Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 3

Isinzi rinini ry’abagize izindi ntama rirashemeza Imana na Kristu

Isinzi rinini ry’abagize izindi ntama rirashemeza Imana na Kristu

“Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama.”​—IVYAH. 7:10.

URURIRIMBO RWA 14 Shemeza Umwami mushasha w’isi

INCAMAKE *

1. Insiguro yashikirijwe kw’ihwaniro ryabaye mu 1935, yagize ico ikoze gute ku musore umwe?

UMUSORE umwe yari afise imyaka 18 igihe yabatizwa mu 1926. Abavyeyi biwe bari Abatohoji ba Bibiliya, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Bari bafise abahungu batatu n’abakobwa babiri, bakaba babareze babigisha gukorera Yehova Imana no kwigana Yezu Kristu. Cokimwe n’abandi Batohoji ba Bibiliya bose b’ico gihe, buri mwaka uwo musore w’umwizigirwa yarihereza ku mukate no ku muvinyu, ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Ariko rero icizigiro yari afise carahindutse igihe yumva insiguro y’intibagirwa yavuga ngo “Ishengero ryinshi.” Iyo nsiguro yashikirijwe n’umuvukanyi Joseph Rutherford mu 1935, kw’ihwaniro ryabereye i Washington D.C. muri Amerika. None ni igiki iryo hwaniro ryashize ahabona?

2. Ni ukuri gushimishije ukuhe umuvukanyi Rutherford yashikirije mu nsiguro yatanze?

2 Muri iyo nsiguro, umuvukanyi Rutherford yarasiguye abogize “ishengero ryinshi” (Bibiliya Yera), canke “isinzi rinini,” bavugwa mu Vyahishuwe 7:9 abo ari bo. Gushika ico gihe, vyiyumvirwa ko abagize isinzi rinini bobaye ari umugwi ugira kabiri w’abogiye mw’ijuru mugabo badafise ukwizera kwinshi nk’abarobanuwe. Umuvukanyi Rutherford yarakoresheje Ivyanditswe mu gusigura ko abagize isinzi rinini badatorwa ngo baje kuba mw’ijuru, mugabo ko ari abo mu zindi ntama * za Kristu bazorokoka “ya makuba akomeye,” maze bakaba kw’isi ibihe bidahera. (Ivyah. 7:14) Yezu yavuze ati: “Ndafise izindi ntama zitari izo muri uru ruhongore; izo na zo nyene ntegerezwa kuzizana, kandi zizokwumviriza ijwi ryanje, kandi zizocika ubusho bumwe, zigire umwungere umwe.” (Yoh. 10:16) Abo bantu bameze nk’intama ni Ivyabona vya Yehova b’abizigirwa bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. (Mat. 25:31-33, 46) Nimuze turabe ingene uwo muco mushasha wahinduye ubuzima bw’abasavyi ba Yehova benshi, ushizemwo na wa musore twavuga w’imyaka 18.​—Zab. 97:11; Imig. 4:18.

UMUCO MUSHASHA WAHINDUYE UBUZIMA BW’ABANTU IBIHUMBI

3-4. Kw’ihwaniro ryo mu 1935, abantu ibihumbi batahuye ibiki ku bijanye n’icizigiro cabo, kandi kubera iki?

3 Ikiringo gikora ku mutima c’iryo hwaniro cabaye igihe umushikirizansiguro yasaba abari baryitavye ati: “Abantu bose bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera turabasavye muhaguruke.” Nk’uko vyavuzwe n’umuvukanyi yari ahari, abarenga ica kabiri c’abari bitavye iryo hwaniro baciye bahaguruka, na ryo rikaba ryari ryitabwe n’abantu nka 20.000. Umuvukanyi Rutherford yaciye avuga ati: “Ng’iryo rero rya sinzi rinini!” Abari bahari baciye biha akamo k’umunezero. Abahagurutse bari batahuye ko batari barahamagariwe ijuru. Baratahuye ko batari bararobanujwe impwemu y’Imana. Bukeye, abantu 840 barabatijwe baba Ivyabona, benshi muri bo bakaba bari abo mu zindi ntama.

4 Wa musore twavuga mu ntango be n’abandi ibihumbi bamaze kwumva iyo nsiguro, ntibasubiriye kwihereza ku mukate no ku muvinyu ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Abatari bake bumvise bamerewe nk’uko umuvukanyi umwe yiyemereye yicishije bugufi ati: “Ku Cibutso co mu 1935, ni ho nafata ubwa nyuma ku bimenyetso. Naratahuye ko Yehova atari yarampaye icizigiro co kuba mw’ijuru biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, mugabo ko nari mfise icizigiro co kuba kw’isi no kugira uruhara mu gikorwa co kuyihindura iparadizo.” (Rom. 8:16, 17; 2 Kor. 1:21, 22) Kuva ico gihe, abagize isinzi rinini bagumye biyongera kandi bagumye bakorana mu bumwe n’amasigarira y’abarobanuwe. *

5. Yehova abona gute abahagaritse gufata ku bimenyetso vy’Icibutso?

5 Yehova abona gute abahagaritse gufata ku bimenyetso vy’Icibutso, inyuma ya 1935? Bite ho muri kino gihe hagize Icabona yabatijwe afata ku mukate no ku muvinyu ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, mugabo mu nyuma agatahura ko atarobanuwe vy’ukuri? (1 Kor. 11:28) Hari abagiye barafata ku bimenyetso kubera ukudatahura icizigiro bafise. Mugabo batahuye ko bihenze bagahagarika kubifatako maze bakabandanya gukorera Yehova badahemuka, nta nkeka ko azobemerera kuba mu bagize izindi ntama. Naho badafata ku mukate no ku muvinyu, barabandanya kwitaba Icibutso kubera ko baha agaciro cane ivyo Yehova na Yezu babakoreye.

ICIZIGIRO KIDASANZWE

6. Yezu yategetse abamarayika gukora iki?

6 Kubera ko amakuba akomeye yegereje cane, vyoba vyiza dusubiye kwihweza ibindi bintu bivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 7, ku bijanye n’abakirisu barobanuwe be na rya sinzi rinini ry’izindi ntama. Yezu arategeka abamarayika kuguma bafashe ya miyaga ine y’agatikizo. Ntibemererwa kurekurira iyo miyaga kw’isi, gushika abakirisu bose barobanuwe badomweko ikidodo, ni ukuvuga Yehova yemeje ubwa nyuma ko ari abizigirwa. (Ivyah. 7:1-4) Impera benewabo na Kristu barobanuwe baronka kubera babaye abizigirwa, ni ukuba kumwe na we mw’ijuru ari abami n’abaherezi. (Ivyah. 20:6) Abagize igice co mw’ijuru c’umuryango w’Imana bose, bazohimbarwa nibabona bamwe 144.000 barobanuwe baronse impera yabo mw’ijuru.

Abagize isinzi rinini bambaye amakanzu yera kandi bafise amashami y’ibigazi mu minwe, bakaba bahagaze imbere y’intebe y’Imana ica ibibatsi be n’imbere ya wa Mwagazi w’intama (Raba ingingo ya 7)

7. Twisunze Ivyahishuwe 7:9, 10, ni bande Yohani yabonye, kandi bariko bakora iki? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

Yohani ahejeje kuvuga ibijanye n’abo bami n’abaherezi 144.000, aca abona ikintu gitangaje, na co kikaba ari “isinzi rinini” ry’abarokotse Harumagedoni. Abari muri uwo mugwi wa kabiri baratandukanye n’abo mu mugwi wa mbere kubera ko bo ari benshi cane, kandi bakaba ata gitigiri nyezina bafise. (Soma Ivyahishuwe 7:9, 10.) “Bambaye amakanzu yera,” bikaba bisobanura ko birinze ‘gutosekazwa’ n’isi ya Shetani, bakaguma ari intahemuka ku Mana no kuri Kristu. (Yak. 1:27) Barasemerera ko barokotse kubera ivyo Yehova na Yezu, wa Mwagazi w’Imana babakoreye. Vyongeye, bafise amashami y’ibigazi mu minwe, ivyo bikaba vyerekana ko bemera banezerewe ko Yezu ari Umwami yagenywe na Yehova.​—Gereranya na Yohani 12:12, 13.

8. Mu Vyahishuwe 7:11, 12 hatubwira iki ku bijanye n’umuryango wa Yehova wo mw’ijuru?

8 Soma Ivyahishuwe 7:11, 12. None abo mw’ijuru bavyakiriye gute? Yohani yabonye abagize umuryango wa Yehova wo mw’ijuru bose banezerejwe no kubona abagize isinzi rinini baserutse, maze baca bashemeza Imana. Abo mu muryango wa Yehova wo mw’ijuru bazohimbarwa cane nibabona ivyo bintu Yohani yeretswe birangutse, igihe abagize isinzi rinini bazorengana ya makuba akomeye ari bazima.

9. Twisunze Ivyahishuwe 7:13-15, abagize isinzi rinini bariko bakora iki muri iki gihe?

9 Soma Ivyahishuwe 7:13-15. Yohani avuga ko abagize isinzi rinini “bamesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama.” Ivyo bisobanura ko bafise ijwi ryo mu mutima ryiza be n’uko bahimbara Yehova. (Yes. 1:18) Ni abakirisu biyeguye bakabatizwa, bizera cane incungu ya Yezu, kandi bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova. (Yoh. 3:36; 1 Pet. 3:21) Ivyo bituma baba ababereye guhagarara imbere y’intebe y’Imana, kugira bayikorere “igikorwa ceranda umurango n’ijoro” mu kigo co kw’isi c’urusengero rwayo rwo mu buryo bw’impwemu. No muri kino gihe, bararangura uruhara rukomeye babigiranye umwete, muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, bagashira imbere ivyungura Ubwami bw’Imana, aho gushira imbere ivyabo.​—Mat. 6:33; 24:14; 28:19, 20.

Abo muri rya sinzi rinini ry’izindi ntama bahimbawe no kuba barenganye ya makuba akomeye (Raba ingingo ya 10)

10. Abagize isinzi rinini bakurwa amazinda ku biki, kandi ni iranguka ry’umuhango uwuhe bazokwibonera?

10 Abagize isinzi rinini barokoka ya makuba akomeye, barakurwa amazinda ko Imana izobandanya kubitwararika, kuko “Uwicaye kuri iyo ntebe y’ubwami azosanza ihema ryiwe hejuru yabo.” Umuhango abagize izindi ntama bamaze igihe barindiriye uzoba uza waranguka bimwe vyuzuye, na wo ukaba ugira uti: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyah. 21:3, 4.

11-12. (a) Twisunze Ivyahishuwe 7:16, 17, abagize isinzi rinini bazokwironkera imihezagiro iyihe? (b) Ni igiki abo mu zindi ntama bagira ku Cibutso, kandi kubera iki?

11 Soma Ivyahishuwe 7:16, 17. Muri kino gihe, abasavyi ba Yehova bamwebamwe barugarijwe n’inzara bitewe n’ivy’ubutunzi vyifashe nabi, canke bivuye ku migumuko be n’intambara. Abandi barapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo. Ariko rero abagize isinzi rinini, barahimbarwa no kumenya ko nibarokoka isangangurwa ry’iyi si mbi bazokwama bironkera umukimba w’ibifungurwa vy’umubiri be n’ivy’impwemu. Isi ya Shetani niyarandurwa, abagize isinzi rinini bazokingirwa ishavu Yehova azosuka ku mahanga rimeze nk’‘ubushuhe bubabura.’ Amakuba akomeye niyarangira, Yezu azoyobora abazoba barokotse, abajane ku masoko y’“amazi y’ubuzima [budahera].” Iyumvire nawe ingene abagize isinzi rinini bafise icizigiro kidasanzwe. Mu bantu amamiliyaridi bigeze kubaho, ni bo bonyene boshobora kutazokwigera bapfa!​—Yoh. 11:26.

12 Abo mu zindi ntama barakengurukira Yehova na Yezu ku bw’icizigiro ciza igitangaza bafise. Ukuba batahamagariwe ijuru, ntibisobanura ko bafise agaciro gatoyi imbere ya Yehova. Baba abarobanuwe canke abo mu zindi ntama, barashemeza Imana na Kristu. Bumwe mu buryo babigira ni mu kwitaba Icibutso.

NUSHEMEZE YEHOVA NA YEZU N’UMUTIMA WAWE WOSE KU CIBUTSO

Umukate n’umuvinyu bitemberezwa ku Cibutso, biratwibutsa ko Yezu yadupfiriye kugira turonke ubuzima (Raba ingingo ya 13-15)

13-14. Kubera iki uwo ari we wese akwiye kwitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu?

13 Muri iyi myaka ya vuba, usanga mu bantu 1.000 bitaba Icibutso haboneka nk’umuntu 1 yihereza ku mukate no ku muvinyu. Mu mashengero menshi usanga ata muntu n’umwe afata ku bimenyetso. Igitigiri kinini c’abitaba Icibutso bafise icizigiro ko kuba kw’isi. Kubera iki none baja guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba? Imvo ituma bajayo, ni nk’irya nyene ituma abantu bitaba urubanza rw’ubugeni rw’umugenzi wabo. Barwitaba kubera ko baba bipfuza kwerekana ko bakunda abo barushinze, kandi ko babashigikiye. Abo mu zindi ntama na bo nyene, bitaba Icibutso kubera ko bipfuza kwerekana ko bakunda Kristu be n’abarobanuwe, kandi ko babashigikiye. Bitaba kandi Icibutso kugira ngo berekane ko bakenguruka incungu iba iriko iribukwa, iyituma bishoboka ko bazobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi.

14 Iyindi mvo ihambaye ituma abo mu zindi ntama bitaba Icibutso ni ukugira ngo bagamburuke itegeko Yezu yatanze. Igihe Yezu yatanguza izo mfungurwa zidasanzwe ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka yababwiye ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (1 Kor. 11:23-26) Abo mu zindi ntama barabandanya rero kwitaba Icibutso, kubera ko bamwebamwe mu barobanuwe bakiri ng’aha kw’isi. Vyongeye, baratumira uwuvyipfuza wese ngo yifatanye na bo ku Cibutso.

15. Umwe wese muri twebwe yoshemeza gute Imana na Kristu ku Cibutso?

15 Ku Cibutso, turaronka akanya ko gushemeza Imana na Kristu mu kuririmbira hamwe no mu gusenga. Insiguro izoshikirizwa muri uyu mwaka igira iti: “Nukenguruke ivyo Imana na Kristu bagukoreye!” Izotuma turushiriza gukengurukira Yehova na Kristu. Igihe rero ibimenyetso bizoba biriko birarengana, tuzozirikana ku co bigereranya, ni ukuvuga umubiri wa Yezu be n’amaraso yiwe. Bizotwibutsa ko Yehova yatanze Umwana wiwe akadupfira kugira ngo turonke ubuzima. (Mat. 20:28) Umuntu wese akunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’Umwana wiwe, ntazosiba ku Cibutso.

NUSHIMIRE YEHOVA KU CIZIGIRO YAGUHAYE

16. Ni mu buryo ubuhe abarobanuwe bameze kumwe n’abo mu zindi ntama?

16 Igitandukanya abarobanuwe be n’abo mu zindi ntama si agaciro bafise imbere y’Imana. Abo muri iyo mirwi yompi baranganya agaciro kuri yo. Kanatsinda, bose yabaguze igiciro kimwe, na co kikaba ari ubuzima bw’Umwana wayo ikunda. Igitandukanya abo muri iyo mirwi ibiri ni uko bafise ivyizigiro bitandukanye. Abo muri iyo mirwi yompi bategerezwa kuguma ari intahemuka ku Mana na Kristu. (Zab. 31:23) Niwibuke kandi ko impwemu y’Imana ishobora kudukorerako twese cokimwe. Ivyo bisobanura ko Yehova aha impwemu yiwe nyeranda umwe wese muri twebwe bivanye n’ivyo akeneye.

17. Ni igiki amasigarira y’abarobanuwe yiteganye igishika?

17 Abakirisu barobanuwe ntibavukana icizigiro c’ijuru. Imana ni yo igishira mu mitima yabo. Barazirikana ku cizigiro cabo, bagasenga ku bijanye na co, kandi barashashaye kuronka impera yabo mw’ijuru. Ntibashobora no kumenya ingene umubiri wabo w’impwemu uzoba umeze. (Flp. 3:20, 21; 1 Yoh. 3:2) Naho ari ukwo, bariteganye igishika kuzobona Yehova, Yezu, abamarayika, n’abarobanuwe bagenzi babo. Barashashaye kuba kumwe na bo mu Bwami bwo mw’ijuru.

18. Ni ibiki abo mu zindi ntama biteganye igishika?

18 Abo mu zindi ntama baraha agaciro icizigiro abantu bose bavukana, na co kikaba ari ukuba kw’isi ibihe bidahera. (Umus. 3:11) Bariteganye igishika igihe bazogira uruhara mu gikorwa co guhindura isi yose ikaba iparadizo. Barashashaye igihe bazoshobora kwubaka amazu yabo, bagatera imirima y’amashurwe, bakavyara n’abana bafise amagara atagira agahaze. (Yes. 65:21-23) Barashashaye kuzogendura isi, ni ukuvuga imisozi yayo, amashamba yayo be n’ibiyaga, no kwiga ibijanye n’ibintu vyinshi cane Yehova yaremye. N’ikiruta vyose, barahimbarwa no kumenya yuko ubucuti bafitaniye na Yehova buzoguma burushiriza gukomera.

19. Ni akaryo akahe Icibutso kironsa umwumwe wese muri twebwe, kandi muri uwu mwaka kizoba ryari?

19 Yehova yarahaye umwumwe wese mu basavyi biwe bamwiyeguriye icizigiro ca kazoza ciza igitangaza. (Yer. 29:11) Icibutso c’urupfu rwa Kristu kiraronsa umwe wese muri twebwe akaryo gakomeye ko gushemeza Imana na Kristu kubera ivyo badukoreye, kugira ngo turonke ubuzima budahera. Nta nkeka ko Icibutso ari ryo koraniro rihambaye kuruta ayandi yose abakirisu b’ukuri bagira buri mwaka. Kizoba ku wa gatandatu itariki 27 Ntwarante 2021, izuba rirenze. Muri uwu mwaka, abenshi bazokwitaba ico kiringo gihambaye bafise umwidegemvyo ku rugero kanaka. Abandi na bo bazocitaba bari mu ruhamo. Hari n’abazogihimbariza mw’ibohero naho bitoroshe. Ese buri shengero, buri mugwi canke umuntu ku giti ciwe yogira Icibutso ciza magingo Yehova, Yezu, abamarayika be n’abarobanuwe bamaze kuzuka, bazoba bariko baratwitegereza!

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

^ ing. 5 Itariki 27 Ntwarante 2021, ni umusi udasanzwe ku Vyabona vya Yehova. Kuri uwo musi ku mugoroba, tuzohimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Abenshi mu bazokwitaba urwo rubanza, bazoba ari abo mu mugwi Yezu yise ngo “izindi ntama.” Ni ukuri ukuhe gushimishije kwagiye ahabona ku bijanye n’uwo mugwi mu 1935? Ni ikindi kintu ikihe giteye umunezero abo mu zindi ntama biteze inyuma ya ya makuba akomeye? Vyongeye, naho abo mu zindi ntama baba ari abarorerezi ku Cibutso, bashobora gute gushemeza Imana na Kristu?

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Mu bagize izindi ntama, harimwo abagiye baratororokanywa mu kiringo cose c’imisi ya nyuma. Barakurikira Kristu, kandi bakaba bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Isinzi rinini ni abo mu zindi ntama bazoba bakiriho igihe Kristu azoza gucira urubanza abantu muri ya makuba akomeye, kandi bazoyarokoka.

^ ing. 4 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ijambo “amasigarira” ryerekeza ku bakirisu barobanuwe bakiri kw’isi kandi bihereza ku mukate no ku muvinyu ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.