Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 52

Ingene worwanya ugucika intege

Ingene worwanya ugucika intege

“Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”​—ZAB. 55:22.

URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova

INCAMAKE *

1. Gucika intege bishobora kutugirako ingaruka izihe?

BURI musi turashikirwa n’ingorane, mugabo tukazihanganira uko bishoboka kwose. Ariko none, ntiwemera ko turushiriza kuvyifatamwo neza mu ngorane iyo tudacitse intege? Dukwiye rero kubona ko gucika intege bishobora kutunyaga ugutekana, umutima rugabo, be n’umunezero. Mu Migani 24:10 havuga ko ‘niwacika intege mu misi y’amarushwa inkomezi zawe zizoba nke.’ Egome, gucika intege birashobora kutunyaga inguvu dukeneye kugira ngo twihanganire ingorane zidushikira.

2. Ni ibiki vyotuma ducika intege, kandi turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Hariho ibintu vyinshi bishobora gutuma ducika intege, bimwe bikaba biva ku gasembwa kacu, ibindi bikaba biva ahandi. Muri ivyo harimwo amakosa dukora, ubugoyagoye bwacu be n’indwara. Hoshobora kandi kubamwo kudaterwa agateka twari twiteze mu murimo wa Yehova, canke gukorera mu cibare gisa n’ikitimbuka. Muri iki kiganiro, turarimbura ibintu bimwebimwe vyofasha kudacika intege.

IGIHE DUKOZE AMAKOSA CANKE TUGARAGAJE UBUGOYAGOYE

3. Ni igiki codufasha kutarenza urugero mu kuntu tubona amakosa dukora?

3 Turashobora kurenza urugero mu kuntu tubona amakosa dukora be n’ubugoyagoye tugaragaza. Ivyo vyoshobora gutuma twiyumvira ko Yehova atazotwemerera kwinjira mw’isi nshasha. Kwiyumvira gutyo birimwo akaga. None dukwiye kubona gute amakosa dukora? Bibiliya ivuga ko abantu bose “bacumuye,” kiretse Yezu Kristu wenyene. (Rom. 3:23) Ariko rero, uwo Bibiliya ikomokako ntaguma arondera kudutora amahinyu, canke ngo yitege ko tuba abagororotsi. Ahubwo ni Umuvyeyi yipfuza kudufasha. N’ikindi kandi arihangana. Arabona akigoro tugira mu kurwanya ubugoyagoye bwacu be n’ukurenza urugero mu kuntu tubona ibitwerekeye, kandi ariteguriye kudufasha.​—Rom. 7:18, 19.

Yehova arazi ivyiza twakoze muri kahise be n’ivyo turiko turakora ubu (Raba ingingo ya 5) *

4-5. Twisunze 1 Yohani 3:19, 20, kubera iki bashiki bacu babiri batatwawe n’ugucika intege?

4 Rimbura akarorero ka Deborah n’aka Maria. * Deborah akiri umwana, akenshi bamufata mu buryo bwatuma yumva ko asuzuguritse. Bamukeza gake kabaho. Ivyo vyatumye akura abona ko ata co amaze. Igihe yaba akoze udukosa dutoduto yumva umenga yamenje. Na Maria ni ko vyari bimeze. Incuti ziwe zaramusuzugura. Ivyo vyatumye yumva ko ata co amaze. Mbere n’inyuma y’aho amenyeye ukuri, yabona ko atabereye kwitirirwa izina ry’Imana!

5 Ariko rero abo bashiki bacu babiri ntibahagaritse gukorera Yehova. Kubera iki? Imvo imwe ni uko batereye umuzigo wabo kuri Yehova mu kumusenga babigiranye ubwira. (Zab. 55:22) Bahavuye batahura ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azi ingene ibintu bibi twaciyemwo bitugirako ingaruka. Ariko kandi, arabona iciza mu mutima wacu, ni ukuvuga kamere dushobora kuba tutibonako.​—Soma 1 Yohani 3:19, 20.

6. Umuntu yokora iki bishitse agasubira gukora amakosa yigeze gukora?

6 Umuntu ariko aragerageza gutsinda ingeso mbi yahorana, yoshobora gusubira kuyigwamwo bigatuma yihebura. Ego ni ko ni ibisanzwe ko twiyagiriza igihe ducumuye. (2 Kor. 7:10) Ariko rero ntidukwiye kwiyagiriza birenze urugero, ku buryo twiyumvira duti: ‘Nta co nkimaze. Yehova ntazokwigera ambabarira.’ Kwiyumvira gutyo si vyo, kandi vyoshobora gutuma duhagarika gukorera Yehova. Niwibuke ko mu Migani 24:10 havuze ko nitwacika intege inkomezi zacu zizoba nke. Ahubwo riho, ‘nugorore ibintu’ hagati yawe na Yehova, mu kumwitura mw’isengesho umusaba ngo akubabarire. (Yes. 1:18) Niyabona ko wigaya ubikuye ku mutima, azokubabarira. Vyongeye, niwiture abakurambere. Bazogufasha gusubirana mu vy’impwemu babigiranye ukwihangana.​—Yak. 5:14, 15.

7. Kubera iki tudakwiye gucika intege igihe bitatworoheye gukora ikigororotse?

7 Umukurambere umwe wo mu Bufaransa yitwa Jean-Luc, abwira abariko baranyinyana n’ubugoyagoye ati: “Umuntu Yehova abona ko ari umugororotsi, si uwutigera akora ikosa. Ahubwo ni uwubabazwa n’amakosa akora, maze akigaya.” (Rom. 7:21-25) Nimba rero uriko uranyinyana n’ubugoyagoye kanaka, ntuce ubona ko ata co umaze. Niwibuke ko ata muntu n’umwe agororotse imbere y’Imana. Twese turakeneye ubuntu bw’Imana biciye ku ncungu.​—Ef. 1:7; 1 Yoh. 4:10.

8. Ni bande dushobora kwitura ngo badufashe igihe ducitse intege?

8 Turashobora kwitura abavukanyi na bashiki bacu, ari bo muryango wacu wo mu vy’impwemu, kugira ngo baturemeshe. Boshobora kudutega yompi igihe tubituye, maze bakatubwira amajambo aremesha. (Imig. 12:25; 1 Tes. 5:14) Umwe mushiki wacu wo muri Nijeriya yitwa Joy vyashika agacika intege, avuga ati: “Iyo hataba abavukanyi mba ngeze he? Abo dusangiye ukwizera ni icemeza c’uko Yehova yishura amasengesho yanje. Narabigiyeko n’ingene noremesha abandi bacitse intege.” Ariko rero turakwiye kwibuka ko abavukanyi na bashiki bacu, boshobora kutama bamenya igihe dukeneye kuremeshwa. Hari igihe rero vyokenerwa ko twibwiriza kwegera umukirisu ahumuye, tukamubwira ko dukeneye ko adufasha.

IGIHE TURWAYE

9. Zaburi 41:3 na 94:19 zituremesha gute?

9 Niwiture Yehova agushigikire. Igihe turwaye, na canecane igihe turiko turanyinyana n’indwara idakira, vyoshobora kutugora kubona ibintu mu buryo bwiza. Naho Yehova atadukiza ku gitangaro muri iki gihe, araduhumuriza akongera akaduha inguvu dukeneye kugira ngo dushobore kwihangana. (Soma Zaburi 41:3; 94:19.) Nk’akarorero, yoshobora kuvyurira umutima abo dusangiye ukwizera, wo kuza kudufasha udukorwa two muhira canke gusuma. Arashobora no gutuma abavukanyi basenga turi kumwe. Canke na ho, arashobora kutwibutsa ibintu biremesha biri mw’Ijambo ryiwe, nka ca cizigiro ciza igitangaza c’uko tuzobaho mw’isi nshasha, dufise amagara meza ata ndwara canke imibabaro.​—Rom. 15:4.

10. Ni kubera iki Isang atagumye acitse intege inyuma y’aho agiriye isanganya?

10 Uwitwa Isang wo muri Nijeriya, yaragize isanganya aca araba pararize. Umuganga wiwe yamubwiye ko atokwigeze asubira gutambuka. Isang avuga ati: “Naravunitse umutima nongera ndacika intege.” None yoba yagumye acitse intege? Habe namba. None ni igiki camufashije? Avuga ati: “Jewe n’umukenyezi wanje ntitwigeze duhagarika gusenga Yehova no kwiyigisha Ijambo ryiwe. Twariyemeje kandi kuguma dukenguruka ivyiza dufise, harimwo n’icizigiro co kuzoba mw’isi nshasha y’Imana.”

Mbere n’abafise ubumuga bw’umubiri barashobora kugira uruhara mu ndimiro, bakironkera ivyiza n’umunezero (Raba ingingo ya 11-13)

11. Ni igiki cafashije Cindy kugumana umunezero igihe yari agwaye cane?

11 Uwitwa Cindy wo muri Megizike, baramutoye indwara ikomeye yohavuye imuhitana. None yayihanganiye gute? Igihe bariko baramuvura, yarishingiye umugambi wo kuza aramamaza buri musi. Avuga ati: “Kubigenza gutyo vyatumye nitwararika abandi aho gushira umutima ku kubagwa, ku bubabare, canke ku kuntu nari ndemvye. Nabigenza gutya: Igihe naba ndiko ndayaga n’abaganga be n’abaforoma, narababaza ibijanye n’imiryango yabo. Mu nyuma naca ndababaza igituma bahisemwo gukora uwo mwuga utoroshe. Vyaca binyorohera kumenya ikiganiro coshobora kubakora ku mutima. Abatari bake bavuze yuko vyari imbonekarimwe, kubona umurwayi abaza umuganga ingene amerewe. Abenshi baranshimiye kubona ndabitaho. Hari mbere n’abampaye aderese zabo, canke inomero zabo za terefone. Muri ico gihe kitoroshe narimwo, Yehova yarampaye umunezero wo mu mutima ku rugero ntari niteze.”​—Imig. 15:15.

12-13. Abarwayi bamwebamwe be n’abamugaye bashoboye gute kugira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro, kandi vyavuyemwo iki?

12 Abarwaye canke abamugaye boshobora gucika intege, kubera ko hari ivyo batagishoboye gukora mu ndimiro. Naho ari ukwo, abenshi barashoboye gushinga intahe nziza. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari mushiki wacu umwe yitwa Laurel, yamaze imyaka 37 yose ari mu cuma kimufasha guhema. Yararwaye kanseri, arabagwa kenshi, arwara n’indwara zikomeye zo ku rukoba. Ariko rero n’izo ngorane zikomeye ukuraho, ntizatumye ahagarika gushinga intahe. Yarabwira inkuru nziza abaforoma be n’abandi baza kumuraba aho yari arwariye. None vyavuyemwo iki? Yarafashije n’imiburiburi abantu 17 baramenya ukuri kwo muri Bibiliya. *

13 Umukurambere umwe wo mu Bufaransa yitwa Richard, aragira inama abantu batagishoboye kuva muhira canke abari mu kigo co kubungabunga abageze mu zabukuru. Avuga ati: “Inama nobagira, ni uko borondera akantu gatoya boshirako ibitabu. Karakwegera abantu, maze bigatuma ikiyago gitangura. Ivyo biyago biraremesha abavukanyi na bashiki bacu twikundira, batagishoboye kuja kwamamaza inzu ku nzu.” Abatagishoboye kuva muhira, barashobora kandi gushinga intahe biciye ku kwandika amakete be no kuri terefone.

IGIHE TUDATEWE AGATEKA

14. Ni akarorero kadasanzwe akahe Umwami Dawidi yadusigiye?

14 Kuba hari ivyo tutagishoboye gukora kubera imyaka, ingorane z’amagara canke ibindi bintu, vyoshobora gutuma tudaterwa agateka kanaka mw’ishengero canke mu muzunguruko. Nimba ivyacu vyifashe gutyo, turashobora kugira ivyo twigiye ku Mwami Dawidi. Igihe yabwirwa ko atari we yokwubatse urusengero rw’Imana, ico kikaba ari ikintu yari ashashaye cane gukora, yarashigikiye yivuye inyuma uwo Imana yashinze iryo banga. Dawidi mbere yaraterereye ibintu vyinshi ku bw’ico gikorwa. Ese ukuntu ari akarorero kadasanzwe twokwigana!​—2 Sam. 7:12, 13; 1 Ngo. 29:1, 3-5.

15. Hugues yatsinze gute ugucika intege?

15 Umukurambere wo mu Bufaransa yitwa Hugues yaragize ingorane z’amagara, ku buryo ahagarika kuba umukurambere. Ntiyari agishoboye no gukora udukorwa dusanzwe tw’imuhira. Avuga ati: “Mu ntango naracitse intege cane, kandi numva ko ata co maze. Ariko mu nyuma, narabonye ko bihambaye kwemera ko hari ivyo ntagishoboye, bituma ndonkera umunezero mu gukorera Yehova ivyo nshoboye. Niyemeje kudatana n’akabando. Nzobandanya urugamba, nka kumwe kwa Gideyoni n’ingabo ziwe amajana atatu, babandanije urugamba naho bose bari barushe!”​—Abac. 8:4.

16. Ni igiki twokwigira ku karorero k’abamarayika?

16 Abamarayika b’abizigirwa baratubera akarorero keza. Ku ngoma y’Umwami Ahabu, Yehova yarasavye abamarayika ngo batange ivyiyumviro vy’ukuntu bohenda uwo mwami mubi. Abamarayika batari bake barashikirije ivyiyumviro. Ariko Imana yahisemwo umumarayika umwe, imubwira yuko iciyumviro ciwe ari co ciza. (1 Abm. 22:19-22) None abamarayika basigaye boba baciye bacika intege, kumbure bakiyumvira bati: ‘Kubera iki twiriwe turata umwanya?’ Nta cotuma twiyumvira ko ari ko vyagenze. Abamarayika baricisha bugufi vy’ukuri, kandi bipfuza ko Yehova ari we yoterwa iteka ryose.​—Abac. 13:16-18; Ivyah. 19:10.

17. Dukwiye gukora iki bishitse tugacika intege kubera ko tudatewe agateka kanaka?

17 Niwibuke ko agateka gahambaye dufise, ari ukwitirirwa izina ry’Imana no gutangaza Ubwami bwayo. Turashobora guterwa uduteka canke tukadutakaza, ariko si two dutuma tugira agaciro ku Mana. Kwifata ruto no kwicisha bugufi, ni vyo bituma Yehova be n’abavukanyi bacu badukunda vy’ukuri. Nusenge rero Yehova umusaba ngo agufasha kuguma wifashe ruto kandi wicishije bugufi. Nuzirikane ku burorero bwiza buvugwa mw’Ijambo ry’Imana, bw’abagaragaje ukwifata ruto n’ukwicisha bugufi. Nukorere abavukanyi bawe ivyo ushoboye vyose, kandi ubigiranye umutima ukunze.​—Zab. 138:6; 1 Pet. 5:5.

IGIHE ICIBARE UKORERAMWO GISA N’IKITIMBUKA

18-19. Woronkera gute umunezero mu ndimiro mbere n’igihe icibare ukoreramwo gisa n’ikitimbuka?

18 Vyoba birashika ugacika intege, kubera yuko icibare ukoreramwo gisa n’ikitimbuka canke kubera ko mu mihana uhasanga abantu bake? Igihe ibintu vyifashe gutyo, twokora iki kugira ngo tugumane umunezero canke mbere tuwongereze? Hari ivyiyumviro bimwebimwe ngirakamaro dusanga mu ruzitiro ruvuga ngo: “ Ivyotuma urushiriza kuronkera umunezero mu ndimiro.” Birahambaye kandi ko tubona neza igikorwa co mu ndimiro. None ivyo bisigura iki?

19 Nugume wibanda ku gutangaza izina ry’Imana be n’Ubwami bwayo. Yezu yaravuze atomora yuko abantu bakeya, ari bo bociye mu nzira ijana mu buzima. (Mat. 7:13, 14) Igihe turi mu ndimiro, tuba dufise agateka ko gukorana na Yehova, Yezu be n’abamarayika. (Mat. 28:19, 20; 1 Kor. 3:9; Ivyah. 14:6, 7) Yehova arakwegera ababereye. (Yoh. 6:44) Igihe rero tugendeye umuntu ntiyakire ubutumwa tumubwiye, yoshobora kutwumviriza dusubiye kumugendera.

20. Muri Yeremiya 20:8, 9 hatwigisha iki ku bijanye no kurwanya ugucika intege?

20 Hariho ibintu vyinshi twokwigira ku muhanuzi Yeremiya. Yashinzwe gukorera mu cibare kigoye cane rwose. Abantu baramutuka, bakamushinyagurira “bukarinda bwira.” (Soma Yeremiya 20:8, 9.) Yaracitse intege cane ku buryo yumva ko yohagarika igikorwa. Ariko ntiyagihagaritse. Kubera iki? “Ijambo rya Yehova” ryabaye nk’umuriro muri Yeremiya, ku buryo atashobora kuryigumizamwo. Ni ko bigenda no kuri twebwe igihe Ijambo ry’Imana turyujuje imitima yacu n’imizirikanyi yacu. Iyo ni iyindi mvo yotuma twiga Ijambo ry’Imana buri musi, kandi tukarizirikanako. Birashobora gutuma turushiriza kugira umunezero, igikorwa cacu na co kikarushiriza kwimbuka.​—Yer. 15:16.

21. Twoshobora gute gutsinda ugucika intege naho kwoba gutewe n’iki?

21 Umwe Deborah twamara kuvuga agira ati: “Ugucika intege ni ikirwanisho gikomeye cane Shetani akoresha.” Ariko rero, nta kirwanisho na kimwe ca Shetani gishobora kunanira Yehova Imana. Bishitse rero hakagira ikintu kiguca intege, nutakambire Yehova agufashe. Azogufasha kudacika intege igihe wakoze amakosa canke wagaragaje ubugoyagoye. Azogushigikira mu gihe c’indwara. Azogufasha kubona ibijanye n’uduteka mu buryo bubereye. Vyongeye, azogufasha kubona igikorwa cawe co mu ndimiro mu buryo bwiza. N’ikiruta vyose, niwiture Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru, umubwire ibikuraje ishinga. Arashobora kugufasha ugatsinda ugucika intege.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

^ ing. 5 Birashika twese tugacika intege. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibintu bimwebimwe twokora igihe bishitse tugacika intege. Nk’uko tuza kubibona, tubifashijwemwo na Yehova, turashobora gutsinda ugucika intege.

^ ing. 4 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 12 Soma inkuru y’ubuzima ya Laurel Nisbet muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Nzero 1993.

^ ing. 69 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu amaze igihe acitse intege, arazirikana ku bikorwa yaranguye muri kahise, agaca asenga Yehova. Ntakekeranya ko Yehova yibuka ivyo yakoze be n’ivyo ariko arakora.