Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 4

Tubandanye kugiriranira ikibabarwe

Tubandanye kugiriranira ikibabarwe

“Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe.”​—ROM. 12:10.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

INCAMAKE *

1. Ni ibiki vyerekana ko abagize imiryango benshi batiyumvanamwo muri iki gihe?

BIBILIYA yari yaramenyesheje ko mu misi ya nyuma, abantu bobaye “batiyumvamwo ababo.” (2 Tim. 3:1, 3) Turabona ko ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe. Nk’akarorero, imiryango amamiliyoni yarahukanye, bituma abavyeyi bagiranira ishavu, abana na bo basigara bumva ko badakundwa. Mbere n’abagize imiryango babana mu nzu, hari aho usanga umengo babana batabana. Umuhanuzi umwe mu vy’imibano avuga ati: “Ba inabibondo, ba sebibondo be n’abana babo aho kwitwararikana, usanga umwe wese yatwawe na orodinateri, tablete, telefone, canke udukino two kuri videwo. Naho abagize iyo miryango babana mu nzu imwe, usanga batazinanyi vy’ukuri.”

2-3. (a) Twisunze Abaroma 12:10, ni bande dukwiye kugaragariza ikibabarwe? (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Ntitwipfuza kwandukirwa n’ako gatima k’isi ko kudakunda abandi. (Rom. 12:2) Ahubwo riho, twipfuza kugaragariza ikibabarwe abo mu miryango yacu, eka mbere n’abo dusangiye ukwizera. (Soma Abaroma 12:10.) None ikibabarwe ni iki? Neza na neza, iryo jambo ridondora ubugenzi burangwa igishika buri hagati y’umuryango wunze ubumwe. Urwo ni rwo rukundo dukwiye gukunda abagize umuryango wacu wo mu vy’impwemu, ni ukuvuga abavukanyi na bashiki bacu. Kugaragariza abandi ikibabarwe biratuma tuzigama ubumwe, na bwo bukaba ari umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri.​—Mika 2:12.

3 Kugira tubone ingene tworushiriza kugaragariza abandi ikibabarwe, nimuze turabe ivyigwa twokura ku burorero buvugwa muri Bibiliya.

YEHOVA NI “UMUNYAKIBABARWE CANE”

4. Muri Yakobo 5:11 hadufasha gute kubona urugero Yehova agezako kudukunda?

4 Bibiliya iraduhishurira kamere nziza za Yehova. Nk’akarorero, iravuga ko “Imana ari urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Ukwo kuntu ameze vyonyene biratuma twipfuza kumwiyegereza. Ariko kandi, Bibiliya iravuga ko Yehova “ari umunyakibabarwe cane.” (Soma Yakobo 5:11.) Ese ukuntu iyo mvugo idondora neza ingene Yehova adukunda bimwe bigera kure!

5. Yehova agaragaza gute imbabazi, kandi twomwigana gute?

5 Urabona ko muri Yakobo 5:11 havuga ko Yehova ari umunyakibabarwe, hagaca havuga n’iyindi kamere ituma tumwiyegereza, na yo akaba ari imbabazi. (Kuv. 34:6) Uburyo bumwe Yehova atugaragariza imbabazi, ni mu kutubabarira amakosa yacu. (Zab. 51:1) Muri Bibiliya, imbabazi zirimwo n’ibindi uretse kubabarira gusa. Ni ukuntu umuntu amererwa mu mutima iyo abonye uwuri mu ngorane, bigatuma arondera kumufasha. Yehova avuga ko icipfuzo gikomeye afise co kudufasha kirengeye kure n’iyo igishika inabibondo afitiye umwana wiwe. (Yes. 49:15) Iyo turi mu ngorane, imbabazi za Yehova ziramuvyurira umutima wo kudufasha. (Zab. 37:39; 1 Kor. 10:13) Turashobora kugaragariza imbabazi abavukanyi na bashiki bacu mu kubababarira no mu kutababikira inzika igihe batubabaje. (Ef. 4:32) Ariko uburyo nyamukuru twogaragariza imbabazi abavukanyi na bashiki bacu, ni mu kubashigikira igihe bari mu bihe bigoye. Igihe urukundo rutuvyuriye umutima wo kugaragariza imbabazi abandi, tuba twiganye Yehova we Karorero ruheta mu kugaragaza ikibabarwe.​—Ef. 5:1.

UMUTIMA WA YONATANI ‘WARAFATANYE N’UWA DAWIDI’

6. Yonatani na Dawidi berekanye gute ko bari bafitaniye ikibabarwe?

6 Bibiliya irimwo uburorero bw’abantu badatunganye bagaragaje ikibabarwe. Rimbura akarorero ka Yonatani na Dawidi. Bibiliya ivuga iti: “Umutima wa Yonatani ufatana n’uwa Dawidi, maze Yonatani atangura kumukunda nk’uko yikunda.” (1 Sam. 18:1) Dawidi yari yararobanuwe kugira ngo azosubirire Umwami Sauli. Inyuma y’aho, Sauli yaragiriye inzika Dawidi maze arondera kumwica. Ariko Yonatani umuhungu wa Sauli ntiyifatanije na se muri uwo mugambi wo kurondera kugandagura Dawidi. Yonatani na Dawidi barasezeranye kuguma ari abagenzi no kwama bashigikirana.​—1 Sam. 20:42.

Kuba Yonatani na Dawidi batanganya imyaka, ntivyababujije kuba abagenzi somambike (Raba ingingo ya 6-9)

7. Ni ikintu kimwe ikihe cari gutuma Yonatani atagiranira ubugenzi na Dawidi?

7 Biratangaje kubona ingene Yonatani na Dawidi biyumvanamwo, uravye ibintu bimwebimwe vyari gutuma bataba abagenzi. Nk’akarorero, Yonatani yarusha Dawidi nk’imyaka 30. Yonatani yari gushobora kwibaza ko ata co ahuriyeko n’uwo musore yaruta ukuraho, kandi atari bwamenye utuntu n’utundi. Naho ari ukwo, Yonatani ntiyashize hasi Dawidi.

8. Wibaza ko ari kubera iki Yonatani yabereye Dawidi umugenzi mwiza?

8 Yonatani yari kugirira ishari Dawidi. Kubera ko yari umwana w’umwami, yari gushobora kwumira ku ciyumviro c’uko ari we yari afise uburenganzira bwo gusubirira se ku ngoma. (1 Sam. 20:31) Ariko Yonatani yaricisha bugufi, akaba n’intahemuka kuri Yehova. Yarashigikiye rero yivuye inyuma ingingo Yehova yari yafashe ko Dawidi ari we yobaye umwami. Vyongeye, ntiyigeze ahemukira Dawidi, mbere n’igihe ivyo vyatuma se wiwe Sauli amurakarira.​—1 Sam. 20:32-34.

9. Yonatani yoba yabona Dawidi nk’umukeba? Sigura.

9 Kubera ko Yonatani yiyumvamwo Dawidi, ntiyamubona nk’umukeba. Yonatani yari umuhinga mu kurasisha umuheto, akaba n’umurwanyi adatinya urukamvye. We na Sauli se wiwe bari bazwi ko “banyaruka kurusha inkona” be n’uko bari “bakomeye kurusha intambwe.” (2 Sam. 1:22, 23) Yonatani rero yari gushobora kwiyemera kubera ibintu bikomeye yari yarakoze. Naho ari ukwo, Yonatani ntiyarondeye guhiganwa na Dawidi canke ngo amugirire inzigo. Ahubwo riho, Yonatani yaratangazwa n’umutima rugabo wa Dawidi n’ukuntu yiheka kuri Yehova. Nkako, inyuma y’aho Dawidi yiciye Goliyati, ni ho Yonatani yatanguye gukunda Dawidi nk’uko yikunda. None twokwereka gute abavukanyi na bashiki bacu ko tubiyumvamwo gutyo?

TWOGARAGAZA GUTE IKIBABARWE MURI IKI GIHE?

10. “Gukundana cane bivuye ku mutima” bisobanura iki?

10 Bibiliya idusaba ‘gukundana cane bivuye ku mutima.’ (1 Pet. 1:22) Yehova araduha akarorero muri ivyo. Aradukunda cane, ku buryo tubaye intahemuka kuri we ata kintu na kimwe comubuza kuguma adukunda. (Rom. 8:38, 39) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “cane,” ririmwo iciyumviro co kwigora canke mbere kwinanata. Rimwe na rimwe, vyoshobora gukenerwa ko “twigora” kandi “tukinanata” kugira ngo tugaragarize ikibabarwe uwo dusangiye ukwemera. Igihe abandi batubabaje, turakenera ‘kwihanganirana mu rukundo, tukihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.’ (Ef. 4:1-3) Nitwihatira kugumya “umugozi w’amahoro,” tuzokwirengagiza amakosa y’abavukanyi bacu. Tuzogerageza uko dushoboye kwose kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona.​—1 Sam. 16:7; Zab. 130:3.

Evodiya na Sintike bahimirijwe kwiyumvira kumwe. Rimwe na rimwe usanga bitorohera abavukanyi na bashiki bacu (Raba ingingo ya 11)

11. Kubera iki rimwe na rimwe vyogorana kugaragariza abandi ikibabarwe?

11 Ntivyama vyoroshe kugaragariza ikibabarwe abavukanyi na bashiki bacu, na canecane igihe tuzi amakosa yabo. Biboneka ko ivyo vyabereye urugamba abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere. Nk’akarorero, biboneka ko Evodiya na Sintike ata ngorane bagize mu “kwifatanya na [Paulo] kurwanira inkuru nziza.” Ariko hari ikintu catumye batumvikana hagati yabo. Ni co gituma Paulo yabahimirije ngo “biyumvire kumwe mu Mukama.”​—Flp. 4:2, 3.

Abakurambere bakiri bato n’abakuze barashobora kugiranira ubugenzi somambike (Raba ingingo ya 12)

12. Twokora iki kugira ngo tugaragarize ikibabarwe abavukanyi na bashiki bacu?

12 Twokora iki none kugira ngo tugaragarize ikibabarwe abavukanyi na bashiki bacu muri iki gihe? Turushirije kumenya abo dusangiye ukwemera, vyoshobora kutworohera cane kubatahura no kubiyumvamwo. Kuba tutanganya imyaka canke tudahuza imico, ntibikwiye kutubera intambamyi. Niwibuke ko kuba Yonatani yarusha Dawidi nk’imyaka 30 bitamubujije kugiranira na we ubugenzi somambike. Mw’ishengero iwanyu hoba hari umuntu akurusha imyaka canke urusha imyaka ubona wogira umugenzi? Niwabigenza gutyo, uzoba werekanye ko “[ukunda] umuryango wose w’abavukanyi.”​—1 Pet. 2:17.

Raba ingingo ya 12 *

13. Kubera iki vyoshika ntitwiyumvemwo cokimwe abagize ishengero bose?

13 Kugaragariza ikibabarwe abo dusangiye ukwemera vyoba bisigura ko abo mw’ishengero bose tuzobiyumvamwo cokimwe? Ivyo ntibishoboka. Ni ibisanzwe kwiyumvamwo abantu bamwe kuruta abandi, kubera ko hari ivyo muhuriyeko. Naho Yezu yise intumwa zose “abagenzi,” yariyumvamwo cane Yohani. (Yoh. 13:23; 15:15; 20:2) Naho ari ukwo, Yezu ntiyarutisha Yohani abandi. Nk’akarorero, igihe Yohani na mwenewabo Yakobo basaba ibibanza vy’iteka mu Bwami bw’Imana, Yezu yabishuye ati: “Kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange.” (Mrk. 10:35-40) Na twebwe turakwiye kwigana Yezu mu kutagirira ka mwana wa mama abagenzi bacu somambike. (Yak. 2:3, 4) Ivyo vyotuma haba ukwicamwo ibice, ico kikaba ari ikintu kidafise ikibanza mw’ishengero.​—Yuda 17-19.

14. Twisunze Abafilipi 2:3, ni igiki kizodufasha kwirinda agatima ko guhiganwa?

14 Iyo twiyumvanyemwo, tuba dukingiye ishengero agatima ko guhiganwa. Niwibuke ko Yonatani atagerageje guhiganwa na Dawidi ngo amubone nk’umukeba yomutwaye ingoma. Twese turashobora kwigana akarorero ka Yonatani. Ntugirire ishari abo mukorana kubera ububangukirwe bwabo, ‘ariko wiyumvire wiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi bakuruta.’ (Soma Abafilipi 2:3.) Nugume wibuka ko umwe wese afise ico aterera mw’ishengero. Kuguma twicishije bugufi, bizotuma tubona iciza mu bavukanyi na bashiki bacu twongere twungukire ku karorero kabo k’ukudahemuka.​—1 Kor. 12:21-25.

15. Ivyashikiye Tanya n’umuryango wiwe bikwigisha iki?

15 Igihe dushikiwe n’ingorane giturumbuka, Yehova araduhumuriza biciye ku bavukanyi na bashiki bacu batugaragariza ikibabarwe bakongera bakadufasha. Rimbura ivyashikiye umuryango umwe ku musi wa gatandatu uvuye kw’ihwaniro mpuzamakungu ryo mu 2019, ryataziriwe ngo “Urukundo ntirwigera runanirwa!”, hakaba hari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Uwitwa Tanya akaba ari nyina w’abana batatu avuga ati: “Igihe twari mu muduga dusubira mw’ihoteri twari twashikiyemwo, hari uwundi muduga wataye inzira uca uratugonga. Nta n’umwe yakomeretse, ariko twaciye tuva mu muduga duhagarara mw’ibarabara twumiwe. Twagiye tubona umuntu ari mu muduga uri iruhande y’ibarabara atwakura ngo tuje mu muduga wiwe. Yari umuvukanyi na we nyene yari avuye kuri iryo hwaniro. Kandi si we wenyene yahagaze. Hari n’abandi bashitsi batanu bari baje bava muri Suwede bahagaze. Abadada bari muri uwo muduga baratugumbiriye twe n’umukobwa wanje babigiranye igishika, ico nyene kikaba ari co twari dukeneye! Narababwiye ko biza kugenda neza, ariko ntibemeye kuhava. Twaragumanye n’igihe abaganga bari bamaze gushika, maze bariyemeza ko ata co tubuze. Muri ico gihe cose c’ingorane, twariboneye urukundo rwa Yehova. Ivyo vyadushikiye vyaratumye urwo dukunda abo dusangiye ukwemera rukomera, vyongera bituma turushiriza gukunda Yehova no kumukengurukira.” Woba wibuka igihe nawe wari mu nkenero, maze uwo musangiye ukwemera akakugaragariza ikibabarwe?

16. Ni imvo izihe zikwiye gutuma tugaragarizanya ikibabarwe?

16 Rimbura ivyiza bivamwo iyo twerekanye ko dufitaniye ikibabarwe. Turahumuriza abavukanyi na bashiki bacu igihe bari mu ngorane. Turatuma ubumwe buri hagati y’abasavyi b’Imana bukomera. Tuba twerekanye ko turi abigishwa ba Yezu, kandi biratuma abafise agatima kabereye baza mu gusenga kw’ukuri. N’igihambaye kuruta, turaninahaza Yehova, umwe “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.” (2 Kor. 1:3) Nimuze rero twese tugume turushiriza kugaragaza ikibabarwe!

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

^ ing. 5 Yezu yavuze ko abigishwa biwe bomenyekaniye ku rukundo ruri hagati yabo. Twese turihatira kugaragaza urwo rukundo. Turashobora kurushiriza gukunda abavukanyi bacu mu kubagirira ikibabarwe, ni ukuvuga tukabakunda nka kurya dukunda abo mu muryango wacu. Iki kiganiro kiradufasha kurushiriza gukunda abo dusangiye ukwizera.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukurambere akiri muto arigira vyinshi ku mukurambere yitereye mu myaka, mu nyuma wa mukurambere yitereye mu myaka aramwakirana igishika muhira iwe. Abo bakurambere n’abakenyezi babo baragaragarizanya umutima wo gutanga.