’imisi” abantu bo mu mahanga yose boje ku musozi wiwe w’ikigereranyo kugira ngo bigishwe inzira ziwe. (Soma Yesaya 2:2, 3.) Turibonera ingene ubwo buhanuzi buriko buraranguka. Ugusenga kw’ukuri kwarashizwe hejuru y’ukundi kwose kw’ikinyoma. Vyongeye, Yehova ariko aratanga ibifungurwa binovereye vyo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 25:6) Abicishije ku “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” ntabituronsa ku bwinshi gusa ahubwo arabituronsa no mu buryo batandukanye cane, uhereye ku biganiro n’insiguro gushika ku tuvidewo dutoduto n’amavidewo maninimanini. (Mat. 24:45) Twovuga nka Elihu wa mugenzi wa Yobu, uwavuze ati “Ni nde mwigisha ameze [nk’Imana]?”​—Yobu 36:22.

Nushire ukuri mu mutima wawe, wongere ubeho ukwisunga mu buzima bwawe (Raba ingingo ya 16) *

16. Wokora iki kugira ngo ukomere mu vy’impwemu?

16 Ico wokora. Impwemu y’Imana izogufasha gushira mu ngiro ivyo usoma n’ivyo wiga mw’Ijambo ry’Imana. Nusenge nk’umwanditsi wa zaburi, uwavuze ati: “Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova! Nzogendera mu kuri kwawe. Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe.” (Zab. 86:11) Nubandanye rero kwihereza ibifungurwa vy’impwemu Yehova aturonsa biciye mw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. Ariko rero, intumbero yawe si iyo kwironsa gusa ubumenyi. Ahubwo wipfuza gushira ukwo kuri mu mutima wawe, ukongera ukabaho ukwisunga mu buzima bwawe. Impwemu ya Yehova irashobora kugufasha kubigira. Wipfuza kandi kuremesha abavukanyi na bashiki bacu. (Heb. 10:24, 25) Kubera iki? Kubera ari bo muryango wawe wo mu vy’impwemu. Nusabe impwemu y’Imana igufashe gutanga ivyiyumviro biremesha ku makoraniro, no gushikiriza neza ikiganiro wahawe. Ubigenjeje gutyo, uba weretse Yehova n’Umwana wiwe yuko ukunda “intama” zabo z’agaciro.​—Yoh. 21:15-17.

17. Ni mu buryo butandukanye ubuhe wokwerekana ko ushigikira ishirahamwe rya Yehova udahemuka?

17 Vuba, ishirahamwe ryonyene rizosigara kw’isi, ni irizoba riyobowe n’impwemu y’Imana. Nukorane rero n’ishirahamwe rya Yehova ubigiranye umwete. Niwigane Imana mu gukunda abantu utagira nkunzi, mu kubwira inkuru nziza abantu bose muhura. Nuyigane mu gukunda urutonde n’amahoro, mu kuremesha ubumwe mw’ishengero. Vyongeye, niwumvirize Umwigisha wawe Ahambaye, mu kwihereza bimwe bishitse ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu aturonsa. Gutyo, isi ya Shetani niyakurwaho, ntuzotinya. Ahubwo riho, uzohagarara ushikamye uri kumwe n’abariko barakorana n’ishirahamwe rya Yehova badahemuka.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

^ ing. 5 Woba wemera udakeka ko Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe muri iki gihe? Muri iki kiganiro, turarimbura ingene Yehova yayoboye ishengero ryo mu kinjana ca mbere, n’ingene abandanya kuyobora abasavyi biwe muri iki gihe.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ishirahamwe rya Yehova rigizwe n’igice co mw’ijuru n’igice co kw’isi. Muri iki kiganiro, ijambo “ishirahamwe” ryerekeza ku gice co kw’isi.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Inyuma yo kuraba amavidewo yerekana abitanze bakaja gukorera mu bihugu birimwo inkenero y’abamamaji kuruta, mushiki wacu w’umutsimvyi aca yipfuza kubigana. Amaherezo arashika kw’ihangiro ryiwe ryo gukorera mu cibare nk’ico.