Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abantu bose baripfuza kazoza keza

Abantu bose baripfuza kazoza keza

Wipfuza kazoza kameze gute? Cokimwe n’abandi bantu benshi, nta gukeka ko wipfuza yuko wewe n’umuryango wawe mugira kazoza keza muhimbawe, mufise amagara meza, amahoro kandi ata co mukenye.

Ariko rero, abantu benshi baribaza nimba bazogira kazoza bipfuza. Barabona ibintu biba bukwi na bukwi bitari vyitezwe, nk’ikiza ca korona, bigatuma ibintu bihinduka kw’isi, bigateza ingorane mu vy’ubutunzi, bigahitana n’abantu. Ivyo bituma babona ko ata kazoza keza biteze.

Kubera ko abantu batabona neza ico bokora, bararondera babishashaye ikintu cotuma bagira kazoza keza. Bamwebamwe barizigira inguvu zitaboneka, nk’ibimenyetso bitara ibizoba canke igihamana. Abandi benshi barakurikirana amashure ahanitse n’ubutunzi biyumvira ko ari vyo bizotuma baronka ivyo bipfuza. Abandi na bo babona ko kuba umuntu ameze neza ari co conyene bakwiye gukora kugira babeho neza.

Hari na kimwe muri ivyo bintu cotuma uronka kazoza wipfuza? Kugira uronke inyishu, urakeneye gusuzuma ibi bibazo:

  • Ni igiki vy’ukuri kiyobora kazoza kawe?

  • Amashure n’amahera vyoba vyotuma ubaho neza?

  • Kuba umuntu ameze neza vyoba ari vyo bizotuma ugira kazoza keza?

  • Ni hehe wokura impanuro nziza zogufasha kugira kazoza keza?

Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirashobora kugufasha kuronka inyishu.