Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 45

Ingene twokwigisha abandi kwubahiriza ivyo Kristu yategetse

Ingene twokwigisha abandi kwubahiriza ivyo Kristu yategetse

“Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa, . . . mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”—MAT. 28:19, 20.

URURIRIMBO RWA 89 Umviriza, ugamburuke, uhezagirwe

INCAMAKE *

1. Twisunze Matayo 28:18-20, ni itegeko irihe Yezu yatanze?

YEZU amaze kuzuka, yariyeretse abigishwa biwe bari bakoraniye i Galilaya. Hari ikintu gihambaye yashaka kubabwira. None cari igiki? Ivyo yababwiye tubisanga muri Matayo 28:18-20.—Soma.

2. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

2 Iryo tegeko Yezu yatanze ryo guhindura abantu abigishwa, riratwerekeye na twebwe twese abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Ku bw’ivyo, nimuze turimbure ibibazo bitatu bijanye n’ico gikorwa Yezu yadushinze. Ica mbere, uretse kwigisha abigishwa bashasha ivyo Imana ibasaba, ni ikindi kintu ikihe dukwiye gukora? Ica kabiri, abamamaji bose bo mw’ishengero bofasha gute mw’iterambere ry’abigishwa ba Bibiliya? Ica gatatu, twofasha gute abahororokewe kugira basubire kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?

NUBIGISHE KWUBAHIRIZA IVYO KRISTU YATEGETSE

3. Ni ubuyobozi budomako ubuhe dusanga mw’itegeko Yezu yatanze?

3 Ubuyobozi Yezu yatanze buratomoye. Dutegerezwa kwigisha abantu ivyo yategetse. Ariko rero ntidukwiye kwirengagiza ikintu gihambaye Yezu yavuze atomora. Ntiyavuze ngo ‘mubigishe ibintu vyose nabategetse.’ Ahubwo yavuze ngo mubigishe kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” Mu gukurikiza ubwo buyobozi butomoye Yezu yatanze, ntidukwiye kwigisha umuntu Bibiliya gusa. Ahubwo turakwiye no kumwereka ico yokora. (Ivyak. 8:31) Kubera iki twobigenza gutyo?

4. Kwubahiriza itegeko bisobanura iki? Tanga akarorero.

4 “Kwubahiriza” itegeko bisobanura kurigamburuka. Kugira twerekane ingene twokwigisha umuntu kwubahiriza canke kugamburuka ibintu Kristu yategetse, rimbura aka karorero. Umuntu yigisha abandi gutwara umuduga, abigisha gute kwubahiriza amategeko y’ibarabara? Yoshobora kubanza kubigisha ayo mategeko. Ariko rero kugira ngo abigishe kwubahiriza ayo mategeko, ategerezwa gukora n’ikindi kintu. Ategerezwa kujana n’abo banyeshure igihe bariko baranyonga umuduga mw’ibarabara kandi akaza arabereka ingene bobigenza, igihe bagerageza gushira mu ngiro ivyo bize. None ako karorero katwigisha iki?

5. (a) Twisunze Yohani 14:15 na 1 Yohani 2:3, ni ibiki dukwiye kwigisha inyigisho zacu za Bibiliya? (b) Tanga uburorero bw’ingene twofasha abo twigisha Bibiliya.

5 Igihe twigisha abandi Bibiliya, turabigisha ivyo Imana idusaba. Ariko hari n’ibindi dutegerezwa gukora. Dutegerezwa kubigisha gushira mu ngiro ivyo biga mu buzima bwabo bwa misi yose. (Soma Yohani 14:15; 1 Yohani 2:3.) Biciye ku karorero tubaha, turashobora kubereka ingene boshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bamaze kumenya, igihe bari ku kazi, kw’ishure canke kwinezereza. Twoshobora no kubabwira ikintu cadushikiye mu buzima cerekana ingene gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya vyadukingiye akaga, canke ukuntu vyadufashije gufata ingingo nziza. Twoshobora kandi gusenga Yehova turi kumwe n’abo twigisha, tukamusaba ko impwemu nyeranda yiwe ibayobora.—Yoh. 16:13.

6. Kwigisha abandi kwubahiriza ivyo Yezu yategetse birimwo n’iki?

6 Kwigisha abandi kwubahiriza ivyo Yezu yategetse birimwo n’iki? Birimwo gufasha abo twigisha Bibiliya kugira icipfuzo co guhindura abantu abigishwa. Abigishwa bamwebamwe, iciyumviro co kuja kwamamaza kirabahagarika umutima. Ni co gituma dukwiye kwihangana uko tubafasha kurushiriza gutahura ukuri kwo muri Bibiliya, kukabakora ku mutima maze bigatuma bagira icipfuzo co kwamamaza. None twobigenza gute kugira dufashe abo twigisha Bibiliya kugira icipfuzo co kubwira abandi inkuru nziza?

7. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kugira icipfuzo co kubwira abandi inkuru nziza?

7 Twoshobora kubaza uwo twigisha Bibiliya ibibazo nk’ibi: “Kwemera inkuru nziza y’Ubwami vyagufashije gute kumererwa neza? Woba wibaza ko n’abandi bakeneye kwumva iyo nkuru nziza? Wobafasha gute?” (Imig. 3:27; Mat. 9:37, 38) Numwereke udupapuro tw’inkuru nziza turi muri vya bikoresho bidufasha kwigisha, maze umureke yihitiremwo utwo abona ko twoshimisha incuti ziwe, abagenzi canke abo bakorana. Nuce umuha nka tungahe. Nimugire umwimenyerezo umwereka ingene yotanga agapapuro abigiranye ubugenge. Ariko rero, amaze kuba umwamamaji atarabatizwa, tuzoza turajana na we kugira tumumenyereze.—Umus. 4:9, 10; Luka 6:40.

INGENE ISHENGERO RYOFASHA ABARIKO BARIGA BIBILIYA GUTERA IMBERE

8. Kubera iki bihambaye ko abo twigisha Bibiliya barushiriza gukunda Imana na bagenzi babo? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene twofasha abo twigisha Bibiliya kurushiriza gukunda Imana.”)

8 Nugume wibuka ko Yezu yadutegetse kwigisha abandi “kwubahiriza ibintu vyoseyategetse. Ivyo birimwo ya mabwirizwa abiri asumba ayandi, ni ukuvuga gukunda Imana no gukunda mugenzi wacu, yompi akaba afitaniye isano cane n’igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 22:37-39) None iryo sano ni irihe? Imvo nyamukuru ituma dukora igikorwa co kwamamaza, ni urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu. Birumvikana ko abo twigisha Bibiliya bamwebamwe bashobora gutinya kwamamaza. Ariko rero, turashobora kubakura amazinda ko Yehova azobafasha bakagenda barahera ubwoba bwo gutinya abantu. (Zab. 18:1-3; Imig. 29:25) Uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro, rurerekana intambwe twotera kugira dufashe uwo twigisha kurushiriza gukunda Imana. Ni ikindi kintu ikihe ishengero ryokora kugira rifashe abigishwa bashasha kurushiriza kugaragaza urukundo?

9. Dufatiye ku karorero k’uwiga gutwara umuduga, ni mu buryo butandukanye ubuhe uwo munyeshure aba ariko ariga ivyigwa bihambaye?

9 Tugaruke kuri ka karorero k’uwiga gutwara umuduga. Igihe ariko aranyonga umuduga mw’ibarabara ari kumwe n’uwumwigisha, ni mu buryo butandukanye ubuhe aba ariko ariga? Yiga mu kwumviriza uwumwigisha, no mu kwitegereza abandi bashoferi batwara imiduga biyubara. Nk’akarorero, uwumwigisha yoshobora kumwereka umushoferi aretse uwundi abigiranye umutima mwiza akamuca imbere, canke akamwereka umushoferi agabanije amatara maremare abigiranye umutima mwiza, kugira ntamene amaso abandi bashoferi bahura. Uburorero nk’ubwo burigisha uwo munyeshure ivyigwa bihambaye yokwisunga igihe ariko aratwara umuduga.

10. Ni igiki kizofasha uwuriko ariga Bibiliya gutera imbere mu vy’impwemu?

10 Muri ubwo buryo nyene, iyo uwiga Bibiliya atanguye guca muri ya nzira y’ubuzima ntiyigira gusa ku mwigisha wiwe, ariko kandi arigira ku bandi basavyi ba Yehova. None ni igiki kizorushiriza gufasha uwuriko ariga Bibiliya gutera imbere mu vy’impwemu? Ni ukwitaba amakoraniro. Uti kubera iki? Inyigisho zishingiye ku Vyanditswe zitangwa ku makoraniro, zizotuma arushiriza kugira ubumenyi, zikomeze ukwizera kwiwe, zongere zimufashe kurushiriza gukunda Imana. (Ivyak. 15:30-32) N’ikindi kandi, igihe ari ku makoraniro, uwumwigisha Bibiliya yoshobora kumwereka abavukanyi na bashiki bacu bashobora kuba bafise ico bahuriyeko. Uwo mwigishwa yoshobora kwibonera ingene abavukanyi na bashiki bacu bagaragaza urukundo mw’ishengero. Rimbura uburorero bukurikira.

11. Ni uburorero ubuhe uwuriko ariga Bibiliya yoshobora kubona mw’ishengero, kandi vyomufasha gute?

11 Uwuriko ariga Bibiliya yireranye abana aritegereza mushiki wacu afise ingorane nk’iyiwe. Biramukora ku mutima kubona ingene uwo mushiki wacu agira akigoro ko kuza ku Ngoro y’Ubwami ari kumwe n’utwana twiwe dutoyi. Umwigishwa na we bigora guheba itabi, aramenyana n’umwamamaji yahoze afise iyo ngorane nyene, ariko akaba yarashoboye kuyitsinda. Uwo mwamamaji arabwira uwo mwigishwa ukuntu kurushiriza gukunda Yehova vyatumye agamburuka amategeko y’Imana. (2 Kor. 7:1; Flp. 4:13) Uwo mwigishwa amaze kwumviriza ivyo uwo mwamamaji amwiganiye akongera akamuhumuriza ati: “Na wewe wobishobora!”, aca arushiriza kwizigira ko azoriheba. Umwigeme akiri muto ariko ariga Bibiliya, arabonye mushiki wacu akiri muto ahimbawe no kuba ari Icabona. Uwo ariko ariga Bibiliya abonye ingene uwo mushiki wacu ahimbawe, aca yipfuza kurushiriza kumenya igituma yama ahimbawe.

12. Kubera iki twovuga ko umwe wese mw’ishengero ari n’uruhara mu gufasha abariko bariga Bibiliya?

12 Igihe abiga Bibiliya bamenyanye n’abamamaji b’abizigirwa batandukanye, abo bigishwa barabigirako ingene bogamburuka itegeko rya Kristu ryo gukunda Imana na mugenzi wabo. (Yoh. 13:35; 1 Tim. 4:12) N’ikindi kandi, nk’uko twamaze kubibona, uwuriko ariga Bibiliya arashobora kwigira ku bamamaji bafise ingorane nk’iziwe. Ubwo burorero buramwereka ko amahinduka akeneye kugira ngo abe umwigishwa wa Kristu, ashoboka. (Gus. 30:11) Umwe wese mu bagize ishengero arashobora kugira ico aterereye mu buryo butandukanye mw’iterambere ry’abariko bariga Bibiliya. (Mat. 5:16) Wewe ku giti cawe, ni utwigoro utuhe wama ugira kugira uremeshe abariko bariga Bibiliya bitaba amakoraniro?

NUFASHE ABAHOROROKEWE BASUBIRE KWAMAMAZA

13-14. Yezu yafashe gute intumwa ziwe zari zacitse intege?

13 Twipfuza gufasha abavukanyi na bashiki bacu bahororokewe, kugira basubire kugira uruhara mu gikorwa Kristu yadushinze co guhindura abantu abigishwa. Ukuntu Yezu yafashe abigishwa biwe bari bacitse intege, birerekana ivyo twokora muri iki gihe.

14 Mu mpera z’igikorwa ca Yezu igihe yari yimirije gupfa, intumwa ziwe ‘zose zaramutaye zirahunga.’ (Mrk. 14:50; Yoh. 16:32) None Yezu yafashe gute intumwa ziwe igihe vyashika zikamara igihe zacitse intege? Inyuma gato y’aho azukiye, yabwiye bamwe muri bo ati: “Ntimutinye! Nimugende muvyiganire bene wacu [ko nazutse].” (Mat. 28:10a) Yezu ntiyahevye intumwa ziwe. Naho zari zaramutaye, yari akizita ngo “bene wacu.” Cokimwe na Yehova, Yezu yari umunyembabazi kandi yaraharira abandi.—2 Abm. 13:23.

15. Tubona gute abahagaritse kugira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro?

15 Na twebwe turitwararika cane abahagaritse kugira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro. Ni abavukanyi na bashiki bacu, kandi turabakunda. Tuguma twibuka ibikorwa biranga urukundo bakoze muri kahise, bamwe mbere bakaba baramaze imyaka mirongo bakorera Yehova. (Heb. 6:10) Turabakumbuye cane! (Luka 15:4-7) None mu kwigana Yezu, ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko tubitwararika?

16. Dushobora gute kwerekana ko twitwararika abavukanyi na bashiki bacu bahororokewe?

16 Nubatumire ubigiranye umutima mwiza. Kimwe mu vyo Yezu yakoze mu kuremesha intumwa ziwe zari zacitse intege, kwabaye ukubatumira kw’ikoraniro. (Mat. 28:10b; 1 Kor. 15:6) No muri iki gihe, natwe turashobora kuremesha abahororokewe kwitaba amakoraniro nimba badasanzwe bayitaba. Turazi ko twoshobora kubatumira incuro nyinshi imbere y’uko baza. Nta gukeka ko Yezu yanezerewe cane no kubona abigishwa biwe baritabiriye akamo yabateye.—Gereranya na Matayo 28:16 na Luka 15:6.

17. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe uwahororokewe yitavye ikoraniro?

17 Nubakirane igishika. Igihe Yezu yasubira kubonana n’abigishwa biwe yaratumye bumva bisanze. Ni we yatanguye kubayagisha. (Mat. 28:18) None tuzovyifatamwo gute tubonye uwahororokewe ashitse ku Ngoro y’Ubwami? Turakwiye kwibwiriza kumuha ikaze tubigiranye igishika. Mu ntango twoshobora gutinya ko tutazoronka ivyo tumubwira. Ariko tutarinze gutuma yumva ubuyega, turashobora kumubwira gusa ko duhimbawe no kumubona.

18. Twosubiriza gute umutima mu nda abamamaji bahororokewe?

18 Nubasubirize umutima mu nda. Abigishwa ba Yezu bashobora kuba barahagaritse umutima bibaza ko batoshoboye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Yezu yarabasubirije umutima mu nda mu kubabwira ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose.” (Mat. 28:20) None ivyo vyoba vyarabahumurije? Cane nyene. Inyuma y’aho gato, barakoranye umwete mu “kwigisha no kumenyesha inkuru nziza.” (Ivyak. 5:42) Abamamaji bahororokewe na bo nyene barakeneye gusubirizwa umutima mu nda. Boshobora gutinya gusubira kwamamaza. Twoshobora kubahumuriza ko batazokora ico gikorwa bonyene. Turashobora kujana na bo igihe bumva biteguriye gusubira kwamamaza. Nta nkeka ko nibatangura gusubira kwamamaza inkuru nziza bazokenguruka ingene tubashigikira. Hamwe twofata abahororokewe nk’abavukanyi na bashiki bacu, twoshobora kwibonera ivyiza bitangaje mw’ishengero ryacu.

TWIPFUZA KURANGIZA IGIKORWA TWASHINZWE

19. Ni icipfuzo ikihe dufise, kandi kubera iki?

19 None igikorwa co guhindura abantu abigishwa tuzogikora gushika ryari? Tuzogikora gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si. (Mat. 28:20) Twoba tuzoshobora gukora ico gikorwa Yezu yadushinze? Twiyemeje kugikora. Turatanga tubikunze umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira turondere “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” (Ivyak. 13:48) Igihe tubigenjeje gutyo, tuba twiganye Yezu. Yavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.” (Yoh. 4:34; 17:4) Ico ni co cipfuzo na twebwe nyene dufise. Twipfuza kurangiza igikorwa twashinzwe. (Yoh. 20:21) Vyongeye, twipfuza ko n’abandi, ushizemwo n’abahororokewe, dufadikanya ico gikorwa twihanganye.—Mat. 24:13.

20. Twisunze Abafilipi 4:13, ni kubera iki dushobora kurangura igikorwa Yezu yadutegetse?

20 Ego ni ko kurangura ico gikorwa amahero Yezu yadushinze ntivyoroshe. Ariko rero ntitugikora turi twenyene. Yezu yasezeranye ko yobanye natwe. Muri ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa, “turi abakozi bakorana n’Imana,” kandi “twifatanije na Kristu.” (1 Kor. 3:9; 2 Kor. 2:17) Ku bw’ivyo rero turashobora kugikora. Ese rero ukuntu ari agateka kandi biteye umunezero kurangura ico gikorwa no gufasha abandi kugikora!—Soma Abafilipi 4:13.

URURIRIMBO RWA 79 Nubigishe kuguma bashikamye

^ ing. 5 Yezu yabwiye abayoboke biwe ngo bahindure abantu abigishwa, bongere babigishe kwubahiriza ibintu vyose yabategetse. Muri iki kiganiro turarimbura ingene twokurikiza ivyo Yezu yavuze. Bimwebimwe mu bivugwa muri iki kiganiro, bishingiye ku kiganiro casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2004, rup. 14-19.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ariko arigisha umuntu Bibiliya, aramusigurira intambwe yotera kugira arushirize gukunda Imana. Mu nyuma uwo muntu arashira mu ngiro ivyiyumviro bitatu uwumwigisha Bibiliya yamubwiye.