Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibuye ririko icandiko kivuga ngo: “Hagaf mwene Hagav arakavumwa na Yahweh Sabaot”

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Icandiko kimwe ca kera gishigikira gute Bibiliya?

IRATIRO ry’ivya Bibiliya riri i Yeruzalemu (Bible Lands Museum), ririmwo igisate c’ibuye kiriko icandiko co hagati y’umwaka wa 700 n’uwa 600 imbere ya Kristu. Iryo buye barikuye mw’isenga ry’imva, hafi y’i Heburoni muri Isirayeli. Ico candiko kivuga ngo: “Hagaf mwene Hagav arakavumwa na Yahweh Sabaot.” None ico candiko gishigikira gute Bibiliya? Kirerekana ko izina ry’Imana Yehova, iryandikwa ngo YHWH mu ndome z’igiheburayo ca kera, ryari rizwi cane kandi ryakoreshwa mu buzima bwa misi yose mu bihe vya Bibiliya. Nkako, hariho n’ibindi vyandiko biri mu masenga y’imva vyerekana ko abantu bahurira muri ayo masenga canke baja kuyinyegezamwo, akenshi bandika izina ry’Imana ku mpome zayo, be n’amazina yabo yerekeza kw’izina ry’Imana.

Ku bijanye n’ivyo vyandiko, umuhinga umwe yitwa Rachel Nabulsi wo kuri Kaminuza y’i Jeworojiya yavuze ati: “Biri n’ico bivuze kubona iryo zina YHWH rigaruka kenshi . . . Ibisomwa [vyo muri Bibiliya] be n’ivyo vyandiko biragaragaza ko YHWH yari ahambaye mu buzima bw’abantu bo muri Isirayeli no muri Yuda.” Ivyo birashigikira Bibiliya, iyo dusangamwo izina ry’Imana YHWH mu ndome z’igiheburayo incuro ibihumbi. Akenshi amazina y’abantu wasanga yerekeza kw’izina ry’Imana.

Ya majambo “Yahweh Sabaot” ari kuri rya buye asobanura ngo “Yehova nyen’ingabo.” Ivyo rero bisa n’ivyerekana ko mu bihe vya Bibiliya abantu batakunda gukoresha gusa izina ry’Imana, ariko kandi ko bakoresha n’imvugo “Yehova nyen’ingabo.” Ivyo birashigikira kandi Bibiliya igihe ikoresha imvugo “Yehova nyen’ingabo,” na yo ikaba iboneka mu mero zitandukanye incuro 283 mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Nyinshi muri zo tuzisanga muri Yesaya, muri Yeremiya no muri Zekariya.