Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 2

Ivyigwa dukura kuri “wa mwigishwa Yezu yakunda”

Ivyigwa dukura kuri “wa mwigishwa Yezu yakunda”

“Tubandanye gukundana, kuko urukundo ruva ku Mana.”​—1 YOH. 4:7.

URURIRIMBO RWA 105 “Imana ni urukundo”

INCAMAKE *

1. Urukundo Imana idukunda rutuma twumva tumerewe gute?

INTUMWA Yohani yanditse ati: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Ayo majambo asanzwe, aratwibutsa ukwo kuri kw’ishimikiro: Imana yo Soko ry’ubuzima, ni na yo Soko ry’urukundo. Yehova aradukunda. Urwo adukunda rutuma twumva dutekanye, duhimbawe kandi ata co tubuze.

2. Twisunze Matayo 22:37-40, amabwirizwa abiri asumba ayandi ni ayahe, kandi kubera iki vyotugora kugamburuka ibwirizwa rya kabiri?

2 Kugaragaza urukundo si ikintu abakirisu bokora canke ntibakore. Ahubwo ni ibwirizwa. (Soma Matayo 22:37-40.) Iyo tumenye neza Yehova, vyoshobora kutworohera kugamburuka ibwirizwa rya mbere. Kukaba nkako, Yehova aratunganye kandi aratwitwararika abigiranye impuhwe. Ariko rero gukurikiza ibwirizwa rya kabiri vyoshobora kutatworohera. Uti kubera iki? Kubera ko abavukanyi na bashiki bacu badatunganye, na bo bakaba bari muri bamwe bagenzi bacu Yezu yavuga. Vyoshika rero bakavuga ikintu kitugwa nabi canke kitubabaza. Yehova yari azi ko ivyo vyoshitse, akaba ari co gituma yahumekeye abanditsi ba Bibiliya bamwebamwe gushiramwo impanuro zitomoye zitwereka igituma dukwiye gukundana n’ingene twobigira. Umwe muri abo banditsi ni Yohani.​—1 Yoh. 3:11, 12.

3. Yohani yashimitse ku ki?

3 Mu vyo Yohani yanditse, arashimika ku vy’uko abakirisu bategerezwa kugaragaza urukundo. Nkako, mu nkuru yerekeye ubuzima bwa Yezu, Yohani akoresha imvugo “gukunda” no “gukundwa,” kenshi kuruta abandi banditsi b’Injili zitatu tubafatiye hamwe. Yohani yari yegereje imyaka ijana igihe yandika Injili yiwe be na ya makete yiwe atatu. Ivyo vyanditswe vyahumetswe birerekana ko umukirisu ategerezwa kuyoborwa n’urukundo mu vyo akora vyose. (1 Yoh. 4:10, 11) Ariko rero na Yohani vyamusavye igihe kugira ngo atahure ico cigwa.

4. Yohani yoba yamye agaragariza urukundo abandi?

4 Igihe Yohani yari akibasha, karacamwo ntagaragaze urukundo. Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu be n’abigishwa biwe bariko baja i Yeruzalemu baciye i Samariya. Abantu bo mu kigwati kimwe c’i Samariya, baranse kubakira. None Yohani yaciye akora iki? Yaciye asaba Yezu ko bohamagara umuriro ngo utibuke uvuye mw’ijuru uyigize abo muri ico kigwati bose. (Luka 9:52-56) Ikindi gihe Yohani yarananiwe kugaragariza urukundo izindi ntumwa. We na mwenewabo Yakobo, biboneka ko baciye kuri nyina wabo kugira abasabire Yezu ibibanza vy’iteka iruhande yiwe mu Bwami. Igihe izindi ntumwa zamenya ivyo Yakobo na Yohani bari bakoze, zaciye zishavura. (Mat. 20:20, 21, 24) Ariko rero naho Yohani yakoze ayo makosa yose, Yezu yagumye amukunda.​—Yoh. 21:7.

5. Turimbura iki muri iki kiganiro?

5 Muri iki kiganiro, turarimbura akarorero ka Yohani be n’ibintu bimwebimwe yanditse ku bijanye n’urukundo. Ivyo biraza kudufasha kumenya ingene twogaragariza urukundo abavukanyi na bashiki bacu. Turaza no kubona uburyo nyamukuru serugo yogaragarizamwo urukundo abo mu muryango wiwe.

URUKUNDO RUGARAGARIRA MU BIKORWA

Yehova yarerekanye ko adukunda mu kurungika Umwana wiwe kw’isi kugira ngo adupfire (Raba ingingo ya 6-7)

6. Yehova yerekanye gute ko adukunda?

6 Akenshi twiyumvira ko gukunda umuntu ari ukumwiyumvamwo no kumubwira amajambo aranga igikundiro. Ariko urukundo nyakuri, rutegerezwa kugaragarira mu bikorwa. (Gereranya na Yakobo 2:17, 26.) Nk’akarorero, Yehova aradukunda. (1 Yoh. 4:19) Vyongeye, aratubwira ko adukunda biciye mu majambo meza yandikishije muri Bibiliya. (Zab. 25:10; Rom. 8:38, 39) Mugabo ikitwemeza ko Imana idukunda, si ivyo itubwira gusa, ariko kandi tuvyemezwa n’ivyo idukorera. Yohani yanditse ati: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we.” (1 Yoh. 4:9) Yehova yaremeye ko Umwana wiwe akunda ababazwa ku bwacu be n’uko adupfira. (Yoh. 3:16) None ico si icerekana ko Yehova adukunda vy’ukuri?

7. Yezu yerekanye gute ko adukunda?

7 Yezu yarakuye amazinda abigishwa biwe ko yabakunda. (Yoh. 13:1; 15:15) Yaragaragaje urukundo rugera kure yabakunda be n’urwo adukunda, atari mu majambo gusa ariko kandi no mu bikorwa. Yezu yavuze ati: “Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe.” (Yoh. 15:13) None tuzirikanye ivyo Yehova na Yezu badukoreye, dukwiye gukora iki?

8. Muri 1 Yohani 3:18 havuga ko dukwiye gukora iki?

8 Twerekana yuko dukunda Yehova na Yezu mu kubagamburukira. (Yoh. 14:15; 1 Yoh. 5:3) Vyongeye, Yezu yaradutegetse gukundana. (Yoh. 13:34, 35) Dutegerezwa kwereka abavukanyi na bashiki bacu ko tubakunda, atari mu majambo gusa, ariko kandi no mu vyo dukora. (Soma 1 Yohani 3:18.) None ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora kugira ngo twerekane ko tubakunda?

NUKUNDE ABAVUKANYI NA BASHIKI BACU

9. Urukundo rwatumye Yohani akora iki?

Yohani yari gushobora kwigumanira na se, maze bagaca amahera mu mwuga wabo w’uburovyi. Aho kubigenza gutyo, imyaka yose yari asigaje kubaho yayihebeye igikorwa co gufasha abandi kumenya ukuri ku bijanye na Yehova na Yezu. Ubwo buzima Yohani yahisemwo ntibwari bworoshe. Yarashikiwe n’uruhamo, maze mu mpera z’ikinjana ca mbere igihe yari umutama, arangazwa. (Ivyak. 3:1; 4:1-3; 5:18; Ivyah. 1:9) N’igihe yapfungwa azira kwigisha ivyerekeye Yezu, yarerekanye ko yiyumvira abandi. Nk’akarorero, igihe yari mw’izinga Patimo, yaranditse ivyo yeretswe maze abirungikira amashengero kugira bamenye ibintu “[vya]tegerezwa kuba vuba.” (Ivyah. 1:1) Inyuma y’aho Yohani arekuriwe akava mw’izinga Patimo, biboneka ko ari ho yandika Injili yiwe ivuga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’igikorwa ciwe. Yaranditse n’amakete atatu kugira ngo aremeshe yongere akomeze abo basangiye ukwemera. None wokwigana gute ukwo kwitanga kwa Yohani?

10. Wokwerekana gute yuko ukunda abantu?

10 Ivyo uhitamwo gukoresha ubuzima bwawe birashobora kwerekana ko ukunda abantu. Isi ya Shetani yipfuza ko wokoresha umwanya wawe wose n’inguvu zawe zose mu kwironderera ivyawe gusa, nk’amahera canke icubahiro. Ariko rero abamamaji b’Ubwami bitanga bo hirya no hino kw’isi, barakoresha umwanya munini mu kwamamaza inkuru nziza no mu gufasha abantu kwiyegereza Yehova. Bamwebamwe mbere barihebeye ico gikorwa.

Turagaragaza urukundo mu vyo dukorera abavukanyi na bashiki bacu be n’abo mu muryango wacu (Raba ingingo ya 11, 17) *

11. Abamamaji benshi b’abizigirwa berekana gute ko bakunda Yehova n’abo dusangiye ukwemera?

11 Abakirisu benshi b’abizigirwa bategerezwa gukora akazi k’umubiri kabafatira cane kugira ngo bibesheho be n’imiryango yabo. Naho ari ukwo, abo bamamaji b’intahemuka barashigikira ishirahamwe ry’Imana uko bashoboye kwose. Nk’akarorero, bamwe baratabara abashikiwe n’ivyago, abandi bagafasha ku maporoje y’ubwubatsi, kandi uwo ari we wese arafise akaryo ko gutanga intererano zo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ivyo vyose babikora kubera ko bakunda Imana na bagenzi babo. Buri ndwi turerekana ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu mu kwitaba amakoraniro no mu kuyagiramwo uruhara. Naho vyoshika tukaba turushe, turayitaba. N’igihe twoba twumva tutamerewe neza, turatanga inyishu. Vyongeye, naho usanga twese twifitiye ingorane, turaremesha abandi imbere y’ikoraniro canke inyuma yaryo. (Heb. 10:24, 25) Ese ukuntu dukenguruka igikorwa abamamaji bagenzi bacu barangura!

12. Ni mu bundi buryo ubuhe Yohani yagaragarije urukundo abo basangiye ukwemera?

12 Yohani ntiyerekanye ko akunda abo basangiye ukwemera mu kubakeza gusa, ariko yarabigize no mu kubaha impanuro. Nk’akarorero, mu makete Yohani yanditse yarakeje abo basangiye ukwemera, kubera ukwizera kwabo n’ibikorwa vyabo vyiza, mugabo arabaha n’impanuro idaca ku ruhande ku bijanye n’igicumuro. (1 Yoh. 1:8–2:1, 13, 14) Na twebwe turakwiye gukeza abavukanyi na bashiki bacu ku bintu vyiza bakora. Mugabo hagize uwugaragaza inyifato itabereye, turashobora kwerekana ko tumukunda mu kumubwira ico yokora tubigiranye ukwiyubara. Naho guhanura umugenzi bisaba umutima rugabo, Bibiliya ivuga ko abagenzi nyakuri bakarishanya, ari kwo gukeburana.​—Imig. 27:17.

13. Ni igiki dukwiye kwirinda?

13 Rimwe na rimwe turerekana ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu mu kwirinda gukora ibintu kanaka. Nk’akarorero, turirinda kwihutira kubabazwa n’ivyo bavuga. Rimbura ikintu cabaye amaja mu mpera y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi. Yabwiye abigishwa biwe ko kugira baronke ubuzima bari bakwiye kurya umubiri wiwe no kunywa amaraso yiwe. (Yoh. 6:53-57) Iryo jambo ryarababaje benshi mu bigishwa biwe ku buryo baciye bareka kumukurikira. Ariko abagenzi biwe nyakuri bobo ntibamutaye, ushizemwo na Yohani. Baramwumiyeko badahemuka. Ntibatahura ivyo Yezu yari ahejeje kuvuga, kandi biboneka ko vyabatangaje. Ariko abo bagenzi b’intahemuka ntibiyumviriye ko ivyo Yezu yari avuze bitari vyo ngo bice bibababaza. Ahubwo riho baramwizigiye, bazi neza ko ivyo yavuga kwari ukuri. (Yoh. 6:60, 66-69) Ese rero ukuntu bihambaye ko tutihutira kubabazwa n’ivyo bagenzi bacu bavuga! Aho kubabara, turabaha akaryo ko kudusigurira ico baba bashatse kuvuga.​—Imig. 18:13; Umus. 7:9.

14. Kubera iki tudakwiye kureka ngo urwanko rushinge imizi mu mutima wacu?

14 Yohani kandi yaraduhimirije kutanka abavukanyi na bashiki bacu. Tudashize mu ngiro iyo mpanuro, Shetani yoshobora gufatira aho nyene kugira ngo atwigarurire. (1 Yoh. 2:11; 3:15) Ivyo vyarashikiye abantu bamwebamwe mu mpera z’ikinjana ca mbere. Shetani yariko arakora ukwo ashoboye kwose kugira ngo abibe urwanko mu basavyi b’Imana maze bicemwo imice. Igihe Yohani yandika amakete yiwe, hari abagabo bari bafise agatima nk’aka Shetani, bari bamaze kunyengetera mw’ishengero. Nk’akarorero, Diyotirefe yariko aracanishamwo ishengero rimwe bimwe bikomeye. (3 Yoh. 9, 10) Ntiyubaha ababa barungitswe n’inama nyobozi. Mbere yaragerageza gushira hanze y’ishengero abagerageza kwakira abo atiyumvamwo. Umve nawe ubwo bwibone! No muri iki gihe, Shetani aracagerageza yivuye inyuma gucanishamwo abasavyi b’Imana no kubigarurira. Ese tutokwigera tureka ngo urwanko rutume twicamwo imice!

NUKUNDE UMURYANGO WAWE

Yezu yashinze Yohani ibanga ryo kwitwararika ivyo nyina wiwe yokeneye ku mubiri no mu vy’impwemu. Muri iki gihe ba serugo bategerezwa kwitwararika ivyo imiryango yabo ikeneye (Raba ingingo ya 15-16)

15. Serugo akwiye kwibuka iki?

15 Uburyo bumwe buhambaye serugo yerekana ko akunda abagize umuryango wiwe ni ukubaronsa ivyo bakeneye ku mubiri. (1 Tim. 5:8) Ariko rero, ategerezwa kwibuka yuko kubaronsa ibintu vy’umubiri bidaca bituma baronka ivy’impwemu. (Mat. 5:3) Raba akarorero Yezu yasigiye ba serugo. Twisunze Injili ya Yohani, igihe Yezu yagira acikane ari ku giti co kubabarizwako, yari akiriko ariyumvira umuryango wiwe. Yohani yari kumwe na Mariya nyina wa Yezu, iruhande y’aho Yezu yari amanitswe. Naho Yezu yari ku mpfiro, yarasavye Yohani kwitwararika Mariya. (Yoh. 19:26, 27) Yezu yari afise benewabo bokwitwararitse kuronsa Mariya ivyo yokeneye ku mubiri, ariko biboneka ko ata n’umwe muri bo yari bwabe umwigishwa wiwe. Yezu rero yashaka kwiyemeza ko Mariya yoronse uwumwitwararika ku mubiri no mu vy’impwemu.

16. Ni amabanga ayahe Yohani yari ajejwe?

16 Yohani yari afise amabanga menshi. Kubera ko yari intumwa, yari mu bayobora igikorwa co kwamamaza. Ashobora kandi kuba yari yubatse, akaba rero yategerezwa kuronsa umuryango wiwe ivyo wakenera ku mubiri no mu vy’impwemu. (1 Kor. 9:5) None ni igiki ba serugo bomwigirako?

17. Kubera iki bihambaye ko serugo aronsa umuryango wiwe ivyo ukenera mu vy’impwemu?

17 Umuvukanyi atunze umuryango yoshobora kuba afise amabanga menshi aremereye. Nk’akarorero, ategerezwa gukorana umwete akazi kiwe k’umubiri, kugira ngo atume izina rya Yehova rishemezwa. (Ef. 6:5, 6; Tito 2:9, 10) Yoshobora kuba afise n’amabanga mw’ishengero, nko kugendera abantu cungere, no kuja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. N’ikindi kandi, birahambaye ko yama yiga Bibiliya ari kumwe n’umukenyezi wiwe n’abana biwe. Abagize umuryango wiwe bazokenguruka akigoro agira kugira ngo abafashe kuguma bamerewe neza ku mubiri, ku mutima no mu vy’impwemu.​—Ef. 5:28, 29; 6:4.

“NIMUGUME MU RUKUNDO RWANJE”

18. Yohani yari yajijutse ku biki?

18 Yohani yararamvye cane yongera aribonera ibintu bishimishije. Yarashikiwe kandi n’ingorane nyinshi zari gutuma ukwizera kwiwe guhungabana. Ariko yama akora uko ashoboye kwose kugira ngo akurikize amabwirizwa ya Yezu, ushizemwo na rya tegeko ryo gukunda abo dusangiye ukwemera. Ivyo vyatumye Yohani ajijuka ko Yehova na Yezu bamukunda, be n’uko bomuronkeje inkomezi zo kwihanganira ingorane iyo ari yo yose. (Yoh. 14:15-17; 15:10; 1 Yoh. 4:16) Nta na kimwe Shetani canke isi yiwe bashoboye gukora kugira ngo babuze Yohani gukunda abavukanyi biwe, no kubibereka mu vyo yavuga no mu vyo yakora.

19. Muri 1 Yohani 4:7 haturemesha gukora iki, kandi kubera iki?

19 Cokimwe na Yohani, tuba mw’isi itwarwa na Shetani, ya mana yuzuye urwanko y’iyi si. (1 Yoh. 3:1, 10) Naho yipfuza ko duhagarika gukunda abavukanyi na bashiki bacu, ntashobora kubishikako kiretse tubimukundiye. Nimuze twiyemeze gukunda abavukanyi na bashiki bacu, tubibereke mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Ivyo bizotuma duhimbarwa no kuba mu bagize umuryango wa Yehova, vyongere bitume ubuzima buryoha vy’ukuri.​—Soma 1 Yohani 4:7.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

^ ing. 5 Intumwa Yohani ashobora kuba ari we “wa mwigishwa Yezu yakunda.” (Yoh. 21:7) N’igihe Yohani yari akiritera akarisama, ategerezwa kuba yari afise kamere nyinshi nziza cane. Imyaka itari mike inyuma y’aho, Yehova yaramukoresheje mu kwandika ibintu vyinshi ku bijanye n’urukundo. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura bimwebimwe mu vyo yanditse, twongere turabe n’ivyo twokwigira ku karorero kiwe.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Serugo umwe afise vyinshi akora, aragira uruhara mu gutabara abashikiwe n’ivyago, agatanga intererano zo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, akongera agatumira abandi ngo baze kwifatanya na we n’umugore wiwe be n’abana babo mu gusenga kwo mu muryango.