Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 46

Nugire umutima rugabo—Yehova ni Umutabazi wawe

Nugire umutima rugabo—Yehova ni Umutabazi wawe

“Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”​—HEB. 13:5.

URURIRIMBO RWA 55 Oya ntimubatinye!

INCAMAKE *

1. Ni igiki kizoduhumuriza nitwumva turi twenyene canke turengewe n’ingorane? (Zaburi 118:5-7)

VYOBA birashika ukumva ko uri inyakamwe, ukabona ko ata n’umwe muri kumwe ngo agufashe kwihanganira ingorane? Benshi biramaze kubashikira, harimwo n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka. (1 Abm. 19:14) Nivyagushikira, uribuka umuhango Yehova atanga ugira uti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” Turashobora rero kuvuga tudakekeranya duti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya.” (Heb. 13:5, 6) Ivyo Paulo yavyandikiye bagenziwe b’i Yudaya, nko mu 61 inyuma ya Kristu. Ayo majambo aratwibutsa ibivugwa muri Zaburi 118:5-7.—Soma.

2. Turimbura iki muri iki kiganiro, kandi kubera iki?

2 Cokimwe n’uwo mwanditsi w’amazaburi, Paulo afatiye ku vyamushikiye yaramenye ko Yehova ari Umutabazi wiwe. Nk’akarorero, igihe Paulo yandikira iryo kete Abaheburayo, hari haciye imyaka irenga ibiri agize urugendo ruteye akaga mu kiyaga kirimwo ibihuhusi bikomeye. (Ivyak. 27:4, 15, 20) Muri urwo rugendo rwose be n’imbere y’aho, Yehova yarabaye Umutabazi wa Paulo mu buryo butandukanye. Turaza kurimbura butatu muri bwo. Yehova yarafashije Paulo abicishije kuri Yezu be n’abamarayika, ku bategetsi no ku bakirisu bagenziwe. Gusubira kwihweza ivyashikiye Paulo, biraza gutuma turushiriza kwizigira ivyo Imana yasezeranye yuko na twebwe izodufasha nitwayitabaza.

GUFASHWA NA YEZU BE N’ABAMARAYIKA

3. Ni igiki Paulo ashobora kuba yaribajije, kandi kubera iki?

3 Vyarashitse Paulo arakenera gufashwa. Nko mu 56 inyuma ya Kristu, hari akagwi kamuburutiye inyuma y’urusengero rw’i Yeruzalemu karondera kumwica. Bukeye, igihe Paulo yarengutswa imbere y’Inama Nkuru, yasa n’uwatabaguwe n’abansi biwe. (Ivyak. 21:30-32; 22:30; 23:6-10) Ico gihe Paulo ashobora kuba yaribajije ati: ‘Uku gukubagurwa nzokwihanganira gushika ryari?’

4. Yehova yakoresheje gute Yezu kugira afashe Paulo?

4 Ni gute Yezu yafashije Paulo? Paulo amaze gutabwa mw’ibohero, “Umukama” Yezu yarahagaze iruhande yiwe maze amubwira ati: “Gira umutima rugabo! Kuko nk’uko umaze igihe ushinga intahe inogangije ku binyerekeye i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma.” (Ivyak. 23:11) Ese ukuntu iyo yari indemesho yaje hageze! Yezu yarakeje Paulo kubera intahe yari yarashinze i Yeruzalemu. Yaciye asezeranira Paulo ko yoshitse amahoro i Roma, na ho nyene akahashinga intahe. Paulo amaze guhumurizwa gutyo, ategerezwa kuba yumvise atekanye nka kurya kw’umwana ari mu maboko y’umuvyeyi wiwe.

Umumarayika ariko arahumuriza Paulo aho ari mu bwato mu kiyaga kirimwo igihuhusi gikomeye, yuko abari mu bwato bose bazosozera amahoro urugendo barimwo ruteye akaga (Raba ingingo ya 5)

5. Yehova yakoresheje gute umumarayika kugira afashe Paulo? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

5 Ni izindi ngorane izihe zashikiye Paulo? Haciye nk’imyaka ibiri ivyo bintu bibereye i Yeruzalemu, Paulo yarafashe urugendo mu bwato yerekeza mu Butaliyano. Ico gihe ubwato barimwo bwarahuye n’igihuhusi gikomeye, ku buryo abasoza be n’ingenzi biyumvira ko baza kuhasiga ubuzima. Mugabo Paulo we nta bwoba yari afise. Kubera iki? Yabwiye abo bari kumwe mu bwato ati: “Kuko muri iri joro iruhande yanje hahagaze umumarayika w’Imana negukira, ari na yo nkorera igikorwa ceranda, avuga ati: ‘Ntutinye, Paulo. Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari, kandi ehe Imana yaguhaye ata kangonongono abo muri kumwe mu bwato bose.’” Yehova yarakoresheje umumarayika kugira asubiriremwo Paulo indemesho yari yamuhaye imbere y’aho abicishije kuri Yezu. Kukaba nkako, Paulo yarashitse i Roma.—Ivyak. 27:20-25; 28:16.

6. Ni igiki Yezu adusezeranira gishobora kudukomeza, kandi kubera iki?

6 Ni gute Yezu adufasha? Yezu azodushigikira nk’uko yashigikiye Paulo. Nk’akarorero, Yezu asezeranira abamukurikira bose ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:20) Ayo majambo ya Yezu aradukomeza cane. Kubera iki? Kubera ko hari imisi usanga bitugora kwihangana. Nk’akarorero, igihe tubuze uwacu ntidutuntura imisi mike gusa. Ariko twoshobora kumara imyaka myinshi dutuntuye. Abandi bari mu misi igoye kubera ko bageze mu zabukuru. Abandi na bo bari mu misi mibi kubera ko bumva barengewe n’umwiheburo. Naho ari ukwo, turaronka inkomezi zo kwihangana kubera ko tuzi yuko Yezu ari kumwe natwe “imisi yose,” harimwo n’iyo misi mibi idushikira.—Mat. 11:28-30.

Abamarayika baradushigikira bakongera bakatuyobora igihe turi mu gikorwa co mu ndimiro (Raba ingingo ya 7)

7. Twisunze Ivyahishuwe 14:6, Yehova adufasha gute muri iki gihe?

7 Ijambo ry’Imana riradukura amazinda ko Yehova adufasha akoresheje abamarayika biwe. (Heb. 1:7, 14) Nk’akarorero, abamarayika baradushigikira bakongera bakatuyobora igihe tubwira “inkuru nziza y’ubwami” abantu bo mw’“ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose.”—Mat. 24:13, 14; soma Ivyahishuwe 14:6.

GUFASHWA N’ABATEGETSI

8. Yehova yakoresheje gute umukomanda wa gisirikare kugira afashe Paulo?

8 Ni gute abategetsi bafashije Paulo? Mu 56 inyuma ya Kristu, Yezu yarakuye amazinda Paulo ko yoshitse i Roma. Ariko rero Abayuda bamwebamwe b’i Yeruzalemu, baragize umugambi wo kumutega umutego kugira ngo bamwice. Igihe umukomanda w’ingabo z’Uburoma yitwa Kolode Lisiyasi yamenya ivy’uwo mugambi, yaciye aza gutabara Paulo. Ubwo nyene Kolode yaciye arungika Paulo i Sezariya, akingiwe n’abasoda benshi, hakaba hari ku bilometero nka 105 uvuye i Yeruzalemu. Agezeyo, Buramatari Felisi yaciye ategeka ko Paulo “bamucungira mu kirimba c’umwami Herodi.” Abarondera kwica Paulo ntibari gushobora kumusanga ng’aho.—Ivyak. 23:12-35.

9. Buramatari Fesito yafashije gute Paulo?

9 Haciye imyaka ibiri, Paulo yari akiri mw’ibohero i Sezariya. Ico gihe Buramatari Felisi yari yasubiriwe na Fesito. Abayuda baringinze Fesito ngo arungike Paulo i Yeruzalemu gucirwa urubanza, ariko Fesito yarabankiye. Birashoboka yuko uwo buramatari yari yaramenye ko Abayuda ‘bari bateze umutego Paulo ngo bamwicire mu nzira.’—Ivyak. 24:27–25:5.

10. Buramatari Fesito yavyakiriye gute igihe Paulo yasaba ko yokwungururiza kwa Sezari?

10 Paulo yahavuye acirirwa urubanza i Sezariya. Kubera ko Fesito yashaka “kwitonesha ku Bayuda,” yaciye abaza Paulo ati: “Woba ushaka kuduga i Yeruzalemu ukaba ari ho ucirirwa urubanza imbere yanje?” Paulo yari azi ko yoshoboye kwicirwa i Yeruzalemu, ariko kandi yari azi ico yokora kugira arokore ubuzima bwiwe, agashika i Roma maze akabandanya kwamamaza inkuru nziza. Yaciye yishura ati: “Nungururije kwa Sezari!” Fesito amaze guhanuza abajanama biwe, yaciye abwira Paulo ati: “Kwa Sezari ni ho wungururije; kwa Sezari ni ho uzoja.” Iyo ngingo nziza Fesito yari afashe yarakuye Paulo mu vyara vy’abansi biwe. Paulo yohavuye ashika i Roma, aho Abayuda barondera kumwica batoshoboye kumusanga.—Ivyak. 25:6-12.

11. Paulo ashobora kuba yazirikanye ku majambo ayahe aremesha yanditswe n’umuhanuzi Yesaya?

11 Igihe Paulo yari arindiriye gufata urugendo rwiwe aja mu Butaliyano, ashobora kuba yarazirikanye ku ngabisho umuhanuzi Yesaya yanditse ahumekewe n’Imana. Yabwiye abarwanya Yehova ati: “Nimwunge umugambi, ariko uzosenyurwa! Nimuvuge ijambo iryo ari ryo ryose, ariko ntirizorama, kuko Imana iri kumwe natwe!” (Yes. 8:10) Paulo yari azi ko Imana yomufashije, kandi ivyo bitegerezwa kuba vyaramukomeje kugira ngo yihanganire ibigeragezo vyomushikiye.

Nk’uko yabigize muri kahise, Yehova yoshobora gutuma abategetsi bakingira abasavyi biwe(Raba ingingo ya 12)

12. Yuliyo yafashe gute Paulo, kandi ivyo bishobora kuba vyatumye Paulo atahura iki?

12 Mu 58 inyuma ya Kristu, Paulo yaratanguye urugendo rwiwe aja mu Butaliyano. Kubera ko Paulo yari imbohe, bamucungishije intwazangabo y’Umuroma yitwa Yuliyo. Kuva ico gihe, Yuliyo yari afise ububasha bwo kugirira nabi Paulo canke kumugirira neza. None yakoresheje gute ubwo bubasha? Bukeye, bashitse ahantu ha mbere ubwato buhagarara, “Yuliyo [yarafatanye] ubuntu Paulo hanyuma aramwemerera kuja ku bagenzi biwe.” Mu nyuma Yuliyo yaranarokoye Paulo. Uti gute? Abasoda barashatse kwica imbohe zose zari mu bwato mugabo Yuliyo arababuza. Kubera iki? Kubera ko “[ya]shaka gukiza Paulo.” Birashoboka ko Paulo yabonye ko Yehova ariko arakoresha iyo ntwazangabo y’umutima mwiza kugira amufashe yongere amukingire.—Ivyak. 27:1-3, 42-44.

(Raba ingingo ya 13

13. Yehova ashobora gute gukoresha abategetsi?

13 Ni gute abari mu ntwaro badufasha? Igihe Yehova abonye ko ari ikintu gihuye n’umugambi wiwe, yoshobora gukoresha impwemu yiwe nyeranda y’ububasha, kugira atume abategetsi bakora ivyo agomba. Umwami Salomo yanditse ati: “Umutima w’umwami ni nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova. Aho bimuhimbaye hose ni ho awuhindukiriza.” (Imig. 21:1) None uwo mugani usobanura iki? Abantu barashobora kwimba umufurege kugira bakatishe umugende w’amazi ngo bawerekeze iyo bashaka. Muri ubwo buryo nyene, Yehova arashobora gukoresha impwemu yiwe kugira ahindukize ivyiyumviro vy’abatware, kugira bakore ibihuza n’umugambi wiwe. Iyo bigenze gutyo, abo bategetsi baca bafata ingingo zigirira neza abasavyi b’Imana.—Gereranya na Ezira 7:21, 25, 26.

14. Twisunze Ivyakozwe 12:5, ni bande dushobora gusengera?

14 Twokora iki? Turashobora gusenga “ku vyerekeye abami n’abo bose bari mu kibanza co hejuru,” igihe bagomba gufata ingingo zigira ico zikoze ku buzima bwacu n’igikorwa turangura. (1 Tim. 2:1, 2; Neh. 1:11) Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, na twebwe turasengera abavukanyi na bashiki bacu bari mw’ibohero tubigiranye ubwira. (Soma Ivyakozwe 12:5; Heb. 13:3) Turashobora kandi gusengera abarinzi b’amabohero bajejwe abavukanyi na bashiki bacu. Turashobora gutakambira Yehova ngo ayobore ivyiyumviro vy’abo bantu, kugira ngo bakore nka Yuliyo maze ‘bafatane ubuntu’ abavukanyi bacu bapfunzwe.

GUFASHWA N’ABO DUSANGIYE UKWIZERA

15-16. Yehova yafashije gute Paulo abicishije kuri Arisitariko na Luka?

15 Ni gute Paulo yafashijwe n’abakirisu bagenziwe? Mu rugendo Paulo yagize aja i Roma, Yehova yaramufashije incuro n’izindi biciye ku bakirisu bagenziwe. Reka turimbure uburorero bumwebumwe.

16 Abagenzi babiri b’intahemuka ba Paulo ari bo Arisitariko na Luka, barafashe ingingo yo kujana na we i Roma. * Baremeye gushira mu kaga ubuzima bwabo barajana na Paulo, naho biboneka ko ata n’umwe muri bo Yezu yari yakuye amazinda ko boshitse i Roma. Bagiye kumenya ko borokotse bamaze gufata urwo rugendo rugoye. Igihe rero Arisitariko na Luka burira ubwato i Sezariya, Paulo ashobora kuba yaratuye isengesho rivuye ku mutima ashimira Yehova ku mfashanyo yamuhaye, abicishije kuri abo bakirisu bagenziwe babiri b’umutima rugabo.—Ivyak. 27:1, 2, 20-25.

17. Yehova yafashije gute Paulo biciye ku bakirisu bagenziwe?

17 Igihe Paulo yari muri urwo rugendo, yarafashijwe n’abakirisu bagenziwe akatari gake. Nk’akarorero igihe bari bageze ku kivuko c’i Sidoni, Yuliyo yararetse Paulo ‘araja ku bagenzi biwe, baramwitwararika.’ Mu nyuma igihe Paulo na bagenziwe bashika mu gisagara ca Puteyoli, ‘bahasanze abavukanyi hanyuma barabinginga ngo bagumane imisi indwi.’ Igihe abo bakirisu bo muri ivyo bibanza baronsa Paulo na bagenziwe ivyo baba bakeneye, nta nkeka ko Paulo yabayagira ibintu biremesha yaciyemwo, bigatuma bagira umunezero mwinshi. (Gereranya n’ Ivyakozwe 15:2, 3.) Paulo na bagenziwe bamaze kuruhuka, baciye babandanya urugendo.—Ivyakozwe 27:3; 28:13, 14.

Cokimwe na Paulo, Yehova aradufasha biciye ku bo dusangiye ukwizera (Raba ingingo ya 18)

18. Ni igiki catumye Paulo akengurukira Imana akagira n’umutima rugabo?

18 Uko Paulo yagenda yegereza i Roma, ategerezwa kuba yariyumvira ibijanye n’ivyo yari yarandikiye ishengero ryo muri ico gisagara mu myaka itatu imbere y’aho, ati: “Maze imyaka mikeyi ncambirwa gushika iwanyu.” (Rom. 15:23) Ariko rero ntiyari yiteze ko yoshitseyo ari imbohe. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyaramuremesheje igihe yasanga abavukanyi b’i Roma bamutegerereye ku nzira kugira bamuramutse! Bibiliya igira iti: “Maze Paulo ababonye, akengurukira Imana, agira umutima rugabo.” (Ivyak. 28:15) Urabona ko Paulo yakengurukiye Imana abonye abavukanyi. Kubera iki? Kubera ko yari yongeye kubona ko Yehova amufashije biciye ku bakirisu bagenziwe.

Raba ingingo ya 19

19. Nk’uko muri 1 Petero 4:10 havyerekana, ni gute Yehova yoshobora kudukoresha kugira afashe abari mu nkenero?

19 Twokora iki? Woba uzi abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero bari mu mubabaro kubera barwaye, bariko barashikirwa n’izindi ngorane, canke babuze uwabo? Nimba tumenye uwuri mu nkenero, turashobora gusaba Yehova ngo adufashe kuvuga canke gukora ikintu kiranga ubuntu n’urukundo. Ivyo tuvuga n’ivyo dukora vyoshobora kuba ari yo ndemesho nyene umuvukanyi canke mushiki wacu aba akeneye. (Soma 1 Petero 4:10.) * Abo dufashije, boshobora kwongera kwizigira baherejeko yuko umuhango Yehova atanga ugira uti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye,” uberekeye. None ivyo ntivyokunezereza?

20. Kubera iki twovuga tudakekeranya duti: “Yehova ni umutabazi wanje”?

20 Nk’uko vyashikiye Paulo na bagenziwe, na twebwe mu rugendo rw’ubuzima turimwo turaca mu bihuhusi bikomeye. Ariko kandi turazi ko dushobora kugira umutima rugabo kubera ko Yehova ari kumwe natwe. Aradufasha biciye kuri Yezu n’abamarayika. Vyongeye, Yehova arashobora kudufasha biciye ku bategetsi, igihe bihuye n’umugambi wiwe. Kandi nk’uko benshi muri twebwe bavyiboneye, Yehova arakoresha impwemu yiwe nyeranda kugira avyurire umutima abasavyi biwe ngo bafashe abo basangiye ukwizera. Cokimwe na Paulo rero, turafise imvo zumvikana zo kuvuga tudakekeranya duti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?”—Heb. 13:6.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

^ ing. 5 Iki kiganiro kirerekana uburyo butatu Yehova yakoresheje mu gufasha intumwa Paulo kwihanganira ingorane zikomeye. Gusubira kwihweza ukuntu Yehova yabaye Umutabazi muri kahise, biraza gutuma turushiriza kwizigira ko azodufasha mu ngorane ducamwo zimeze nk’ibihuhusi.

^ ing. 16 Imbere y’aho, Arisitariko na Luka bari barafatanije ingendo na Paulo. Vyongeye, abo bagabo b’abizigirwa baragumanye na Paulo igihe yapfungirwa i Roma.—Ivyak. 16:10-12; 20:4; Kol. 4:10, 14.