Imana yoba yumviriza amasengesho yawe?
Igihe uriko urasenga, wibaza ko Imana yoba ikwumviriza vy’ukuri?
BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?
Imana irumviriza. Bibiliya iduhumuriza iti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose, hafi y’abamwambaza mu kuri bose. . . . Azokwumva ugutabaza kwabo.”—Zaburi 145:18, 19.
Imana yipfuza ko uyisenga. Bibiliya idutera akamo iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”—Abafilipi 4:6.
Imana irakubabaye vy’ukuri. Imana irazi neza ibikuraje ishinga, kandi iripfuza kugufasha. Bibiliya ivuga iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”—1 Petero 5:7.