Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Mu Migani 24:16 hagira hati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.” None hoba herekeza ku muntu aguma agwa mu gicumuro, Imana na yo ikaza iramubabarira?

Mu bisanzwe, ico si co uwo murongo ugomba kuvuga. Ahubwo ushaka kuvuga umuntu agwa mu buryo bw’uko aguma ashikirwa n’ingorane, mugabo agasubira guhaguruka, mu buryo bw’uko asubirana.

Rimbura amakikuro y’uwo murongo. Agira ati: “Ntubundire ahantu umugororotsi aba, nk’umubisha; ntunyage ahantu hiwe h’ukuruhukira. Kuko umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago. Umwansi wawe aguye, ntuhimbarwe; kandi atewe gutsitara, umutima wawe ntunezerwe.”​—Imig. 24:15-17.

Hari abiyumvira ko uyo murongo wa 16 werekeza ku muntu yoshobora kugwa mu gicumuro, mugabo mu nyuma akigarura. Hari indongozi zibiri z’idini zo mu Bwongereza zanditse ko “abigisha Ijambo ry’Imana, baba aba kera canke abo muri iki gihe, bagiye barasigura uwo murongo” muri ubwo buryo. Izo ndongozi zongeyeko yuko kubona ibintu muri ubwo buryo bisigura ko “umuntu mwiza yoshobora kugwa mu bicumuro bikomeye . . . , mugabo akaguma akunda Imana, maze agahaguruka mu kuza arigaya igihe cose acumuye.” Ico ciyumviro coryohera umuntu wese atagira akigoro ko kurwanya igicumuro. Yoshobora kwiyumvira ko mbere naho yocumura yisubiriza, Imana izokwama imubabarira.

Ivyo birahushanye n’insobanuro nyayo y’uwo murongo wa 16.

Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “kugwa” mu murongo wa 16, mu murongo wa 17 na ho rigahindurwa ngo “aguye,” rirashobora gukoreshwa mu buryo butandukanye. Rirashobora gusobanura kugwa nya kugwa, nk’akarorero inka itemvye ku nzira, umuntu akorotse avuye hejuru ku nzu, canke akabuye kaguye hasi. (Gus. 22:4, 8; Am. 9:9) Iryo jambo nyene rirashobora kandi gukoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo, nk’akarorero muri uwu murongo ugira uti: “Intambuko z’umuntu w’umugabo zateguwe na Yehova. Kandi Imana irahimbarwa n’inzira yiwe. Naho yotemba, ntazoraririzwa hasi, kuko Yehova ashigikiye ukuboko kwiwe.”​—Zab. 37:23, 24; Imig. 11:5; 13:17; 17:20.

Ariko rero, raba ivyavuzwe n’umuhinga yitwa Edward H. Plumptre. Yavuze ati: “Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo [“kugwa”] ntiryigera rikoreshwa mu bijanye no kugwa mu gicumuro.” Ni co gituma uwundi muhinga yasobanuye muri make amajambo ari mu murongo wa 16 ati: “Gufata nabi abasavyi b’Imana nta co bimaze, kandi kwoba ari ukwibabariza ubusa, kuko ibintu vyama bibagendera neza, mu gihe ababisha bibagendera nabi!”

Mu vy’ukuri, mu Migani 24:16, ntiherekeza ku kugwa mu gicumuro, ahubwo herekeza ku gushikirwa n’ingorane, mbere zikaza zirisubiriza. Muri iyi si mbi, umugororotsi yoshobora guhura n’ingorane z’amagara, canke n’izindi. Yoshobora no guhamwa cane n’ubutegetsi. Arashobora kwizigira ko Imana imushigikira, kandi ko izomufasha kuvyihanganira, mu nyuma bikagenda neza. Niwibaze uti: ‘None simaze kwibonera ko akenshi abasavyi b’Imana vyama bibagendera neza?’ None biva ku ki? Turazi neza ko “Yehova ashigikira abatemba bose kandi ahagurutsa abunamye bose.”​—Zab. 41:1-3; 145:14-19.

“Umugororotsi” ntahimbarwa iyo abandi bariko barashikirwa n’ingorane. Ahubwo arahumurizwa no kuba azi yuko “abatinya Imana y’ukuri bizobagendera neza, kuko bayitinye.”​—Umus. 8:11-13; Yobu 31:3-6; Zab. 27:5, 6.