Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 13

Yehova adukingira gute?

Yehova adukingira gute?

“Umukama ni umwizigirwa, kandi azobashikamisha yongere abarinde wa mubisha.”​—2 TES. 3:3.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

INCAMAKE *

1. Kubera iki Yezu yasavye Yehova ngo arinde abigishwa biwe?

MW’IJORO rya nyuma Yezu yamaze kw’isi ari umuntu, yagumye yiyumvira ibijanye n’ingorane zoshikiye abigishwa biwe. Bivuye ku rukundo Yezu yakunda abigishwa biwe, yarasavye Se wiwe ngo ‘abarinde kubera wa mubisha.’ (Yoh. 17:14, 15) Yezu yari azi ko amaze gusubira mw’ijuru, wa mubisha Shetani yobandanije kurwanya uwo ari we wese yipfuza gukorera Yehova. Uca wumva rero ko abasavyi ba Yehova bokeneye gukingirwa.

2. Twemezwa n’iki ko Yehova azokwishura amasengesho yacu?

2 Yehova yarishuye isengesho uwo Mwana wiwe yamutuye, kubera yuko amukunda. Na twebwe nitwakora uko dushoboye kwose kugira ngo duhimbare Yehova, azodukunda yongere yishure amasengesho tumutura tumusaba kudufasha no kudukingira. Kubera ko Yehova ari Serugo yitwararika cane abo mu muryango wiwe, azobandanya kwitwararika abana biwe abigiranye urukundo. Hamwe ivyo atobikora, vyosiga iceyi izina ryiwe, ni ukuvuga ukuntu azwi.

3. Kubera iki dukeneye gukingirwa na Yehova muri iki gihe?

3 Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakeneye ko Yehova adukingira. Shetani yarirukanywe mw’ijuru, aza “afise ishavu ryinshi.” (Ivyah. 12:12) Yarashoboye gutuma bamwebamwe mu baturwanya biyumvira ko bariko bakorera “Imana igikorwa ceranda.” (Yoh. 16:2) Abatemera Imana na bo, baduhama baduhora ko twitandukanya n’ab’isi. Ico baduhora cose, turatekana. Uti kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Umukama ni umwizigirwa, kandi azobashikamisha yongere abarinde wa mubisha.” (2 Tes. 3:3) None Yehova adukingira gute? Reka turimbure uburyo bubiri adukingira.

YEHOVA ARATURONSA UMWAMBARO W’IBIRWANISHO

4. Twisunze Abanyefeso 6:13-17, ni ibiki Yehova yaturonkeje kugira ngo adukingire?

4 Yehova yaraturonkeje umwambaro w’ibirwanisho bishobora kudukingira ibitero vya Shetani. (Soma Abanyefeso 6:13-17.) Ivyo birwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, birakomeye kandi ni kirumara. Ariko rero bidukingira ari uko tuvyambaye vyose, kandi tukabigumana. None kimwekimwe cose kigereranya iki? Reka tubirabe.

5. Umukaba w’ukuri ni iki, kandi ni kubera iki dutegerezwa kuwambara?

5 Umukaba w’ukuri ugereranya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Kubera iki none dutegerezwa kwambara uwo mukaba? Kubera ko Shetani ari “se w’ikinyoma.” (Yoh. 8:44) Aramaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi abesha, kandi yarazimije “isi yose.” (Ivyah. 12:9) Ariko rero ukuri kwo muri Bibiliya kuradukingira uruhendo. None twambara gute uwo mukaba w’ikigereranyo? Tuwambara mu kwiga ukuri kwerekeye Yehova, mu kumusenga “mu mpwemu no mu kuri,” no mu kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.​—Yoh. 4:24; Ef. 4:25; Heb. 13:18.

Umukaba: Ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana

6. Igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi ni igiki, kandi ni kubera iki dutegerezwa kucambara?

6 Igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi kigereranya ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse. Kubera iki dutegerezwa kucambara? Kurya nyene igikingira igikiriza gikingira umutima w’umusoda ngo ntibawutobekeranye, ni ko n’igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi gikingira umutima wacu w’ikigereranyo, ni ukuvuga umuntu turi imbere, kugira ngo ntiyononwe n’ibintu bibi vy’iyi si. (Imig. 4:23) Yehova yiteze ko tumukunda tukongera tukamukorera n’umutima wacu wose. (Mat. 22:36, 37) Shetani rero aragerageza kugabura umutima wacu mu gutuma dukunda ibintu vy’iyi si, ibintu Yehova yanka. (Yak. 4:4; 1 Yoh. 2:15, 16) Igihe na ho uwo mukenyuro ata co ushitseko, aca agerageza gutuma dukora ikintu giteye kubiri n’ingingo ngenderwako za Yehova.

Igikingirizo c’igikiriza: Ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse

7. Twambara gute igikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi?

7 Ico gikingirizo c’igikiriza c’ubugororotsi, tucambara mu kwemera ingingo ngenderwako za Yehova zigenga iciza n’ikibi no mu kubaho tuzisunga. (Zab. 97:10) Hari abobona ko ingingo ngenderwako za Yehova zibazitira. Ariko hamwe tworeka kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, twoba tumeze nk’umusoda yokwambuye igikingira igikiriza kandi urugamba rushushe, yitwaje ngo kiraremereye cane. Ese ukuntu ubwo bwobaye ari ubupfu! Ariko abakunda Yehova, ntibabona ko amabwirizwa yiwe ‘ari umuzigo,’ ahubwo babona ko arokora ubuzima.​—1 Yoh. 5:3.

8. Bisobanura iki kugira ibirenge vyambaye inkuru nziza nk’inkweto?

8 Paulo kandi aduhanura ngo ibirenge vyacu vyambare inkuru nziza y’amahoro nk’inkweto. Ivyo bisobanura ko dukwiye kwama twiteguriye kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Igihe tubwiye abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya, na twebwe ukwizera kwacu kurakomera. Birakora ku mutima cane kubona ingene abasavyi ba Yehova bo hirya no hino kw’isi, bariko bararondera uturyo two kwamamaza inkuru nziza. Ivyo barabigira ku kazi, kw’ishure, mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji, ku nzu n’inzu, bagiye gusuma, bagendeye incuti zitizera, igihe baronse akaryo ko kuyagisha abo bazinanye, mbere n’igihe bidakunda ko bava muhira. Hamwe twogira ubwoba tugahagarika kwamamaza, twoba tumeze nk’umusoda yokuye ibirato kandi ari mu rugamba. Yociye akomereka ku birenge bitagoranye. Ivyo vyotumye adashobora kwirwanira, kandi bikamugora gukurikiza amategeko y’umukomanda wiwe.

Inkweto: Ukuba twiteguriye kwamamaza inkuru nziza

9. Kubera iki dukwiye kwitwaza inkinzo yagutse y’ukwizera?

9 Inkinzo yagutse y’ukwizera igereranya ukwizera Yehova. Turizigira ko azoshitsa ivyo yasezeranye vyose. Ukwo kwizera kuradushoboza “kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha.” Kubera iki none dukwiye kwitwaza iyo nkinzo yagutse? Kubera ko idukingira guhendwa n’inyigisho z’abahuni canke guterwa ubwoba n’ivyo abadutyoza batuvugako. Tudafise ukwizera, ntitwoshobora kuronka inkomezi zo gushikama igihe abandi bagerageje kutujijura ngo turenge ku ngingo ngenderwako za Yehova. Ariko rero igihe cose tuburaniye ukwizera kwacu turi ku kazi canke kw’ishure, tuba twitwaje iyo nkinzo. (1 Pet. 3:15) Igihe cose twanse gukora akazi kotuma turonka amahera menshi mugabo koduhungabanya mu vy’impwemu, tuba twitwaje inkinzo yacu. (Heb. 13:5, 6) Vyongeye, igihe cose tugumye dukorera Yehova naho twoba turi mu ruhamo, tuba dukingiwe n’iyo nkinzo yacu.​—1 Tes. 2:2.

Inkinzo: Ukwizera Yehova be n’ivyo yasezeranye

10. Inkofero y’ubukiriro ni iki, kandi ni kubera iki dutegerezwa kuyambara?

10 Inkofero y’ubukiriro ni icizigiro Yehova aduha c’uko azodukiza urupfu, akongera agaha impera abakora ivyo agomba bose. (1 Tes. 5:8; 1 Tim. 4:10; Tito 1:1, 2) Kurya nyene inkofero ikingira umutwe w’umusoda, ni ko n’icizigiro c’ubukiriro gikingira ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira. Uti mu buryo ki? Ico cizigiro gituma tugumiza umutima ku vyo Imana yasezeranye, kikongera kigatuma tudata umutwe kubera ingorane. None iyo nkofero tuyambara gute? Tuyambara mu kuguma twihatira kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Nk’akarorero, turizigira Imana aho kwizigira ubutunzi butari ubwo kwizigirwa.​—Zab. 26:2; 104:34; 1 Tim. 6:17.

Inkofero: Icizigiro c’ubuzima budahera

11. Inkota y’impwemu ni iki, kandi ni kubera iki dukwiye kuyikoresha?

11 Inkota y’impwemu ni Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Iyo nkota irafise ububasha bwo gushira ahabona ubwoko bwose bw’ibinyoma, gutyo ikabohora abantu mu nyigisho z’ikinyoma no mu ngeso mbi. (2 Kor. 10:4, 5; 2 Tim. 3:16, 17; Heb. 4:12) Turiga gukoresha neza iyo nkota biciye ku kwiyigisha, be no mu kumenyerezwa turonswa n’ishirahamwe ry’Imana. (2 Tim. 2:15) Uretse uwo mwambaro w’ibirwanisho, Yehova arakoresha ubundi buryo bukomeye bwo kudukingira. None ni ubuhe?

Inkota: Ijambo ry’Imana, Bibiliya

NTITURWANA TURI TWENYENE

12. Ni ikindi kintu ikihe dukenera, kandi kubera iki?

12 Umusoda amenyereye urugamba, arazi ko atotsinda ingabo nyinshi ari wenyene. Arakenera gufashwa n’abandi basoda bagenziwe. Na twebwe, ntidushobora gutsinda Shetani n’abayoboke biwe turi twenyene. Turakenera gufashwa n’abavukanyi na bashiki bacu. Yehova yaraturonkeje ‘umuryango w’abavukanyi’ ukwiye kw’isi yose, bama biteguriye kudufasha.​—1 Pet. 2:17.

13. Twisunze Abaheburayo 10:24, 25, kwitaba amakoraniro bitugirira akamaro gute?

13 Uburyo bumwe turonkamwo imfashanyo, ni mu kwitaba amakoraniro. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Iyo ducitse intege, nk’uko twese bidushikira, amakoraniro arashobora kuturemesha. Turaremeshwa n’inyishu zikora ku mutima abavukanyi na bashiki bacu batanga. Ibiganiro be n’imyerekano bashikiriza, birakomeza umwiyemezo dufise wo gukorera Yehova. Ibiyago tugiranira imbere y’amakoraniro be n’inyuma y’ayo, na vyo nyene biraturemesha. (1 Tes. 5:14) Vyongeye, amakoraniro araduha akaryo ko kwironkera umunezero uva ku gufasha abandi. (Ivyak. 20:35; Rom. 1:11, 12) Ariko rero amakoraniro aradufasha no mu bundi buryo. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, aratuma turushiriza kuba abahanga mu rugamba turimwo, mu kuturonsa ivyo dukenera vyose mu gikorwa co mu ndimiro. Nk’akarorero, turiga gukoresha neza vya bikoresho vyacu bidufasha kwigisha. Nuze rero urategura neza amakoraniro y’ishengero. Igihe uri mw’ikoraniro, niwumvirize witonze. Inyuma yaryo na ho, ushire mu ngiro ukumenyerezwa waronse. Ivyo niwabigira, uzoba “umusoda mwiza wa Kristu Yezu.”​—2 Tim. 2:3.

14. Ni bande kandi badushigikira?

14 Turashigikirwa kandi n’amamiliyoni y’abamarayika b’abanyabubasha. Iyumvire ivyo umumarayika umwe gusa ashobora gukora! (Yes. 37:36) Ubu na ho, nuzirikane ivyo ingabo zose zikomeye z’abamarayika zishobora kurangura. Nta muntu n’umwe canke idayimoni n’imwe yokwihanga ingabo za Yehova zikomeye. Bivugwa ko umusavyi wa Yehova umwe, iyo ari kumwe na Yehova, aba akomeye kuruta abansi isinzi. (Abac. 6:16) Ukwo ni ukuri kwuzuye! Urama rero wibuka ivyo bintu igihe cose hagize uwo mukorana, uwo mwigana, canke uwo mu muryango wawe avuze ikintu canke akoze ikintu kigutera ubwoba. Niwibuke ko iyo ntambara utayirwana wenyene. Uyobowe na Yehova.

YEHOVA AZOBANDANYA KUDUKINGIRA

15. Twisunze Yesaya 54:15, 17, kubera iki ata wuzokwigera ahagarika igikorwa c’abasavyi b’Imana?

15 Hariho ibintu vyinshi bituma iyi si ya Shetani itwanka. Tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike, kandi ntidufata ibirwanisho. Turamamaza izina ry’Imana, tukamenyesha ko Ubwami bwayo ari bwo bwonyene buzozana amahoro, tukongera tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zayo zigororotse. Turerekana ko umutware w’iyi si ari umubeshi akaba n’umwicanyi katwa. (Yoh. 8:44) Vyongeye, turatangaza ko iyi si ya Shetani igiye kurandurwa. Naho ari ukwo, Shetani n’abayoboke biwe ntibazokwigera batunumya. Ahubwo tuzoguma dushemeza Yehova dukoresheje uburyo bwose bushoboka. Naho Shetani akomeye cane, ntiyigeze abuza ko inkuru nziza ishikira abantu bo hirya no hino kw’isi. Ivyo bishoboka gusa kubera ko Yehova adukingira.​—Soma Yesaya 54:15, 17.

16. Yehova azorokora gute abasavyi biwe mu gihe ca ya makuba akomeye?

16 None ni ibiki biraririye gushika? Muri ya makuba akomeye, Yehova azoturokora mu buryo bubiri butangaje. Ubwa mbere, azorokora abasavyi biwe b’intahemuka niyasangangura Babiloni Akomeye, ya nganji y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 17:16-18; 18:2, 4) Ubukurikira, azorokora abasavyi biwe kuri Harumagedoni niyaherengeteza imice isigaye y’isi ya Shetani.​—Ivyah. 7:9, 10; 16:14, 16.

17. Kuguma twiyegereje Yehova bitugirira akamaro gute?

17 Igihe tugumye twiyegereje Yehova, nta kintu na kimwe Shetani yokora cotugirira nabi ibihe bidahera. Nkako, ni we azorandurwa gushika ibihe bidahera. (Rom. 16:20) Niwambare rero wa mwambaro ukwiye w’ibirwanisho, kandi uwugumane! Ntugerageze kurwana urugamba uri wenyene. Nushigikire abavukanyi na bashiki bacu. Vyongeye, nukurikize ubuyobozi Yehova atanga. Ubigenjeje gutyo, urashobora kwizigira ko Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru agukunda azogukomeza akongera akagukingira.​—Yes. 41:10.

URURIRIMBO RWA 149 Ururirimbo rw’intsinzi

^ ing. 5 Bibiliya idusezeranira ko Yehova azodukomeza akongera akadukingira ivyotugirira nabi mu vy’impwemu, canke ikindi kintu cose cotugirira nabi ibihe bidahera. Iki kiganiro kiraza kuturonsa inyishu z’ibi bibazo: Kubera iki dukeneye gukingirwa? Yehova adukingira gute? Vyongeye, dutegerezwa gukora iki kugira ngo Yehova adukingire?