Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene amasengesho yogufasha

Ingene amasengesho yogufasha

Igihe Pamela yarwara indwara ikomeye yaciye yitura abaganga. Ariko kandi yarasenze Imana ayisaba inkomezi zo kwihanganira izo ngorane yarimwo. None gusenga vyoba vyaramufashije?

Pamela avuga ati: “Igihe bariko baramvura kanseri, akenshi naragira ubwoba bwinshi. Ariko igihe nasenga Yehova Imana, naciye numva ntekanye ndasubira kwiyumvira neza. Naho ngifise ububabare budahera, gusenga biramfasha kuguma mbona ibintu mu buryo bwiza. Iyo abantu bambajije ukuntu merewe, nca ndababwira nti: ‘Simerewe neza, ariko ndafise umunezero.’”

Ariko ntiwumve, ntidukwiye gusenga igihe gusa dukitswe n’amagara. Twese turahura n’ingorane, zaba izoroshe canke izikomeye, kandi akenshi turakenera icodufasha kuzihanganira. None gusenga vyoba vyodufasha?

Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.” (Zaburi 55:22) Ese ukuntu ayo majambo ahumuriza! None gusenga vyogufasha gute? Niwasenga Imana mu buryo bubereye, izokuronsa ivyo ukeneye kugira ngo wihanganire ingorane.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo amasengesho yokuronsa.