Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 47

Woba uzobandanya wemera kubogorwa?

Woba uzobandanya wemera kubogorwa?

“Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kunezerwa, kwemera kubogorwa.”—2 KOR. 13:11.

URURIRIMBO RWA 54 ‘Ng’iyi inzira’

INCAMAKE *

1. Twisunze Matayo 7:13, 14, ni mu buryo ki turi ku rugendo?

TWESE turi ku rugendo. Iyo turiko turerekeza ni mw’isi nshasha izoba itwarwa n’ubutegetsi bwa Yehova burangwa n’urukundo. Buri musi, turagerageza guca muri iyo nzira ijana mu buzima. Ariko nk’uko Yezu yabivuze, iyo nzira irapfunganye kandi rimwe na rimwe ntivyoroshe kuyicamwo. (Soma Matayo 7:13, 14.) Kubera ko tudatunganye, biroroshe ko dutirimuka tukava muri iyo nzira.—Gal. 6:1.

2. Turimbura ibiki muri iki kiganiro? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ukwicisha bugufi kuradufasha kugira ivyo duhinduye.”)

2 Nimba twipfuza kuguma mu nzira ipfunganye ijana mu buzima, dutegerezwa kwemera kubogora ivyiyumviro vyacu, inyifato yacu be n’ivyo dukora. Intumwa Paulo yaremesheje abakirisu b’i Korinto kubandanya “kwemera kubogorwa.” (2 Kor. 13:11) Iyo mpanuro na twebwe iratwerekeye. Muri iki kiganiro, turarimbura ingene Bibiliya ishobora kudufasha kugira ivyo duhinduye be n’ingene abagenzi bahumuye bashobora kudufasha kuguma muri iyo nzira ijana mu buzima. Turaza no kurimbura igihe bishobora kutubera urugamba gukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Turaza kubona kandi ingene ukwicisha bugufi gushobora kudufasha kugira ivyo duhinduye tutarinze gutakaza umunezero mu gikorwa ca Yehova.

NIWEMERE GUKOSORWA N’IJAMBO RY’IMANA

3. Ijambo ry’Imana rishobora kugufasha gute?

3 Gusuzuma ivyiyumviro vyacu be n’ingene tubona ibintu, ntivyama vyoroshe. Umutima wacu ni umuhemu, akaba ari co gituma vyoshobora kutugora kumenya iyo uriko uratujana. (Yer. 17:9) Biroroshe ko twibesha n’“ivyiyumviro bitari vyo.” (Yak. 1:22) Ku bw’ivyo, dutegerezwa gukoresha Ijambo ry’Imana kugira ngo twisuzume. Ijambo ry’Imana rirahishura ico turi imbere muri twebwe, ni ukuvuga “ivyiyumviro n’imigabo” vy’umutima wacu. (Heb. 4:12, 13) Ijambo ry’Imana tworigereranya n’iradiyo imurika mu mubiri w’umuntu ikerekana indwara afise imbere muri we. Ariko rero, dutegerezwa kwicisha bugufi nimba twipfuza kwungukira ku mpanuro Bibiliya itanga, canke iyo duhabwa n’abatuja imbere.

4. Ni igiki cerekana ko Umwami Sauli yacitse umunyabwibone?

4 Akarorero k’Umwami Sauli karerekana ivyoshobora gushika igihe tubuze ukwicisha bugufi. Sauli yaragize ubwibone bwinshi ku buryo ataba acemera guhindura ivyiyumviro vyiwe be n’ivyo akora. (Zab. 36:1, 2; Hab. 2:4) Ivyo vyarigaragaje igihe Yehova yamuha ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ivyo yari akwiye gukora amaze gutsinda Abamaleki. Yamara rero Sauli ntiyagamburukiye Yehova. Igihe umuhanuzi Samweli yamubaza igituma atagamburutse, Sauli ntiyemeye ikosa ryiwe. Ahubwo riho, yaragerageje kwisigura mu gufatira mu rwara ingaruka z’ivyo yari yakoze no mu guta ikosa ku bandi. (1 Sam. 15:13-24) N’imbere y’aho, Sauli yari yaragaragaje agatima nk’ako. (1 Sam. 13:10-14) Ikibabaje ni uko yaretse umutima wiwe ukagira ubwibone. Kuba atahinduye ivyiyumviro vyiwe, vyatumye Yehova amuhana yongera aramuheba.

5. Akarorero ka Sauli katwigisha iki?

5 Kugira ngo tugire ico twigiye ku karorero ka Sauli, vyoba vyiza twibajije ibi bibazo: ‘Igihe nsomye impanuro mw’Ijambo ry’Imana, noba ngerageza kurondera icitwazo co kutayishira mu ngiro? Noba mfatira mu rwara ingaruka z’ivyo nkora? Noba nta amakosa ku bandi?’ Nimba hari ikibazo na kimwe muri ivyo twishuye ngo ego, dutegerezwa kubogora ivyiyumviro vyacu n’inyifato yacu. Ahandiho umutima wacu wotuma tugira ubwibone bwinshi ku buryo Yehova adushibura ntitube tukimubera abagenzi.—Yak. 4:6.

6. Vuga ingene Umwami Sauli yari atandukanye n’Umwami Dawidi.

6 Raba ingene Umwami Sauli yari atandukanye n’uwamusubiriye ari we Mwami Dawidi, akaba yari umuntu yakunda “itegeko rya Yehova.” (Zab. 1:1-3) Dawidi yari azi ko Yehova akiza abicisha bugufi mugabo akarwanya abibona. (2 Sam. 22:28) Dawidi yaremera rero ko Ijambo ry’Imana ribogora ivyiyumviro vyiwe. Yanditse ati: “Nzohezagira Yehova, we yangiriye inama. Ni ukuri, mu bihe vy’ijoro amafyigo yanje yarankosoye.”—Zab. 16:7.

IJAMBO RY’IMANA

Ijambo ry’Imana riradukebura iyo dutaye inzira. Igihe twicisha bugufi, turareka Ijambo ry’Imana rigakosora ivyiyumviro vyacu bibi (Raba ingingo ya 7)

7. Tuzokora iki nimba twicisha bugufi?

7 Nimba twicisha bugufi, tuzoreka Ijambo ry’Imana rikosore ivyiyumviro vyacu bibi imbere y’uko tubishira mu ngiro. Ijambo ry’Imana rizomera nk’ijwi ritubwira riti: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.” Rizotuburira nitwatangura guta inzira tuja iburyo canke ibubamfu. (Yes. 30:21) Nitwumviriza Yehova bizotugirira akamaro mu buryo butandukanye. (Yes. 48:17) Nk’akarorero, bizoturinda kwirirwa turumva ubuyega bwo gukosorwa n’uwundi muntu. Ikindi na co, tuzorushiriza kwiyegereza Yehova kubera tuzi ko adufata nk’abana akunda.—Heb. 12:7.

8. Twisunze Yakobo 1:22-25, twokoresha gute Ijambo ry’Imana nk’icirore?

8 Ijambo ry’Imana rirashobora kutubera nk’icirore. (Soma Yakobo 1:22-25.) Abenshi muri twebwe, buri gitondo turiraba mu cirore imbere y’uko tuva muhira. Ivyo biratuma tubona nimba hari ivyo dukwiye gutunganya imbere y’uko abandi babibona. Muri ubwo buryo nyene, nitwasoma Bibiliya buri musi, tuzobona ibintu bitandukanye twoshobora kuryohora ku bijanye n’ivyiyumviro vyacu n’inyifato yacu. Abenshi basanze ari ngirakamaro gusoma icanditswe c’umusi buri gitondo, imbere y’uko bava muhira. Ivyo biratuma ivyo basomye bigira ico bikoze ku vyiyumviro vyabo. Baca barondera ingene umusi wose boshira mu ngiro iyo mpanuro yo mw’Ijambo ry’Imana. N’ikindi kandi, turakwiye kugira akamenyero ko kwama twiyigisha, ivyo bikaba birimwo gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako. Naho ico kintu umengo ni igisanzwe, ni kimwe mu bintu bihambaye twokora kugira tugume muri ya nzira ipfunganye ijana mu buzima.

NIWUMVIRIZE ABAGENZI BAHUMUYE

ABAGENZI BAHUMUYE

Umukirisu ahumuye yoshobora kudukebura abigiranye umutima mwiza. Twoba dukengurukira uwo mugenzi kubona yagize umutima rugabo akabitubwira? (Raba ingingo ya 9)

9. Ni ryari vyoshika umugenzi akagukosora?

9 Vyoba vyarashitse ugafata inzira ikujana kure ya Yehova? (Zab. 73:2, 3) Nimba hari umugenzi ahumuye yagize umutima rugabo wo kugukosora, woba waramwumvirije maze ugashira mu ngiro impanuro yiwe? Nimba waramwumvirije, waragize neza, kandi nta nkeka ko ukenguruka kuba yaragukebuye.—Imig. 1:5.

10. Ukwiye kuvyakira gute igihe umugenzi agukosoye?

10 Ijambo ry’Imana ritwibutsa riti: “Ibikomere bitewe n’umukunzi ni ivyizigirwa.” (Imig. 27:6) Kubera iki ivyo ari ivy’ukuri? Zirikana aka karorero: Dufate ko ugire ujabuke ibarabara ririmwo imiduga myinshi, mugabo ukaba usamajwe na terefone yawe. Uciye winjira mw’ibarabara utabanje kuraba irya n’ino. Ubwo nyene umugenzi aciye agucakira ukuboko akagukwegera iruhande y’ibarabara. Naho yagucakiye cane ku buryo usigarana igipfupfuri ku kuboko, kuba yanyarutse kugukwega vyatumye utagongwa n’imodoka. Naho ico gipfupfuri cotuma umara imisi itari mike ubabara, woba woshavurira uwo mugenzi ngo n’uko yagukweze? Habe namba! Ahubwo riho womushimira kuba yaragukijije. Muri ubwo buryo nyene, igihe umugenzi agukebuye ko ivyo uvuga n’ivyo ukora bidahuye n’ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse, mu ntango vyoshobora kukubabaza. Mugabo ntuce umugirira inzigo ngo n’uko yaguhanuye, kuko ubwo bwoba ari ubupfu. (Umus. 7:9) Ahubwo riho numukengurukire kuba yagize umutima rugabo akabikubwira.

11. Ni igiki coshobora gutuma umuntu yanka impanuro nziza ahawe n’umugenzi?

11 Ni igiki coshobora gutuma umuntu yanka impanuro nziza ahawe n’umugenzi amukunda? Ni ubwibone. Abantu bafise ubwibone barakunda ‘ababagaza amatwi,’ kuko “[bica] amatwi ngo ntibumve ukuri.” (2 Tim. 4:3, 4) Babona ko ari bo bazi ibintu be n’uko bahambaye kuruta abandi. Ariko rero intumwa Paulo yanditse ati: “Nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe.” (Gal. 6:3) Ivyo Umwami Salomo yarabisiguye neza. Yagize ati: “Umwana akenye mugabo w’inkerebutsi araruta umwami ashaje mugabo w’ikijuju atakizi ko agikeneye kuburirwa.”—Umus. 4:13.

12. Twigira iki ku karorero k’intumwa Petero, nk’uko bivugwa mu Bagalatiya 2:11-14?

12 Raba akarorero intumwa Petero yadusigiye igihe intumwa Paulo yamukosorera imbere y’abantu. (Soma Abagalatiya 2:11-14.) Petero yari gushobora kubabazwa n’ivyo Paulo yavuze, afatiye ku kuntu yabivuze n’aho yabivugiye. Ariko rero Petero yari inkerebutsi. Yaremeye iyo mpanuro kandi ntiyabikiye inzika Paulo. Ahubwo riho mu nyuma yavuze ko Paulo ari ‘mwene wabo mukundwa.’—2 Pet. 3:15.

13. Ni ibiki dukwiye kwibuka igihe dutanga impanuro?

13 Bishitse ukabona ko ukwiye guha impanuro umugenzi, ni ibiki ukwiye kwibuka? Imbere y’uko hagira ico umubwira, niwibaze uti: ‘Noba ndiko ndibona “[ubugororotsi] birenze urugero”?’ (Umus. 7:16) Umuntu yibona ubugororotsi birenze urugero, aracira urubanza abandi afatiye ku kuntu abona ibintu aho gufatira ku ngingo ngenderwako za Yehova, kandi birashoboka ko atagira imbabazi. Uhejeje kwisuzuma maze ugasanga biracakenewe ko umuha impanuro, numutomorere iyo ngorane, wongere ukoreshe utubazo tumufasha kubona ikosa ryiwe. Niwiyemeze ko ivyo umubwira bishingiye ku Vyanditswe, ubigire wibuka ko atari wewe ufise ibanga ryo kumucira urubanza, ahubwo ko ari Yehova. (Rom. 14:10) Nukoreshe ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana, kandi igihe uha impanuro umuntu wigane impuhwe za Yezu. (Imig. 3:5; Mat. 12:20) Kubera iki? Kubera ko Yehova azotugirira nk’ivyo tugirira abandi.—Yak. 2:13.

NUKURIKIZE UBUYOBOZI BUTANGWA N’ISHIRAHAMWE RY’IMANA

ISHIRAHAMWE RY’IMANA

Ishirahamwe ry’Imana riradutunganiriza ibitabu, amavidewo be n’amakoraniro bidufasha gushira mu ngiro impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana. Rimwe na rimwe, Inama Nyobozi iragira ivyo ihinduye mu bijanye n’ingene igikorwa gitunganijwe (Raba ingingo ya 14)

14. Ni ibiki ishirahamwe ry’Imana ridutunganiriza?

14 Yehova aratuyobora mu nzira ijana mu buzima biciye ku gice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Iryo shirahamwe riradutunganiriza amavidewo, ibitabu n’amakoraniro bidufasha twese gushira mu ngiro impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo vyose biba bishingiye ku Vyanditswe. Igihe Inama Nyobozi ifata ingingo z’ukuntu igikorwa co kwamamaza corangurwa neza kuruta, iriheka ku mpwemu nyeranda. Naho ari ukwo, Inama Nyobozi ihora isubira gusuzuma ingingo ifata ku bijanye n’ingene igikorwa gitunganijwe. Kubera iki? Kubera ko “ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka,” ishirahamwe ry’Imana na ryo ritegerezwa kuguma rihuza n’uko ibintu vyifashe.—1 Kor. 7:31.

15. Ni ibiki bitoroheye abamamaji bamwebamwe?

15 Nta gukeka ko twemera gukurikiza n’umutima ukunze ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya duhabwa ku bijanye n’ivyo twemera be n’inyifato runtu. Ariko none tuvyifatamwo gute igihe ishirahamwe ry’Imana rigize ico rihinduye gishobora kugira ico gikoze ku yindi mice y’ubuzima bwacu? Nk’akarorero, muri iyi myaka ya vuba, amahera yo kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo no kubibungabunga yaraduze cane. Inama Nyobozi yaciye rero isaba ko Ingoro z’Ubwami zikoreshwa ku rugero runini rushoboka. Ivyo vyatumye amashengero ashirwa hamwe, Ingoro z’Ubwami zimwezimwe na zo ziragurishwa. Amahera yavuyemwo ariko arakoreshwa mu kwubaka izindi Ngoro zo gusengeramwo mu turere tuzikeneye cane. Nimba uba mu karere aho inyubakwa zo gusengeramwo ziriko ziragurishwa, amashengero akaba ariko arashirwa hamwe, vyoshobora kutakworohera kumenyera ayo mahinduka. Ubu abamamaji bamwebamwe bategerezwa kugira urugendo rwiyongereye kugira bitabe amakoraniro. Abandi na bo bakoze bagatama mu kwubaka canke mu kubungabunga Ingoro y’Ubwami, boshobora kwibaza igituma iriko iragurishwa. Boshobora kwiyumvira yuko umwanya n’akigoro bagize vyabaye impfagusa. Naho ari ukwo, barashigikira iyo ntunganyo nshasha kandi barakwiye gukezwa.

16. Gushira mu ngiro impanuro dusanga mu Bakolosayi 3:23, 24, bidufasha gute kugumana umunezero?

16 Kwibuka yuko turiko turakorera Yehova kandi ko ari we ariko arayobora ishirahamwe ryiwe, bizotuma tugumana umunezero. (Soma Abakolosayi 3:23, 24.) Umwami Dawidi yaradusigiye akarorero keza igihe yatanga intererano zo kwubaka urusengero. Yavuze ati: “Jewe ndi nde kandi abantu banje ni bande, kugira ngo tugumane ububasha bwo gutanga amashikanwa atangwa ku bushake nk’aya? Kuko vyose biva kuri wewe, kandi ivyo mu kuboko kwawe bikaba ari vyo tuguhaye.” (1 Ngo. 29:14) Igihe dutanze intererano, na twebwe tuba duhaye Yehova ivyavuye mu kuboko kwiwe. Naho ari ukwo, Yehova arakenguruka umwanya, inguvu be n’ivyo dutanga kugira dushigikire igikorwa ciwe.—2 Kor. 9:7.

NUGUME MURI YA NZIRA IPFUNGANYE

17. Kubera iki udakwiye gucika intege nimba ubona ko hari ivyo ugikeneye guhindura?

17 Kugira tugume muri ya nzira ipfunganye ijana mu buzima, twese dutegerezwa gukurikira neza intambuko za Yezu. (1 Pet. 2:21) Nimba ubona yuko utegerezwa kugira ivyo uhinduye, ntucike intege. Ico coshobora kuba ari ikimenyetso ciza kikwereka yuko wipfuza gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova. Niwibuke ko Yehova atiteze ko twebwe twigana akarorero ka Yezu mu buryo butagira agahaze, magingo tukiri abanyagasembwa.

18. Dutegerezwa gukora iki kugira dushike kw’ihangiro ryacu?

18 Ese twese twoshira umutima kuri kazoza maze tukemera kubogora ivyiyumviro vyacu, inyifato yacu be n’ivyo dukora. (Imig. 4:25; Luka 9:62) Nimuze tugume twicisha bugufi, ‘tubandanye kunezerwa, no kwemera kubogorwa.’ (2 Kor. 13:11) Nitwabigenza gutyo, “ya Mana y’urukundo n’amahoro izobana na[twe].” Vyongeye, tuzogumana amahoro mu rugendo turimwo, twongere dushike iyo turiko turaja.

URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana

^ ing. 5 Bamwebamwe muri twebwe vyoshobora kutugora guhindura ivyiyumviro vyacu, inyifato yacu, be n’ivyo dukora. Iki kiganiro kiratubwira igituma twese dukeneye kugira ivyo duhinduye kandi tukagumana umunezero.

^ ing. 76 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi akiri muto ariko ariganira umuvukanyi ahumuye ivyamushikiye igihe yafata ingingo mbi, na we (iburyo) ariko arumviriza atekanye kugira amenye nimba bikenewe ko amuha impanuro.