Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 15

Ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze

Ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze

“Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye; nimumwumvirize.”​—MAT. 17:5.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

INCAMAKE *

1-2. Dondora ingene ibintu vyari vyifashe igihe Yezu yavuga amajambo ya nyuma imbere y’uko acikana.

NI KU murango, ku wa 14 Nisani mu mwaka wa 33. Inyuma y’aho Yezu yagirijwe ibinyoma agacirwa urubanza kandi ata caha kimwagira, baramushinyagurira, bakamukubagura bimwe bikomeye, mu nyuma bakamumanika ku giti co kubabarizwako. Baramutera imisumari mu biganza no mu birenge. Uko ahema, uko avuga, ni ko ababara. Naho ari ukwo ategerezwa kuvuga, kuko afise ibintu bihambaye abwirizwa kuvuga.

2 Nimuze turabe amajambo Yezu yavuze imbere y’uko acikanira ku giti co kubabarizwako, maze turabe n’ivyo tuhigira. Mu yandi majambo, nimuze ‘tumwumvirize.’​—Mat. 17:5.

“DATA, BABABARIRE”

3. Igihe Yezu yavuga ngo “Data, bababarire,” ashobora kuba yashaka kuvuga bande?

3 Yezu yavuze iki? Igihe bariko baramumanika ku giti, yasenze ati: “Data, bababarire.” None yariko asengera bande? Ivyo yavuze ubukurikira biradufasha kumenya abo ari bo. Yavuze ati: “[Ntibazi] ico bariko barakora.” (Luka 23:33, 34) Yezu ashobora kuba yariko avuga abasoda b’Abaroma bariko bamutera imisumari mu biganza no mu birenge. Ntibari bazi uwo ari we vy’ukuri. Ashobora kandi kuba yashaka kuvuga bamwebamwe muri rya sinzi ryasaba ngo yicwe, mugabo bohavuye bamwizera. (Ivyak. 2:36-38) Yezu ntiyaretse ngo akarenganyo yari yagiriwe gatume ababikira inzika. (1 Pet. 2:23) Ahubwo riho yasavye Yehova ngo ababarire abariko baramwica.

4. Twokwigira iki ku mutima Yezu yari afise wo kubabarira abamurwanya?

4 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Cokimwe na Yezu, turakwiye kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi. (Kol. 3:13) Bamwebamwe, ushizemwo n’incuti zacu, boshobora kuturwanya kubera ko badatahura ivyo twemera be n’ukuntu tubayeho. Boshobora kutubeshera, bakatumaramaza imbere y’abantu, bakaduturirira ibitabu, canke mbere bakadutera ubwoba ko bazotugirira nabi ku mubiri. Aho guca tubika inzika, twosaba Yehova ngo yugurure amaso y’abaturwanya kugira ngo umusi uri izina bazomenye ukuri. (Mat. 5:44, 45) Rimwe na rimwe vyoshobora kutugora kubabarira abandi, na canecane igihe badufashe nabi cane. Ariko tubitse inzika mu mutima, ni twe bigirira nabi. Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Ndazi ko kubabarira abandi bidasobanura kurenza uruho rw’amazi ku kibi canke kureka bakaturenganya. Bisobanura gusa ko mpitamwo kutababikira inzika.” (Zab. 37:8) Iyo tubabariye abandi, tuba duhisemwo kutareka ngo ibintu bibi vyadushikiye bitume tuguma dushavuye.​—Ef. 4:31, 32.

“UZOBA URI KUMWE NANJE MURI PARADIZO”

5. Yezu yasezeraniye iki umwe mu nkozi z’ikibi bari bamanikanywe, kandi ni kubera iki yabimusezeraniye?

5 Yezu yavuze iki? Yezu yari amanikanywe n’inkozi z’ikibi zibiri. Mu ntango, bompi barifatanije n’abariko baramutuka. (Mat. 27:44) Ariko mu nyuma, umwe muri bo yarahinduye ivyiyumviro. Yahavuye atahura ko Yezu ‘ata kintu na kimwe kitabereye yari yakoze.’ (Luka 23:40, 41) Ikigeretseko, yarerekanye ko yizera ko Yezu yozutse maze umusi uri izina akaba umwami. Yabwiye uwo Mukiza yariko aracikana ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” (Luka 23:42) Umve nawe ukwo kwizera kw’uwo mugabo! Yezu yaciye amwishura ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje [atari mu Bwami, ariko] muri Paradizo.” (Luka 23:43) Urabona ko ivyo Yezu yabimusezeraniye ku giti ciwe. Ayo majambo Yezu yayabwiye iyo nkozi y’ikibi yari ku mpfiro, kubera ko yari azi ko Se wiwe ari umunyembabazi.​—Zab. 103:8.

6. Twigira iki ku vyo Yezu yabwiye ya nkozi y’ikibi?

6 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Yezu ameze neza na neza nka Se. (Heb. 1:3) Yehova ariteguriye kutubabarira no kutugaragariza imbabazi. Ariko ivyo bishoboka iyo twigaye vy’ukuri ibintu bibi twakoze muri kahise, maze tukizera ko incungu ya Yezu Kristu ishobora gutuma tubabarirwa ibicumuro. (1 Yoh. 1:7) Hari abo vyogora kwemera ko Yehova ashobora kubaharira amakosa bakoze muri kahise. Nimba nawe bishika ukibaza gutyo, zirikana iki kintu: Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yaragiriye imbabazi ya nkozi y’ikibi kandi ari ho yari igitangura kumwizera. None wumva Yehova atorushirije kugirira imbabazi abasavyi biwe b’intahemuka, bakora uko bashoboye kwose kugira bagamburuke amabwirizwa yiwe?​—Zab. 51:1; 1 Yoh. 2:1, 2.

“NG’UYO UMWANA WAWE! . . . NG’UYO NYOKO WAWE!”

7. Twisunze Yohani 19:26, 27, Yezu yabwiye iki Mariya na Yohani, kandi ni kubera iki yabivuze?

7 Yezu yavuze iki? (Soma Yohani 19:26, 27.) Yezu yari arajwe ishinga na nyina wiwe, uwushobora kuba yari asigaye ari umupfakazi. Kumbure benewabo na Yezu bomuronkeje ivyo yokeneye ku mubiri. Ariko none ni nde yomuronkeje ivyo yokeneye mu vy’impwemu? Nta cemeza ko abo benewabo bari bwacike abigishwa biwe. Ariko Yohani wewe, yari intumwa yiwe yizigirwa, akaba n’umwe mu bagenzi biwe somambike. Yezu yabona ko abifatanya na we mu gusenga Yehova bari nk’umuryango wiwe wo mu buryo bw’impwemu (Mat. 12:46-50) Abitumwe rero n’urukundo yakunda Mariya be n’ukwitaho ineza yiwe, yaciye amuzeza Yohani kubera ko yari azi yuko yomwitwararitse mu vy’impwemu. Yezu yabwiye nyina wiwe ati: “Ng’uyo umwana wawe!” Yabwiye Yohani na we ati: “Ng’uyo nyoko wawe!” Kuva uwo musi, Yohani yaciye aba nk’umwana wa Mariya, yongera aza aramwitwararika nka nyina wiwe. Umve nawe ingene Yezu yerekanye ko akunda uwo mukenyezi w’agaciro yari yaramwitwararikanye urukundo kuva akivuka, kandi akaba yari hafi yiwe n’igihe yagira acikane!

8. Twigira iki ku vyo Yezu yabwiye Mariya na Yohani?

8 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Ubucuti dufitaniye n’abavukanyi na bashiki bacu, burashobora gukomera kuruta ubwo dufitaniye n’incuti zacu za hafi. Abo mu muryango wacu boshobora kuturwanya canke mbere bakaduta. Ariko nk’uko Yezu yabivuze, tugumye twumiye kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe, ivyo twahevye ‘tuzobironka incuro zirenga ijana.’ Abenshi muri bo bazotubera nk’abahungu bacu, abakobwa bacu, ba mawe na ba dawe. (Mrk. 10:29, 30) Wiyumva gute kuba uri mu muryango wo mu buryo bw’impwemu wunze ubumwe bivuye ku kwizera be n’urukundo bakunda Yehova hamwe n’urwo bakundana?​—Kol. 3:14; 1 Pet. 2:17.

“MANA YANJE, KUBERA IKI UMPEVYE?”

9. Ivyo Yezu yavuze muri Matayo 27:46 bitwigisha iki?

9 Yezu yavuze iki? Hasigaye gatoyi ngo Yezu acikane, yarasemereye ati: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye.” (Mat. 27:46) Bibiliya ntisigura igituma Yezu yavuze gutyo. Naho ari ukwo, reka turabe ivyo twigira kuri ayo majambo. Kimwe coco, mu kuvuga ayo majambo Yezu yariko arashitsa ubuhanuzi dusanga muri Zaburi 22:1. * N’ikindi kandi, ayo majambo arerekana ko Yehova atari yashizeho ‘uruzitiro rukingira’ Umwana wiwe. (Yobu 1:10) Yezu yaratahura ko Se wiwe yari yaretse ngo ageragezwa n’abansi biwe, ku rugero ata muntu n’umwe yari bwigere ashikanako. Vyongeye, ayo majambo yaremeza ko ata kibi na kimwe yari yakoze cari gutuma yicwa.

10. Ni ivyigwa ibihe dukura ku vyo Yezu yabwiye Se wiwe?

10 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Kimwe mu vyo twohigira, ni uko tutokwitega ko Yehova adukingira ibigerageza ukwizera kwacu. Nk’uko Yezu yageragejwe gushika ku rugero rwa nyuma, na twebwe dutegerezwa kuguma twiteguriye kuguma turi intahemuka gushika no ku rupfu igihe bibaye ngombwa. (Mat. 16:24, 25) Ariko rero, turakurwa amazinda ko Imana itazoreka ngo tugeragezwe ibirenze ivyo dushobora kwihanganira. (1 Kor. 10:13) Ikindi cigwa tuhigira, ni uko na twebwe dushobora kubabazwa duhorwa ubusa nka Yezu. (1 Pet. 2:19, 20) Abaturwanya ntibabigira baduhora ko hari ikibi tuba twakoze, ahubwo baduhora ko tutari ab’isi be n’uko dushingira intahe ukuri. (Yoh. 17:14; 1 Pet. 4:15, 16) Yezu yaratahura igituma Yehova yaretse ngo ababazwe. Ariko mu buryo butandukanye na Yezu, hari abasavyi ba Yehova b’intahemuka bashikiwe n’ibigeragezo, vyashitse bakibaza igituma yaretse ibintu bimwebimwe bikabashikira. (Hab. 1:3) Imana yacu y’inyembabazi kandi yihangana, iratahura ko abo bantu bataba babitumwe n’ukubura ukwizera. Baba bakeneye uruhoza Imana yonyene itanga.​—2 Kor. 1:3, 4.

“NDANYOTEWE”

11. Kubera iki Yezu yavuze amajambo dusanga muri Yohani 19:28?

11 Yezu yavuze iki? (Soma Yohani 19:28.) Kubera iki Yezu yavuze ngo: “Ndanyotewe”? Ivyo yabivuze “kugira icanditswe kiranguke,” ni ukuvuga ubuhanuzi dusanga muri Zaburi 22:15, ahagira hati: “Ububasha bwanje bwumye nk’urujo, ururimi rwanje na rwo rumatanijwe n’ibinyigishi vyanje.” Vyongeye, inyuma y’imibabaro yose yari yashikiye Yezu, ushizemwo n’ububabare bwinshi yagize ari ku giti co kubabarizwako, ategerezwa kuba yarumvise anyotewe cane. Yari akeneye rero uwomuha ico anywa.

12. Twokwigira iki ku majambo Yezu yavuze ngo “ndanyotewe”?

12 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Yezu ntiyabona ko kuvuga uko amerewe vyari ubugoyagoye, kandi na twebwe ntitwokwitinya kubigira. Akenshi hari aho twoshima kutabwira abandi ivyo tuba dukeneye. Ariko bishitse tugakenera gufashwa n’abandi, ntidukwiye kwitinya kubibasaba. Nk’akarorero, nimba twitereye mu myaka canke dufise ubumuga, twoshobora gusaba umugenzi ngo adutware aho dusumira ibintu canke kwa muganga. Igihe ducitse intege, twoshobora gusaba umukurambere canke umukirisu ahumuye ngo atwumvirize canke atubwire “ijambo ryiza” rituremesha. (Imig. 12:25) Nitwibuke ko abavukanyi na bashiki bacu badukunda, kandi ko bipfuza kudufasha “mu gihe c’amarushwa.” (Imig. 17:17) Mugabo ntibashobora kwibwira ibiri mu mutima wacu. Hari aho batoshobora kumenya ivyo dukeneye, kiretse tubibabwiye.

“BIRARANGUTSE!”

13. Kuba Yezu yagumye ari intahemuka gushika ku rupfu, vyatumye arangura ibiki?

13 Yezu yavuze iki? Nk’isaha icenda z’umuhingamo wo ku wa 14 Nisani, Yezu yasemereye ati: “Birarangutse!” (Yoh. 19:30) Imbere gatoyi y’uko Yezu acikana, yari yaranguye ibintu vyose Yehova yari amwitezeko. Kuba Yezu yagumye ari intahemuka gushika ku rupfu, vyatumye arangura ibintu bitari bike. Ica mbere, yarerekanye ko Shetani ari umubeshi. Yezu yarerekanye ko umuntu atunganye yari kuguma ari intahemuka naho Shetani yari gukora iki. Ica kabiri, Yezu yaratanze ubuzima bwiwe ngo bube incungu. Urupfu rwiwe rwo kwitanga rwaratumye abantu badatunganye bashobora gushimwa n’Imana, rwongera rutuma bagira icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Ica gatatu, Yezu yarerekanye ko Yehova ari Umutware agororotse, yongera arakura iceyi kw’izina rya Se.

14. Buri musi dukwiye kuwufata gute? Sigura.

14 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo twame turi intahemuka buri musi. Rimbura ivyo umuvukanyi Maxwell Friend yavuze, akaba yahoze ari umwigisha mw’Ishure rya Gileyadi. Mu nsiguro imwe ivuga ibijanye n’ukudahemuka yashikirije kw’ihwaniro mpuzamakungu, yavuze ati: “Ivyo wokora canke wovuga uyu musi, ntubirindirize ejo. Ubwirwa n’iki ko ejo uzoba ukiriho? Buri musi, nuwufate nk’akaryo ka nyuma ufise ko kwerekana ko ubereye kubaho ibihe bidahera.” Ese natwe buri musi twowufata nk’akaryo ka nyuma ko kugaragaza ko turi intahemuka! Gutyo naho vyoshika tugapfa, ni ho twovuga duti: “Yehova, narihatiye kuguma ndi intahemuka, nderekana ko Shetani ari umubeshi, nongera ndakura iceyi kw’izina ryawe no ku busegaba bwawe!”

“MU MABOKO YAWE NI HO NSHIZE IMPWEMU YANJE”

15. Twisunze Luka 23:46, ni igiki Yezu yari yizigiye adakeka?

15 Yezu yavuze iki? (Soma Luka 23:46.) Yezu abigiranye ukwizigira yavuze ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje.” (Luka 23:46) Yezu yari azi ko kazoza kiwe agakesha Yehova, kandi yari yizigiye adakeka ko Se wiwe yomwibutse.

16. Wigira iki ku vyashikiye umuvukanyi umwe w’imyaka 15?

16 Twokwigira iki kuri ayo majambo Yezu yavuze? Niwame witeguriye gushira ubuzima bwawe mu maboko ya Yehova. Ivyo bisaba ko “[wizigira] Yehova n’umutima wawe wose.” (Imig. 3:5) Rimbura akarorero k’umuvukanyi w’imyaka 15 yitwa Joshua, yari arwaye indwara yategerezwa kumuhitana. Yaranse kuvurwa mu buryo buhonyanga itegeko ry’Imana. Gatoyi imbere y’uko apfa, yabwiye nyina ati: “Ma, ndi mu maboko ya Yehova. . . . Ico nokubwira ntakekeranya ni iki: Ndazi neza ko Yehova azonzura. Arazi neza umutima wanje, kandi ndamukunda vy’ukuri.” * Vyoba vyiza rero umwe wese yibajije ati: ‘Hamwe noshikirwa n’ikintu kigerageza ukwizera cohitana ubuzima bwanje, noba nokwishira mu maboko ya Yehova, nkizigira ko azonyibuka?’

17-18. Ni ivyigwa ibihe twize? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze.”)

17 Mbega ivyigwa bihambaye dukura ku majambo ya nyuma Yezu yavuze! Ayo majambo aratwibutsa ko dukwiye kubabarira abandi, be n’uko dukwiye kwizigira ko Yehova azotubabarira. Twaratewe agateka ko kuba mu muryango mwiza igitangaza ugizwe n’abavukanyi na bashiki bacu biteguriye kudufasha. Ariko rero igihe twipfuza ko badufasha, dutegerezwa kubibasaba. Turazi ko Yehova azodufasha kwihanganira ikigeragezo cose codushikira. Vyongeye, turabona ko bihambaye ko buri musi tuwufata nk’akaryo ko kwerekana ko turi intahemuka, twizigiye ko nitwapfa Yehova azotuzura.

18 Vy’ukuri, amajambo Yezu yavuze igihe yariko acikanira ku giti co kubabarizwako aratwigisha ibintu vyinshi. Nitwashira mu ngiro ivyo vyigwa tuhakura, tuzoba turiko turagamburuka amajambo Yehova ubwiwe yavuze ku bijanye n’Umwana wiwe, ati: “Nimumwumvirize.”​—Mat. 17:5.

URURIRIMBO RWA 126 Guma uri maso, ushikame, ukomere

^ ing. 5 Nk’uko bivugwa muri Matayo 17:5, Yehova yipfuza ko twumviriza Umwana wiwe. Muri iki kiganiro, turihweza ivyigwa bitari bike twigira ku majambo Yezu yavuze, igihe yagira acikanire ku giti co kubabarizwako.

^ ing. 9 Ushaka kumenya imvo zishobora kuba zaratumye Yezu asubiramwo amajambo ari muri Zaburi 22:1, raba ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” kiri muri uyu Munara.

^ ing. 16 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ukwizera kwa Joshua ni intsinzi ku gateka k’abana,” muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Nzero 1995.