Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nushire umutima ku gikorwa washinzwe!

Nushire umutima ku gikorwa washinzwe!

WIYUMVA gute iyo uronse ikete riremesha urungikiwe n’umugenzi ukunda? Umwigishwa Timoteyo yararonse ikete nk’iryo rivuye ku ntumwa Paulo, muri iki gihe rikaba ari ikete ryo muri Bibiliya ryitwa 2 Timoteyo. Nta gukeka ko Timoteyo yari ashashaye kuronka ahantu hatekanye yosomera ivyo uwo mugenzi wiwe akunda yari yamwandikiye. Timoteyo ashobora kuba yariko aribaza ati: ‘Paulo amerewe gute? Hoba hari impanuro agomba kumpa yomfasha kurangura amabanga nashinzwe? Iri kete ryoba ryomfasha kurangura neza igikorwa nashinzwe no gufasha abandi?’ Nk’uko tuza kubibona, muri iryo kete rihambaye, Timoteyo yararonse inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi. Ariko rero, nimuze twibande ku vyiyumviro nyamukuru bikeya biri mu mpanuro ngirakamaro dusanga muri iryo kete.

“MBANDANYA KWIHANGANIRA IBINTU VYOSE”

Igihe Timoteyo yatangura gusoma iryo kete, ategerezwa kuba yaciye abona ko yari afitaniye ubucuti somambike na Paulo. Paulo abigiranye igishika, yamwise ngo “umwana wanje w’umukundwa.” (2 Tim. 1:2) Igihe Timoteyo yaronka iryo kete nko mu mwaka wa 65, ashobora kuba yari arengeje imyaka 30. Naho ari ukwo, yari asanzwe ari umukurambere azi utuntu n’utundi. Yari yaramaze imyaka irenga cumi akorana na Paulo, kandi yari yaramwigiyeko ibintu vyinshi.

Timoteyo ategerezwa kuba yararemeshejwe cane no kumenya ko Paulo yariko arihanganira amakuba adahemuka. Paulo yari mw’ibohero i Roma kandi aboheshejwe iminyororo, yimirije kwicwa. (2 Tim. 1:15, 16; 4:6-8) Timoteyo ashobora kuba yarabonye umutima rugabo wa Paulo, mu majambo yavuze ati: “Mbandanya kwihanganira ibintu vyose.” (2 Tim. 2:8-13) Cokimwe na Timoteyo, na twebwe turashobora gukomezwa n’ako karorero kadasanzwe Paulo yatanze ko kwihangana.

‘NUKABURE NK’UMURIRO INGABIRANO’

Paulo yahimirije Timoteyo gufatana uburemere ibanga yari yarashinzwe mu gikorwa c’Imana. Yashaka ko Timoteyo ‘akabura nk’umuriro ingabirano y’Imana’ yari muri we. (2 Tim. 1:6) Paulo yakoresheje ijambo khaʹri·sma ry’ikigiriki mu kuvuga “ingabirano.” Iryo jambo ry’ikigiriki, muri rusangi ryerekeza ku ngabire umuntu aronka ku buntu, atari kubera ko yari abibereye. Timoteyo yari yaronse iyo ngabirano igihe yatorwa ngo aterwe agateka kadasanzwe ko gukorera ishengero.​—1 Tim. 4:14.

None Timoteyo yari gukoresha iki iyo ngabirano? Igihe Timoteyo yasoma iyo mvugo ngo ‘gukabura nk’umuriro,’ ashobora kuba yaciye abona mu bwenge ingene vyashika abantu bagacana umuriro maze urubeya rukazima, hagasigara amakara yaka gusa. Ayo makara yategerezwa gukaburwa kugira aduze urubeya n’umuriro mwinshi. Kazinduzi imwe ivuga ko irivuga ry’ikigiriki (a·na·zo·py·reʹo) Paulo yakoresheje, risobanura “kwatsa, guhuha umuriro,” ivyo rero bikaba bigereranya “kwongereza umwete wo gukora igikorwa.” Ni nk’aho rero Paulo yariko ahanura Timoteyo ati: ‘Nushire umutima ku gikorwa washinzwe!’ Na twebwe turakwiye kubigenza gutyo nyene muri iki gihe, tukarushiriza kugira umwete mu gikorwa turangura.

“IYO MBITSO NZIZA UYIRINDE”

Timoteyo abandanije gusoma iryo kete yarungikiwe n’umugenzi wiwe, yarabonye iyindi mvugo yomufashije kuroranirwa mu gikorwa ciwe. Paulo yanditse ati: “Iyo mbitso nziza uyirinde biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe.” (2 Tim. 1:14) None iyo mbitso yari iyihe? Timoteyo yari yabikijwe iki? Mu murongo w’imbere y’uwo, Paulo yaravuze ibijanye n’“amajambo ngirakamaro,” ni ukuvuga ukuri dusanga mu Vyanditswe. (2 Tim. 1:13) Kubera ko Timoteyo yari umwamamaji w’inkuru nziza, yari kwigisha ukuri mw’ishengero no hanze yaryo. (2 Tim. 4:1-5) Vyongeye, Timoteyo yari yagenywe kuba umukurambere kugira aragire intama z’Imana. (1 Pet. 5:2) Iyo mbitso, ari kwo kuri Timoteyo yari kwigisha, yari kuyirinda mu kwiheka ku mpwemu nyeranda ya Yehova no kw’Ijambo ryiwe.​—2 Tim. 3:14-17.

Muri iki gihe, na twebwe twarabikijwe ukuri twigisha abandi. (Mat. 28:19, 20) Turashobora kuguma duha agaciro iyo mbitso nziza igitangaza, mu kuguma dusenga no mu kugira akamenyero keza ko kwiyigisha Ijambo ry’Imana. (Rom. 12:11, 12; 1 Tim. 4:13, 15, 16) Twoshobora kandi guterwa agateka ko kuba umukurambere canke ko gukora umurimo w’igihe cose. Imbitso nk’iyo ikwiye gutuma twicisha bugufi, ikadufasha kubona ko dukeneye kwiheka ku Mana. Turashobora rero kurinda canke kuzigama imbitso twahawe, mu kuyiha agaciro no mu kwiheka kuri Yehova ngo adufashe kuyizigama.

“IVYO BINTU UBIZEZE ABANTU B’ABIZIGIRWA”

Amabanga Timoteyo yari yarajejwe ntiyari rwiwe gusa, ariko yararaba n’abandi. Nico gituma Paulo yamuhimirije ati: “Ibintu wanyumvanye . . . ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi.” (2 Tim. 2:2) Egome, Timoteyo yari kugira ivyo yigiye ku bakirisu bagenziwe, na we akagira ivyo abaha. No muri kino gihe, birahambaye ko buri mukurambere yihatira kubigenza gutyo nyene. Umukurambere mwiza ntahisha abandi ivyo azi ku bijanye no gukora igikorwa kanaka. Ahubwo arabibigisha kugira ngo na bo bazoshobore kugikora. Ntatinya ko nibamenya vyinshi canke bakagikora neza kumurusha, bazoca bamusumvya kumenyekana. Umukurambere rero ntiyigisha abandi ingene bokora igikorwa aca ku mayange gusa. Ararondera gufasha abo amenyereza gukoresha ubukerebutsi no gutahura, gutyo akabafasha gutera imbere mu vy’impwemu. Aho ni ho “abantu b’abizigirwa” aba yarigishije bazorushiriza kugirira akamaro ishengero.

Nta gukeka ko Timoteyo yakengurutse cane iryo kete riremesha yarungikiwe na Paulo. Turashobora kwiha ishusho ingene yaguma asubira gusoma iyo mpanuro nziza cane, yongera azirikana ukuntu yoyisunga mu bikorwa yarangura.

Na twebwe turipfuza gushira ku mutima iyo mpanuro. Uti gute? Mu kwihatira gukabura nk’umuriro ingabirano twahawe, mu kurinda imbitso twahawe, no mu gusangira n’abandi ubumenyi n’ubuhanga dufise. Nk’uko Paulo yabibwiye Timoteyo, tubigenjeje gutyo, turashobora ‘kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse.’​—2 Tim. 4:5.