Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 7

Nutahure ibijanye n’ubukuru mw’ishengero

Nutahure ibijanye n’ubukuru mw’ishengero

“Kristu [ni] umutwe w’ishengero, akaba umukiza w’uyo mubiri.”​—EF. 5:23.

URURIRIMBO RWA 137 Abakenyezi b’abizigirwa

INCAMAKE *

1. Imwe mu mvo zituma umuryango wa Yehova wunga ubumwe ni iyihe?

TURAHIMBARWA no kuba turi mu muryango wa Yehova. Ni kubera iki none umuryango wacu urangwamwo ubumwe n’amahoro ukuraho? Imwe mu mvo zibituma, ni uko twese twihatira kwubahiriza intunganyo y’ubukuru Yehova yashizeho. Nkako, uko dutahura neza ibijanye n’iyo ntunganyo, ni ko turushiriza kwunga ubumwe.

2. Ni ibibazo ibihe turonkera inyishu muri iki kiganiro?

2 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibijanye n’ubukuru mw’ishengero. Mu vyo tuza kurimbura, turaronka inyishu z’ibi bibazo: Bashiki bacu bafise uruhara uruhe? Buri muvukanyi yoba koko ari umutwe wa mushiki wacu uwo ari we wese? Ubukuru abakurambere bafise ku bavukanyi na bashiki bacu, bwoba ari cokimwe n’ubwo serugo afise ku mugore wiwe n’abana biwe? Reka tubanze turimbure ukuntu dukwiye kubona bashiki bacu.

DUKWIYE KUBONA GUTE BASHIKI BACU?

3. Tworushiriza gute guha agaciro igikorwa bashiki bacu barangura?

3 Turaha agaciro bashiki bacu bakora bagatama mu kwitwararika imiryango yabo, mu kwamamaza inkuru nziza, no mu gushigikira ishengero. Turashobora kurushiriza kubaha agaciro turimbuye ingene Yehova na Yezu babafata. Turaza kandi kwungukira ku kurimbura ukuntu intumwa Paulo yafata abakenyezi.

4. Bibiliya yerekana gute ko Yehova aha abagore n’abagabo agaciro kangana?

4 Bibiliya ivuga ko Yehova abona ko abagore n’abagabo banganya agaciro. Nk’akarorero, Bibiliya irerekana ko mu kinjana ca mbere Yehova yahaye impwemu nyeranda abagore n’abagabo, kandi ko yabahaye ububasha bwo gukora ibitangaro, nko kuvuga mu ndimi zitandukanye. (Ivyak. 2:1-4, 15-18) Abo bagabo n’abo bagore bararobanujwe impwemu nyeranda kugira bazofadikanye na Kristu kaganza. (Gal. 3:26-29) Abagore cokimwe n’abagabo, bazoronka impera yo kubaho ibihe bidahera hano kw’isi. (Ivyah. 7:9, 10, 13-15) Vyongeye, baba abagabo canke abagore, bose barafise agateka ko kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. (Mat. 28:19, 20) Nkako, igitabu c’Ivyakozwe kiravuga igikorwa mushiki wacu yitwa Pirisila n’umugabo wiwe Akwila bakoze, co gusigurira ukuri mu buryo butomoye umugabo umwe yari yarize cane yitwa Apolo.​—Ivyak. 18:24-26.

5. Muri Luka 10:38, 39, 42, herekana gute ingene Yezu yafata abagore?

5 Yezu yaratera iteka abagore. Ntiyiganye Abafarizayo, bo basuzugura abagore. Ntibubahuka kubavugisha ku mugaragaro, icibagiwe co kukaba kwari ukuyaga na bo ku bijanye n’Ivyanditswe. Ariko Yezu we mu biyago bikomeye yagirana n’abigishwa biwe, yarashiramwo n’abakenyezi. * (Soma Luka 10:38, 39, 42.) Vyongeye, yarajana n’abagore mu ngendo yagira aja kwamamaza. (Luka 8:1-3) N’ikindi kandi, Yezu yarabateye agateka ko kumenyesha intumwa ko yari yazutse mu bapfuye.​—Yoh. 20:16-18.

6. Intumwa Paulo yerekanye gute ko yaha agaciro abagore?

6 Intumwa Paulo yaribukije Timoteyo gutera iteka abagore. Paulo yamubwiye gufata “abagore bahumuye nka ba [nyina], abagore bakiri bato na bo nka [bashikiwe].” (1 Tim. 5:1, 2) Naho Paulo yafashije cane Timoteyo gucika umukirisu ahumuye, yaremeye ko nyina wa Timoteyo na inakuru wiwe ari bo batanguye kumwigisha “ivyanditswe vyeranda.” (2 Tim. 1:5; 3:14, 15) Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yararamukije bashiki bacu mu mazina yabo. Ntiyavuze gusa ibikorwa abo bashiki bacu bakoze mu Mukama, ahubwo yaranabikengurutse.​—Rom. 16:1-4, 6, 12; Flp. 4:3.

7. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

7 Nk’uko twabibonye mu ngingo ziheze, nta mvo n’imwe ishingiye ku Vyanditswe yotuma twiyumvira ko bashiki bacu bari hasi y’abavukanyi. Bashiki bacu twikundira kandi bitanga cane, ni umuhezagiro kandi barafasha abakurambere kuremesha ubumwe n’amahoro mw’ishengero. Ariko rero, hariho ibibazo dukeneye kuronkera inyishu. Nk’akarorero: Ni kubera iki Yehova asaba mushiki wacu kwitwikira mu bihe bimwebimwe? Kuba abavukanyi ari bo bonyene bagenwa kuba abakurambere n’abakozi b’ishengero, vyoba bisigura ko buri muvukanyi ari umutwe wa mushiki wacu uwo ari we wese mw’ishengero?

BURI MUVUKANYI YOBA ARI UMUTWE WA MUSHIKI WACU UWO ARI WE WESE?

8. Twisunze Abanyefeso 5:23, buri muvukanyi yoba ari umutwe wa mushiki wacu uwo ari we wese? Sigura.

8 Muri make inyishu ni oya. Umuvukanyi si umutwe wa bashiki bacu bose mw’ishengero. Ahubwo Kristu ni we mutwe. (Soma Abanyefeso 5:23.) Mu muryango, umugabo arafise ubukuru ku mugore wiwe. Umuhungu yabatijwe, si umutwe wa nyina wiwe. (Ef. 6:1, 2) Mw’ishengero, ubukuru abakurambere bafise ku bavukanyi na bashiki bacu burafise aho bugarukira. (1 Tes. 5:12; Heb. 13:17) Bashiki bacu batarubaka mugabo batakibana n’abavyeyi, baguma bubaha abo bavyeyi be n’abakurambere. Ariko rero abo bashiki bacu cokimwe n’abagabo bo mw’ishengero, bafise umutwe umwe ari we Yezu.

Abatarubaka mugabo batakibana n’abavyeyi babo, bari munsi y’ubukuru bwa Yezu (Raba ingingo ya 8)

9. Kubera iki bishika bashiki bacu bagakenera kwitwikira?

9 Ariko rero, Yehova yaragenye abagabo ngo baje imbere ishengero mu kwigisha no mu bindi bikorwa bijanye no gusenga, iryo banga rikaba ritahawe abagore. (1 Tim. 2:12) Kubera iki? Yabitumwe n’irya mvo nyene yatumye agena Yezu ngo abe umutwe w’umugabo, kugira mw’ishengero hagume hari urutonde rwiza. Igihe rero bibaye ngombwa ko mushiki wacu arangura ibanga mu bisanzwe ryari rigenewe umuvukanyi, Yehova amusaba guca yitwikira. * (1 Kor. 11:4-7) Igituma Yehova asaba bashiki bacu kwitwikira, si ukugira abashire hasi, ahubwo ni ukugira ngo abahe akaryo ko kwerekana ko bubaha intunganyo y’ubukuru yashizeho. Dufise ivyo ku muzirikanyi, nimuze ubu na ho turondere inyishu y’iki kibazo: Ba serugo be n’abakurambere bafise ubukuru bungana gute?

UBUKURU BA SERUGO BE N’ABAKURAMBERE BAFISE

10. Kubera iki umukurambere yoshobora kwiyumvira ko yoshingira amategeko ishengero?

10 Abakurambere barakunda Kristu, kandi barakunda n’“intama” Yehova na Yezu babajeje. (Yoh. 21:15-17) Umukurambere atabigiranye imvo mbi, yoshobora kwiyumvira ko ari nka serugo mw’ishengero. Yoshobora kwiyumvira ko nimba serugo afise uburenganzira bwo gushingira amategeko umuryango wiwe kugira awukingire, umukurambere na we yoshobora gushingira intama z’Imana amategeko yibaza ko yozikingira. Vyongeye, hari abavukanyi na bashiki bacu boshobora gutuma abakurambere bagira ico ciyumviro, mu kubasaba ngo babafatire ingingo. Ariko none, ubukuru abakurambere bafise mw’ishengero be n’ubwo ba serugo bafise mu miryango, bwoba ari bumwe?

Abakurambere bararonsa abagize ishengero ivyo bakeneye mu vy’impwemu, kandi bagatuma bumva ko bakundwa. Yehova yarabashinze ibanga ryo kwitwararika ko ishengero riguma ridahumanye (Raba ingingo ya 11-12)

11. Amabanga ya ba serugo be n’ay’abakurambere ahuriye ku biki?

11 Intumwa Paulo yarerekanye ko ibanga rya serugo be n’ibanga ry’umukurambere hari ivyo ahuriyeko. (1 Tim. 3:4, 5) Nk’akarorero, Yehova yipfuza ko abagize imiryango bagamburukira serugo. (Kol. 3:20) Yipfuza kandi ko abo mw’ishengero bagamburukira abakurambere. Yehova yiteze ko ba serugo n’abakurambere bitwararika kuronsa abo bajejwe ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Baba abakurambere canke ba serugo, baritwararika kandi ko abo bajejwe bumva ko bakundwa. Vyongeye, cokimwe na ba serugo beza, abakurambere baritwararika gufasha abo bajejwe mu bihe vy’ingorane. (Yak. 2:15-17) N’ikindi kandi, Yehova yiteze ko abakurambere na ba serugo bafasha abandi gukurikiza ingingo ngenderwako ziwe. Yiteze kandi ko ‘batarenga ku bintu vyanditswe’ muri Bibiliya.​—1 Kor. 4:6.

Ba serugo Yehova yarabashinze ibanga ryo kuyobora imiryango yabo. Imbere y’uko serugo afata ingingo, aragisha inama umugore wiwe (Raba ingingo ya 13)

12-13. Twisunze Abaroma 7:2, amabanga ya ba serugo n’ay’abakurambere atandukaniye he?

12 Ariko rero, ibanga ry’umukurambere be n’ibanga rya serugo, hariho ibindi bintu bikomeye atandukaniyeko. Nk’akarorero, Yehova yarashinze abakurambere guca imanza, yongera abaha n’ibanga ryo gukura mw’ishengero abacumuzi batigaya.​—1 Kor. 5:11-13.

13 Ku rundi ruhande, hariho ubukuru Yehova yahaye ba serugo, mugabo atahaye abakurambere. Nk’akarorero, yarahaye uburenganzira serugo bwo gushingira umuryango wiwe amategeko no kwitwararika ko akurikizwa. (Soma Abaroma 7:2.) Nk’akarorero, serugo arafise uburenganzira bwo gushingira abana biwe isaha bakwiye gutahirako mw’ijoro. Arafise n’uburenganzira bwo guhana abana biwe igihe badakurikije iryo tegeko. (Ef. 6:1) Ariko rero serugo arangwa urukundo, aragisha inama umugore wiwe imbere yo gushingira urugo rwiwe amategeko. Kanatsinda bagize “umubiri umwe.” *​—Mat. 19:6.

NIWUBAHE YEZU WE MUTWE W’ISHENGERO

Yezu, uwuri munsi y’ubukuru bwa Yehova, araha ubuyobozi ishengero (Raba ingingo ya 14)

14. (a) Twisunze Mariko 10:45, kubera iki bibereye kubona Yehova yaragenye Yezu ngo abe umutwe w’ishengero? (b) Inama Nyobozi ifise uruhara uruhe? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Uruhara rw’Inama Nyobozi.”)

14 Biciye ku ncungu, Yehova yaratangiye ikiguzi abo mw’ishengero bose, be n’uwo ari we wese yohavuye yizera iyo ncungu. (Soma Mariko 10:45; Ivyak. 20:28; 1 Kor. 15:21, 22) Birabereye rero kuba yaragenye Yezu ngo abe umutwe w’ishengero, narirya yatanze ubuzima bwiwe ngo aducungure. Kubera ko Yezu ari umutwe wacu, arafise uburenganzira bwo gushingira amategeko umuntu ku giti ciwe, imiryango be n’ishengero ryose, kandi akitwararika ko akurikizwa. (Gal. 6:2) Ariko Yezu ntashinga amategeko gusa. Aragaburira umwe wese muri twebwe akongera akamwitwararika.​—Ef. 5:29.

15-16. Twigira iki ku vyavuzwe na mushiki wacu yitwa Marley be n’umuvukanyi yitwa Benjamin?

15 Bashiki bacu barerekana ko bubaha Kristu mu gukurikiza ubuyobozi bahabwa n’abagabo yagenye kugira babitwararike. Mushiki wacu yitwa Marley wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aravuga muri make ivyiyumviro ahuriyeko na bashiki bacu batari bake. Agira ati: “Ndaha agaciro vy’ukuri ikibanza mfise co kuba umukenyezi, be n’ico mfise mw’ishengero. Nama nihatira kubona mu buryo bwiza intunganyo y’ubukuru Yehova yashizeho. Ariko rero umugabo wanje be n’abavukanyi bo mw’ishengero baratumye birushiriza kunyorohera kuko banyubaha kandi bagakenguruka ivyo nkora.”

16 Abavukanyi barerekana ko batahura intunganyo y’ubukuru mu kwubaha bashiki bacu no mu kubatera iteka. Umuvukanyi umwe yitwa Benjamin wo mu Bwongereza, avuga ati: “Narigiye vyinshi cane ku nyishu bashiki bacu batanga mu makoraniro, no ku vyiyumviro vyiza batanga ku bijanye no kwiyigisha be no kuba kirumara mu ndimiro. Ndaha agaciro cane ibikorwa barangura.”

17. Kubera iki dukwiye kwubaha intunganyo y’ubukuru?

17 Igihe abo mw’ishengero twese, twaba abagabo, abagore, ba serugo be n’abakurambere, dutahura intunganyo y’ubukuru tukongera tukayubaha, ishengero riragira amahoro. N’ikiruta vyose, turashemeza wa Muvyeyi wacu wo mw’ijuru arangwa urukundo, Yehova.​—Zab. 150:6.

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

^ ing. 5 Bashiki bacu bafise uruhara uruhe mw’ishengero? Buri muvukanyi yoba ari umutwe wa mushiki wacu uwo ari we wese? Ubukuru abakurambere bafise, bwoba ari cokimwe n’ubwa ba serugo mu miryango? Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene uburorero buvugwa muri Bibiliya budufasha kwishura ivyo bibazo.

^ ing. 5 Raba ingingo ya 6 mu kiganiro kivuga ngo “Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera,” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo muri Nyakanga 2020.

^ ing. 9 Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ni ryari mushiki wacu yokwitwikira?

^ ing. 13 Nimba wipfuza kumenya uwukwiye gufata ingingo ku bijanye n’ishengero umuryango wojamwo, raba ingingo ya 17-19, mu kiganiro kivuga ngo “Niwubahirize ikibanza abandi bafise mw’ishengero rya Yehova,” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 2020.

^ ing. 59 Wipfuza kumenya amakuru y’ido n’ido kuri ico ciyumviro, raba igitabu Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” rup. 209-212.

^ ing. 64 Ushaka amakuru asigura mu buryo buhagije uruhara rw’Inama Nyobozi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, rup. 20-25.