Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 11

Ingene Ivyanditswe vyogukomeza

Ingene Ivyanditswe vyogukomeza

‘Imana iratanga ukwihangana.’​—ROM. 15:5.

URURIRIMBO RWA 94 Dukenguruke Ijambo ry’Imana

INCAMAKE *

1. Ni ingorane izihe zishobora gushikira abasavyi ba Yehova?

WOBA uriko urashikirwa n’ingorane ikomeye? Kumbure hari uwo mw’ishengero yakubabaje. (Yak. 3:2) Canke hari abo mukorana canke mwigana bagutwenga kubera ko ukorera Yehova. (1 Pet. 4:3, 4) Canke na ho abo mu muryango bashobora kuba bariko baragerageza kukubuza kwitaba amakoraniro canke kubwira abandi ivyo wizeye. (Mat. 10:35, 36) Igihe ikigeragezo kiba gikomeye cane, woshobora kwumva umengo wotana n’akabando. Ariko rero urashobora kwizigira ko naho woshikirwa n’ikigeragezo kimeze gute, Yehova azoguha ubukerebutsi bwo kuvyifatamwo neza be n’inkomezi zo kucihanganira.

2. Twisunze Abaroma 15:4, gusoma Ijambo ry’Imana bishobora kudufasha gute?

2 Mw’Ijambo ryiwe, Yehova yarandikishije inkuru zerekana ingene abantu badatunganye bavyifashemwo mu ngorane zikomeye. Kubera iki? Kugira ngo tugire ivyo tubigiyeko. Ni na vyo Yehova yahumekeye intumwa Paulo kwandika. (Soma Abaroma 15:4.) Gusoma izo nkuru birashobora kuturonsa uruhoza n’icizigiro. Ariko rero turakwiye gukora n’ibindi uretse gusa gusoma Bibiliya. Dutegerezwa kureka Ivyanditswe bigahindura ivyiyumviro vyacu, be n’ukuntu tubona ibintu. None twokora iki igihe dushaka ubuyobozi bw’ingene twovyifatamwo mu ngorane kanaka? Twokora ibi bintu bine: (1Gusenga, (2Kwiha ishusho, (3Kuzirikana, (4Gushira mu ngiro. Nimuze turabe ingene twokora kimwekimwe cose muri ivyo. * Mu nyuma turavyikorako mu kurimbura ivyashikiye Umwami Dawidi be n’intumwa Paulo.

1. GUSENGA

Imbere y’uko utangura gusoma Bibiliya, nusabe Yehova agufashe kumenya ingene vyokugirira akamaro (Raba ingingo ya 3)

3. Ukwiye gukora iki imbere y’uko utangura gusoma Bibiliya, kandi kubera iki?

3 (1Gusenga. Imbere y’uko utangura gusoma Bibiliya, nusabe Yehova agufashe kubona ingene ivyo ugiye gusoma vyokugirira akamaro. Nk’akarorero, nimba ushaka impanuro z’ukuntu wovyifatamwo mu ngorane kanaka, nusabe Yehova agufashe kuronka ingingo ngenderwako mw’Ijambo ryiwe wokwisunga.​—Flp. 4:6, 7; Yak. 1:5.

2 KWIHA ISHUSHO

Nugerageze kwishira mu kibanza c’uwuriko aravugwa muri iyo nkuru (Raba ingingo ya 4)

4. Ni igiki cotuma urushiriza gutahura inkuru yo muri Bibiliya?

4 (2Kwiha ishusho. Yehova yaturemanye ubushobozi butangaje bwo kwiha ishusho y’ibintu. Kugira urushirize gutahura inkuru yo muri Bibiliya, nugerageze kwiha ishusho y’ukuntu ibintu vyari vyifashe, wongere wishire mu kibanza c’uwuvugwamwo. Nugerageze kubona ibintu yabonye, wongere wiyumve nk’uko na we ashobora kuba yariyumvise.

3. KUZIRIKANA

Niwiyumvire witonze ivyo usomye be n’ingene bikwerekeye (Raba ingingo ya 5)

5. Kuzirikana bisobanura iki, kandi wobigenza gute?

5 (3Kuzirikana. Kuzirikana bisobanura kwiyumvira witonze ibijanye n’ivyo usomye, be n’ingene ayo makuru akuraba. Biragufasha gushira hamwe ivyiyumviro, maze ukarushiriza gutahura inkuru uriko urasoma. Gusoma Bibiliya utazirikana bimeze nko kuraba ibipande vy’impuzu bikase mugabo bitarafatanywa. Kuzirikana na vyo, bimeze nko gufatanya ivyo bipande maze ishusho y’iyo mpuzu igaca yibonekeza neza. Mu kuzirikana woshobora kwibaza ibi bibazo ukongera ukavyishura: ‘Umuntu avugwa muri iyi nkuru, yakoze iki kugira ngo atorere umuti ingorane ziwe? Yehova yamufashije gute? Ibi vyigwa ndamwigiyeko vyomfasha gute kwihanganira ibigeragezo?’

4. GUSHIRA MU NGIRO

Niwisunge ivyo wize kugira ufate ingingo nziza, urushirize kugira amahoro, wongere ukomeze ukwizera kwawe (Raba ingingo ya 6)

6. Kubera iki dukwiye gushira mu ngiro ivyo twiga?

6 (4Gushira mu ngiro. Yezu yavuze ko mu gihe tudashira mu ngiro ivyo twiga, tuba tumeze nk’umuntu yubaka inzu yiwe ku musenyi. Naho akora agatama, aba ariko aruhira ubusa. Uti kubera iki? Kubera ko igihe hateye igihuhusi n’isegenya, iyo nzu ica isenyuka. (Mat. 7:24-27) Na twebwe nyene hamwe twosenga, tukiha ishusho, tukongera tukazirikana, mugabo ntidushire mu ngiro ivyo twiga, twoba twaruhiye ubusa. Igihe dushikiwe n’ingorane canke uruhamo, ukwizera kwacu ntigushikama bihagije. Ariko iyo dushize mu ngiro ivyo twiga, turafata ingingo nziza, tukarushiriza kugira amahoro, tukagira n’ukwizera gukomeye. (Yes. 48:17, 18) Twisunze ivyo bintu bine duhejeje kurimbura, nimuze ubu na ho turabe ico twokwigira ku kintu cashikiye Umwami Dawidi.

WOKWIGIRA IKI KU MWAMI DAWIDI?

7. Ni inkuru iyihe tugiye kurimbura?

7 Hoba hari incuti canke umugenzi yaguhemukiye? Nimba ahari, urashobora kwungukira ku kurimbura inkuru ya Abusalomu, umuhungu w’Umwami Dawidi, uwahemukiye se wiwe akongera akarondera kumutwara ubwami.​—2 Sam. 15:5-14, 31; 18:6-14.

8. Wokora iki kugira ngo Yehova agufashe?

8 (1Gusenga. Ufise iyo nkuru ku muzirikanyi, nubwire Yehova ingene wiyumva ku bijanye n’ingene bagufashe nabi. (Zab. 6:6-9) Numubwire udomako. Nuce umusaba agufashe kubona ingingo ngenderwako wokwisunga mu kwihanganira ico kintu kitoroshe.

9. Wovuga gute muri make ivyabaye hagati ya Dawidi na Abusalomu?

9 (2Kwiha ishusho. Niwiyumvire ivyabaye muri iyi nkuru, wongere wihe ishusho y’ingene vyagize ico bikoze ku Mwami Dawidi. Abusalomu umuhungu wa Dawidi, aramara imyaka arondera kwikundwakaza ku bantu. (2 Sam. 15:7) Abusalomu abonye ko igihe kigeze, aca arungika abatasi muri Isirayeli yose, ngo baje gutegura abantu bazomushigikira ngo abe umwami. Arajijura mbere na Ahitofeli, umwe mu bagenzi somambike ba Dawidi, akaba n’umwe mu bahanuzi biwe, kugira yifatanye na we muri ubwo bugarariji. Abusalomu aca atangaza ko abaye umwami, maze agaca arondera gufata Dawidi no kumwica, uno akaba ashobora kuba arwaye cane. (Zab. 41:1-9) Dawidi aramenya uwo mugambi, agaca ahunga akava i Yeruzalemu. Amaherezo, ingabo za Abusalomu ziratana mu mitwe n’ingabo zishigikiye Dawidi. Izo ngabo zagararije ziratsindwa, Abusalomu umuhungu wa Dawidi na we akicwa.

10. Ni ibiki Umwami Dawidi yari gushobora gukora?

10 Ubukurikira, niwihe ishusho y’ukuntu Dawidi ategerezwa kuba yumvise amerewe igihe ivyo vyose vyariko biramushikira. Yarakunda Abusalomu, akongera akizigira Ahitofeli. Yamara bompi baramuhemukiye. Baramubabaje cane, mbere baragerageza no kumwica. Dawidi yari gushobora kwibaza ko n’abandi bagenzi biwe bifatanije na Abusalomu, maze ntabe akibizigira. Yari gushobora kwiyumvira ineza yiwe gusa, maze agaca arondera guhunga ico gihugu ari wenyene. Canke na ho yari kwihebura cane. Ariko nta na kimwe muri ivyo Dawidi yakoze. Ahubwo nyabuna yaratsinze ico kigeragezo gikomeye. None ni igiki catumye abishobora?

11. Dawidi yavyifashemwo gute muri ico gihe kitoroshe?

11 (3Kuzirikana. Ni ibiki wokwigira kuri iyo nkuru? Niwishure iki kibazo: “Dawidi yakoze iki kugira ngo avyifatemwo neza?” Ntiyataye umutwe ngo bitume yihutira gufata ingingo zitabereye. Eka kandi ntiyatekewe n’ubwoba ngo ace abura ico afata n’ico areka. Ahubwo yaciye asenga Yehova ngo amufashe. Yarituye n’abagenzi biwe ngo bamufashe. Vyongeye, yaciye yihutira gushira mu ngiro ingingo yari yafashe. Naho Dawidi yari ababaye cane, ntiyaciye aheba kwizigira abandi canke ngo abagirire inzigo. Yabandanije kwizigira Yehova hamwe n’abagenzi biwe.

12. Yehova yafashije gute Dawidi?

12 None Yehova yafashije gute Dawidi? Niwagira ubushakashatsi, uzobona ko Yehova yahaye Dawidi inkomezi yari akeneye, kugira ngo yihanganire ico kigeragezo. (Zab. 3:1-8; akajambo k’intangamarara) Yehova yarahezagiye ingingo Dawidi yafashe. Vyongeye, Yehova yarashigikiye abagenzi ba Dawidi b’intahemuka, igihe bariko bararwana kugira bakingire umwami wabo.

13. Wokwigana gute Dawidi hagize uwukubabaza cane? (Matayo 18:15-17)

13 (4Gushira mu ngiro. Niwibaze uti: ‘Nokwigana gute Dawidi?’ Niwihutire gutorera umuti ingorane ufise. Bivanye n’uko ibintu vyifashe, nukurikize intambwe Yezu yavuze muri Matayo ikigabane ca 18, canke na ho wisunge ingingo ngenderwako ivugwa muri ico canditswe. (Soma Matayo 18:15-17.) Ariko rero ntukwiye kwihutira gufata ingingo ubitumwe n’ibishobisho. Urakwiye gusenga Yehova kugira aguhe gutekana mu mutima, be n’ubukerebutsi bwotuma uvyifatamwo neza. Ntuce ureka kwizigira abagenzi bawe. Ahubwo riho, niwemere bagufashe. (Imig. 17:17) N’igihambaye kuruta, nushire mu ngiro impanuro Yehova aguha mw’Ijambo ryiwe.​—Imig. 3:5, 6.

WOKWIGIRA IKI KURI PAULO?

14. Ni mu bihe ibihe woremeshwa no gusoma 2 Timoteyo 1:12-16; 4:6-11, 17-22?

14 Woba uriko urarwanywa n’abo mu muryango? Woba uba mu gihugu aho igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kiburabuzwa cane, canke mbere kibujijwe? Nimba ari ko biri, woshobora kuremeshwa no gusoma 2 Timoteyo 1:12-16 na 4:6-11, 17-22. * Ivyo Vyanditswe Paulo yavyanditse ari mw’ibohero.

15. Ni igiki wosaba Yehova?

15 (1Gusenga. Imbere y’uko usoma iyo mirongo, nubwire Yehova ibijanye n’ingorane ufise, n’ingene ituma wumva umerewe. Numubwire udomako. Nuce umusaba agufashe kubona ingingo ngenderwako ziri muri izo nkuru zivuga ibijanye n’ibigeragezo vya Paulo, zizogufasha kumenya ingene wovyifatamwo mu ngorane urimwo.

16. Muri make wodondora gute ivyashikiye Paulo?

16 (2Kwiha ishusho. Niwihe ishusho uri mu kibanza ca Paulo. Ari mw’ibohero i Roma, akaba aboheshejwe iminyororo. Yarigeze kuja mw’ibohero imbere y’aho, ariko ubu hoho arazi ko araririye kwicwa. Bamwe mu bo bari bafadikanije igikorwa baramutaye, kandi ararushe cane.​—2 Tim. 1:15.

17. Paulo yari gushobora gukora iki?

17 Paulo yari gushobora gushira umutima kuri kahise, akiyumvira ko iyo ataza kuba umukirisu, ivyo bitari kumushikira. Yari gushobora kugirira inzigo abantu bo mu ntara ya Aziya bari baramutaye, akareka no kwizigira abandi bagenzi biwe. Ariko rero nta na kimwe yakoze muri ivyo. Kubera iki none yagumye yizigiye abagenzi biwe be na Yehova?

18. Paulo yavyifashemwo gute mu ngorane yarimwo?

18 (3Kuzirikana. Niwishure iki kibazo: “Paulo yakoze iki kugira ngo ibintu bigende neza?” Naho yabona ko yashobora kwicwa, yagumije umutima ku kintu nyamukuru, na co kikaba ari ugutuma Yehova aninahazwa. N’ikindi kandi, yagumye yiyumvira ingene yoremesha abandi. Yagumye yiheka kuri Yehova mw’isengesho. (2 Tim. 1:3) Aho kugumiza umutima cane ku bari baramutaye, yarakengurukiye cane abagenzi bamugumye hafi, bakamushigikira badahemuka mu buryo butandukanye. Ikigeretseko, Paulo yagumye yiyigisha Ijambo ry’Imana. (2 Tim. 3:16, 17; 4:13) N’igihambaye kuruta, yarizigira ko Yehova na Yezu bamukunda. Bari bamugumye hafi, kandi bomuronkeje impera ku bw’igikorwa yari yarakoze adahemuka.

19. Yehova yafashije gute Paulo?

19 Yehova yari yaraburiye Paulo ko yohamwe ahorwa kuba umukirisu. (Ivyak. 21:11-13) None yafashije gute Paulo? Yarishuye amasengesho ya Paulo, mu nyuma na ho amuha ububasha. (2 Tim. 4:17) Paulo yarakuwe amazinda ko yoronkejwe impera yari amaze igihe abirira akuya. Vyongeye, Yehova yaratumye abagenzi b’intahemuka ba Paulo bamufasha mu buryo buboneka.

20. Twisunze Abaroma 8:38, 39, twokwigana gute Paulo?

20 (4Gushira mu ngiro. Niwibaze uti: ‘Nokwigana gute Paulo?’ Cokimwe na Paulo, turakwiye kwitega ko tuzohamwa duhorwa ukwizera kwacu. (Mrk. 10:29, 30) Kugira tugume turi intahemuka mu kigeragezo, turakwiye kwama twitura Yehova mw’isengesho, tukongera tukiyigisha tudahorereza. Vyongeye, turakwiye kwama twibuka ko ikintu nyamukuru twokora ari ugutuma Yehova aninahazwa. Twohera amazinda ko Yehova atazokwigera aduheba, be n’uko ata kintu na kimwe umuntu yokora cotuma areka kudukunda.​—Soma Abaroma 8:38, 39; Heb. 13:5, 6.

NUGIRE IVYO WIGIYE KU BANDI BAVUGWA MURI BIBILIYA

21. Ni ibiki vyafashije Aya na Hector gutsinda intambamyi bari bafise?

21 Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, inkuru z’abantu bavugwa muri Bibiliya zirashobora kudukomeza. Nk’akarorero, umutsimvyi umwe yitwa Aya wo mu Buyapani, avuga ko inkuru ya Yona yamufashije gutsinda ubwoba bwo kwamamaza ku mugaragaro. Umuyabaga umwe na we wo muri Endoneziya yitwa Hector afise abavyeyi badasenga Yehova, avuga ko akarorero ka Rusi kamuvyurira umutima wo gukunda Yehova no kumukorera.

22. Wokwungukira gute ku bikino bishingiye kuri Bibiliya canke kuri rwa rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo”?

22 None wokura hehe inkuru z’abavugwa muri Bibiliya zogukomeza? Amavidewo yacu be n’ibikino vyo kwumviriza hamwe na rwa rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo,” biratuma umuntu arushiriza gutahura inkuru zo muri Bibiliya. * Imbere y’uko uraba izo nkuru zagiriwe ubushakashatsi bwitondewe, canke uzumviriza, canke uzisoma, nusabe Yehova agufashe gukuramwo ivyiyumviro bihambaye wokwisunga. Niwishire mu kibanza c’uwo muntu ariko aravugwa. Nuzirikane ku vyo abo basavyi ba Yehova b’intahemuka bakoze, n’ingene yabafashije gutsinda ingorane bari barimwo. Nuce rero wiyerekezako ivyo vyigwa. Nushimire Yehova ku vyo amaze kugufasha. Nuce werekana ko ukenguruka ukwo kuntu yagufashije, mu kurondera uturyo two kuremesha abandi no mu kubashigikira.

23. Twisunze Yesaya 41:10, 13, Yehova asezerana kudukorera iki?

23 Ubuzima bwo muri iyi si ya Shetani burashobora kutoroha, canke mbere bukaba amananiza. (2 Tim. 3:1) Ariko si ngombwa ngo duhagarike umutima canke ngo tugire ubwoba. Yehova arazi ibiriko biradushikira. Bishitse tukagwa, adusezeranira kudufata n’ukuryo kwiwe kw’inkomezi. (Soma Yesaya 41:10, 13.) Twizigiye tugaherezako ko Yehova adushigikira, Ivyanditswe birashobora kuturonsa inkomezi maze tukihanganira ingorane iyo ari yo yose.

URURIRIMBO RWA 96 Igitabu c’Imana ni ubutunzi

^ ing. 5 Inkuru nyinshi zo muri Bibiliya, zirerekana ko Yehova akunda abasavyi biwe, be n’uko abafasha mu kigeragezo ico ari co cose. Iki kiganiro kirerekana ingene wokwiyigisha Bibiliya, ku buryo inkuru usoma muri yo zirushiriza kukugirira akamaro.

^ ing. 2 Ubwo buryo bwo kwiyigisha ni bumwe gusa mu bundi woshobora gukoresha. Ibindi vyiyumviro vy’ukuntu wokwiyigisha Bibiliya, urashobora kubisanga muri ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova, munsi y’iciyumviro kivuga ngo “Bibiliya,” ku gatwe gatoya kavuga ngo “Gusoma no gutahura Bibiliya.”

^ ing. 14 Ivyo vyanditswe ntibikwiye gusomwa mu gihe c’icigwa c’Umunara w’Inderetsi mw’ishengero.

^ ing. 22 Raba urukurikirane ruvuga ngo “Niwigane ukwizera kw’abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya” kuri jw.org.(Nuje ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > KWIZERA IMANA.)