Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba yumviriza amasengesho yawe?

Imana yoba yumviriza amasengesho yawe?

Igihe uriko urasenga, wibaza ko Imana yoba ikwumviriza vy’ukuri?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

  • Imana irumviriza. Bibiliya iduhumuriza iti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose, hafi y’abamwambaza mu kuri bose. . . . Azokwumva ugutabaza kwabo.”​—Zaburi 145:18, 19.

  • Imana yipfuza ko uyisenga. Bibiliya idutera akamo iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”​—Abafilipi 4:6.

  • Imana irakubabaye vy’ukuri. Imana irazi neza ibikuraje ishinga, kandi iripfuza kugufasha. Bibiliya ivuga iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.