Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 5

‘Umutwe w’umugabo wese ni Kristu’

‘Umutwe w’umugabo wese ni Kristu’

“Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu.”​—1 KOR. 11:3.

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

INCAMAKE *

1. Ni ibiki bishobora kugira ico bikoze ku kuntu umugabo abona ubukuru afise?

WEWE utahura gute ijambo “ubukuru”? Abagabo bamwebamwe, bafata abagore babo n’abana babo bisunze imico, imigenzo canke ivyo bakuze babona mu miryango iwabo. Mushiki wacu umwe w’i Buraya yitwa Yanita, avuga ati: “Mu kibano iwacu, hari iciyumviro cashinze imizi mu bantu c’uko abagore bari hasi y’abagabo, be n’uko bakwiye gufatwa nk’abakozi.” Umuvukanyi yitwa Luke wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, na we avuga ati: “Hari ba serugo bigisha abahungu babo yuko abagore bakwiye kurabwa mugabo ko badakwiye kwumvirizwa, kandi ko ivyiyumviro vyabo bidahambaye.” Ariko rero ivyo vyiyumviro birateye kubiri n’ukuntu Yehova ashaka ko abagabo bakoresha ubukuru bwabo. (Gereranya na Mariko 7:13.) None umugabo yokwiga gute kuba serugo mwiza?

2. Serugo ategerezwa kumenya iki, kandi kubera iki?

2 Kugira ngo umugabo abe serugo mwiza, ategerezwa gutahura ivyo Yehova amusaba. Arakwiye kandi kumenya igituma Yehova yashizeho ubukuru, be n’ingene canecane yokwigana akarorero ka Yehova na Yezu. Kubera iki bihambaye ko umugabo amenya ivyo bintu? Kubera ko Yehova yahaye ba serugo ubukuru kanaka, akaba rero yiteze ko babukoresha neza.​—Luka 12:48b.

KUBA UMUTWE BISOBANURA IKI?

3. Ibivugwa mu 1 Abakorinto 11:3, bitwigisha iki ku bijanye n’ubukuru?

3 Soma 1 Abakorinto 11:3. Uwo murongo urerekana ingene Yehova yatunganije umuryango wiwe wo kw’isi no mw’ijuru. Kuba umutwe birimwo ibintu nyamukuru bibiri: Kugira ubukuru no kugira ico ubazwa. Yehova ni “umutwe,” ni ukuvuga ko afise ubukuru ruheta, kandi abana biwe bose, baba abamarayika canke abantu, bari n’ico babazwa kuri we. (Rom. 14:10; Ef. 3:14, 15) Yehova yarahaye Yezu ubukuru kw’ishengero, mugabo Yezu arafise ico abazwa na Yehova ku kuntu adufata. (1 Kor. 15:27) Yehova kandi yarahaye umugabo ubukuru ku mugore wiwe n’abana biwe, mugabo umugabo ari n’ico abazwa na Yehova be na Yezu ku kuntu afata umuryango wiwe.​—1 Pet. 3:7.

4. Yehova na Yezu bafise uburenganzira ubuhe?

4 Kubera ko Yehova ari Umutwe w’umuryango wiwe wo kw’isi no mw’ijuru, arafise uburenganzira bwo gushinga amategeko ajanye n’ukuntu abana biwe bakwiye kwigenza, kandi arashoboye kwiyemeza ko bayakurikiza. (Yes. 33:22) Kubera ko Yezu ari we mutwe w’ishengero, na we nyene arafise uburenganzira bwo gushinga amategeko no kuraba ko akurikizwa.​—Gal. 6:2; Kol. 1:18-20.

5. Serugo afise uburenganzira ubuhe, kandi bugarukira he?

5 Nk’ukwo kwa Yehova na Yezu, serugo arafise uburenganzira bwo gufata ingingo ku bw’umuryango wiwe. (Rom. 7:2; Ef. 6:4) Ariko rero uburenganzira afise buri n’aho bugarukira. Nk’akarorero, amategeko ashinga akwiye kuba ashingiye ku ngingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana. (Imig. 3:5, 6) Vyongeye, serugo ntafise uburenganzira bwo gushingira amategeko abatari abo mu muryango wiwe. (Rom. 14:4) N’ikindi kandi, igihe abahungu biwe n’abakobwa biwe bamaze gukura maze bakava muhira, barabandanya kumwubaha, ariko ntaba akibafiseko ubukuru.​—Mat. 19:5.

KUBERA IKI YEHOVA YASHIZEHO UBUKURU?

6. Kubera iki Yehova yashizeho ubukuru?

6 Yehova yashizeho ubukuru abitumwe n’urukundo akunda umuryango wiwe. Ni ingabire yaduhaye. Ubukuru buratuma umuryango wa Yehova urangwamwo amahoro n’urutonde. (1 Kor. 14:33, 40) Iyaba mu muryango wa Yehova ata bukuru buriho, wobayemwo akajagari, kandi nta munezero woharanzwe. Nk’akarorero, nta n’umwe yomenye uwukwiye gufata ingingo ya nyuma be n’uwukwiye gukurikirana ingene ishirwa mu ngiro.

7. Twisunze Abanyefeso 5:25, 28, Yehova yoba yipfuza ko abagabo bacinyiza abagore?

7 Nimba intunganyo Imana yashizeho y’ubukuru ari nziza, kubera iki none abagore benshi muri iki gihe bahahazwa n’abagabo babo bakongera bakabacinyiza? Ivyo bitumwa n’uko abagabo benshi birengagiza ingingo ngenderwako za Yehova zigenga umuryango, bagahitamwo gukurikiza imico n’imigenzo y’aho babaye. Boshobora no gukubagura abakenyezi babo kugira ngo bahaze icipfuzo c’ubwikunzi baba bafise. Nk’akarorero, umugabo yoshobora gucinyiza umugore wiwe arondera ko amwubaha, canke kugira yereke abandi ko ari “umugabo nya mugabo.” Yoshobora kwiyumvira ko atohata umugore wiwe ngo amukunde, mugabo ko yoshobora gutuma amutinya. Yokoresha rero iterabwoba kugira ngo amucinyize. * Biragaragara ko ivyiyumviro nk’ivyo n’inyifato nk’iyo, bituma abagore batagira agaciro be n’icubahiro bari babereye, kandi biratandukanye rwose n’ivyo Yehova yipfuza.​—Soma Abanyefeso 5:25, 28.

UMUGABO YOKWIGA GUTE KUBA SERUGO MWIZA?

8. Umugabo yokwiga gute kuba serugo mwiza?

8 Umugabo yoshobora kwiga kuba serugo mwiza mu kwigana ingene Yehova na Yezu bakoresha ubukuru bafise. Rimbura kamere zibiri gusa Yehova na Yezu bagaragaza, maze urabe ingene serugo yoshobora kuzigaragaza mu kuntu afata umukenyezi wiwe n’abana biwe.

9. Yehova agaragaza gute ukwicisha bugufi?

9 Ukwicisha bugufi. Naho Yehova afise ubukerebutsi ntangere, arumviriza ivyiyumviro vy’abasavyi biwe. (Ita. 18:23, 24, 32) Yaremeye ko abo afiseko ubukuru bamuterera ivyiyumviro. (1 Abm. 22:19-22) Yehova aratunganye ariko ntiyiteze ko muri iki gihe tuba abatunganye. Ahubwo riho, arafasha abantu kuroranirwa naho badatunganye. (Zab. 113:6, 7) Nkako, Bibiliya mbere ivuga ko Yehova ari “umufasha.” (Zab. 27:9; Heb. 13:6) Umwami Dawidi yariyemereye ko atari gushobora kurangura igikorwa gihambaye yari yashinzwe gukora, iyo Yehova aticisha bugufi ngo amufashe.​—2 Sam. 22:36.

10. Yezu yagaragaje gute ukwicisha bugufi?

10 Rimbura akarorero ka Yezu. Naho yari Umukama akaba na Shebuja w’intumwa ziwe, yarazogeje ibirenge. None ni kubera iki Yehova yandikishije iyo nkuru muri Bibiliya? Kwari ukugira ngo aduhe akarorero twokurikiza, harimwo na ba serugo. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira.” (Yoh. 13:12-17) Naho Yezu yari afise ubukuru budasanzwe, ntiyitega ko abandi bamukorera. Ahubwo riho yakorera abandi.​—Mat. 20:28.

Serugo arashobora kwerekana ko yicisha bugufi kandi ko afise urukundo, mu gukora udukorwa two muhira no mu kuronsa umuryango wiwe ivyo ukenera mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 11, 13)

11. Serugo yokwigira iki ku karorero ka Yehova na Yezu mu bijanye no kwicisha bugufi?

11 Ivyigwa tuhakura. Serugo arashobora kugaragaza ukwicisha bugufi mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, ntiyitega ko umukenyezi wiwe n’abana biwe baba abatunganye. Arumviriza ivyiyumviro bishikirizwa n’abo mu muryango wiwe, mbere naho vyoba bitandukanye n’ivyiwe. Uwitwa Marley aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Birashika jewe n’umugabo wanje ntiduhuze ivyiyumviro. Ariko ndazi ko ampa agaciro kandi ko anyubahiriza, kubera ko ansaba iciyumviro kandi akakizirikana yitonze imbere y’uko afata ingingo.” Vyongeye, umugabo yicisha bugufi arakora ibikorwa vyo mu rugo n’umutima ukunze, naho mu kibano boba babona ko ivyo bikorwa vyagenewe abagore. Ivyo birashobora kuba urugamba. Kubera iki? Mushiki wacu yitwa Rachel avuga ati: “Iwacu, iyo umugabo afashije umugore wiwe kwoza ivyombo canke gukora isuku mu nzu, ababanyi n’incuti baca bibaza ko atari ‘umugabo nya mugabo.’ Baca biyumvira ko aganzwa n’umugore wiwe.” Nimba no mu kibano iwanyu abantu babona ibintu gutyo, niwibuke ko Yezu yogeje ibirenge intumwa ziwe, naho ico kintu cabonwa ko ari igikorwa c’umushumba. Serugo mwiza ntarazwa ishinga no gutuma abandi bamubona neza, mugabo arazwa ishinga no gutuma umukenyezi wiwe n’abana biwe bamererwa neza. Uretse ukwicisha bugufi, ni iyindi kamere iyihe umugabo akeneye kugira abe serugo mwiza?

12. Urukundo rutuma Yehova na Yezu bakora iki?

12 Urukundo. Ibintu vyose Yehova akora, abitumwa n’urukundo. (1 Yoh. 4:7, 8) Abigiranye urukundo, aritwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu, abicishije kw’Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya, be no kw’ishirahamwe ryiwe. Aratuma twumva tumerewe neza ku mutima, mu kudukura amazinda ko adukunda. Bite ho ku vyo dukenera ku mubiri? Yehova “[ara]turonsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe.” (1 Tim. 6:17) Iyo dukoze amakosa aradukebura, ariko ntaca areka kudukunda. Yehova abitumwe n’urukundo yaratanze incungu ku bwacu. Yezu na we nyene aradukunda cane ku buryo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. (Yoh. 3:16; 15:13) Nta kintu na kimwe coshobora kubuza Yehova na Yezu gukunda abaguma ari intahemuka kuri bo.​—Yoh. 13:1; Rom. 8:35, 38, 39.

13. Kubera iki bihambaye ko serugo agaragariza urukundo umuryango wiwe? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Umugabo aheruka kurushinga yokora iki kugira ngo umugore wiwe amwubahe?”)

13 Ivyigwa tuhakura. Ibintu vyose serugo akora, akwiye kubitumwa n’urukundo. Kubera iki ivyo bihambaye? Intumwa Yohani yishura ati: “Uwudakunda mwene wabo [canke umuryango wiwe] yabonye [nta]shobora kuba akunda Imana atabonye.” (1 Yoh. 4:11, 20) Mu bisanzwe, umugabo akunda umuryango wiwe kandi yipfuza kwigana Yehova na Yezu, araronsa umuryango wiwe ivyo ukenera mu vy’impwemu, ku mutima no mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Arigisha akongera agatoza indero abana biwe. Vyongeye, aguma yihatira gufata ingingo zitera iteka Yehova kandi zigirira akamaro umuryango wiwe. Nimuze turimbure kimwekimwe cose muri ivyo, maze tubone ingene serugo yokwigana Yehova na Yezu.

IVYO SERUGO AKWIYE GUKORA

14. Serugo aronsa gute umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’impwemu?

14 Kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’impwemu. Yezu yariganye Se wiwe mu kwitwararika kuguma aronsa abo ajejwe ivyo bakenera mu vy’impwemu. (Mat. 5:3, 6; Mrk. 6:34) Cokimwe na Yezu, ikintu serugo ashira imbere ni ukuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’impwemu. (Gus. 6:6-9) Ivyo abigira mu kwitwararika ko we be n’umuryango wiwe basoma bakongera bakiyigisha Ijambo ry’Imana, bakitaba amakoraniro, bakamamaza inkuru nziza, bakongera bakaguma bakomeza ubucuti bafitaniye na Yehova.

15. Uburyo bumwe serugo ashobora kuronsa umuryango wiwe ivyotuma umererwa neza ku mutima ni ubuhe?

15 Kuronsa umuryango wiwe ibituma wumva umerewe neza ku mutima. Yehova yaravuze ku mugaragaro ko akunda Yezu. (Mat. 3:17) Yezu na we nyene yarereka abayoboke biwe yuko abakunda biciye ku vyo yakora no ku vyo yavuga. Ivyo vyatuma na bo bamuserurira ko bamukunda. (Yoh. 15:9, 12, 13; 21:16) Na serugo arashobora kwereka umukenyezi wiwe n’abana biwe ko abakunda, biciye ku vyo akora, nk’akarorero mu kwiga Bibiliya bari kumwe. Akwiye kandi kubabwira ko abakunda kandi ko abaha agaciro, igihe bibereye na ho akabavuga neza mu bandi.​—Imig. 31:28, 29.

Kugira serugo ahimbare Yehova, ategerezwa kuronsa umuryango wiwe ivyo ukenera mu vy’umubiri (Raba ingingo ya 16)

16. Ni ikindi kintu ikihe serugo ategerezwa gukora, kandi ni gute yogumana uburimbane?

16 Kuronsa umuryango wiwe ivyo ukenera ku mubiri. Yehova yaritwararika kuronsa Abisirayeli ivya nkenerwa mu buzima, n’igihe mbere yaba yabahanye kubera bamugambarariye. (Gus. 2:7; 29:5) Na twebwe araturonsa ivyo dukenera muri iki gihe. (Mat. 6:31-33; 7:11) Yezu na we nyene yaragaburira abamukurikira. (Mat. 14:17-20) Vyongeye, yarabakiza indwara. (Mat. 4:24) Kugira ngo serugo ahimbare Yehova, ategerezwa kuronsa umuryango wiwe ivyo ukenera mu vy’umubiri. Ariko rero, arakwiye kugumana uburimbane. Ntakwiye gutwarwa cane n’akazi k’umubiri kugira ngo yitwararike umuryango, ku buryo ananirwa kwitwararika ivyo umuryango wiwe ukenera mu vy’impwemu no ku mutima.

17. Ni gute Yehova na Yezu batumenyereza bakongera bakadutoza indero?

17 Kumenyereza. Yehova aratumenyereza akongera akadutoza indero kugira ngo tumererwe neza. (Heb. 12:7-9) Cokimwe na Se wiwe, Yezu aramenyereza abo afiseko ubukuru abigiranye urukundo. (Yoh. 15:14, 15) Naho atanga impanuro ashikamye, abigirana ubuntu. (Mat. 20:24-28) Aratahura ko tudatunganye kandi ko bishika tugakora amakosa.​—Mat. 26:41.

18. Serugo mwiza akwiye kwibuka iki?

18 Serugo yigana Yehova na Yezu, aribuka ko abo mu muryango wiwe badatunganye. Ntagirira “ishavu ry’umururazi” umukenyezi wiwe canke abana biwe. (Kol. 3:19) Ahubwo riho, arashira mu ngiro ingingo ngenderwako iri mu Bagalatiya 6:1, maze akagerageza kubakosora abigiranye “umutima w’ubwitonzi,” yibuka ko na we nyene adatunganye. Cokimwe na Yezu, aratahura ko uburyo bwiza bwo kwigisha ari ukubabera akarorero.​—1 Pet. 2:21.

19-20. Igihe serugo afata ingingo yokwigana gute Yehova na Yezu?

19 Gufata ingingo zitarimwo ubwikunzi. Yehova afata ingingo zigirira akamaro abandi. Nk’akarorero, igihe yarema ubuzima, ntiyarondera inyungu ziwe, mugabo yashaka ko natwe duhimbarwa no kubaho. Vyongeye, nta n’umwe yari kumuhata ngo atange Umwana wiwe ku bw’ibicumuro vyacu. Yahisemwo gutanga iyo ncungu n’umutima ukunze ku bw’ineza yacu. Yezu na we nyene yafata ingingo ahanini zashira imbere ineza y’abandi. (Rom. 15:3) Nk’akarorero, yaraheba kuruhuka kugira ngo yigishe isinzi ry’abantu.​—Mrk. 6:31-34.

20 Serugo mwiza arazi ko kimwe mu bintu bigoye cane ategerezwa gukora, ari ugufata ingingo nziza ku bw’umuryango wiwe, kandi iryo banga ararifatana uburemere. Aragerageza kwirinda gufata ingingo gihutihuti, canke yisunze uko we abona ibintu. Aho kubigenza gutyo, arareka Yehova akamumenyereza gufata ingingo zibereye. * (Imig. 2:6, 7) Ivyo bica bituma yiyumvira ivyogirira akamaro abandi, aho kwiyumvira ineza yiwe gusa.​—Flp. 2:4.

21. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

21 Yehova yarashinze ba serugo ibanga ritoroshe, kandi aragira ico ababaza ku kuntu barirangura. Mugabo iyo umugabo yihatiye gukurikiza akarorero ka Yehova na Yezu, araba serugo mwiza. Kandi iyo umukenyezi wiwe aranguye uruhara rumwega, umubano wabo urabamwo agahimbare. None umukenyezi akwiye kubona gute ubukuru mu muryango, kandi ni ingorane izihe zimushikira? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ivyo bibazo.

URURIRIMBO RWA 16 Shemeza Ya ku bw’Umwana wiwe yarobanuwe

^ ing. 5 Iyo umusore yubatse urwiwe, aca aba umutwe w’umuryango. Muri iki kiganiro, turarimbura ico bisobanura kuba umutwe w’urugo, igituma Yehova yabitunganije gutyo, be n’ivyo abagabo bokwigira ku karorero ka Yehova na Yezu. Mu kiganiro ca kabiri co muri uru rukurikirane, tuzorimbura ivyo umugabo n’umugore bashobora kwigira kuri Yezu, be no ku bandi bantu bavugwa muri Bibiliya. Mu kiganiro gisozera uru rukurikirane na ho, tuzorimbura ibijanye n’ubukuru mw’ishengero.

^ ing. 7 Iciyumviro c’uko atari bibi ko umugabo afata nabi umugore wiwe mbere akanamukubagura, rimwe na rimwe cagiye kiraserurwa mu masinema, mu bikino, mbere no mu bitabu vy’inkuru zitwenza. Ivyo rero bishobora kuba vyaragize ico biterera mu gutuma abantu babona ko umugabo yocinyiza umugore wiwe.

^ ing. 20 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye no gufata ingingo nziza, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Nufate ingingo zitera iteka Imana,” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2011, rup. 13-17.