Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni igiki vy’ukuri kiyobora kazoza kawe?

Ni igiki vy’ukuri kiyobora kazoza kawe?

Abantu benshi bemera yuko hariho inguvu zitaboneka ziyobora kazoza kabo. Ivyo bituma bakora ibintu bimwebimwe biyumvira ko bizotuma bagira kazoza keza.

IVYO BENSHI BEMERA

KURAGURIRA KU NYENYERI: Abantu bamwebamwe bemera yuko kazoza kabo kavana n’ukuntu inyenyeri zari zitonze igihe bavuka. Baritura abaragurira ku nyenyeri kugira bababwire ibizobabako maze bagire ico bakoze kugira birinde ingorane canke baroranirwe.

IVYITWA FENG SHUI: Abandi bemera ko kugira baroranirwe bakwiye kwubaka inzu canke gupanga ibintu mu nzu bisunze igicapo kibayobora mu buryo nsigabwenge. Lo Wing * wo muri Hong Kong avuga ati: “Hari umuhinga mu vya feng shui yambwiye ko hamwe noshira akabuyenge kadasanzwe ahantu yanyeretse mw’iduka yanje vyotuma ndonka amahera menshi.”

GUSENGA ABA KERA: Hari n’abandi bemera ko babwirizwa gutera iteka ba sekuruza bapfuye canke ibindi bimana kugira bakingirwe bongere bahezagirwe. Van wo muri Vyetinamu avuga ati: “Nahora nemera ko gushikanira ibimazi ba sogokuruza vyotumye jewe n’abana banje tubaho neza ubu tukazogira na kazoza keza.”

KUVUKIRA MU KINDI KIREMWA: Abandi benshi bemera ko iyo umuntu apfuye aca avukira mu kindi kiremwa, bikaguma bigenda gutyogutyo. Bemera ko ibintu vyiza canke bibi bibashikira ubu bivana n’ivyo bakoze mu buzima bahorana.

Ariko rero, hari abantu benshi babona ko ivyo ari ukwemera ibintazi. Naho ari ukwo usanga bacemera ivy’imikoshi, ivy’ukuragurira ku nyenyeri no ku biganza, ivyo kugendereza ibintu, n’ibindi nk’ivyo. Babona ko ibintu nk’ivyo bishobora kubafasha kumenya kazoza kabo.

VYOBA BIBAFASHA KOKO?

Abizigira iyo migenzo n’imigirwa boba babaho neza bakagira na kazoza keza?

Raba ivyashikiye Hào wo muri Vyetinamu. Yaragiye mu vyo kuragurira ku nyenyeri, mu vya feng shui no mu vyo gusenga aba kera kugira bimuyobore. None yoba yararoraniwe? Avuga ati: “Urudandaza rwanje rwarahomvye, ninjira mu madeni, haraba amatati mu muryango nongera ndata umutwe cane.”

N’uwitwa Qiuming wo muri Tayiwani yaremera ivyo kuragurira ku nyenyeri, ivyo kuvukira mu kindi kiremwa, ivy’ibimenyetso bitara ibizoba, ivya feng shui n’ivyo gusenga aba kera. Amaze gusuzuma yitonze ivyo bintu yemera, yavuze ati: “Nasanze izo nyigisho hamwe n’iyo migirwa bidahuza kandi bigoye gutahura. Nasanze ivy’abaragurira ku nyenyeri bambwira bitama ari vyo. Ku bijanye no kuvukira mu kindi kiremwa na ho, nimba ntashobora kwibuka ivyo nakoze mu buzima nahorana, noshobora gute kugira ivyo ndyohoye ku buzima mfise ubu?”

“Nasanze izo nyigisho hamwe n’iyo migirwa bidahuza kandi bigoye gutahura.”​—QIUMING, TAYIWANI

Nk’uko Hào, Qiuming n’abandi benshi bavyiboneye, kazoza kacu ntikayoborwa n’ibimenyetso bitara ibizoba, inyenyeri, ba sogokuruza bapfuye canke ivyo kuvukira mu kindi kiremwa. None ivyo vyoba bisigura ko ata co dushobora gukora kugira tuzogire kazoza keza?

Benshi biyumvira ko kwiga amashure ahanitse no kurondera ubutunzi ari vyo bizotuma bagira kazoza keza. None abantu bamwebamwe bahisemwo kubigenza gutyo vyabaviriyemwo iki?

^ ing. 5 Muri iki kiganiro no mu bikurikira, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 16 Ayo majambo yakuwe mu Vyanditswe vyeranda mu Bagalatiya 6:7. Ico ciyumviro kirumvikana mu mugani umenyerewe cane ugira uti: “Imbuto ibibwe ni yo imera.”