Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 22

Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe

Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe

“Umwe wese muri mwebwe abatizwe.”​—IVYAK. 2:38.

URURIRIMBO RWA 72 Tumenyekanishe ukuri kw’Ubwami

INCAMAKE *

1. Mu kinjana ca mbere, abigishwa ba Yezu babwiye iki isinzi ry’abantu?

ISINZI rinini rigizwe n’abagabo n’abagore bava mu bihugu bitandukanye kandi bavuga indimi zitandukanye, ryari ryakoranye. Kuri uwo musi, hari ikintu gitangaje cabaye. Umugwi mutoyi w’Abayuda basanzwe waravuze mu ndimi kavukire z’abo bantu bari baje kuhakoranira. Ivyo abo Bayuda babwiye abo bantu, be n’ivyo intumwa Petero yabwiye abari ng’aho bose, ni vyo vyari bitangaje kuruta. Babwiwe ko kwizera Yezu Kristu vyari gutuma bakizwa. Ako gakuru karabakoze ku mutima cane ku buryo baciye babaza bati: “Tugire dute?” Petero yabishuye ati: “Umwe wese muri mwebwe [n]abatizwe.”​— Ivyak. 2:37, 38.

Umuvukanyi yajanye n’umugore wiwe kwigisha umusore umwe mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. (Raba ingingo ya 2)

2. Twihweza iki muri iki kiganiro? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

2 Haciye hakurikira ikintu c’akataraboneka. Kuri uwo musi, abantu nka 3.000 barabatijwe bacika abigishwa ba Kristu. Iyo yabaye intango y’igikorwa amahero co guhindura abantu abigishwa Yezu yategetse abayoboke biwe gukora. Ico gikorwa carabandanije gushika no muri iki kinjana ca 21. Muri iki gihe, ntidushobora kwigisha umuntu ngo ace abatizwa mu masaha makeyi gusa. Harashobora guca amezi canke umwaka canke mbere urenga, kugira ngo umwigishwa atere iyo ntambwe yo kubatizwa. Nimba hari umuntu uriko urigisha Bibiliya, urazi neza ko guhindura abantu abigishwa ari igikorwa kitoroshe. Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyo wokora kugira ngo ufashe uwo wigisha Bibiliya gutera imbere akabatizwa.

NUFASHE UWO WIGISHA BIBILIYA GUSHIRA MU NGIRO IVYO YIGA

3. Twisunze Matayo 28:19, 20, uwo twigisha ategerezwa gukora iki kugira ngo abatizwe?

3 Imbere y’uko umwigishwa wa Bibiliya abatizwa, ategerezwa kubanza gushira mu ngiro ivyo yiga. (Soma Matayo 28:19, 20.) Umwigishwa ashira mu ngiro ivyo yiga, aca amera nka wa “mugabo w’ubwenge” Yezu yavuga mu kigereranyo yatanze, yimba akamanuka epfo kugira yubake inzu yiwe ku gitandara. (Mat. 7:24, 25; Luka 6:47, 48) None twofasha gute uwo twigisha Bibiliya gushira mu ngiro ivyo yiga? Nimuze turabe ibintu bitatu twokora.

4. Twofasha gute uwo twigisha Bibiliya kuguma atera imbere gushika kw’ibatisimu? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo: “ Nufashe uwo wigisha kwishingira imigambi no kuyishikako.”)

4 Nufashe uwo wigisha kwishingira imigambi. Kubera iki wobigenza gutyo? Rimbura aka karorero: Hamwe woba ugomba gufata urugendo rurerure, nta nkeka ko wokwiyumvira n’ibibanza bimeze neza woza uraruhukiramwo. Ivyo vyotuma urwo rugendo rutaguhagarika umutima cane. Igihe umwigishwa wa Bibiliya na we nyene yishingiye imigambi mitomito akongera akayishikako, birashobora gutuma abona ko n’umugambi wo kubatizwa ashobora kuwushikako. Nukoreshe agace kavuga ngo “Umugambi wokwishingira” kari muri ca gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, kugira ngo ufashe uwo wigisha gutera imbere. Buri gihe muhejeje icigwa, nimuganire ingene uwo mugambi ufitaniye isano n’ivyo aba ahejeje kwiga. Nimba hari uwundi mugambi ubona uwo wigisha yokwishingira, nuwandike ahavuga ngo “Uwundi.” Nuze urakoresha ico gice kugira ngo usuzumire hamwe n’uwo wigisha imigambi yiwe y’igihe gito be n’iy’igihe kirekire.

5. Twisunze Mariko 10:17-22, Yezu yasavye umutunzi umwe gukora iki, kandi kubera iki?

5 Nufashe uwo wigisha kugira amahinduka. (Soma Mariko 10:17-22.) Yezu yari azi ko umuntu umwe w’umutunzi bitomworoheye kugurisha ivyo atunze vyose. (Mrk. 10:23) Naho ari ukwo, Yezu yarasavye uwo muntu kugira ihinduka rikomeye. Kubera iki? Kubera ko yamukunze. Rimwe na rimwe, twoshobora kwitinya kuremesha uwo twigisha Bibiliya gushira mu ngiro ivyo yiga, kubera ko twiyumvira yuko hataragera ko agira ivyo ahinduye. Vyoshobora gusaba igihe kirekire kugira ngo umuntu ahebe ingeso za kera maze yambare umuntu mushasha. (Kol. 3:9, 10) Ariko iyo mubiganiriye hakiri kare, arashobora guca atangura kugira ivyo ahinduye. Kugirana na we ico kiyago, vyerekana ko umwitwararika.​—Zab. 141:5; Imig. 27:17.

6. Kubera iki dukwiye gukoresha ibibazo bituma umuntu aserura iciyumviro ciwe?

6 Turakwiye gukoresha ikibazo gituma uwo twigisha aserura iciyumviro ciwe ku vyo turiko turaganirako. Nukoreshe mwene ico kibazo kugira kigufashe kumenya ivyo atahura n’ivyo yemera. Niwaza urabigenza gutyo, muri kazoza bizorushiriza kukworohera kuganira na we ibibazo bikomeye. Igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kirimwo ibibazo vyinshi bituma umuntu aserura iciyumviro ciwe. Nk’akarorero, mu cigwa ca 4 hari ikibazo kibaza ngo: “Wibaza ko Yehova yiyumva gute igihe dukoresheje izina ryiwe?” Mu cigwa ca 9 na ho hari ikibaza ngo: “Ni ibintu ibihe woshima gusenga usaba?” Mu ntango, vyoshobora kutamworohera kwishura mwene ivyo bibazo. Woshobora guca umufasha mu kumumenyereza kuzirikana ku vyanditswe be n’amashusho biba vyatanzwe.

7. Twokoresha neza gute inkuru z’ivyabaye?

7 Uwo wigisha amaze gutahura ivyo akwiye gukora, numuremeshe kubishira mu ngiro ukoresheje inkuru z’ivyabaye. Nk’akarorero, nimba bimugora kwitaba amakoraniro, woshobora kumwereka ividewo ivuga ngo Yehova yaranyitwararitse iri mu cigwa ca 14, mu gice kivuga ngo “Rondera n’ibindi.” Mu vyigwa vyinshi vyo mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, mwene izo nkuru uzisanga mu gice kivuga ngo “Twinjire mu mizi” canke mu kivuga ngo “Rondera n’ibindi.” * Uraba maso ntugereranye uwo wigisha n’uwundi muntu mu kuvuga ngo “Nimba yarabishoboye, nawe wobishobora.” Nureke uwo mwigishwa ubwiwe abe ari we ashika kuri ico ciyumviro. Wewe nushimike gusa ku vyiyumviro nyamukuru vyafashije uwo muntu avugwa muri iyo videwo gushira mu ngiro ivyo Bibiliya yigisha. Kumbure wovuga icanditswe camufashije canke ikintu gifadika yakoze kugira ngo abishikeko. Igihe cose bishoboka, nushimike ku kuntu Yehova yafashije uwo muntu.

8. Twofasha gute uwo twigisha gukunda Yehova?

8 Nufashe uwo wigisha gukunda Yehova. None wobigenza gute? Nurondere uturyo two kumufasha kurushiriza kumenya ingene Yehova ameze. Numufashe kubona ko Yehova ari Imana ihimbawe, ishigikira abayikunda. (1 Tim. 1:11; Heb. 11:6) Numwereke ko gushira mu ngiro ivyo aba amenye ku vyerekeye Yehova bizomugirira akamaro, wongere umusigurire ko ivyo bigaragaza ko Yehova amukunda. (Yes. 48:17, 18) Uko azorushiriza gukunda Yehova, ni ko azorushiriza kugira icipfuzo co kugira ivyo ahinduye.​—1 Yoh. 5:3.

NUMENYEKANISHE UWO WIGISHA KU BANDI BO MW’ISHENGERO

9. Twisunze Mariko 10:29, 30, ni igiki cofasha umuntu kugira ivyo ahevye kugira atere imbere maze abatizwe?

9 Kugira uwiga Bibiliya atere imbere maze abatizwe, ategerezwa kugira ivyo ahevye. Cokimwe na wa muntu w’umutunzi twamara kuvuga, abigishwa bamwebamwe vyoba ngombwa ko bagira ibintu vy’umubiri baheba. Nimba akazi bakora gateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, boshobora mbere kugahindura. Abenshi vyoshobora kuba ngombwa ko baheba abagenzi badasenga Yehova. Abandi na bo boshobora gucibwa n’abo mu miryango yabo badakunda Ivyabona vya Yehova. Yezu yari azi ko abantu bamwebamwe bitoboroheye guheba ibintu nk’ivyo. Ariko rero yasezeranye ko abamukurikira batazokwicuza. Yehova azobahezagira cane mu kubaronsa umuryango wo mu vy’impwemu ubakunda. (Soma Mariko 10:29, 30.) None wofasha gute uwo wigisha Bibiliya kwungukira kuri uwo muryango mwiza?

10. Ivyo Manuel yavuze bikwigisha iki?

10 Numubere umugenzi. Birahambaye ko wereka uwo wigisha ko umwitwararika. Kubera iki? Raba ivyavuzwe n’uwitwa Manuel wo muri Megizike. Yibutse igihe yari aciga Bibiliya avuga ati: “Buri gihe imbere y’uko twiga, uwanyigisha yarambaza amakuru yanje. Yaratuma numva nisanze, ngaca ndamuyagira n’ibindi. Narabona ko yanyitwararika vy’ukuri.”

11. Kumarana umwanya n’abo twigisha vyobagirira akamaro gute?

11 Numarane umwanya n’abo wigisha, nk’uko Yezu yamarana umwanya n’abigishwa biwe. (Yoh. 3:22) Nimba bibereye, nutumire muhira iwawe uwo wigisha Bibiliya ariko aratera imbere kugira ngo musangire akayi canke akajumbu, canke murabire hamwe kimwe mu biganiro vya buri kwezi vyo kuri Televiziyo ya JW. Yoshobora kunezerwa canecane umutumiye mu biringo incuti n’abagenzi biwe baba bariko barahimbaza imisi mikuru idahimbara Imana, kuko ico gihe yoshobora kuba afise irungu. Uwitwa Kazibwe wo mu Buganda avuga ati: “Nibaza ko kumarana umwanya n’uwanyigisha Bibiliya vyatumye menya ibintu vyinshi ku vyerekeye Yehova kuruta ivyo namenye turiko turiga. Nariboneye ingene Yehova yitwararika cane abasavyi biwe be n’ukuntu bahimbawe. Ivyo nyene ni vyo nashaka mu buzima.”

Niwaza urajana n’abamamaji batandukanye ku nyigisho ya Bibiliya, bizotuma uwo wigisha arushiriza kugira icipfuzo co kwitaba amakoraniro (Raba ingingo ya 12) *

12. Kubera iki dukwiye kuza turajana n’abamamaji batandukanye kuyobora inyigisho ya Bibiliya?

12 Nuze urajana n’abamamaji batandukanye. Rimwe na rimwe twoshobora kubona ko vyoroshe ko twama twijana canke tukama tujana n’umwamamaji umwe. Naho umenga ivyo ni vyo vyoroshe, uwo twigisha Bibiliya yoshobora kuhungukira hamwe twoza turajana n’abamamaji batandukanye. Uwitwa Dmitrii wo muri Moldaviya avuga ati: “Umwamamaji wese yaba yazananye n’uwanyigisha Bibiliya yaransigurira ibintu mu buryo yisangije. Ivyo vyaramfasha gutahura icigwa mu buryo bwagutse. Ivyo vyatumye kandi ntagira amasoni igihe natangura kwitaba amakoraniro, kubera ko nari maze kumenyana n’abavukanyi na bashiki bacu benshi.”

13. Kubera iki dutegerezwa gufasha uwo twigisha kugira yitabe amakoraniro?

13 Numufashe kwitaba amakoraniro. Kubera iki wobigira? Kubera ko Yehova ategeka abasavyi biwe gukoranira hamwe; biri mu bigize ugusenga kwacu. (Heb. 10:24, 25) Vyongeye, abavukanyi na bashiki bacu ni umuryango wacu wo mu buryo bw’impwemu. Iyo turi kumwe na bo ku makoraniro, ni nk’aho tuba turiko turasangirira udufungurwa muhira. Iyo ufashije uwo wigisha Bibiliya kwitaba amakoraniro, uba umufashije gutera imwe mu ntambwe zihambaye zishikana ku kubatizwa. Ariko rero kwitaba ikoraniro vyoshobora kutamworohera. None igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera comufasha gute gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yomubuza kwitaba amakoraniro?

14. Tworemesha gute uwo twigisha Bibiliya kwitaba amakoraniro?

14 Niwifashishe icigwa ca 10 co mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, kugira uremeshe uwo wigisha kwitaba amakoraniro. Abamamaji bazi utuntu n’utundi basabwe kugerageza gukoresha ico cigwa imbere y’uko iki gitabu gisohoka, bararoraniwe cane muri uwo muce. Ariko rero nturindire ngo mubanze gushikira icigwa ca 10 kugira ngo ubone gutumira uwo wigisha Bibiliya ku makoraniro. Numutumire vuba bishoboka wongere uze urabimwibutsa. Abo twigisha Bibiliya bashikirwa n’ingorane zitandukanye. Nugerageze rero kumenya ingorane uwo wigisha afise, uheze urabe ingene womufasha mu buryo ngirakamaro. Ntuze ucike intege niyateba kwitaba amakoraniro. Urihangana, ariko ubandanye kumutumira.

NUFASHE UWO WIGISHA BIBILIYA KWIKURAMWO UBWOBA

15. Ni ibiki vyoshobora gutuma uwo twigisha Bibiliya agira ubwoba?

15 Vyoba vyarashitse ukumva ubwoba bwo kuba Icabona ca Yehova? Kumbure wabona ko utokwigeze ushobora kwamamaza. Canke na ho watinya ko incuti n’abagenzi bokurwanya. Nimba ivyo vyaragushikiye, uca utahura uwo wigisha Bibiliya. Yezu yaravuze ko abantu bamwebamwe ivyo vyobashikiye. Naho ari ukwo, yahimirije abayoboke biwe kutareka ngo ubwoba bubabuze gukorera Yehova. (Mat. 10:16, 17, 27, 28) None Yezu yafashije gute abayoboke biwe guhera ubwoba? Kandi womwigana gute?

16. Twomenyereza gute uwo twigisha Bibiliya kubwira abandi ivyo yizera?

16 Nuze uramenyereza uwo wigisha kubwira abandi ivyo yizera. Igihe Yezu yarungika abigishwa biwe kwamamaza, bashobora kuba barahagaritse umutima. Ariko yarabafashije mu kubabwira aho bokwamamaje, n’ubutumwa boshikirije. (Mat. 10:5-7) None twokwigana gute Yezu? Niwereke uwo wigisha aho yokwamamaza. Nk’akarorero, numubaze nimba hari umuntu azi yoshimishwa no kumenya iciyumviro kanaka co muri Bibiliya. Nuce umufasha gutegura ivyo yovuga, mu kumwereka uburyo bworoshe bwo gushikiriza ico ciyumviro. Ubonye ko bibereye, mwoshobora kwimenyereza mukoresheje umuce uvuga ngo “Hari abavuga bati” be n’uwuvuga ngo “Hari uwobaza ati,” iri muri ca gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Muri ukwo kwimenyereza, numwereke ingene yokoresha Bibiliya mu gutanga inyishu zoroshe kandi zirimwo ukwiyubara.

17. Twokoresha gute Matayo 10:19, 20, 29-31 mu gufasha uwo twigisha Bibiliya kwizigira Yehova?

17 Numufashe kwizigira Yehova. Yezu yarahumurije abigishwa biwe ko Yehova yobafashije kubera ko abakunda. (Soma Matayo 10:19, 20, 29-31.) Niwibutse uwo wigisha ko na we nyene Yehova azomufasha. Urashobora kumufasha kwiheka kuri Yehova mu gushira imigambi yiwe mw’isengesho utura muri kumwe. Uwitwa Franciszek wo muri Polonye avuga ati: “Uwanyigisha Bibiliya yarakunda kuvuga imigambi yanje mw’isengesho. Igihe nabona ingene Yehova yishura amasengesho y’uwanyigisha, nanje naciye ntangura kuza ndasenga. Nariboneye ingene Yehova amfasha igihe nari mperutse kuronka akazi maze ngasaba imisi y’akaruhuko kugira ngo nitabe amakoraniro be n’ihwaniro.”

18. Yehova abona gute igikorwa abamamaji bakora co kwigisha?

18 Yehova aritwararika cane abo twigisha Bibiliya. Arashima cane ukuntu abamamaji bakora bagatama kugira bafashe abantu kurushiriza kumwiyegereza, kandi ivyo bituma abakunda. (Yes. 52:7) Nimba ubu ata muntu ufise wigisha Bibiliya, na ho nyene urashobora kuguma ufasha abariko bariga Bibiliya kugira batere imbere babatizwe mu kuza urajana n’abandi bamamaji ku nyigisho zabo.

URURIRIMBO RWA 60 Boshobora kurokoka

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yezu yafashije abantu gucika abigishwa biwe be n’ingene natwe twomwigana. Turaza guca irya n’ino kandi imice imwimwe ya ca gitabu gishasha Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Ico gitabu cagenewe gufasha abo twigisha Bibiliya gutera imbere bakabatizwa.

^ ing. 7 Inkuru z’ivyabaye urashobora kuzisanga kandi (1) Mu Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova munsi y’umutwe uvuga ngo “Bibiliya,” ku ciyumviro kivuga ngo “Agaciro ngirakamaro,” hanyuma ku gice kivuga ngo “‘Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu’ (Ibiganiro vyama bisohoka mu Munara w’Inderetsi)” canke na ho (2) kuri JW Library®, ahavuga ngo Multimédia mu gice kivuga ngo “Ibiganiro n’inkuru z’ivyabaye.”

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yajanye n’umugore wiwe kwigisha umusore umwe. Mu bindi bihe, arajana n’abavukanyi batandukanye.