Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba umuntu ameze neza vyoba bituma ugira kazoza keza?

Kuba umuntu ameze neza vyoba bituma ugira kazoza keza?

Haraciye imyaka amajana abantu biyumvira ko kwigenza neza bituma bagira kazoza keza. Nk’akarorero, abantu bo muri Aziya wasanga bubaha ivyo umwigisha wa filozofi yitwa Confucius (mu 551-479 imbere ya Kristu) yavuze, ati: “Ico udashaka ko abantu bagukorera nawe ntukibakorere.” *

ICO BENSHI BAKORA

Benshi biyumvira ko kwigenza neza bituma bagira kazoza keza. Baragerageza kwubaha abandi, kugira inyifato nziza, gutahura ikibanza bafise mu kibano, no kugumana amahoro yo mu mutima. Umugore umwe wo muri Vyetinamu yitwa Linh avuga ati: “Namye nemera ko kuba umuntu ameze neza vyotumye mpezagirwa.”

Bamwebamwe bakora ivyiza babitumwe n’ivyo bemera mw’idini barimwo. Umugabo umwe yitwa Hsu-Yun wo muri Tayiwani avuga ati: “Banyigishije ko ivyo umuntu akora akiri muzima ari vyo bituma inyuma y’urupfu ahimbarwa canke akababazwa ibihe vyose.”

VYOBA BIBAFASHA KOKO?

Ni ivy’ukuri ko igihe dukorera ivyiza abandi, twironkera ivyiza vyinshi. Ariko abantu benshi bagerageza gukorera ivyiza abandi babikuye ku mutima, basanga kubigenza gutyo bitama bituma baronka ivyo bari biteze. Umugore yitwa Shiu Ping wo muri Hong Kong avuga ati: “Nariboneye ko gukora ivyiza bitama bituma umuntu ahezagirwa. Naragerageje uko nshoboye kwose kwitwararika umuryango wanje no gukora ivyiza. Ariko umugabo wanje yarantanye umwana.”

Benshi babona ko idini ritama rituma abantu bamera neza. Umugore yitwa Etsuko wo mu Buyapani avuga ati: “Narabaye umunywanyi w’idini rimwe baca banshinga kuyobora imihari y’urwaruka. Naravunitse umutima mbonye ingene abo muri iryo dini bigenza nabi, bakarwanira ubukuru bakongera bagakoresha nabi amahera y’urusengero.”

“Naragerageje uko nshoboye kwose kwitwararika umuryango wanje no gukora ivyiza. Ariko umugabo wanje yarantanye umwana.”​—SHIU PING, HONG KONG

Abantu bamwebamwe basenga cane, baravunitse umutima igihe bashikirwa n’ingorane kandi bahora bagerageza gukora ivyiza. Ivyo ni vyo vyashikiye umugore yitwa Van wo muri Vyetinamu. Avuga ati: “Buri musi naragura ivyamwa, amashurwe be n’ibifungurwa nkabishikanira ba sokuruza bapfuye nizigiye ko nociye mpezagirwa. Naho namaze imyaka myinshi nkora ivyo vyiza vyose be n’imigirwa y’idini, umugabo wanje yarafashwe n’indwara ikaze. Igihe umukobwa wanje yari kwiga hanze yarapfuye kandi yari akiri muto.”

None nimba kuba umuntu ameze neza bidaca bituma ugira kazoza keza, hoba hariho ikindi cotuma ugira kazoza keza? Kugira twishure ico kibazo, turakeneye ikintu coturonsa amakuru yo kwizigirwa yishura ibibazo dufise akatwereka n’ico twokora kugira tuzogire kazoza keza. None ayo makuru twoyakura he?

^ ing. 2 Ushaka kumenya ingene inyigisho za Confucius zagize akosho ku bantu, raba igitabu L’humanité à la recherche de Dieu, ikigabane ca 7 ingingo ya 31-35, casohowe n’Ivyabona vya Yehova kandi kiraboneka kuri internet kuri www.pr418.com.