Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?

Ni igiki codufasha kugira kazoza keza?

Nk’uko twabibonye mu biganiro vy’imbere y’iki, abantu benshi bararondera kazoza keza mu kwizigira ibimenyetso bitara ibizoba, amashure, ubutunzi no mu kwihatira kuba abantu bameze neza. Ariko rero, kwisunga ivyo bintu bimeze nko gufata urugendo witwaje ikarata ikwereka inzira itari yo. None ivyo vyoba bisobanura ko ata kintu co kwizigirwa cotuyobora kikatwereka ingene tworonka kazoza keza? Oya si co bisobanura.

TURAYOBORWA N’UWURUTA ABANDI BOSE

Igihe tugomba gufata ingingo, akenshi turahanuza umuntu aturuta kandi aciye ubwenge kuturusha. Muri ubwo buryo nyene, hariho uwuturusha ubwenge n’imyaka yoduha impanuro zituyobora ku bijanye na kazoza. Izo mpanuro yaziduhaye biciye ku vyanditswe vyeranda vyashizwe hamwe bikaba vyatanguye kwandikwa nko mu myaka 3.500 iheze. Ivyo vyanditswe vyeranda vyose biri mu gitabu citwa Bibiliya.

Kubera iki wokwizigira Bibiliya? Kubera ko uwayandikishije ari uwa kera cane kandi azi ubwenge kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi. Adondorwa ko ari uwa “kera mu misi” kandi ko ari uwo “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” (Daniyeli 7:9; Zaburi 90:2) Ni “Umuremyi w’amajuru, We Mana y’ukuri, Uwabumvye isi akayihingura.” (Yesaya 45:18) Atubwira ko izina ryiwe ry’uruharo ari Yehova.​—Zaburi 83:18.

Kubera ko Bibiliya iva ku Muremyi w’abantu bose, ntiyerekana ko hari imico kama iruta iyindi canke ko ubwoko kanaka buruta ubundi. Impanuro zayo zama ari ngirakamaro kandi zirafasha abantu bo mu bihugu vyose. Iraboneka mu ndimi nyinshi kandi irasohorwa cane kuruta ikindi gitabu cose. * Ivyo bisobanura ko abantu bashobora kuyitahura bitagoranye kandi ikabayobora aho boba bari hose. Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ubwayo yivugira. Igira iti:

‘Imana ntigira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.’​—IVYAKOZWE 10:34, 35.

Nka kurya kw’umuvyeyi mwiza afasha abana biwe, Yehova Imana ni Umuvyeyi mwiza adufasha akoresheje Ijambo ryiwe Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Urashobora kwizigira Ijambo ryiwe. Nakare ni we yaturemye akaba azi icotubera ciza mu buzima.

None ukwiye gukora iki kugira uzokwibereho muri ico gihe? Raba ikiganiro gikurikira.

^ ing. 6 Kugira ngo uronke ayandi makuru y’ingene Bibiliya yashizwe mu zindi ndimi ikongera igakwiragizwa, nuje kuri www.pr418.com ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > KAHISE NA BIBILIYA.

^ ing. 16 Ushaka amakuru yiyongereye, nurabe ikigabane ca 9 c’igitabu La Bible : Parole de Dieu ou des hommes ? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka kuri internet kuri www.pr418.com. Nuje ahavuga ngo BIBLIOTHÈQUE > LIVRES & BROCHURES.