Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 42

Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca kabiri

Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca kabiri

“Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe.”​—1 TIM. 4:16.

URURIRIMBO RWA 77 Umuco uraka mw’isi y’umwiza

INCAMAKE *

1. Twemezwa n’iki ko igikorwa co guhindura abantu abigishwa kirokora ubuzima?

IGIKORWA co guhindura abantu abigishwa ni igikorwa kirokora ubuzima. None tuvyemezwa n’iki? Igihe Yezu yatanga itegeko dusanga muri Matayo 28:19, 20, yavuze ati: “Nimugende rero, . . . muhindure abantu . . . , abigishwa mubabatiza.” None tuzi gute ko ibatisimu ihambaye? Ni igisabwa kuri abo bose bipfuza kurokoka. Uwipfuza kubatizwa ategerezwa kuba yizera ko ukurokoka gushoboka biciye gusa ku rupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe. Ni co gituma ku bijanye n’ibatisimu intumwa Petero yabwiye abakirisu bagenziwe ati: “Igihuye n’ico ni na co ubu kiriko kirabakiza ni ukuvuga ibatisimu . . . biciye kw’izuka rya Yezu Kristu.” (1 Pet. 3:21) Igihe rero umwigishwa mushasha abatijwe, aba aronse icizigiro co kuzorokoka.

2. Muri 2 Timoteyo 4:1, 2 haduhimiriza kuba abigisha bameze gute?

2 Kugira ngo duhindure abantu abigishwa, turakeneye gutsimbataza “ubuhanga bwo kwigisha.” (Soma 2 Timoteyo 4:1, 2.) Uti kubera iki? Kubera ko Yezu yadutegetse ati: “Nimugende rero, . . . muhindure abantu abigishwa . . . , mubigisha.” Intumwa Paulo na we, yavuze ngo ‘nugume’ muri ico gikorwa, “kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza.” Birumvikana rero kubona Paulo yavuze ati: “Wame wiyubara . . . ku nyigisho yawe.” (1 Tim. 4:16) Kubera ko kwigisha bifitaniye isano no guhindura abantu abigishwa, twipfuza kwigisha mu buryo bwiza kuruta.

3. Muri iki kiganiro turimbura iki ku bijanye no kuyobora inyigisho za Bibiliya?

3 Turiko turigisha abantu amamiliyoni ukuri kwo muri Bibiliya. Ariko nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, twipfuza kumenya ingene twofasha benshi muri bo gucika abigishwa ba Yezu Kristu babatijwe. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibindi bintu bitanu umwigisha wese yokora kugira ngo afashe uwo yigisha gutera imbere kugira ngo abatizwe.

NUREKE BIBILIYA YIVUGIRE

Nusabe umwigisha azi utuntu n’utundi agufashe kuryohora ubuhanga bwawe mu kureka Bibiliya ikaba ari yo yivugira (Raba ingingo ya 4-6) *

4. Kubera iki umwigisha akwiye kwigumya igihe ariko arayobora inyigisha ya Bibiliya? (Raba n’akajambo k’epfo.)

4 Turakunda ivyo twigisha biva mw’Ijambo ry’Imana. Ku bw’ivyo, twoshobora kugwa mu mutego wo kuvuga menshi. Ariko rero, umuntu yaba ayobora icigwa c’Umunara w’Inderetsi, inyigisho ya Bibiliya y’ishengero, canke inyigisho ibera ku muhana, ntakwiye kuvuga menshi. Kugira ngo umwigisha areke Bibiliya abe ari yo yivugira, arakeneye kwigumya ntagerageze gusigura akantu kose azi ku bijanye n’umurongo wo muri Bibiliya canke iciyumviro kanaka. * (Yoh. 16:12) Gereranya ubumenyi bwo muri Bibiliya wari ufise igihe wabatizwa be n’ubwo ufise ubu. Birashoboka ko ico gihe wari uzi inyigisho z’ishimikiro gusa. (Heb. 6:1) Vyafashe imyaka itari mike kugira ngo umenye ivyo uzi uwu musi. Ni co gituma udakwiye kugerageza kubwirira icarimwe umwigishwa mushasha ibintu vyose uzi.

5. (a) Twisunze ibivugwa mu 1 Abatesalonika 2:13, twipfuza ko uwo twigisha atahura iki? (b) Tworemesha gute uwo twigisha kuvuga ibijanye n’ivyo ariko ariga?

5 Twipfuza ko uwo twigisha atahura yuko ivyo twiga biva mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (Soma 1 Abatesalonika 2:13.) None twobigira gute? Nuremeshe uwo wigisha kuvuga ibijanye n’ivyo aba ariko ariga. Aho kwama umusigurira ivyanditswe, numusabe agusigurire bimwebimwe muri vyo. Numufashe kubona ingene yoshira mu ngiro ibijanye n’Ijambo ry’Imana. Numubaze utubazo two kumuyobora n’udutuma avuga ico yiyumvira ku bijanye n’ivyanditswe ahejeje gusoma. (Luka 10:25-28) Nk’akarorero womubaza uti: “Iki canditswe cagufashije kubona kamere iyihe muri kamere za Yehova?” “Ivyo bintu uhejeje kumenya muri Bibiliya vyokugirira akamaro gute?” “Ivyo umenye ubibona gute?” (Imig. 20:5) Igihambaye si ivyo uwo mwigishwa amenya, ahubwo ni ukuntu abikunda be n’ukuntu abishira mu ngiro.

6. Igihe ugiye kuyobora inyigisho ya Bibiliya, kubera iki vyoba vyiza ujanye n’umwamamaji azi kwigisha neza?

6 Igihe ugiye kwigisha umuntu Bibiliya, woba uhora ujana n’abamamaji bazi kwigisha neza? Mujanye, woshobora kubasaba bakakubwira ingene babonye uyobora inyigisho ya Bibiliya bakakubwira kandi nimba ukoresha neza Bibiliya mu kwigisha. Nimba wipfuza kuryohora ubuhanga bwawe bwo kwigisha utegerezwa kwicisha bugufi. (Gereranya n’⁠Ivyakozwe 18:24-26.) Mu nyuma, nubaze umwamamaji mwajanye azi utuntu n’utundi nimba abona ko uwo wigisha atahura ivyo yiga. Woshobora kandi gusaba uwo mwamamaji nyene ngo azokuyoborere iyo nyigisho hamwe vyoshika ukamara indwi canke irenga utaboneka. Ivyo bizotuma uwo muntu aguma yiga ubudahorereza kandi bitume abona ko kwiga bihambaye. Ntukigere wiyumvira ko iyo nyigisho ari rwawe, ko rero ata wundi ashobora kuyiyobora. Kanatsinda, uwo mwigishwa umwipfuriza ineza kugira ngo agume atera imbere mu kuri.

NIWIGISHE UBIGIRANYE IGISHIKA N’UKUJIJUKA

Nubwire uwo wigisha uburorero bw’abantu bwomufasha gutahura ingene yoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya (Raba ingingo ya 7-9) *

7. Ni igiki kizotuma uwo wigisha akunda ivyo yiga?

7 Uwo wigisha arakeneye kubona ko ufise igishika, akumva kandi ko wajijutse ku bijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya. (1 Tes. 1:5) Ivyo vyoshobora gutuma arushiriza gukunda ivyo yiga. Nimba ubona ko bibereye, numubwire ingene kubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyagufashije ubwawe. Ivyo bizotuma abona ko Bibiliya irimwo impanuro nziza zishobora kumugirira akamaro na we nyene.

8. Wokora iki kugira ufashe uwo wigisha Bibiliya, kandi kubera iki wobigenza gutyo?

8 Igihe uriko uriga n’umwigishwa, numubwire uburorero bw’abantu baciye mu ngorane nk’iziwe kandi bakazitsinda. Igihe ugiye kumwigisha, woshobora no kujana n’umwamamaji wo mw’ishengero yashikiwe n’ibintu vyoshobora kugira ico vyigishije uwo mwigishwa wawe. Canke na ho woshobora kumwiganira inkuru zikora ku mutima dusanga kuri jw.org, mu rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima.” * Ivyo biganiro be n’amavidewo bizomufasha kubona ko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwiwe ari ngirakamaro.

9. Woremesha gute uwo wigisha Bibiliya kubwira incuti n’abagenzi ivyo ariko ariga?

9 Nimba uwo mwigishwa yubatse, uwo bubakanye na we nyene yoba yiga Bibiliya? Nimba atiga, numusabe na we nyene abiyungeko. Nuremeshe uwo wigisha kubwira incuti n’abagenzi ivyo ariko ariga. (Yoh. 1:40-45) Wobigenza gute? Woshobora kumubaza uti: “Iki ciyumviro wogisigurira gute abo mu muryango wawe?” Canke ukamubaza uti: “Ni icanditswe ikihe wokoresha kugira ngo wereke umugenzi wawe ko ibi wize ari ukuri?” Ubigenjeje gutyo, uzoba uriko uramenyereza uwo wigisha gucika umwigisha. Niyamara gukwiza ibisabwa, azoca atangura kwamamaza yifatanije n’ishengero. Woshobora kumubaza nimba hari uwundi muntu azi yoba yipfuza kwiga Bibiliya. Amukubwiye, nuce urondera kuvugana n’uwo muntu udatevye umusabe ko mwotangura kwiga. Numwereke ya videwo ivuga ngo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya. *

NUREMESHE UWO WIGISHA KURONDERERA ABAGENZI MW’ISHENGERO

Nuremeshe uwo wigisha kuronderera abagenzi mw’ishengero (Raba ingingo ya 10-11) *

10. Twisunze 1 Abatesalonika 2:7, 8, umwigisha yokwigana gute akarorero ka Paulo?

10 Abigisha bategerezwa kwitaho cane abo bigisha. Nubabone nk’abavukanyi na bashikawe bo muri kazoza. (Soma 1 Abatesalonika 2:7, 8.) Ntibiborohera guheba abagenzi bo muri iyi si no guhindura ibikenewe vyose kugira ngo bakorere Yehova. Turakeneye kubafasha kuronka abagenzi beza mw’ishengero. Nubere umugenzi uwo wigisha Bibiliya, mu kuza uramarana umwanya na we no mu bindi biringo atari igihe gusa muriko muriga Bibiliya. Kumuterefona, kumwandikira aka mesaje canke kwicisha iwe igihe atari umusi wo kwiga, biramwereka ko umwitwararika vy’ukuri.

11. Twipfuza ko abo twigisha Bibiliya baronka iki mw’ishengero, kandi kubera iki?

11 Barayamaze bati: “Umwana si uw’umwe.” Natwe twovuga duti: “Umwigishwa si uw’umwe, ahubwo ni uw’ishengero.” Ni co gituma abigisha beza bamenyekanisha abigishwa babo ku bandi bagize ishengero bashobora kubagirako akosho keza. Abo bigishwa boshobora guhimbarwa no kwifatanya n’abasavyi b’Imana bobaremesha mu vy’impwemu no mu bihe vy’ingorane. Twipfuza ko buri mwigishwa yumva yisanze mw’ishengero be n’uko ari mu bagize umuryango wacu wo mu vy’impwemu. Twipfuza yuko yiyumvamwo umuryango wacu urangwamwo igishika n’urukundo. Aho ni ho bizomworohera kwirinda kwifatanya n’abantu batamuremesha gukunda Yehova. (Imig. 13:20) Abagenzi yahorana nibamuheba, azoba azi ko ashobora kwironkera abandi bagenzi nyakuri mw’ishirahamwe rya Yehova.​—Mrk. 10:29, 30; 1 Pet. 4:4.

NIWAME UMUBWIRA IVY’UKWIYEGURA N’UKUBATIZWA

Buhorobuhoro, uwiga Bibiliya abigiranye umutima ukunze arashobora gushika ku ntambwe yo kubatizwa (Raba ingingo ya 12-13)

12. Kubera iki dukwiye kubwira uwo twigisha Bibiliya ibijanye no kwiyegura no kubatizwa?

12 Numubwire utarya umunwa ibijanye no kwiyegura no kubatizwa. Kanatsinda intumbero tuba dufise mu kuyobora inyigisho ya Bibiliya, ni ugufasha umuntu gucika umwigishwa wa Kristu yabatijwe. Inyuma y’amezi makeyi mwiga Bibiliya mudahorereza, na canecane amaze gutangura kwitaba amakoraniro, uwo wigisha arakwiye gutahura ko intumbero yo kwiga Bibiliya ari iyo kumufasha kugira atangure gukorera Yehova ari Icabona ciwe.

13. Ni intambwe izihe umwigishwa wa Bibiliya agenda aratera gushika kw’ibatisimu?

13 Bukebuke, umwigishwa wa Bibiliya yoshobora gushika ku ntambwe yo kubatizwa. Ubwa mbere uwo mwigishwa aramenya Yehova, akamukunda akongera akamwizera. (Yoh. 3:16; 17:3) Ubukurikira, aragiranira ubucuti na Yehova, akongera agatangura kwifatanya n’ishengero. (Heb. 10:24, 25; Yak. 4:8) Amaherezo, araheba ingeso mbi yari afise, akongera akigaya ivyaha vyiwe. (Ivyak. 3:19) Muri ico gihe nyene, ukwizera kwiwe kuratuma abwira abandi ukuri ariko ariga. (2 Kor. 4:13) Mu nyuma ariyegurira Yehova hanyuma akabigaragaza mu kubatizwa. (1 Pet. 3:21; 4:2), Ese ukuntu uwo musi wo kubatizwa uba uteye umunezero kuri bose! Uko uwo wigisha agenda aratera intambwe imwimwe muri izo agana ku kubatizwa, numukeze bivuye ku mutima wongere umuremeshe kubandanya atera imbere muri iyo nzira nziza.

NUZE URASUZUMA ITERAMBERE RY’UWO WIGISHA

14. Umwigisha yosuzuma gute iterambere ry’uwo yigisha?

14 Turakeneye kwihangana igihe dufasha uwo twigisha gutera imbere gushika yiyeguye akabatizwa. Ariko rero haragera igihe dukenera kumenya nimba afise icipfuzo co gukorera Yehova Imana. Hoba hari ibimenyetso bikwereka ko uwo wigisha ariko aragerageza gukurikiza amabwirizwa ya Yezu? Canke yipfuza gusa kwimenyera ibintu vyo muri Bibiliya?

15. Ni ibimenyetso ibihe bizokwereka umwigisha ko uwo yigisha ariko aratera imbere?

15 Nuze urasuzuma iterambere umwigishwa ariko aragira. Nk’akarorero, yoba avuga ukuntu yiyumva ku bijanye na Yehova? Yoba asenga Yehova? (Zab. 116:1, 2) Yoba akunda no gusoma Bibiliya? (Zab. 119:97) Yoba yama yitaba amakoraniro? (Zab. 22:22) Hoba hari ivyo yahinduye mu kuntu yari abayeho? (Zab. 119:112) Yoba yaratanguye kubwira incuti n’abagenzi ibijanye n’ivyo yiga? (Zab. 9:1) N’igihambaye kuruta, yoba yipfuza kuba Icabona ca Yehova? (Zab. 40:8) Nimba uwo wigisha Bibiliya atariko aratera imbere mu muce n’umwe muri iyo, nugerageze kumenya ikibituma ubigiranye ubugenge, maze uganire na we ubigiranye umutima mwiza ariko utarya umunwa. *

16. Ni ibiki vyokwerekana ko ukwiye guhagarika kwigisha umuntu Bibiliya?

16 Uko haciye igihe, urakwiye kuza urasuzuma nimba wobandanya kuza uriga n’umuntu Bibiliya. Niwibaze uti: ‘Uwu mwigishwa yoba adategura ivyo yiga? Yoba adashaka kwitaba amakoraniro? Yoba agifise ingeso mbi? Yoba akiri umunywanyi w’idini ry’ikinyoma?’ Nimba inyishu ari ego, kubandanya umwigisha kwoba ari nko kugerageza kwigisha umuntu kwoga kandi adashaka ko hagira n’ima ry’amazi rimukorako. Nimba uwo wigisha adaha agaciro vy’ukuri ivyo ariko ariga kandi akaba atipfuza kugira ivyo ahinduye, kubera iki wobandanya kumwigisha?

17. Twisunze 1 Timoteyo 4:16, abigisha Bibiliya bose bakwiye gukora iki?

17 Turafatana uburemere ibanga dufise ryo guhindura abantu abigishwa, kandi twipfuza gufasha abo twigisha Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu. Ni co gituma dukwiye kureka Bibiliya ikivugira igihe twigisha, kandi tukigisha tubigiranye igishika n’ukujijuka. Turaremesha uwo twigisha kuronderera abagenzi mw’ishengero. Vyongeye, tuguma tumubwira ivyerekeye kwiyegura no kubatizwa, kandi tukaza turasuzuma iterambere ryiwe. (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 13, ruvuga ngo “ Ivyo abigisha bokora kugira ngo bafashe abo bigisha gushika ku kubatizwa.”) Ese ukuntu duhimbarwa no kuba dushobora kugira uruhara muri ico gikorwa kirokora ubuzima! Nimuze twiyemeze gukora uko dushoboye kwose kugira tuyobore inyigisho za Bibiliya zitera imbere gushika kw’ibatisimu.

URURIRIMBO RWA 79 Nubigishe kuguma bashikamye

^ ing. 5 Igihe twigisha abantu Bibiliya, tuba dufise agateka ko kubafasha kumenya ingene Yehova yiyumvira n’ingene bokora ibintu. Iki kiganiro kigiye kubandanya kidusigurira ingene tworyohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha.

^ ing. 4 Raba ikiganiro kivuga ngo “Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho” kiri mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ko muri Nyakanga 2016.

^ ing. 8 Nuje ahavuga ngo IBITWEREKEYE > INKURU Z’IVYABAYE.

^ ing. 9 Kuri JW Library®, nuje ahavuga ngo MULTIMEDIA > NOS RÉUNIONS ET NOTRE MINISTÈRE > OUTILS POUR LA PRÉDICATION.

^ ing. 15 Raba ikiganiro kivuga ngo “Gukunda Yehova no kumukengurukira bizotuma ubatizwa” be n’ikivuga ngo “Hoba hageze ko ubatizwa?” vyasohowe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ntwarante 2020.

^ ing. 77 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Inyuma y’inyigisho ya Bibiliya, mushiki wacu azi utuntu n’utundi arafasha uwayiyoboye kubona igituma adakwiye kuvuga menshi igihe ariko arayobora inyigisho.

^ ing. 79 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu gihe c’inyigisho, wa mwigishwa ariga ingene yoba umukenyezi mwiza. Mu nyuma arabwira umugabo wiwe ivyo yize.

^ ing. 81 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Wa mwigishwa be n’umugabo wiwe, bagiye gutemberera umwe mu bagenzi yaronkeye ku Ngoro y’Ubwami.