Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 9

Bavukanyi mukiri bato, mwokora iki ngo abandi babizigire?

Bavukanyi mukiri bato, mwokora iki ngo abandi babizigire?

“Ufise igitero cawe c’imisore nk’amama y’ikime.”​—ZAB. 110:3.

URURIRIMBO RWA 39 Twiheshe izina ryiza ku Mana

INCAMAKE *

1. Ni gute abavukanyi bacu bakiri bato ari kirumara?

YEMWE bavukanyi mukiri bato, hariho vyinshi mushobora gukora. Abenshi muri mwebwe murafise inguvu n’inkomezi. (Imig. 20:29) Murafasha cane ishengero. Mushobora kuba mwipfuza cane kuba abakozi b’ishengero. Ariko rero, mwoshobora kwiyumvira yuko abandi babona ko mukiri bato cane, canke ko mutaramenya utuntu n’utundi, ku buryo muzezwa amabanga ahambaye. Naho mwoba mukiri bato, hariho ibintu mwokora ubu kugira ngo mutume abo mw’ishengero babizigira bongere babubahe.

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Muri iki kiganiro, turaza gushimika cane ku buzima bw’Umwami Dawidi. Turaza no guca ku mayange ivyashikiye abami babiri ba Yuda, ari bo Asa na Yehoshafati. Turaza kurimbura ingorane zashikiye abo bantu batatu, ingene bavyifashemwo, be n’ivyo abavukanyi bakiri bato bobigirako.

IVYO WOKWIGIRA KU MWAMI DAWIDI

3. Ni mu buryo bumwe ubuhe abakiri bato boshobora gufasha abo mw’ishengero bitereye mu myaka?

3 Igihe Dawidi yari akiri muto, hari ibintu vyatuma abandi bamushima. Yarakunda Imana cane, akaba umuhanga mu gucuraranga, akongera agakoresha ubwo buhanga mu gufasha Sauli, umwami yari yagenywe n’Imana. (1 Sam. 16:16, 23) Yemwe bavukanyi mukiri bato, hoba hari ubuhanga mufise bwoshobora kugirira akamaro abandi mw’ishengero? Abenshi murabufise. Nk’akarorero, mushobora kuba mumaze kubona ko abitereye mu myaka bamwebamwe babikenguruka, hagize uwubereka ingene bokoresha utwuma twabo two mu buhinga bwa none, mu kwiyigisha be no mu makoraniro. Kuba muzi gukoresha utwo twuma, birashobora gufasha cane abo bitereye mu myaka.

Dawidi yarerekanye ko yitwararika ibintu kandi ko yari umwizigirwa mu kwitwararika intama za se, mbere aranazikingira idubu (Raba ingingo ya 4)

4. Cokimwe na Dawidi, abavukanyi bakiri bato bategerezwa kugaragaza kamere izihe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

4 Mu buzima bwiwe bwa misi yose, Dawidi yarerekanye ko yitwararika ibintu, kandi ko yari umwizigirwa. Nk’akarorero, igihe yari akiri muto, yaritwararika intama za se abigiranye umwete. Ico gikorwa nticari coroshe. Ni co gituma mu nyuma Dawidi yahavuye asigurira Umwami Sauli ati: “Umusuku wawe yacitse umwungere wa se mu mukuku; intambwe iraza, be n’idubu, kimwekimwe cose gitwara intama kiyikuye mu busho. Nanje ndagikurikira, ndagikubita, nkura nya gitungwa mu kanwa kaco.” (1 Sam. 17:34, 35) Dawidi yaritwararika cane izo ntama, akaba ari co gituma yazirwaniye abigiranye umutima rugabo. Abavukanyi bakiri bato barashobora kwigana Dawidi, mu gukorana umwete igikorwa cose bashingwa.

5. Twisunze Zaburi 25:14, ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose abavukanyi bakiri bato bokora ni ikihe?

5 Dawidi akiri muto, yaragiraniye ubugenzi somambike na Yehova. Ubwo bugenzi bwari buhambaye cane kuruta umutima rugabo wa Dawidi be n’ubuhanga yari afise mu gucuraranga. Dawidi ntiyabona ko Yehova ari Imana yiwe gusa, ahubwo yabona ko ari n’Umugenzi wiwe somambike. (Soma Zaburi 25:14.) Yemwe bavukanyi mukiri bato, ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose mwokora, ni ugukomeza ubucuti mufitaniye n’Umuvyeyi wanyu wo mw’ijuru, kandi ivyo vyoshobora gutuma mushingwa amabanga yiyongereye.

6. Abantu bamwebamwe babona gute Dawidi?

6 Dawidi yarihanganiye ukuntu abandi bamubona ukutari kwo. Nk’akarorero, igihe Dawidi yitanga ngo aje kurwanya Goliyati, Umwami Sauli yaragerageje kumuca intege, ati: “Uri agahungu gusa.” (1 Sam. 17:31-33) Imbere y’aho mwenewabo na Dawidi yari yamwagirije ko yita imbere. (1 Sam. 17:26-30) Ariko Yehova wewe ntiyabona ko Dawidi yari agahungu, canke ko yita imbere. Yari azi neza uwo musore. Nkako, Dawidi yarihetse ku nkomezi yahawe n’Umugenzi wiwe Yehova, maze arica Goliyati.​—1 Sam. 17:45, 48-51.

7. Wigira iki ku nkuru imwe yerekeye Dawidi?

7 Wokwigira iki none ku vyashikiye Dawidi? Biratwigisha ko dukwiye kwihangana. Vyoshobora gufata igihe kugira ngo abakuzi ukiri umwana babone ko umaze gukura. Ariko rero, wohera amazinda ko Yehova ataraba gusa ingene uboneka inyuma. Arakuzi neza, akamenya n’ivyo ushoboye gukora. (1 Sam. 16:7) Nukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana. Ivyo Dawidi yarabikoze mu kwitegereza yitonze ivyo Yehova yaremye. Dawidi yaragerageza gutahura ico ivyaremwe bihishura ku bijanye n’Umuremyi. (Zab. 8:3, 4; 139:14; Rom. 1:20) Ikindi kintu wokora, ni ukwitura Yehova ngo aguhe inkomezi. Nk’akarorero, hoba hari abo mwigana bagutwenga kubera yuko uri Icabona ca Yehova? Nimba ari ko biri, nusenge Yehova umusaba kwihanganira ico kigeragezo. Vyongeye, nukurikize impanuro ngirakamaro dusanga mw’Ijambo ryiwe, be no mu bitabu vyacu be n’amavidewo bishingiye kuri Bibiliya. Igihe cose ubonye ko Yehova agufashije kwihanganira ikigeragezo kanaka, urarushiriza kumwizigira. N’ikindi kandi, abandi nibabona ko wiheka kuri Yehova, bazorushiriza kukwizigira.

Abavukanyi bakiri bato barashobora gufasha abandi mu buryo butandukanye babigiranye ukwicisha bugufi (Raba ingingo ya 8-9)

8-9. Ni igiki cafashije Dawidi kurindira yihanganye gushika abaye umwami, kandi abavukanyi bakiri bato bomwigirako iki?

8 Rimbura iyindi ngorane yashikiye Dawidi. Inyuma y’aho arobanuriwe ngo abe umwami, vyabaye ngombwa ko arindira imyaka myinshi, kugira ngo yimikwe aganze Yuda. (1 Sam. 16:13; 2 Sam. 2:3, 4) None muri ico kiringo cose, ni igiki camufashije kurindira yihanganye? Aho gucika intege, Dawidi yagumye akora ivyo yari ashoboye. Nk’akarorero, igihe yahungira mu karere k’Abafilisitiya, yaciye akoresha ako karyo mu kurwanya abansi b’ihanga rya Isirayeli. Ivyo vyatumye akingira imbibe z’akarere ka Yuda.​—1 Sam. 27:1-12.

9 None ga bavukanyi mukiri bato, mwokwigira iki kuri ako karorero ka Dawidi? Nimukoreshe uturyo twose mufise mu gukorera abavukanyi banyu. Zirikana ivyashikiye umuvukanyi yitwa Ricardo. * Yatanguye kwipfuza ivyo kuba umutsimvyi asanzwe agitangura kuba umuyabaga. Ariko bamubwiye ko hataragera. Aho guca ashavura canke ngo abihebe, yaciye yongereza umwanya yamara mu ndimiro. Avuga ati: “Nsubije amaso inyuma, ndabona ko hariho ibintu nari nkeneye kubanza kuryohora. Naciye nihatira kuza ndakurikirana umuntu wese yaba yashimishijwe, nkongera nkitegura neza imbere yo gusubira kumugendera. Naranaronse n’umuntu wa mbere nigisha Bibiliya. Uko narushiriza kumenya utuntu n’utundi, ni ko narushiriza guhera ubwoba.” Ubu Ricardo ni umutsimvyi asanzwe kandi abishoboye, akaba n’umukozi w’ishengero.

10. Igihe kimwe Dawidi yakoze iki imbere y’uko afata ingingo ihambaye?

10 Zirikana ikindi kintu cashikiye Dawidi. Igihe Dawidi n’ingabo ziwe bari mu buhungiro, barasize imiryango yabo baja ku rugamba. Bamaze kugenda, abansi barateye imihana yabo, baraheza batwara imiryango yabo mu bunyagano. Dawidi yari gushobora kwiyumvira ko kubera ko yari amaze kuba umurwanyi karuhariwe, yari gushobora kugira umukenyuro wo kubabohoza. Aho kubigenza gutyo, Dawidi yarituye Yehova ngo amuhe ubuyobozi. Dawidi afashijwe n’umuherezi yitwa Abiyatari, yasiguje Yehova ati: “Nome inyuma ako kagwi k’abambuzi?” Yehova yaramubwiye ko yoboma inyuma, yongera aramukura amazinda ko vyomugendeye neza. (1 Sam. 30:7-10) None ni icigwa ikihe wokura kuri iyo nkuru?

Abavukanyi bakiri bato barakwiye gusaba impanuro abakurambere (Raba ingingo ya 11)

11. Wokora iki imbere yo gufata ingingo?

11 Nurondere impanuro imbere yo gufata ingingo. Nuhanuze abavyeyi bawe. Woshobora kandi kwitura abakurambere bazi utuntu n’utundi bakaguha impanuro nziza. Yehova arizigira abo bagabo bagenywe, kandi na wewe urakwiye kubizigira. Abo bagabo Yehova ababona ko ari “ingabirano” kw’ishengero. (Ef. 4:8) Niwigana ukwizera kwabo, ukongera ukumviriza impanuro nziza baguha, bizokugirira akamaro. Nimuze ubu na ho turabe ivyo twokwigira ku Mwami Asa.

IVYO WOKWIGIRA KU MWAMI ASA

12. Ni kamere izihe Umwami Asa yari afise igihe yatangura kuganza?

12 Igihe Umwami Asa yari akiri muto, yari umuntu yicisha bugufi kandi w’umutima rugabo. Nk’akarorero, igihe yasubirira ku ngoma se wiwe Abiya, yaratanguje urugamba rwo kurwanya ugusenga ibigirwamana. Vyongeye, “[yarabwiye] Yuda kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza babo no gushitsa itegeko n’ibwirizwa.” (2 Ngo. 14:1-7) Igihe na ho Zera Umunyetiyopiya yatera Yuda ari kumwe n’ingabo umuliyoni, Asa yaciye yambaza Yehova ngo amufashe, ati: “Ewe Yehova, ku bijanye no gutabara, nturaba ngo hari abantu benshi canke ngo hari abadafise inkomezi. Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije.” Ayo majambo akora ku mutima, arerekana ko Asa yari yizigiye cane ko Yehova yoshoboye kumukiza be n’abasavyi biwe. Asa yarizigiye Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru, kandi ‘Yehova yaratsinze Abanyetiyopiya.’​—2 Ngo. 14:8-12.

13. Ni ibiki vyahavuye bishikira Asa, kandi kubera iki?

13 Nta gukeka ko na wewe wemera ko kurwanya ingabo umuliyoni hatari aho gutuma umwana, ariko rero Asa yaratsinze urwo rugamba. Mugabo ikibabaje, igihe Asa yashikirwa n’ikintu kitari gikomeye nk’ico, ntiyituye Yehova. Igihe Asa yahangana na Bayasha Umwami wa Isirayeli, yituye umwami wa Siriya ngo amufashe. Ivyo vyaramukwegeye akarambaraye! Yehova abicishije ku muhanuzi Hanani, yabwiye Asa ati: “Ko wishimikije umwami wa Siriya, ntiwishimikize Yehova Imana yawe, ni co catumye inteko za gisirikare z’umwami wa Siriya zikira ukuboko kwawe.” Nkako, kuva ico gihe Asa yagumye mu ntambara z’urutavanako. (2 Ngo. 16:7, 9; 1 Abm. 15:32) None ni icigwa ikihe wohakura?

14. Wokwiheka gute kuri Yehova, kandi twisunze 1 Timoteyo 4:12, bizovamwo iki niwabigenza gutyo?

14 Nugume wicisha bugufi kandi ubandanye wiheka kuri Yehova. Igihe wabatizwa, warerekanye ko wizera cane Yehova kandi ko umwizigira. Yehova na we yaraguteye agateka n’umutima ukunze ko kuba mu bagize umuryango wiwe. Ico rero ukwiye gukora ubu, ni ukubandanya umwihekako. Vyoshobora kukworohera kwitura Yehova igihe uhanganye no gufata ingingo zihambaye mu buzima. Bite hoho mu bindi bihe? Birahambaye ko wizigira Yehova igihe ufata ingingo, ushizemwo izijanye n’ukwisamaza, akazi k’umubiri, be n’imigambi wishingira. Ntiwishimikize ubwenge bwawe. Ahubwo riho, nurondere ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’uko ivyawe vyifashe, uheze uzisunge. (Imig. 3:5, 6) Niwabigenza gutyo, uzotuma Yehova ahimbarwa, wongere utume abo mw’ishengero bakwubaha.​—Soma 1 Timoteyo 4:12.

IVYO WOKWIGIRA KU MWAMI YEHOSHAFATI

15. Twisunze 2 Ngoma 18:1-3; 19:2, Umwami Yehoshafati yakoze amakosa ayahe?

15 Cokimwe na twebwe twese, na wewe ntutunganye, akaba ari co gituma bizoshika ugakora amakosa. Ariko rero ivyo ntibikwiye kukubuza gukora ivyo ushoboye vyose mu murimo wa Yehova. Rimbura akarorero k’Umwami Yehoshafati. Yari afise kamere nziza nyinshi. Igihe yari akiri muto, ‘yararondeye Imana ya se kandi agendera mw’ibwirizwa ryayo.’ Vyongeye, yararungitse abaganwa mu bisagara vyose vya Yuda, kugira ngo bigishe abantu ivyerekeye Yehova. (2 Ngo. 17:4, 7) Ariko rero naho Yehoshafati yari yimereye neza, vyarashika agafata ingingo zitabereye. Igihe kimwe Yehoshafati yarafashe ingingo mbi, maze arakosorwa n’uwo Yehova yari yatumye. (Soma 2 Ngoma 18:1-3; 19:2.) None ni icigwa ikihe wokura kuri iyo nkuru?

Abavukanyi bakiri bato bakora cane kandi b’abizigirwa, barihesha izina ryiza (Raba ingingo ya 16)

16. Ivyashikiye Rajeev bikwigisha iki?

16 Niwemere impanuro uhabwa wongere uzishire mu ngiro. Cokimwe n’abandi bakiri bato benshi, bishobora kuba bikugora kumenya ivyo woshira imbere. Ntucike intege. Raba ivyashikiye umuvukanyi akiri muto yitwa Rajeev. Ku bijanye n’igihe yari akiri umuyabaga, avuga ati: “Muri iyo myaka, vyarashika simbone iyo ndiko ndaja. Cokimwe n’abandi bakiri bato benshi, nitaho cane kwinonora imitsi no kwiryohera, kuruta kuja mu makoraniro canke mu ndimiro.” None ni igiki camufashije? Hari umukurambere umwe w’umutima mwiza yamuhaye impanuro. Rajeev avuga ati: “Yaramfashije kuzirikana ku ngingo ngenderwako iri muri 1 Timoteyo 4:8.” Rajeev yarakiriye iyo mpanuro yicishije bugufi, yongera arasubira gusuzuma ivyo yoshira imbere mu buzima. Avuga ati: “Naciye niyemeza gushira imbere imigambi y’ivy’impwemu.” None vyavuyemwo iki? Rajeev asigura ati: “Haciye imyaka mikeyi ndonse iyo mpanuro, naragenywe kuba umukozi w’ishengero.”

NUNEZEREZE UMUVYEYI WAWE WO MW’IJURU

17. Abakuze babona gute abavukanyi bakiri bato bakorera Yehova?

17 Yemwe bavukanyi mukiri bato, abakuze barabakengurukira cane kuba mufadikanya na bo mu gukorera Yehova “[mu]huje inama.” (Zef. 3:9) Barakunda ingene ibikorwa mushingwa mubikorana umwete, inkomezi be n’umunezero. Barabakunda cane.​—1 Yoh. 2:14.

18. Nk’uko mu Migani 27:11 havyerekana, Yehova abona gute abavukanyi bakiri bato bamukorera?

18 Bavukanyi mukiri bato, ntimukigere mwibagira ko Yehova abakunda kandi ko abizigira. Yaravuze ko mu misi ya nyuma hobayeho ingabo nyinshi z’abakiri bato bokwitanze babikunze. (Zab. 110:1-3) Arazi yuko umukunda kandi ko wipfuza kumukorera uko ushoboye kwose. Niwihanganire abandi rero wongere wihangane ku bikwerekeye. Igihe ukoze amakosa, niwemere ukumenyerezwa n’ugutozwa indero uronka, ubone ko bivuye kuri Yehova. (Heb. 12:6) Nukorane umwete igikorwa cose bagushinga. N’ikiruta vyose, nunezereze Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru mu bintu vyose ukora.​—Soma Imigani 27:11.

URURIRIMBO RWA 135 ‘Ca ubwenge mwananje’

^ ing. 5 Uko abavukanyi bakiri bato batera imbere mu vy’impwemu, ni ko bipfuza kurushiriza gukorera Yehova. Kugira ngo babe abakozi b’ishengero, barakeneye kuguma bihesha icubahiro ku bagize ishengero. None ivyo bobishikako gute?

^ ing. 9 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.