Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze

Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze

Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, iyo Bibiliya ivuze ibijanye n’umuhero w’isi, ntiba ishaka kuvuga ugukurwaho kw’isi canke uguherengetera kw’ikiremwa muntu. Ahubwo riho, iba ishaka kuvuga iherezo ry’ibikorwa bibi vyo muri iyi si yononekaye be n’ababikora bose. None Bibiliya yoba ivuga igihe uwo muhero uzozira?

RABA IBINTU BIBIRI YEZU YAVUZE KU BIJANYE N’UMUHERO:

“Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”​—MATAYO 25:13.

“Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera.”​—MARIKO 13:33.

Nta wuzi rero igihe nyezina umuhero uzozirako. Ariko rero Imana ‘yarashinze igihe,’ ni ukuvuga ‘umusi n’isaha,’ umuhero uzozirako. (Matayo 24:36) None ivyo vyoba bisobanura ko tutoshobora kumenya ko uwo muhero wegereje? Habe namba. Yezu yabwiye abigishwa biwe ko bobonye ibintu bitandukanye vyokwerekanye ko umuhero uri hafi.

IVYOBAYE

Ivyo bintu vyoshitse, vyobaye ikimenyetso c’“insozero y’ivy’isi.” Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” (Matayo 24:3, 7) Yaravuze kandi ko hobayeho “ibiza,” ni ukuvuga indwara z’ivyaduka. (Luka 21:11) Ivyo bintu Yezu yavuze woba uriko uravyibonera?

Intambara zihitana abantu benshi, inzara, vya nyamugigima, be n’indwara z’urutavanako biriraye kw’isi muri iki gihe. Nk’akarorero, mu 2004, hari nyamugigima ikomeye yateye mw’Ibahari Indiyano, ica iteza ibisebuzi vyahitanye abantu nka 225.000. Mu myaka itatu, ikiza ca Korona cahitanye abantu nka 6.900.000 kw’isi yose. Yezu yavuze ko ibintu nk’ivyo vyokwerekanye ko umuhero wobaye uri hafi.

“IMISI YA NYUMA”

Ikiringo c’imbere gato y’uko umuhero ushika, Bibiliya icita “imisi ya nyuma.” (2 Petero 3:3, 4) Muri 2 Timoteyo 3:1-5, havuga ko imisi ya nyuma yoranzwe n’ugutituka kw’inyifato y’abantu. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Imbere gatoyi y’umuhero w’isi.”) Muri iki gihe, woba ubona abantu bikunda, abanyamwina, inkazi be n’abadakunda abandi? Ivyo na vyo nyene ni ivyerekana ko umuhero w’isi uri hafi cane.

None imisi ya nyuma izorangira ryari? Twisunze Bibiliya, hasigaye “igihe gito” gusa. Imana izoca ihonya “abahonya isi.”​—Ivyahishuwe 11:15-18; 12:12.

VUBA ISI IZOHINDUKA IPARADIZO!

Imana iramaze gushinga umusi n’isaha izozanirako umuhero w’iyi si mbi. (Matayo 24:36) Ariko rero hari n’agakuru keza: Imana “[ntishaka] yuko hagira n’umwe arandurwa.” (2 Petero 3:9) Iriko iraha abantu akaryo ko kwiga ivyo ishaka no kubikurikiza. Kubera iki? Kubera ko yipfuza ko turokoka umuhero w’iyi si tukaba mw’isi nshasha yayo, igihe isi izoba yahindutse iparadizo.

Imana yaratunganije igikorwa co kwigisha kw’isi yose, kugira ifashe abantu kumenya ivyo bokora ngo bazobe mw’isi nshasha izoba itwarwa n’Ubwami bwayo. Yezu yavuze ko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe “mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Kw’isi yose Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha amamiliyaridi n’amamiliyaridi, bamamaza bongera bigisha abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro. Yezu yavuze ko ico gikorwa co kwamamaza coranguwe kw’isi yose imbere y’uko umuhero ushika.

Ubutegetsi bw’abantu busigaje igihe gito. Ariko agakuru keza ni uko ushobora kurokoka umuhero w’iyi si, ukibera mw’isi y’Iparadizo Imana yasezeranye. Ikiganiro gikurikira, kirerekana ivyo wokora kugira ngo uzokwibere muri iyo si nshasha.

Ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’“imisi ya nyuma” biraduha icizigiro