Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 44

Boba bazokorera Imana nibakura?

Boba bazokorera Imana nibakura?

“Yezu abandanya gutera imbere mu bukerebutsi no gukura ku mubiri no kugira ubutoni ku Mana no ku bantu.”​—LUKA 2:52.

URURIRIMBO RWA 134 Abana ni ingabire iva ku Mana

INCAMAKE *

1. Ihitamwo ryiza kuruta ayandi yose umuntu yogira ni irihe?

AKENSHI, amahitamwo abavyeyi bagira, aragira ingaruka ku bana babo igihe kirekire. Iyo abavyeyi bahisemwo nabi, birashobora gutuma abana babo bagira ingorane. Ariko iyo bahisemwo neza, baba bahaye amahirwe abana babo yo kuzobaho bahimbawe. Ariko rero ivyo bisaba ko n’abana bagira amahitamwo meza. Ihitamwo ryiza kuruta ayandi yose umuntu yogira, ni ugukorera Yehova, wa Muvyeyi wacu wo mw’ijuru arangwa urukundo.​—Zab. 73:28

2. Yezu n’abavyeyi biwe bagize amahitamwo meza ayahe?

2 Abavyeyi ba Yezu, bari bafise umwiyemezo wo gufasha abana babo gukorera Yehova. Kandi amahitamwo bagize, yarerekanye ko ari ryo hangiro nyamukuru bari bafise mu buzima. (Luka 2:40, 41, 52) Yezu na we nyene, yaragize amahitamwo meza yamufashije kurangura uruhara yari afise mu mugambi wa Yehova. (Mat. 4:1-10) Yezu amaze gukura, yahavuye aba umuntu w’umutima mwiza, w’intahemuka, kandi w’umutima rugabo. Nta muvyeyi n’umwe atinya Imana atohimbarwa no kugira umwana nk’uwo.

3. Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

3 Muri iki kiganiro tugiye kurimbura ibibazo bikurikira: Ni amahitamwo meza ayahe Yehova yagize ku bijanye na Yezu? Ni ivyigwa ibihe abavyeyi bakunda Imana bokwigira ku mahitamwo abavyeyi ba Yezu bagize? Abakiri bato na bo, bokwigira iki ku mahitamwo Yezu yagize?

IVYIGWA TWIGIRA KURI YEHOVA

4. Ni ihitamwo rihambaye irihe Yehova yagize ku bijanye n’Umwana wiwe?

4 Yehova, yahitiyemwo Yezu abavyeyi beza igitangaza. (Mat. 1:18-23; Luka 1:26-38) Amajambo avuye ku mutima Mariya yavuze dusanga muri Bibiliya, arerekana ko yakunda cane Yehova be n’ijambo ryiwe. (Luka 1:46-55) Vyongeye, kubona Yozefu yarakurikije ubuyobozi yahawe na Yehova, birerekana ko yatinya Imana be n’uko yipfuza kuyihimbara.​—Mat. 1:24.

5-6. Ni ibiki Yehova yaretse bigashikira umwana wiwe?

5 Urabona ko Yehova atahitiyemwo Yezu abavyeyi b’abatunzi. Ishikanwa Yozefu na Mariya batanze inyuma y’ivuka rya Yezu, rirerekana ko bari abakene. (Luka 2:24) Yozefu ashobora kuba yari afise akazu gatoyi yabaziramwo hafi y’inzu yiwe i Nazareti. Bategerezwa kuba bari babayeho mu buryo bubayabaye, na canecane uko umuryango wabo wagenda uraguka gushika n’imiburiburi ku bana indwi.​—Mat. 13:55, 56.

6 Naho Yehova yakingiye Yezu ibintu bimwebimwe, ntiyamukingiye ingorane zose. (Mat. 2:13-15) Nk’akarorero, Yezu yari afise abo mu muryango batamwemera. Iyumvire ukuntu ategerezwa kuba yarababaye, kubona hari abo mu muryango wiwe bwite batashotse bemera ko ari Mesiya. (Mrk. 3:21; Yoh. 7:5) Yezu ashobora kandi kuba yaragize intuntu yo kubura se wiwe w’umurezi, ari we Yozefu. Ivyo bishobora kuba bisobanura ko Yezu ari we yasigaye yitwararika ibikorwa se wiwe yahora akora narirya ari we yari imfura. (Mrk. 6:3) Yezu amaze gukura, yarize kwitwararika umuryango wiwe. Ashobora kuba yarakora cane kugira aronse umuryango wiwe ivya nkenerwa. Yari azi rero ico ari co gukora ugataha wasanzaye.

Bavyeyi, nimutegure abana banyu ku bw’ingorane zoshobora kubashikira, mu kubigisha ingene boronderera impanuro mw’Ijambo ry’Imana (Raba ingingo ya 7) *

7. (a) Ni ibibazo ibihe abavyeyi bokwibaza vyobafasha kurera abana babo? (b) Mu Migani 2:1-6, hofasha gute abavyeyi kumenyereza abana babo?

7 Nimba mwubatse kandi mukaba mwipfuza kuvyara abana, nimwibaze muti: ‘Twoba twicisha bugufi, dukunda Imana ku buryo Yehova yodutora akadushinga ibanga ryo kwitwararika umwana w’agaciro?’ (Zab. 127:3, 4) Nimba na ho usanzwe uri umuvyeyi, niwibaze uti: ‘Noba nigisha abana banje gukunda ibikorwa?’ (Umus. 3:12, 13) Noba nkora ibishoboka vyose kugira nkingire abana banje ibintu vyo muri iyi si ya Shetani vyoshobora kubagirira nabi ku mubiri no mu nyifato runtu? (Imig. 22:3) Ntushobora gukingira abana bawe ingorane zose zobashikira. Ivyo ntibishoboka. Ariko urashobora kubategura intambwe ku yindi kandi ubigiranye urukundo, ku bw’ingorane zobashikira mu buzima, mu kubigisha ingene boronderera impanuro mw’Ijambo ry’Imana. (Soma Imigani 2:1-6.) Nk’akarorero, hagize incuti iheba ukuri, nufashe abana bawe ukoresheje Ijambo ry’Imana kumenya igituma bihambaye cane kuguma ari intahemuka kuri Yehova. (Zab. 31:23) Canke na ho igihe mubuze umuntu, niwereke abana bawe Ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyobafasha kwihanganira intuntu no kugira amahoro yo mu mutima.​—2 Kor. 1:3, 4; 2 Tim. 3:16.

IVYIGWA TWIGIRA KURI YOZEFU NA MARIYA

8. Yozefu na Mariya bakurikije gute ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7?

8 Abavyeyi ba Yezu bo kw’isi baramufashije kugira ngo akure ashimwa n’Imana. Barakurikije ubuyobozi Yehova aha abavyeyi. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7.) Yozefu na Mariya barakunda cane Yehova, kandi ico bashira imbere kwari ugufasha abana babo ngo na bo nyene bakure bakunda Yehova.

9. Ni amahitamwo ahambaye ayahe Yozefu na Mariya bagize?

9 Yozefu na Mariya bahisemwo kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu mu muryango wabo. Nta gukeka ko buri ndwi bama bitaba amakoraniro yabera mw’isinagogi i Nazareti, hamwe na Pasika yabera i Yeruzalemu buri mwaka. (Luka 2:41; 4:16) Igihe baba bagiye i Yeruzalemu, bashobora kuba baraboneraho akaryo ko kwigisha Yezu be n’abo bavukana ibijanye na kahise k’abasavyi ba Yehova, kumbure bakaza baraca no kuraba ibibanza bivugwa mu Vyanditswe. Uko umuryango wabo watera waguka, bitegerezwa kuba bitorohera Yozefu na Mariya kugumana urutonde rwabo rwo mu vy’impwemu. Ariko rero akigoro bagize karavuyemwo ivyiza. Umuryango wabo wagumye wifashe neza mu vy’impwemu, kubera ko bashize imbere ibijanye no gusenga Yehova.

10. Abavyeyi bokura ivyigwa ibihe kuri Yozefu na Mariya?

10 None ni ivyigwa ibihe abavyeyi batinya Imana bokura kuri Yozefu na Mariya? Igihambaye kuruta, ni uko mwereka abana banyu mu vyo muvuga no mu vyo mukora ko mukunda cane Yehova. Nimwibuke yuko ingabire nziza kuruta izindi zose mwobaha, ari ukubafasha gukunda Yehova. Vyongeye, kimwe mu vyigwa bihambaye mwobigisha, ni ukubereka ingene bogumana urutonde rwiza rwo kwiyigisha, gusenga, kwitaba amakoraniro no kuja mu ndimiro. (1 Tim. 6:6) Ego ni ko mutegerezwa kuronsa abana banyu ivyo bakeneye ku mubiri. (1 Tim. 5:8) Ariko rero, nimwibuke yuko ikizotuma abana banyu barokoka iherezo ry’iyi si mbi bakinjira mw’isi nshasha y’Imana, ari ubucuti bwiza bafitaniye na Yehova, atari amatungo y’umubiri. *​—Ezk. 7:19; 1 Tim. 4:8.

Birakora ku mutima kubona abavyeyi bagira amahitamwo meza ku neza y’imiryango yabo (Raba ingingo ya 11) *

11. (a) Impanuro dusanga muri 1 Timoteyo 6:17-19, ifasha gute abavyeyi kugira amahitamwo meza mu bijanye no kurera abana babo? (b) Ni imigambi iyihe umuryango wanyu wokwishingira, kandi ni ivyiza ibihe vyoshobora kuvamwo? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ni imigambi iyihe mwipfuza gushikako?”)

11 Ese ukuntu bikora ku mutima kubona abavyeyi benshi cane bariko baragira amahitamwo meza cane mu vy’impwemu ku bw’ineza y’imiryango yabo. Bama bakorera hamwe ibikorwa bijanye n’ugusenga. Baritaba amakoraniro n’amahwaniro, kandi bakagira uruhara mu ndimiro. Hari mbere n’imiryango ihora yitanga ikaja kwamamaza mu vyibare bikorerwamwo gake. Iyindi na yo iragendera inyubakwa za Beteli canke igashigikira ibikorwa vy’ubwubatsi. Imiryango igira amahitamwo nk’ayo, itegerezwa kugira ivyo ihevye mu vy’ubutunzi, kandi yoshobora kugira ingorane zimwezimwe. Ariko ivyiza bironkera bituma vy’ukuri baba abatunzi mu vy’impwemu. (Soma 1 Timoteyo 6:17-19.) Abana bakurira mu miryango nk’iyo, usanga babandanya kwisunga ivyo bize, kandi ntibigera bicuza. *​—Imig. 10:22.

IVYIGWA TWIGIRA KURI YEZU

12. Yezu amaze gukura yategerezwa gukora iki?

12 Umuvyeyi wa Yezu wo mw’ijuru yama agira amahitamwo meza, kandi n’abavyeyi ba Yezu bo kw’isi ni ko babigenjeje. Ariko rero Yezu amaze gukura yategerezwa kwigirira amahitamwo. (Gal. 6:5) Yari afise umwidegemvyo wo kwihitiramwo cokimwe na twebwe twese. Yari gushobora guhitamwo gushira imbere ivyo kwironderera inyungu ziwe bwite. Aho kubigenza gutyo, yahisemwo kuzigama ubucuti bwiza yari afitaniye na Yehova. (Yoh. 8:29) None akarorero kiwe kofasha gute abakiri bato muri iki gihe?

Rwaruka, ntimwigere mwanka ivyo abavyeyi banyu babigisha (Raba ingingo ya 13) *

13. Ni ihitamwo rihambaye irihe Yezu yagize igihe yari akiri muto?

13 Igihe Yezu yari akiri umwana, yarahisemwo kuyobokera abavyeyi biwe. Ntiyigeze yanka gukurikiza ivyo bamubwira yitwaje ngo ni uko yari azi vyinshi kubarusha. Ahubwo ‘yagumye abayobokera.’ (Luka 2:51) Nta gukeka kandi ko yafatana uburemere ibanga yari afise ryo kuba umwana w’imfura. Yarihase ariga umwuga wa se wiwe w’umurezi Yozefu, kugira ngo aze arafasha umuryango kuronka ivyo ukeneye.

14. Twemezwa n’iki yuko Yezu yiyigisha neza Ijambo ry’Imana?

14 Abavyeyi ba Yezu bashobora kuba baramwiganiye ingene yavutse ku gitangaro, be n’ivyo intumwa z’Imana zavuze ku bimwerekeye. (Luka 2:8-19, 25-38) Ariko ivyo ntivyari bihagije kuri Yezu. Yariyigisha n’Ivyanditswe. None twemezwa n’iki ko Yezu yiyigisha neza Ijambo ry’Imana? Kubera ko igihe yari akiri muto, abigisha b’i Yeruzalemu “baguma bumizwa n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe.” (Luka 2:46, 47) Igihe yari afise imyaka 12 gusa, Yezu yari yaramaze kujijuka yuko Yehova ari Se wiwe.​—Luka 2:42, 43, 49.

15. Yezu yerekanye gute ko yahisemwo gukora ivyo Imana igomba?

15 Igihe Yezu yamenya uruhara yoranguye mu mugambi wa Yehova, yahisemwo kwemera iryo banga. (Yoh. 6:38) Yari azi ko yokwanswe na benshi, kandi ico kintu ategerezwa kuba yagumye akizirikanako. Naho ari ukwo, yahisemwo kuyobokera Yehova. Igihe Yezu yabatizwa mu 29, ico yashira imbere mu buzima kwari ugukora ivyo Yehova agomba. (Heb. 10:5-7) N’igihe mbere yariko aracikanira ku giti co kubabarizwako, ntiyigeze atirimuka ku vyo Se wiwe agomba.​—Yoh. 19:30.

16. Ni icigwa ikihe abana bokura kuri Yezu?

16 Nugamburukire abavyeyi bawe. Cokimwe na Yozefu na Mariya, abavyeyi bawe ntibatunganye. Ariko rero, ni bo Yehova yashinze ibanga ryo ku gukingira, kukwigisha no kukuyobora. Niwumvira impanuro zabo ukongera ukubaha ubukuru bwabo, ‘bizokugendera neza.’​—Ef. 6:1-4.

17. Twisunze Yosuwa 24:15, ni ingingo iyihe abakiri bato bategerezwa kwifatira?

17 Nuhitemwo uwo uzokorera. Urakwiye kumenya neza Yehova uwo ari we, imigambi yiwe, ukongera ukabaho uyisunga mu buzima bwawe. (Rom. 12:2) Aho ni ho uzoshobora gufata ingingo ihambaye kuruta izindi zose mu buzima bwawe, na yo akaba ari gukorera Yehova. (Soma Yosuwa 24:15; Umus. 12:1) Niwama usoma Bibiliya kandi ukiyigisha udahorereza, uzorushiriza gukunda Yehova, kandi ukwizera kwawe kurushirize gukomera.

18. Ni irindi hitamwo irihe abakiri bato bategerezwa kugira, kandi rizovamwo iki?

18 Nuhitemwo kubaho ushira imbere ivyo Yehova agomba. Isi ya Shetani, igusezeranira ko niwakoresha ububangukirwe bwawe ku bw’inyungu zawe bwite, uzohimbarwa. Ariko ico tuzi coco, ni uko abashira imbere ivy’umubiri “bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.” (1 Tim. 6:9, 10) Ariko niwumviriza Yehova ugahitamwo kubaho ushira imbere ivyo agomba, uzororanirwa kandi ‘ukorane ubukerebutsi.’​—Yos. 1:8.

UZOHITAMWO GUKORA IKI?

19. Ni igiki abavyeyi bakwiye kwibuka?

19 Yemwe bavyeyi, nimukore ibishoboka vyose kugira mufashe abana banyu gukorera Yehova. (Imig. 3:5, 6) Nimwibuke ko ivyo mukora ari vyo bigira akosho kanini ku bana banyu kuruta ivyo muvuga. Nimufate ingingo rero zizotuma abana banyu barushiriza kuronka amahirwe yo kubaho bashimwa na Yehova.

20. Ni ivyiza ibihe abakiri bato bazokwironkera nibahitamwo gukorera Yehova?

20 Yemwe bakiri bato, abavyeyi banyu barashobora kubafasha kugira amahitamwo meza mu buzima. Ariko rero ni mwebwe mwihitiramwo kubaho mushimwa n’Imana. Nimwigane Yezu rero, muhitemwo gukorera Umuvyeyi wanyu wo mw’ijuru abakunda. Nimwabigira, muri iki gihe muzobaho mufise vyinshi mukora kandi muhimbawe. (1 Tim. 4:16) Muri kazoza na ho, muzogira ubuzima buhimbaye kuruta!

URURIRIMBO RWA 133 Senga Yehova mu buto bwawe

^ ing. 5 Abavyeyi bipfuza yuko abana babo nibakura, boba abasavyi ba Yehova bahimbawe. None ni amahitamwo ayahe bogira yofasha abana babo gushika kuri iryo hangiro? Abakiri bato bobo bogira amahitamwo ayahe yotuma bagira agahimbare nyakuri mu buzima? Iki kiganiro kiraza kwishura ivyo bibazo.

^ ing. 10 Raba igitabu, Le culte pur de Jéhovah enfin rétabli !, rup. 69-70, ing. 17-18.

^ ing. 11 Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ndifitiye abavyeyi beza igitangaza” muri Be maso! yo muri Gitugutu 2011, rup. 20, be n’ikiganiro kivuga ngo “Ikete ridasanzwe bandikiye abavyeyi babo” muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Ntwarante 1999, rup. 25.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu akiri umwana, Mariya ategerezwa kuba yaramufashije gukura akunda cane Yehova. Muri iki gihe, ba inabibondo na bo nyene barashobora gufasha abana babo gukunda Yehova.

^ ing. 68 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yozefu ategerezwa kuba yaraha agaciro ivyo kuja kw’isinagogi ari kumwe n’umuryango wiwe. Muri iki gihe, ba sebibondo baraha agaciro ivyo kwitaba amakoraniro bari kumwe n’imiryango yabo.

^ ing. 70 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu yarigiye umwuga kuri se. Muri iki gihe, abakiri bato barashobora kwigira umwuga kuri ba se.