Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 23

Nturi wenyene, kuko Yehova yama ari kumwe nawe

Nturi wenyene, kuko Yehova yama ari kumwe nawe

“Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.”​—ZAB. 145:18.

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

INCAMAKE *

1. Ni ibiki vyoshobora gutuma abasavyi ba Yehova bagira irungu?

ABENSHI muri twebwe birashika tukagira irungu. Kuri bamwe ntiriteba guhera. Ku bandi rirashobora kumara igihe kirekire. Twoshobora kwumva irungu mbere naho twoba turi kumwe n’abandi. Bamwebamwe birabagora kumenyera ishengero rishasha. Abandi na bo, kubera ko baba bakuriye mu muryango wunze ubumwe, usanga bagira irungu iyo bimukiye kure y’incuti zabo. Hari n’abandi usanga bakumbura cane uwabo baba barabuze. Abakirisu bamwebamwe na bo, na canecane ababa baherutse kumenya ukuri, baragira irungu igihe incuti be n’abahoze ari abagenzi babo babanse canke babarwanije.

2. Ni ibibazo ibihe tugiye kuronderera inyishu?

2 Yehova arazi ivyacu vyose kandi aradutahura. Iyo dufise irungu arabibona, kandi yipfuza kudufasha kuritsinda. None Yehova adufasha gute? Tweho twokora iki? Vyongeye, twofasha gute abo turi kumwe mw’ishengero bafise irungu? Reka turabe inyishu z’ivyo bibazo.

YEHOVA ARATWITWARARIKA

Yehova yararungikiye Eliya umumarayika kugira amuhumurize ko atari wenyene (Raba ingingo ya 3)

3. Yehova yitwararitse gute Eliya?

3 Yehova aripfuza cane ko abasavyi biwe bose bamererwa neza. Ari hafi y’umwe wese muri twebwe, kandi iyo ducitse intege arabibona. (Zab. 145:18, 19) Zirikana ingene Yehova yitwararitse cane umuhanuzi wiwe Eliya. Uwo mugabo w’umwizigirwa yabayeho mu gihe kigoye cane muri kahise ka Isirayeli. Ico gihe abasenga Yehova barahamwa bimwe bikomeye, kandi ahanini abansi biwe b’abanyabubasha barondera Eliya. (1 Abm. 19:1, 2) Ikindi kintu gishobora kuba carateye ubwoba Eliya, ni uko yibaza ko yari we muhanuzi wenyene wa Yehova yari asigaye. (1 Abm. 19:10) Yehova yaciye yitwararika Eliya adatebaganye. Yararungitse umumarayika kumuhumuriza ko atari we wenyene yari asigaye, mugabo ko hari hakiriho n’abandi Bisirayeli benshi batinya Imana.​—1 Abm. 19:5, 18.

4. Muri Mariko 10:29, 30, herekana gute ko Yehova yitwararika abasavyi biwe usanga bahebwa n’incuti n’abagenzi?

4 Yehova arazi yuko igihe bamwebamwe muri twebwe bahisemwo kumukorera baheba vyinshi. Muri ivyo hoshobora kubamwo ukudasubira gufashwa n’incuti zacu tudasangiye ukwizera be n’abahoze ari abagenzi bacu. Igihe kimwe, kumbure intumwa Petero akoresheje ijwi ririmwo ukwiganyira, yabajije Yezu ati: “Twebwe twarasize vyose turagukurikira; none vy’ukuri tuzohakura iki?” (Mat. 19:27) Yezu yarahumurije abigishwa biwe ko boronse umuryango munini w’abo basangiye ukwizera. (Soma Mariko 10:29, 30.) Vyongeye, Yehova we Serugo w’uwo muryango wacu, asezerana yuko azofasha abipfuza kumukorera. (Zab. 9:10) Raba ibintu bimwebimwe ngirakamaro wokora kugira Yehova agufashe guhera irungu.

IVYO WOKORA IGIHE UFISE IRUNGU

5. Kuguma uzirikana ingene Yehova agushigikira bigufasha gute?

5 Nugume uzirikana ingene Yehova ariko aragufasha. (Zab. 55:22) Ivyo bizogufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bubereye. Mushiki wacu umwe yitwa Carol, * akaba ari we wenyene yizeye mu muryango wabo, avuga ati: “Nsubije amaso inyuma nkazirikana ingene Yehova yamfashije mu bigeragezo, biratuma mbona vy’ukuri ko ntari jenyene. Vyongeye, birampumuriza ko Yehova azokwama ari hafi yanje.”

6. Muri 1 Petero 5:9, 10, haremesha gute abafise irungu?

6 Nuzirikane ingene Yehova ariko arafasha abo musangiye ukwemera bafise irungu. (Soma 1 Petero 5:9, 10.) Umuvukanyi yitwa Hiroshi, akaba amaze imyaka myinshi ari Icabona wenyene mu muryango wabo, avuga ati: “Mw’ishengero, biroroshe kubona ko ata muntu n’umwe atagira ingorane. Kumenya ko twese turiko turakora uko dushoboye kwose kugira ngo dukorere Yehova, biraremesha abo usanga ari bo bonyene bizeye mu muryango wabo.”

7. Gusenga bigufasha gute?

7 Nugumane urutonde rwiza mu vy’impwemu. Ivyo birimwo kubwira Yehova udomako ukuntu umerewe. (1 Pet. 5:7) Mushiki wacu yitwa Massiel, umuryango wiwe waramuhevye igihe yamenya ukuri. Avuga ati: “Kimwe mu bintu bihambaye vyamfashije kwihanganira irungu, kwari ukuguma nsenga Yehova. Yarambereye Umuvyeyi. Kandi namusenga buri musi, kenshi ku musi, nkamwiganira ingene merewe.”

Kwumviriza ibisomwa vya Bibiliya vyafashwe amajwi be n’ibitabu bishingiye kuri yo, birashobora kugabanya irungu (Raba ingingo ya 8) *

8. Gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako bigufasha gute?

8 Niwame usoma Ijambo ry’Imana, uzirikane ku nkuru kanaka zerekana ko Yehova agukunda. Mushiki wacu yitwa Bianca yarihanganiye amajambo aca intege yabwirwa n’abo mu muryango wiwe. Avuga ati: “Gusoma no kuzirikana ku nkuru zo muri Bibiliya, be n’inkuru z’ubuzima z’abasavyi ba Yehova bashikiwe n’ingorane nk’izanje, biramfasha cane.” Abakirisu bamwebamwe barafata ku mutwe ivyanditswe bibaremesha cane, nka Zaburi 27:10 be na Yesaya 41:10. Hari abandi basanze gutegura amakoraniro canke gusoma Bibiliya bakoresheje ivyafashwe amajwi, bigabanya irungu.

9. Kwitaba amakoraniro bikugirira akamaro gute?

9 Niwihatire kwama witaba amakoraniro. Biratuma uronka indemesho, bikongera bigatuma umenyana n’abo musangiye ukwizera. (Heb. 10:24, 25) Umwe Massiel twavuga, agira ati: “Naho nari umunyamasoni cane, nariyemeje kwama nitaba amakoraniro yose no kwama ntanga inyishu. Ivyo vyaratumye numva ko ndi mu bagize ishengero.”

10. Kubera iki bihambaye ko tugiranira ubugenzi n’abakirisu b’abizigirwa?

10 Nugiranire ubugenzi n’abakirisu b’abizigirwa. Nurondere abagenzi mw’ishengero ushobora kugira ivyo ubigiyeko, mbere n’aho mwoba mutanganya imyaka canke mudahuje imico. Bibiliya itwibutsa ko ubukerebutsi ‘buri mu basaza.’ (Yobu 12:12) Abitereye mu myaka na bo nyene barashobora kugira ibitari bike bigiye ku bakiri bato b’abizigirwa. Naho Dawidi yari muto cane kuri Yonatani, nticabujije ko bagiranira ubugenzi somambike. (1 Sam. 18:1) Dawidi na Yonatani barafashanije gukorera Yehova naho bari mu ngorane zikomeye. (1 Sam. 23:16-18) Mushiki wacu yitwa Irina, akaba ari we wenyene ari Icabona mu muryango iwabo, avuga ati: “Abo dusangiye ukwizera barashobora kutubera nk’abavyeyi canke abo tuvukana. Yehova arashobora kubakoresha bakatubera nk’abo mu muryango.”

11. Ni ibiki utegerezwa gukora kugira ngo ugiranire n’abandi ubugenzi bukomeye?

11 Kurondera abagenzi usanga bitoroshe, na canecane iyo uri umunyamasoni. Mushiki wacu umwe w’umunyamasoni yitwa Ratna, akaba yize ukuri bamurwanya, avuga ati: “Nahavuye mbona ko nari nkeneye gufashwa no gushigikirwa n’umuryango w’abo dusangiye ukwemera.” Kwiganira uwundi muntu uko umerewe vyoshobora kutoroha. Ariko kubigira ni vyo bituma mugiranira ubugenzi somambike. Abagenzi baripfuza kukuremesha no kukuba hafi, ariko barakeneye ko ubayagira kugira ngo bumve ingene bogufasha.

12. Gukora indimiro bishobora gute kugufasha kuronka abagenzi beza?

12 Gukorana mu ndimiro n’abakirisu bagenzi bacu, ni bumwe mu buryo bwiza butuma turonka abagenzi. Umwe Carol twavuga, agira ati: “Gukorana n’abadada mu ndimiro be no mu bindi bikorwa bijanye n’ivy’impwemu, vyaratumye ndonka abagenzi beza benshi. Yehova yagiye aramfasha mu myaka n’iyindi biciye kuri abo bagenzi.” Kugiranira ubugenzi n’abakirisu b’abizigirwa, ni ngirakamaro. Yehova arakoresha abagenzi nk’abo kugira ngo agufashe igihe wacitse intege, nk’akarorero iyo ufise irungu.​—Imig. 17:17.

NUFASHE ABANDI KWUMVA KO BARI MU BAGIZE UMURYANGO WACU

13. Abagize ishengero bose bafise ibanga irihe?

13 Mw’ishengero, twese turafise ibanga ryo gutuma haba ahantu harangwa urukundo n’amahoro, ku buryo ata n’umwe yumva ko ari wenyene. (Yoh. 13:35) Ivyo tuvuga n’ivyo dukora birashobora kuremesha abandi cane! Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Igihe niga ukuri, ishengero ryaciye rimbera umuryango. Iyo abarigize batanshigikira, ntivyari gukunda ko mba Icabona ca Yehova.” None wofasha gute abo usanga ari bo bonyene bari mu kuri mu muryango iwabo, kugira ntibumve ko ari ba nyamwigendako?

14. Wokora iki kugira ngo ugiranire ubugenzi n’abigishwa bashasha?

14 Niwibwirize kugiranira ubugenzi n’abandi. Twohera ku guha ikaze abashasha mw’ishengero tubigiranye igishika. (Rom. 15:7) Ariko rero, turipfuza gukora n’ibindi uretse gusa kubaramutsa n’igishika. Twipfuza kurushiriza gukomeza ubugenzi dufitaniye na bo uko haca igihe. Niwereke rero abashasha ko ubitwararika vy’ukuri. Nugerageze gutahura ivyo bariko baracamwo, utiriwe urabinjirira mu buzima. Hari abo bitokworohera kuvuga uko biyumva, akaba ari co gituma ukwiye kuba maso kugira ngo ntubahate. Ahubwo riho, ubigiranye umutima mwiza, nubabaze utubazo turimwo ukwiyubara, wongere ubumvirize wihanganye. Nk’akarorero, woshobora kubabaza ingene bamenye ukuri.

15. Abakirisu bahumuye bofasha gute abandi mw’ishengero?

15 Abagize ishengero bose barakomera mu vy’impwemu igihe abakirisu bahumuye babitwararika, na canecane abakurambere. Melissa, uwarezwe na nyina wiwe w’Icabona, avuga ati: “Sinumva ingene noshimira abavukanyi bagiye baramba hafi mu myaka itari mike, bakambera ba dawe mu vy’impwemu. Ndaronka uwo nitura igihe cose ndamukeneye.” Umuvukanyi akiri muto yitwa Mauricio, yumvise nk’aho ari nyamwigendako igihe uwamwigisha Bibiliya yaheba ukuri. Avuga ati: “Kuba abakurambere baranyitwararitse, vyaramfashije cane. Baranganiriza kenshi. Twarakorana mu ndimiro, bakambwira ivyiyumviro biremesha bakuye mu kwiyigisha kwabo, mbere tugakina inkino zimwezimwe.” Melissa na Mauricio, bompi bahavuye baja mu murimo w’igihe cose.

Mw’ishengero iwanyu, hari uwo ubona yobikenguruka cane umwitwararitse? (Raba ingingo ya 16-19) *

16-17. Ni ibindi bintu ibihe twokora mu gufasha abandi?

16 Nugire ico ukoze kugira ngo ubafashe. (Gal. 6:10) Umumisiyonari yitwa Leo, akaba akorera mu karere kari kure cane y’iwabo, agira ati: “Akenshi ico umuntu aba akeneye, ni ugukorerwa ikintu gisanzwe mugabo kiranga umutima mwiza ku gihe nyene aba agikeneye. Ndibuka umusi nagira isanganya n’umuduga. Igihe nashika i muhira nari nataye umutwe. Ariko hari umugabo n’umugore baciye bantumira iwabo ngo dusangire udufungurwa. Sinibuka ivyo twariye, ariko ico nibuka, ni uko banyumvirije babigiranye umutima mwiza. Mu nyuma narumvise ko ntekanye.”

17 Twese turakunda ibiringo vyo kuba kumwe n’abavukanyi bacu, nk’amateraniro n’amahwaniro, kuko ku ruhande rumwe bituma tumarana umwanya na bo, tukayaga ibijanye n’inyigisho ziba zatanzwe. Ariko rero, umwe Carol twavuga agira ati: “Ku materaniro no ku mahwaniro ni ho canecane bitanyorohera.” Kubera iki? Avuga ati: “Naho mba ndi kumwe n’abo dusangiye ukwemera amajana canke mbere ibihumbi, akenshi bose usanga baba bari kumwe n’imiryango yabo. Ivyo bica bituma ndushiriza kugira irungu.” Abandi na bo iyo babuze uwo bubakanye, usanga bitaborohera kwitaba ihwaniro canke iteraniro rikurikira. Hoba hari uwo uzi afise ingorane nk’izo? Ubona gute umutumiye kwifatanya n’umuryango wawe kw’iteraniro canke kw’ihwaniro ryimirije?

18. Twoshira mu ngiro gute ibivugwa mu 2 Abakorinto 6:11-13 igihe dutumira abandi?

18 Numarane umwanya na bo. Mu bihe vyo kwisamaza, nugerageze gutumira abavukanyi na bashiki bacu batandukanye, na canecane aboba bafise irungu. Twipfuza ‘kwaguka,’ na canecane ku bantu nk’abo. (Soma 2 Abakorinto 6:11-13.) Umwe Melissa twavuga agira ati: “Vyarandyohera igihe cose abagenzi badutumira i muhira iwabo, canke bakadutumira ngo tujane gutembera.” Mw’ishengero iwanyu, hoba hari uwo ubona wotumira?

19. Ni ryari wosanga canecane ari ngirakamaro kumarana umwanya n’abavukanyi bagenzi bacu?

19 Hariho ibihe canecane abavukanyi boshima ko tubaba hafi. Hari abo wosanga bitorohera kuba bari kumwe n’imiryango yabo itizera mu biringo vy’imisi mikuru. Abandi na bo usanga bagira umubabaro ukomeye ku matariki kanaka, nko kw’itariki baburiyeko uwabo. Igihe twibwirije kumarana umwanya n’abavukanyi na bashiki bacu muri ivyo biringo, birabereka yuko ‘tubitayeho koko.’​—Flp. 2:20.

20. Ivyo Yezu yavuze muri Matayo 12:48-50, vyodufasha gute igihe dufise irungu?

20 Hariho imvo nyinshi zoshobora gutuma bishika umukirisu akumva irungu. Ariko rero, ntidukwiye kwigera twibagira ko Yehova aba abibona. Araturonsa imfashanyo tuba dukeneye, akenshi akaba abicisha ku bo dusangiye ukwemera. (Soma Matayo 12:48-50.) Igihe natwe dukoze uko dushoboye kwose kugira tube hafi abo mu muryango wacu wo mu vy’impwemu, tuba tweretse Yehova ko dukenguruka iyo ntunganyo iranga urukundo yadushiriyeho. Naho vyoshika tukumva tumerewe gute, ntitwigera tuba twenyene kuko Yehova yama ari hafi yacu!

URURIRIMBO RWA 46 Turagushimiye, Yehova

^ ing. 5 Vyoba bihora bishika ukagira irungu? Nimba bigushikira, numenye ko Yehova azi neza uko umerewe be n’uko yipfuza kugufasha. Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyo wokora kugira ngo utsinde irungu. Turaza no kubona ingene woremesha abo dusangiye ukwizera bafise irungu.

^ ing. 5 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yabuze umugore, ariko arimara irungu mu kwumviriza igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi, be n’amayagwa yo kwiga.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi umwe n’agakobwa kiwe bagendeye umuvukanyi yitereye mu myaka bari kumwe mw’ishengero, bakaba bagiye bamugemuriye.