Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guhera ubu urashobora kwitegurira kuzokwibera mw’isi nziza igiye kuza

Ingene isi nshasha y’iparadizo izoba imeze

Ingene isi nshasha y’iparadizo izoba imeze

Imana yaremye isi kugira ngo abantu b’intungane bayibeko ibihe bidahera. (Zaburi 37:29) Abantu ba mbere Imana yaremye, ari bo Adamu na Eva, yabashize mw’itongo ryiza cane rya Edeni, maze bo be n’uruvyaro rwabo ica ibashinga ibanga ryo kurima isi no kuyibungabunga.​—Itanguriro 1:28; 2:15.

Ubu isi si Iparadizo. Iratandukanye cane n’uko Imana yashaka ko imera. Mugabo rero Imana ntiyahinduye umugambi yari ifise mu ntango. None izowushitsa gute? Nk’uko twabibonye mu biganiro vy’imbere y’iki, Imana ntizohonya iyi si tubako. Ahubwo izoreka abantu b’intungane bayibereko. None Imana niyashitsa ivyo yasezeranye, ibintu bizomera gute kw’isi?

Isi yose izoganzwa n’intwaro imwe

Vuba, intwaro nshasha yo mw’ijuru y’Imana niyaganza isi yose, isi izoca iba ahantu heza abantu babana mu bumwe, bumvikana, bakora ibikorwa vyiza kandi bibahimbara. Yezu Kristu ni we Imana yagenye ngo azoganze isi. Yezu aratandukanye cane n’abategetsi benshi bo muri iki gihe, kuko wewe azokwitwararika ineza y’abatwarwa biwe. Azotegeka abigiranye urukundo, kandi azoba Umwami arangwa n’ubuntu, imbabazi be n’ubutungane.​—Yesaya 11:4.

Abantu kw’isi yose bazoba bunze ubumwe

Mw’isi nshasha, abantu ntibazotandukanywa n’ibihugu bavamwo canke ubwoko bwabo. Abantu bose bazoba bunze ubumwe. (Ivyahishuwe 7:9, 10) Abantu bose bo kw’isi bazoba bakunda Imana na bagenzi babo, kandi bazosenyera ku mugozi umwe mu gushitsa umugambi Imana yari ifise mu ntango wo kubungabunga isi babako.​—Zaburi 115:16.

Tuzobana neza n’ibidukikije

Ubwami bw’Imana nibwategeka isi, Umuremyi azokwifatira mu minwe ibijanye n’ikirere vyose, ntibibe bigiteza ingorane. (Zaburi 24:1, 2) Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye gatoyi gusa ububasha Imana yamuhaye, igihe yatururuza igihuhusi cari giteye ubwoba. (Mariko 4:39, 41) Igihe Kristu azoba atwara, nta n’umwe azoba agitinya ivyago vy’ivyaduka. Vyongeye, Ubwami bw’Imana buzotuma ibidukikije n’abantu bisubira kubana neza nko mu ntango.​—Hoseya 2:18.

Abantu bazogira amagara meza n’ibifungurwa vyinshi

Abantu bose bazoba bafise amagara meza. Nta wuzorwara, ngo asaze canke ngo apfe. (Yesaya 35:5, 6) Abantu bazoba ahantu heza kandi hasukuye, nka hamwe abavyeyi bacu ba mbere baba mw’itongo rya Edeni. Nka kumwe kwo muri Edeni, ico gihe isi izokwimbuka ibifungurwa vyinshi, kandi ababa kw’isi bose bazoba bafise umurengera w’ibifungurwa. (Itanguriro 2:9) Cokimwe n’ihanga rya Isirayeli ya kera, abazoba baba mw’Iparadizo bose ‘bazorya bahage.’​—Abalewi 26:4, 5.

Hazoba amahoro n’umutekano nyakuri

Ubwami bw’Imana nibwaganza isi yose, abantu bose bazobana mu mahoro, bakundana kandi ata wurenganya uwundi. Nta ntambara zizoba zikiriho, nta gutwaza igikenye, canke ukubura ivya nkenerwa. Bibiliya isezerana iti: “Bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza.”​—Mika 4:3, 4.

Abantu bose bazoba bafise uburaro be n’ibikorwa bishimishije

Buri muryango uzoba ufise aho kuba ata bwoba bw’icohabatesha, kandi ivyo bazokora vyose bizogenda neza. Nk’uko Bibiliya ibivuga, abazoba mw’isi nshasha y’Imana “ntibazocumukurira ubusa,” canke ngo baruhire ubusa.​—Yesaya 65:21-23.

Abantu bazoronka inyigisho nziza

Bibiliya ivuga iti: “Isi yose izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” (Yesaya 11:9) Abazoba baba mw’isi nshasha, bazokwiga ibijanye n’ubwenge ntangere bw’Umuremyi wabo Yehova, be n’ibijanye n’ibintu vyiza cane yaremye. Ubumenyi bwabo ntibazobukoresha mu gukora ibirwanisho, canke mu kugirira nabi abandi bantu. (Yesaya 2:4) Ahubwo riho bazokwiga ingene bobana mu mahoro, n’ingene bobungabunga isi.​—Zaburi 37:11.

Abantu bazobaho ibihe bidahera

Imana mu kurema isi yarayitondeye cane, kugira dushobore kubaho neza buri musi. Yipfuza ko abantu bayibako ibihe bidahera. (Zaburi 37:29; Yesaya 45:18) Kugira ngo Imana ishitse uwo mugambi yari ifise mu ntango, “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.” (Yesaya 25:8) Bibiliya isezerana iti: “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuwe 21:4) Imana izoha abantu bose akaryo ko kubaho ibihe bidahera, ni ukuvuga abo izoba yarokoye igihe izohonya iyi si mbi be n’abantu badaharurika izozura mw’isi nshasha.​—Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.

No muri iki gihe, abantu amamiliyoni bo kw’isi yose bariko baritegurira isi nshasha yegereje. Naho badatunganye, bariko barihatira kuba nk’abantu Imana yipfuza ko bazoba mw’isi nshasha yayo. Ivyo babigira gute? Bariga ivyerekeye Yehova Imana, n’uwo yatumye Yezu Kristu.​—Yohani 17:3.

Nurondere kumenya ibindi wokora kugira uzorokoke umuhero w’iyi si, maze uze wibere mw’isi nziza yegereje. Nurondere kwiga Bibiliya n’umwe mu Vyabona vya Yehova ata co urishe, mukoresheje igitabu Kwiberaho ibihe bidahera!