Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

“Yehova yagumye anyibuka”

“Yehova yagumye anyibuka”

MBA i Orealla, kikaba ari ikigwati kibamwo abantu nka 2.000 co mu gihugu citwa Guyana, muri Amerika y’Epfo. Ico kigwati kiri ahantu hagoye gushika, umuntu akaba ashikayo akoresheje indege gusa canke ubwato.

Navutse mu 1983. Mu ntango nari umwana akomeye nk’abandi. Ariko nshikanye imyaka cumi, naratanguye kwumva ububabare bukomeye umubiri wose. Haciye nk’imyaka ibiri, umusi umwe navyutse ntashobora kuva aho ndi. Naragerageje uko nshoboye kwose ngo ntambuke, ariko nta nguvu namba nari mfise mu maguru. Kuva uwo musi, sinasubiriye gutambuka. Iyo ndwara yaratumye kandi nzingama. N’ubu, ndacaboneka nk’umwana mutoyi.

Igihe Ivyabona vya Yehova babiri bangendera nari maze amezi makeyi ntava muhira. Igihe haba haje abashitsi, naca ninyegeza, ariko uwo musi naremeye ko abo bakenyezi banganiriza. Igihe bambwira ivyerekeye Iparadizo, naciye nibuka ivyo nari narumvise igihe nari mfise nk’imyaka itanu. Ico gihe umumisiyonari yitwa Jethro, akaba yaba mu gihugu ca Suriname, yaraza mu gisagara iwacu rimwe mu kwezi akigisha dawe Bibiliya. Jethro yarankunda, kandi nanje naramukunda cane. Vyongeye, rimwe na rimwe sogokuru na nyogokuru baranjana ku makoraniro y’Ivyabona yabera mu gisagara iwacu. Igihe rero Florence, akaba yari umwe muri ba bakenyezi babiri bari bangendeye kuri uwo musi, yambaza nimba noshima kumenya vyinshi, naciye ndamwemerera.

Florence yaragarukanye n’umugabo wiwe Justus, maze turatangura kwiga Bibiliya. Igihe babona ko ntazi gusoma, baciye babinyigisha. Haciye igihe gito, nari nabimenye. Umusi umwe barambwiye ko barungitswe gukorera mu gihugu ca Suriname. Ikibabaje, i Orealla nta n’umwe yariho yari kubandanya anyigisha Bibiliya. Ariko igishimishije, Yehova yagumye anyibuka.

Bidatevye hari umutsimvyi yitwa Floyd yaje gukorera i Orealla. Igihe yariko aramamaza mu tuzu twaho, ava kuri kamwe aja ku kandi, yaciye ambona. Igihe yambwira ivyo kwiga Bibiliya, naciye ntwenga na we aca ambaza ati: “Utwenze iki?” Namubwiye ko nari narahejeje kwiga agatabu Ni ibiki Imana idusaba? nkaba nari naratanguye kwiga igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. * Naramusiguriye igituma ntabandanije kwiga. Floyd yaciye abandanya kunyigisha ca gitabu Ubumenyi, mugabo bidatevye na we nyene aca arungikwa gukorera ahandi. Naciye nsubira kubura uwonyigisha Bibiliya.

Ariko rero mu 2004, hari abatsimvyi badasanzwe ari bo Granville na Joshua, barungitswe gukorera i Orealla. Igihe bariko baramamaza bava ku kazu kamwe baja ku kandi, barambonye. Igihe bambaza nimba nipfuza kwiga Bibiliya, naciye ntwenga. Naciye ndabasaba ko bosubira kunyigisha igitabu Ubumenyi kuva mu ntango. Nashaka kuraba ko ivyo bonyigishije vyasa n’ivyo abandi bari baranyigishije. Granville yarambwiye ko bari batanguye kugirira amakoraniro mu kigwati iwacu. Naripfuje kuyitaba naho nari maze imyaka nka cumi ntava imuhira. Granville rero yaraje kuntora anshira mu gakinga k’ibimuga aransunika gushika ku Ngoro y’Ubwami.

Haciye igihe, Granville yarandemesheje kwiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Yambwiye ati: “Naho umugaye, urashoboye kuvuga. Umusi umwe uzotanga insiguro ya bose. Erega bizoshika.” Iyo ndemesho yampaye, yaratumye ndema.

Naratanguye kujana na Granville mu gikorwa co kwamamaza. Ariko rero, amabarabara menshi yo muri ico gisagara yarimwo ibinogo vyinshi ku buryo bitari vyoroshe kuyacamwo n’agakinga k’ibimuga. Naciye rero nsaba Granville ngo anshire mu nkorofani aze aransuguma, kandi vyaciye bigenda neza. Muri Ndamukiza 2005, narabatijwe. Gatoyi inyuma y’aho, abavukanyi baciye batangura kumenyereza gukorera mu bitabu no mu vy’amajwi ku Ngoro y’Ubwami.

Ikibabaje, mu 2007 dawe yarapfuye ahitanywe n’isanganya ry’ubwato. Umuryango wacu wasigaye mu mubabaro udasanzwe. Granville yaratuye isengesho turi kumwe yongera aradusomera imirongo ihumuriza yo muri Bibiliya. Haciye iyindi myaka ibiri harabaye ikindi cago kituvuna umutima: Granville na we nyene yarapfuye ahitanywe n’isanganya ry’ubwato.

Ishengero ryacu ritoyi nta mukurambere n’umwe ryari rigisigaranye kiretse umukozi w’ishengero umwe gusa. Urupfu rwa Granville rwarambabaje cane kuko yari umugenzi nakunda. Yari yaramfashije adahemuka kwitwararika ivyo nari nkeneye mu vy’impwemu no ku mubiri. Kw’ikoraniro ryakurikiye urupfu rwiwe, ni je nari mfise agateka ko gusoma Umunara w’Inderetsi. Ku ngingo zibiri za mbere narigumije, ariko mu nyuma naciye ntangura kurira, nguma nkorora amosozi. Naciye mva ku mukiruruko.

Natanguye kwumva meze neza igihe abavukanyi bo mu rindi shengero baza kudufasha i Orealla. Ibiro vy’ishami na vyo nyene vyaraturungikiye umutsimvyi adasanzwe yitwa Kojo. Ikindi canezereje ni uko mawe na mutoyi wanje batanguye kwiga Bibiliya, mu nyuma bakabatizwa. Muri Ntwarante 2015 na ho, naragenywe kuba umukozi w’ishengero. Haciye igihe naratanze insiguro ya bose ari bwo bwa mbere. Uwo musi, narakoroye amosozi y’umunezero nibutse ivyo hari haciye imyaka Granville ambwiye ati: “Umusi umwe uzotanga insiguro ya bose. Erega bizoshika.”

Biciye ku biganiro vyo kuri Televiziyo ya JW, naramenye ivy’abavukanyi na bashiki bacu dusangiye ingorane. Naho bamugaye barakora ibitari bike, kandi bakabaho bahimbawe. Na jewe ndacashoboye kugira ivyo nkora. Icipfuzo canje co gukoresha inguvu zose nsigaranye mu gukorera Yehova, caratumye mba umutsimvyi asanzwe. Muri Nyakanga 2019 na ho, nararonse agakuru keza ntari niteze. Muri ukwo kwezi namenyeshejwe ko nagenywe kuba umukurambere mw’ishengero rifise abamamaji nka 40.

Ndakengurukira abavukanyi na bashiki bacu nikundira banyigishije Bibiliya bakongera bakamfasha gukorera Yehova. N’ikiruta vyose, ndakengurukira cane Yehova we yagumye anyibuka.

^ ing. 8 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ariko ubu ntikigicapurwa.