Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 10

Ingene ishengero ryofasha abiga Bibiliya gutera imbere bakabatizwa

Ingene ishengero ryofasha abiga Bibiliya gutera imbere bakabatizwa

‘Igihimba kimwe cose kirafasha kugira habe ugukura kw’umubiri.’​—EF. 4:16.

URURIRIMBO RWA 85 Nimwakirane

INCAMAKE *

1-2. Ni bande bashobora gufasha umutohoji wa Bibiliya gutera imbere akabatizwa?

UWITWA Amy wo muri Fiji, avuga ati: “Narakunda ivyo nariko ndiga muri Bibiliya. Narabona ko ari ukuri. Ariko rero, igihe natangura kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera, ni ho nagiye kugira ivyo mpindura ngatera imbere gushika ku kubatizwa.” Ivyo vyashikiye Amy, birashigikira iki ciyumviro gihambaye: Igihe umwigishwa wa Bibiliya afashijwe n’abandi bo mw’ishengero, usanga arushiriza gutera imbere agashika ku kubatizwa.

2 Buri mwamamaji, arashobora kugira ico aterereye kw’iterambere ry’ishengero. (Ef. 4:16) Umutsimvyi yitwa Leilani, wo mw’izinga ryitwa Vanuwatu, avuga ati: “Barayamaze bati: ‘Umwana si uw’umwe.’ Nibaza ko ari ko biri no mu bijanye no guhindura abantu abigishwa. Mu bisanzwe, ishengero ryose riragira uruhara mu gufasha umuntu kuza mu kuri.” Abo mu muryango, abagenzi be n’abigisha, bose baragira uruhara mu gufasha umwana gushika abaye umuntu akuze. Ivyo babikora mu kumutera intege no mu kumwigisha ivyigwa bihambaye. Muri ubwo buryo nyene, abamamaji barashobora kugira inama abariko bariga Bibiliya, bakabatera intege bakongera bakabaha akarorero keza, gutyo bakabafasha gutera imbere gushika kw’ibatisimu.​—Imig. 15:22.

3. Wigira iki ku vyavuzwe na Ana, Dorin, na Leilani?

3 Kubera iki none uwuyobora inyigisho ya Bibiliya, akwiye kwemera ko abandi bamamaji bamufasha? Raba ivyo umutsimvyi adasanzwe yitwa Ana wo muri Moldaviya yavuze. Yagize ati: “Biragoye ko umuntu umwe afasha uwo yigisha Bibiliya mu mice yose igihe atanguye gutera imbere.” Uwundi mutsimvyi adasanzwe yitwa Dorin na we nyene akorera muri ico gihugu, avuga ati: “Akenshi abandi bamamaji barabwira umwigishwa ikintu kimukora ku mutima, ikintu ntokwigeze niyumvira.” Umwe Leilani na we aratanga iyindi mvo. Agira ati: “Urukundo n’igishika bamugaragariza, biramwereka ko ari abasavyi ba Yehova koko.”​—Yoh. 13:35.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Ariko rero woshobora kwibaza uti: ‘Nofasha gute uwuriko ariga Bibiliya gutera imbere kandi atari jewe ndamwigisha?’ Nimuze turabe ivyo twokora igihe hari uwo duherekeje ku nyigisho yiwe ya Bibiliya, be n’ivyo twokora igihe iyo nyigisho itanguye kwitaba amakoraniro. Turaza no kubona ingene abakurambere bofasha abiga Bibiliya gutera imbere bakabatizwa.

IGIHE WAHEREKEJE UWUNDI KU NYIGISHO

Igihe hari uwagusavye ko mwojana ku nyigisho ya Bibiliya, nutegure icigwa muza kwiga (Raba ingingo ya 5-7)

5. Igihe waherekeje umuntu ku nyigisho yiwe ya Bibiliya uba ufise uruhara uruhe?

5 Mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya, umwigisha ni we ahanini afise ibanga ryo gufasha uwo yigisha gutahura Ijambo ry’Imana. Igihe agusavye ngo mujane, ukwiye kubona ko uri umufasha gusa. Uruhara rwawe ni urwo kumwunganira. (Umus. 4:9, 10) None neza na neza wokora iki kugira ngo umwunganire mu buryo bwiza?

6. Iyo ugire uherekeze umuntu ku nyigisho, woshira mu ngiro gute ibivugwa mu Migani 20:18?

6 Niwitegurire iyo nyigisho. Ubwa mbere, nusabe uwo mujana akubwire muri make ibijanye n’iyo nyigisho yiwe. (Soma Imigani 20:18.) Woshobora kumubaza uti: “Uwo muntu wigisha, ivyiwe vyifashe gute? Muzokwiga icigwa ikihe? Wipfuza ko atahura iki muri ico cigwa? Hoba hari ico nokora canke nokwirinda igihe tuzoba turi kuri iyo nyigisho? Ubona noremesha gute uwo munyeshure kugira ngo atere imbere?” Birumvikana ko uwo mwigisha atazovuga amakuru y’ibanga y’uwo yigisha, ariko ivyo azokubwira birashobora kugira ico biterereye. Umumisiyonari umwe yitwa Joy, aragirana ikiyago nk’ico n’abo bajana kuraba inyigisho yiwe. Avuga ati: “Ikiyago nk’ico kirafasha uwo twajanye kwitwararika uwo munyeshure, no kumenya ico yoterera mu gihe c’inyigisho.”

7. Kubera iki bikenewe ko witegura naho woba waherekeje uwundi ku nyigisho?

7 Iyo hari uwugusavye ngo mujane ku nyigisho, vyoba vyiza uteguye icigwa bazokwiga. (Ezr. 7:10) Wa muvukanyi Dorin twavuga, agira ati: “Igihe uwo twajanye yateguye icigwa, birandyohera. Aca agira ico aterereye mu buryo ngirakamaro.” Vyongeye, uwo mwigishwa yoshobora kubona ko mwempi mwiteguye neza, maze ivyo bikamuha akarorero keza. Naho bitokunda ko utegura ico cigwa mu buryo bwimbitse, nufate n’imiburiburi akanya ko kwihweza ivyiyumviro nyamukuru birimwo.

8. Wokora iki kugira ngo isengesho utura ku nyigisho ya Bibiliya ribe irikora ku mutima?

8 Kubera ko isengesho ari ikintu gihambaye mu gihe c’inyigisho, nuzirikane imbere y’igihe ivyo wovuga hamwe bogusaba gutura isengesho. Aho ni ho rizorushiriza kuba irikora ku mutima. (Zab. 141:2) Uwitwa Hanae wo mu Buyapani, aracibuka amasengesho yaturwa na mushiki wacu yaba yaherekeje uwamwigisha Bibiliya. Avuga ati: “Narumva ko afitaniye ubucuti somambike na Yehova, bica bituma nipfuza kumera nka we. Igihe yaba ariko arasenga agashiramwo n’izina ryanje, naca numva kandi ko nkundwa.”

9. Twisunze Yakobo 1:19, wokora iki kugira ngo ube umwunganizi mwiza mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya?

9 Niwunganire umwigisha. Umutsimvyi umwe adasanzwe wo muri Nijeriya yitwa Omamuyovbi, avuga ati: “Umwunganizi mwiza, arakurikirana neza mu gihe c’inyigisho. Araterera ivyiyumviro vyiza, ariko ntavuga menshi kuko aba azi ko umwigisha ari we ayobora iyo nyigisho.” None womenya gute igihe wogira ico uterereye, be n’ingene wobigenza? (Imig. 25:11) Niwumvirize witonze igihe umwigisha be n’umunyeshure bariko baravuga. (Soma Yakobo 1:19.) Aho honyene ni ho uzomenya nimba bikenewe ko hagira ico uterera. Ariko rero, urakwiye kugira uburimbane. Nk’akarorero, ntivyoba vyiza uvuze menshi, ugiye uraciramwo umwigisha, canke ukinjizamwo iciyumviro gitandukanye n’ivyo muriko muriga. Ariko urashobora gutanga iciyumviro kigufi, ikigereranyo, canke ukabaza akabazo kugira ngo utume iciyumviro kirushiriza gutomoka. Hari n’igihe wobona ko bidakenewe yuko hagira ico wongerako. Ariko niwakeza uwo mwigishwa ukongera ukamwereka ko umwitwararitse, bizomufasha cane gutera imbere.

10. Kuyagira umwigishwa ibikwerekeye vyomufasha gute?

10 Nubiganire ibikwerekeye. Igihe ubona ko bibereye, woshobora gucira ku mayange uwo mwigishwa ibijanye n’ingene wamenye ukuri, ingene watsinze intambamyi kanaka, canke ingene wiboneye ukuntu Yehova yagiye aragufasha mu buzima bwawe. (Zab. 78:4, 7) Hari n’aho wosanga ivyo nyene ari vyo uwo mwigishwa yari akeneye kwumva. Vyoshobora gukomeza ukwizera kwiwe canke bikamuremesha gutera imbere gushika kw’ibatisimu. Vyoshobora no kumwereka ingene yotsinda ikigeragezo ariko aracamwo. (1 Pet. 5:9) Uwitwa Gabriel wo muri Brezile, ubu akaba ari umutsimvyi, aribuka ivyamufashije igihe yariko ariga Bibiliya. Agira ati: “Igihe numva ivyo abavukanyi baciyemwo, naciye mbona ko Yehova abona ingorane ziba ziriko ziradushikira. Naciye mbona kandi ko nimba barashoboye kuzitsinda, na jewe nzozitsinda.”

IGIHE UMWIGISHWA YITAVYE AMAKORANIRO

Twese turashobora kuremesha umwigishwa kubandanya yitaba amakoraniro (Raba ingingo ya 11)

11-12. Kubera iki dukwiye kwakirana igishika umwigishwa yitavye amakoraniro?

11 Kugira ngo umwigishwa atere imbere gushika ku kubatizwa, ategerezwa kwama yitaba amakoraniro kandi akayungukirako. (Heb. 10:24, 25) Umwigisha yoshobora kumutumira kwitaba ikoraniro ari bwo bwa mbere. Aryitavye, twese turashobora kumuremesha kuzoguma aza ku Ngoro y’Ubwami. None neza na neza twobigira gute?

12 Nuhe ikaze uwo mwigishwa ubigiranye igishika. (Rom. 15:7) Umwigishwa niyumva yisanze ku makoraniro, hari aho bizotuma yipfuza kuguma aza ku Ngoro y’Ubwami. Numuramutse ubigiranye igishika wongere umumenyeshe abandi, mugabo utiriwe uratuma agira ubuyega. Ntiwiyumvire ngo uwumwigisha Bibiliya aramwitwararika, kuko vyoshika akaba atarashika canke akaba afatiriwe n’ibindi bikorwa vyo mw’ishengero. Niwumvirize witonze uwo mwigishwa, wongere umwereke ko umwitwararitse. None kumwakirana igishika bishobora kumufasha gute? Raba ivyashikiye umuvukanyi umwe yitwa Dmitrii, uwumaze imyaka mikeyi abatijwe, mugabo ubu akaba ari umukozi w’ishengero. Yibutse ingene vyagenze igihe yitaba ikoraniro ari bwo bwa mbere, avuga ati: “Hari umuvukanyi yambonye mpagaze hanze y’Ingoro y’Ubwami natinye kwinjira, aca aza kuntora anjana mu Ngoro y’Ubwami abigiranye umutima mwiza. Abatari bake baciye baza kundamutsa. Emwe naratangaye cane. Vyarankoze ku mutima cane, ku buryo naciye nipfuza ko twoza turagira ikoraniro buri musi. Ivyo nahabonye, nta handi nari bwabibone.”

13. Ingene wigenza bishobora kugira ico bikoze gute ku mwigishwa wa Bibiliya?

13 Nutange akarorero keza. Inyifato yawe, irashobora gutuma umwigishwa wa Bibiliya ajijuka ko yubuye ukuri. (Mat. 5:16) Uwitwa Vitalii, akaba ari umutsimvyi wo muri Moldaviya, avuga ati: “Nararaba ingene abo mw’ishengero babayeho, ingene biyumvira be n’ingene bigenza. Ivyo vyaranjijuye ko Ivyabona bari mw’idini ry’ukuri.”

14. Akarorero utanga kofasha gute umwigishwa gutera imbere?

14 Kugira ngo umwigishwa ashobore kubatizwa, arakenera gushira mu ngiro ivyo ariko ariga. Ivyo ntivyama vyoroshe. Ariko yiboneye ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bikugirira akamaro, vyoshobora gutuma yipfuza kukwigana. (1 Kor. 11:1) Rimbura akarorero k’umwe Hanae twavuga. Agira ati: “Naribonera ingene abavukanyi na bashiki bacu bashira mu ngiro ivyo nariko ndiga. Narabigiyeko ingene noba umuntu aremesha, ababarira abandi kandi akundana. Bama bavuga neza abandi. Naciye nipfuza kubigana.”

15. Mu Migani 27:17 hadufasha gute kubona igituma dukwiye kugiranira ubugenzi n’uwiga Bibiliya uko abandanya kwitaba amakoraniro?

15 Numugire umugenzi. Uko umwigishwa abandanya kwitaba amakoraniro, nugume umwereka ko umwitwararitse. (Flp. 2:4) Ubona gute ugiye uramuyagisha? Utiriwe uramwinjirira mu buzima, woshobora kumukeza ku bw’amahinduka amaze kugira, ukamubaza n’ingene abona ivyo ariko ariga, ivyerekeye umuryango wiwe be n’ibijanye n’akazi. Ivyo biyago vyoshobora gutuma murushiriza kuba abagenzi. Iyo umugize umugenzi, birashobora gutuma atera imbere akabatizwa. (Soma Imigani 27:17.) Hanae ubu ni umutsimvyi asanzwe. Yibutse igihe yatangura kwitaba amakoraniro, avuga ati: “Igihe naronka abagenzi mw’ishengero, si je nabona umusi w’amakoraniro urageze. Kandi narayitaba n’igihe naba ndushe. Narahimbarwa no kwifatanya n’abo bagenzi bashasha, ivyo bikaba vyatumye mpeba abagenzi tudasangiye ukwizera. Narumva nipfuza kurushiriza kwiyegereza Yehova hamwe n’abo dusangiye ukwemera. Ivyo vyatumye mfata ingingo yo kubatizwa.”

16. Ni ikindi kintu ikihe wokora kugira ngo ufashe uwiga Bibiliya kwumva yisanze mw’ishengero?

16 Uko umwigishwa abandanya gutera imbere no kugira ivyo ahinduye, numufashe kugira yumve ko ari mu bagize ishengero. Ivyo wobigira mu kuba umwakiranyi. (Heb. 13:2) Uwitwa Denis akorera muri Moldaviya, yibutse igihe yari akiriko ariga Bibiliya, avuga ati: “Akenshi twe n’umugore wanje abavukanyi baradutumira kuja kwifatanya na bo. Baratubwira ukuntu biboneye ingene Yehova yabafashije. Ivyo vyaraturemesha. Ivyo biringo vyarakomeje icipfuzo twari dufise co gukorera Yehova, biranadukura amazinda ko vyotumye tugira ubuzima bwiza cane.” Umwigishwa amaze kwemererwa kuba umwamamaji, urashobora no kumusaba ngo mujane mu ndimiro. Umwamamaji wo muri Brezile yitwa Diego, avuga ati: “Abavukanyi benshi baransaba ngo tujane mu ndimiro. Ubwo bwari uburyo bwiza cane bwo kubamenya neza. Uko twajana ni ko nabigirako vyinshi kandi nkumva ko ndushirije kwiyegereza Yehova na Yezu.”

ABAKURAMBERE BOFASHA GUTE?

Bakurambere, kwitwararikana igishika abigishwa, birashobora gutuma batera imbere (Raba ingingo ya 17)

17. Abakurambere bofasha gute abigishwa ba Bibiliya?

17 Nimuronderere akanya abiga Bibiliya. Bakurambere, kwitwararikana urukundo abariko bariga Bibiliya, birashobora gutuma batera imbere bakabatizwa. Mubona gute mugiye murayagisha abigishwa bitavye amakoraniro? Bazobona ko ubitwararika niwibuka amazina yabo, na canecane igihe batanguye gutanga inyishu. Ubona wogira ivyo uhinduye kugira uze uraherekeza umwamamaji ku nyigisho yiwe? Woshobora gusanga wafashije cane uwo mwigishwa mu buryo utaziga. Umutsimvyi umwe wo muri Nijeriya yitwa Jackie, avuga ati: “Abenshi mu bo nigisha Bibiliya barumirwa igihe bamenye ko umuvukanyi twajanye ari umukurambere. Umwe muri bo yambwiye ati: ‘Ivyo umupasitori wacu ntiyokwigera abigira. Agendera abatunzi gusa kandi na ho nyene iyo bemeye kumuha amahera!’” Ubu uwo mwigishwa aritaba amakoraniro.

18. Abakurambere borangura gute ibanga bajejwe nk’uko bivugwa mu Vyakozwe 20:28?

18 Nimumenyereze abayobora inyigisho za Bibiliya mwongere mubaremeshe. Bakurambere, murafise ibanga rihambaye ryo gufasha abamamaji kugira babe kirumara mu ndimiro, ushizemwo no kuba abigisha beza. (Soma Ivyakozwe 20:28.) Nimba umwamamaji atinya kuyobora inyigisho ya Bibiliya muri kumwe, numusabe abe ari wewe uyiyobora. Umwe Jackie twavuga, agira ati: “Abakurambere bama bambaza ibijanye n’abo nigisha Bibiliya. Iyo babonye ko vyangoye kuyobora inyigisho ya Bibiliya, barampa impanuro ngirakamaro.” Abakurambere barashobora kuremesha cane abamamaji bayobora inyigisho za Bibiliya. (1 Tes. 5:11) Jackie yongerako ati: “Ndaryoherwa cane igihe abakurambere bandemesheje, bakongera bakambwira ko bakenguruka igikorwa ndangurana umwete. Ayo majambo aranduhurira nka kurya kw’amazi apfutse iyo hashushe. Izo ndemesho ziratuma ndushiriza gutekana, no kugira umunezero mwinshi mu gikorwa co kuyobora inyigisho za Bibiliya.”​—Imig. 25:25.

19. Ni umunezero uwuhe twese dushobora kugira?

19 Naho ubu tutoba dufise inyigisho tuyobora, turashobora kugira uwo dufashije gutera imbere mu vy’impwemu. Tutiriwe turavuga menshi, turashobora kwunganira uwuyobora inyigisho ya Bibiliya, mu gushikiriza ivyiyumviro twateguye neza. Turashobora kubera abagenzi abigishwa baje ku Ngoro y’Ubwami, tukongera tukababera uburorero bwiza. Abakurambere na bo barashobora kuremesha abigishwa ba Bibiliya mu kumarana umwanya na bo, bakongera bakaremesha ababigisha mu kubamenyereza no mu kubakeza. None ga yemwe, hari umunezero twogira woza uruta kumenya ko twagize uruhara na rutoyi mu gufasha umuntu gukunda Umuvyeyi wacu Yehova no kumukorera?

URURIRIMBO RWA 79 Nubigishe kuguma bashikamye

^ ing. 5 Birashika bamwebamwe ntibaronke inyigisho ya Bibiliya bayobora. Naho ari ukwo, twese turashobora kugira uwo dufashije gutera imbere akabatizwa. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene umwe wese muri twebwe yofasha uwuriko ariga Bibiliya gushika kuri iryo hangiro.