Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 50

“Abapfuye bazurwa bate?”

“Abapfuye bazurwa bate?”

“Rupfu we, intsinzi yawe iri he? Rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?”​—1 KOR. 15:55.

URURIRIMBO RWA 141 Ubuzima ni igitangaro

INCAMAKE *

1-2. Kubera iki abakirisu bose bakwiye kwitaho ibijanye n’izuka ry’abaja mw’ijuru?

ABENSHI mu bariko barakorera Yehova muri iki gihe, biteze kuzobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. Ariko rero amasigarira y’abarobanujwe impwemu, bafise icizigiro co kuzukira kuba mw’ijuru. Abo bakirisu barobanuwe barashashaye kumenya ingene ubuzima bwabo bwo mw’ijuru buzoba bumeze. None abafise icizigiro co kuba kw’isi bobo bite? Nk’uko tuza kubibona, izuka ry’abaja kuba mw’ijuru rizotuma n’abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera bironkera imihezagiro. Twaba rero dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, turakwiye kwitaho kumenya ibijanye n’izuka ry’abaja kuba mw’ijuru.

2 Mu kinjana ca mbere, Imana yarahumekeye bamwe mu bigishwa ba Yezu kugira bandike ibijanye n’ukuzukira ijuru. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ubu turi abana b’Imana, mugabo ubu ico tuzoba ntikirerekanwa. Ico tuzi ni uko aho azokwerekanirwa hose tuzomera nka we.” (1 Yoh. 3:2) Abakirisu barobanuwe rero, ntibazi ukuntu bazoba bameze nibamara kuzuka bakaja mw’ijuru ari ibiremwa vy’impwemu. Ariko rero nibamara kuronka iyo mpembo yabo, bazobona Yehova imbonankubone. Bibiliya ntitanga amakuru yose ku bijanye n’ukuzukira ijuru, ariko rero intumwa Paulo yaratanze amakuru amwamwe ajanye n’iryo zuka. Abarobanuwe bazoba bari kumwe na Kristu, igihe “[azo]hindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose.” Ivyo birimwo no gukuraho ‘wa mwansi wa nyuma ari we rupfu.’ Amaherezo, Yezu n’abazofadikanya na we kuganza bazoyobokera Yehova, bamushikirize ibintu vyose. (1 Kor. 15:24-28) Ese ukuntu ico kizoba ari igihe gihimbaye cane! *

3. Twisunze ibivugwa mu 1 Abakorinto 15:30-32, kuba Paulo yaremera izuka vyatumye akora iki?

3 Kuba Paulo yaremera izuka, vyaratumye yihanganira ibigeragezo bitandukanye. (Soma 1 Abakorinto 15:30-32.) Yabwiye Abakorinto ati: “Ku musi ku musi ndahangana n’urupfu.” Paulo yanditse kandi ati: “Nararwaniye n’ibikoko i Efeso.” Ashobora kuba yashaka kuvuga ko yarwaniye n’ibikoko nya bikoko mu kibuga c’ibirori c’i Efeso. (2 Kor. 1:8; 4:10; 11:23) Canke na ho ashobora kuba yashaka kwerekeza ku Bayuda be n’abandi bantu bamurwanya, bari bameze nk’“ibikoko.” (Ivyak. 19:26-34; 1 Kor. 16:9) Ico yashaka kuvuga cose, Paulo yarahuye n’ingeramizi zikomeye. Ariko yaguma abona kazoza mu buryo bwiza.​—2 Kor. 4:16-18.

Abagize umuryango baba mu gihugu aho igikorwa cacu kibujijwe, baguma basenga Yehova bizigiye neza ko ababikiye ibintu vyiza muri kazoza (Raba ingingo ya 4)

4. Icizigiro c’izuka gikomeza gute abakirisu bo muri iki gihe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

4 Tubayeho mu bihe bigoye. Abavukanyi bacu bamwebamwe barakorewe amabi. Abandi na bo baba mu turere twatabaguwe n’intambara, ku buryo ata mutekano bafise. Hari n’ababa mu bihugu aho usanga igikorwa co kwamamaza kiburabuzwa canke kibujijwe, ariko ugasanga barakorera Yehova naho ubuzima bwabo buba buri mu kaga, canke bashobora gutabwa mw’ibohero. Naho ari ukwo, abo bavukanyi na bashiki bacu bose, baguma bakorera Yehova badahemuka, gutyo bakatubera akarorero. Barazi neza yuko naho vyoshika bagatakaza ubuzima bwabo muri iki gihe, Yehova ababikiye ikintu ciza cane kuruta muri kazoza.

5. Ni iciyumviro ikihe giteye akaga coshobora guhungabanya icizigiro cacu c’izuka?

5 Paulo yaragabishije abavukanyi biwe ku bijanye n’iciyumviro giteye akaga abantu bamwebamwe bari bafise, ati: “Nimba abapfuye batazurwa, ‘twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.’” Ico ciyumviro cariho n’imbere y’igihe ca Paulo. Ashobora kuba yariko asubiramwo amajambo yo muri Yesaya 22:13, ayerekeza ku gatima Abisirayeli bari bafise. Aho kwiyegereza Imana, bashira imbere ibibahimbara mu buzima. Muri rusangi, agatima abo Bisirayeli bari bafise kari aka: “Iryohere ukiri muzima,” ako gatima kakaba kigaragaza mu bantu benshi no muri iki gihe. Ariko rero, Bibiliya iravuga ingaruka ako gatima kahavuye gakwegera ihanga rya Isirayeli.​—2 Ngo. 36:15-20.

6. Kuba twizigiye izuka, bikwiye kugira ico bikoze gute ku bo tugira abagenzi?

6 Kuba rero tuzi ko Yehova azozura abapfuye, birakwiye ko tuba maso ku bo tugira abagenzi. Abo bavukanyi b’i Korinto bari bakeneye kwirinda kwifatanya n’abahakana izuka. Na twebwe hariho icigwa twohigira: Kwama twifatanya n’abantu babona ko ubuzima ari ubu gusa, nta ciza bivamwo. Hamwe umukirisu w’ukuri yokwifatanya n’abantu nk’abo, vyotuma ataba akibona ibintu mu buryo bwiza. Nkako, vyoshobora gutuma abaho akora ivyo Imana yanka, agacumura. Ni co gituma Paulo yadukebuye ashimitse ati: “Nimwikangure mugarure ubwenge mu buryo bw’ubugororotsi kandi ntimuze muracumura.”​—1 Kor. 15:33, 34.

BAZUKA BAFISE UMUBIRI BWOKO KI?

7. Nk’uko vyerekanwa mu 1 Abakorinto 15:35-38, ni ikibazo ikihe abantu bamwebamwe bashobora kuba barabajije ku bijanye n’izuka?

7 Soma 1 Abakorinto 15:35-38. Umuntu yipfuza kuvyura inkeka mu bandi ku bijanye n’izuka, yari gushobora kubaza ati: “None abapfuye bazurwa bate?” Vyoba vyiza turimbuye inyishu Paulo yatanze, kubera ko abantu benshi muri iki gihe bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ingene bigenda iyo umuntu amaze gupfa. None Bibiliya ibivugako iki?

Paulo akoresheje akarorero k’urutete n’igiterwa, yarerekanye ko Imana ishobora guha abazuka umubiri ubereye (Raba ingingo ya 8)

8. Ni akarorero akahe kadufasha gutahura ibijanye n’izuka ry’abaja kuba mw’ijuru?

8 Iyo umuntu apfuye, umubiri wiwe urabora. Ariko Umwe yarema ijuru n’isi abikuye mu busa, arashobora kuzura uwo muntu akamuha umubiri ubereye. (Ita. 1:1; 2:7) Paulo yarakoresheje akarorero kerekana ko Imana itokwiriwe irakenera kugarukana wa mubiri nyene wapfa. Zirikana “urutete rugaragara,” canke “urubuto.” Iyo urutete rutewe mw’ivu, ruranaga maze rugacika igiterwa gishasha. Ico giterwa kiba gitandukanye cane na ka gatete. Paulo yakoresheje ico kigereranyo kugira ngo yerekane ko Imana ishobora guha umuntu “umubiri nk’uko [biyihimbara].”

9. Mu 1 Abakorinto 15:39-41, herekana gute ko hari imibiri itandukanye?

9 Soma 1 Abakorinto 15:39-41. Paulo yaravuze ko Imana yahaye ibiremwa imibiri itandukanye cane. Nk’akarorero, imibiri y’inyama iratandukanye. Hariho uw’ibitungwa, uw’inyoni n’uw’amafi. Yaravuze ko no mu kirere tubona itandukaniro hagati y’izuba n’ukwezi. Yaranavuze ko “inyenyeri [itandukanye] n’iyindi mu buninahazwa.” Ego cane, naho tutoshobora kubibonesha amaso yacu, hariho inyenyeri abahinga bita ibisyo amahero bitukura, hakaba izera n’izisa n’umuhondo, nk’akarorero izuba ryacu. Paulo yaravuze kandi ko “hariho imibiri yo mw’ijuru, n’imibiri yo kw’isi.” None aho yashaka kuvuga iki? Mu bisanzwe, ababa kw’isi dufise imibiri y’inyama. Ababa mw’ijuru na bo, bakagira imibiri y’impwemu, nk’imibiri y’abamarayika.

10. Abazukira kuba mw’ijuru bazuka bafise imibiri imeze gute?

10 Ubukurikira, Paulo yaciye avuga ati: “N’izuka ry’abapfuye ni ukwo. Ubibwa mu kubora, u[ka]zurwa mu kutabora.” Mu bisanzwe iyo umuntu apfuye, umubiri wiwe urabora ugasubira mu mukungugu. (Ita. 3:19) None bishoboka bite ko umubiri “uzurwa mu kutabora”? Paulo ntiyariko avuga ibijanye n’umuntu azukira kuba kw’isi, nka bamwe bazurwa na Eliya, Elisha, be na Yezu. Ahubwo yariko avuga umuntu azuka afise umubiri wo kuba mw’ijuru, ni ukuvuga, umubiri “w’impwemu.”​—1 Kor. 15:42-44.

11-12. Ni ihinduka irihe Yezu yagize igihe yazuka, kandi ni mu buryo ki abarobanuwe na bo nyene bagira ihinduka nk’iryo?

11 Igihe Yezu yari kw’isi yari afise umubiri w’inyama. Ariko igihe yazuka, “yacitse impwemu itanga ubuzima,” mu nyuma asubira mw’ijuru. Abakirisu barobanuwe na bo nyene bozutse bafise umubiri w’impwemu. Paulo yasiguye ati: “Nk’uko twambaye ishusho y’umwe akozwe mu mukungugu, tuzokwambara n’ishusho y’uwo mw’ijuru.”​—1 Kor. 15:45-49.

12 Paulo yariko yegereza ku nsozero y’ivyo yariko aravuga ku bijanye n’izuka. Birahambaye rero ko twibuka yuko Yezu atazutse afise umubiri w’umuntu. Ni co gituma Paulo yaciye avuga ko “inyama n’amaraso bidashobora gutorana ubwami bw’Imana” mw’ijuru. (1 Kor. 15:50) Intumwa be n’abandi barobanuwe, ntibozukiye kuba mw’ijuru bafise umubiri w’inyama n’amaraso ubora. None bozutse ryari? Paulo yarerekanye ko iryo zuka ryobaye muri kazoza, ko ritobaye bakimara gupfa. Igihe Paulo yandika 1 Abakorinto, abigishwa bamwebamwe bari baramaze ‘gusinzira mu rupfu,’ nk’akarorero, intumwa Yakobo. (Ivyak. 12:1, 2) Izindi ntumwa be n’abandi barobanuwe, na bo nyene bohavuye “[ba]sinzira mu rupfu.”​—1 Kor. 15:6.

URUPFU RUZOTSINDWA

13. Ukuhaba kwa Yezu kworanzwe n’ibiki?

13 Yezu na Paulo, bari baravuze ikiringo kidasanzwe cobayeho, na co kikaba ari ukuhaba kwa Kristu. Ukwo kuhaba kworanzwe n’intambara, vya nyamugigima, indwara z’ibiza, n’ibindi bintu bibi vyobaye hirya no hino kw’isi. Twariboneye iranguka ry’ubwo buhanuzi kuva mu 1914. Hariho ikindi kintu gihambaye cobaye kiri mu bigize ivyo bimenyetso. Yezu yavuze yuko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe, yokwamamajwe “mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo [rigaca] riza.” (Mat. 24:3, 7-14) Paulo yarerekanye ko igihe c’“ukuhaba kw’Umukama” cobaye kandi igihe c’izuka ry’abakirisu barobanuwe bobaye ‘barasinziriye mu rupfu.’​—1 Tes. 4:14-16; 1 Kor. 15:23.

14. Iyo abarobanuwe bapfuye mu kiringo c’ukuhaba kwa Kristu, bica bibagendera gute?

14 Muri iki gihe, iyo abarobanuwe barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi, ubwo nyene baca bazuka bakaja mw’ijuru. Ivyo biremezwa n’ivyo Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 15:51, 52, ati: “Ntituzosinzira mu rupfu twese, mugabo tuzohindurwa twese, mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe, mu gihe c’urumbete rwa nyuma.” Ivyo Paulo yavuze biriko biraranguka muri iki gihe! Iyo abo bavukanyi ba Kristu bazutse, baragira umunezero wuzuye, kuko “bazokwama bari kumwe n’Umukama.”​—1 Tes. 4:17.

Abazohindurwa mu kanya “nk’ako kuvuna urugohe” bazofasha Yezu mu gikorwa co kumenagura amahanga (Raba ingingo ya 15)

15. Ni igikorwa ikihe abazohindurwa mu kanya “nk’ako kuvuna urugohe” bazokora?

15 Bibiliya iratubwira igikorwa abo bazohindurwa mu kanya “nk’ako kuvuna urugohe” bazokora mw’ijuru. Yezu ababwira ati: “Uwutsinda akongera akisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo nzomuha ububasha ku mahanga, nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba.” (Ivyah. 2:26, 27) Bazokurikira Kizigenza wabo, bamufashe mu gikorwa yashinzwe co kuragiza amahanga inkoni y’icuma.​—Ivyah. 19:11-15.

16. Abantu benshi bazotsinda gute urupfu?

16 Biragaragara ko abarobanuwe bazotsinda urupfu. (1 Kor. 15:54-57) Izuka ryabo rizotuma bashobora kugira uruhara mu gukuraho ububisha kw’isi yose, mu gihe ca ya ntambara ya Harumagedoni yimirije. Abandi bakirisu amamiliyoni bagizwe n’abagabo n’abagore, bazorengana “ya makuba akomeye” maze binjire mw’isi nshasha. (Ivyah. 7:14) Abo bazoba barokotse, bazokwibonera ingene urupfu ruzosubira gutsindwa, igihe abantu amamiliyaridi bazoba barapfuye bazozuka. Iyumvire umunezero tuzogira igihe urupfu ruzoba rutsinzwe! (Ivyak. 24:15) Vyongeye, abantu bose bazoguma ari intahemuka kuri Yehova, bazotsinda mbere na rwa rupfu twaragwa na Adamu, bace babaho ibihe bidahera.

17. Twisunze 1 Abakorinto 15:58, dukwiye gukora iki ubu?

17 Umukirisu wese ariho ubu, arakwiye gukenguruka ayo majambo aremesha Paulo yandikiye Abakorinto ku bijanye n’izuka. Turafise imvo zumvikana zotuma twitabira akamo Paulo adutera, ko kugira vyinshi dukora “mu gikorwa c’Umukama” ubu. (Soma 1 Abakorinto 15:58.) Nitwaguma dukora ico gikorwa tubigiranye umwete, bizotuma tuba mu bazokwiberaho muri kazoza banezerewe. Ico gihe kizoba gihimbaye cane kuruta ukwo twovyiyumvira. Kizokwerekana vy’ukuri ko akuya twabize mu gikorwa c’Umukama katabaye impfagusa.

URURIRIMBO RWA 140 Ubuzima bwamaho!

^ ing. 5 Igice kigira kabiri ca 1 Abakorinto ikigabane ca 15, kirimwo amakuru y’ido n’ido yerekeye izuka, na canecane iry’abakirisu barobanuwe. Ariko rero, ivyo Paulo yanditse muri ico kigabane, birahambaye no ku bagize izindi ntama. Iki kiganiro, kiraza kutwereka ingene icizigiro c’izuka gikwiye kugira ico gikoze ku buzima bwacu ubu, congere kitwereke imvo zotuma twitega kazoza keza.

^ ing. 2 Ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” kiri muri uwu Munara, kirasigura ivyo Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 15:29.