Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 27

Niwigane ukwihangana kwa Yehova

Niwigane ukwihangana kwa Yehova

“Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu.”​—LUKA 21:19.

URURIRIMBO RWA 114 ‘Tugaragaze ukwihangana’

INCAMAKE *

1-2. Ivyo Yehova yavuze muri Yesaya 65:16, 17, bituremesha gute kuguma twihangana?

“NUGUME WIHANGANA.” Ayo majambo akora ku mutima, ni yo yari agize umutwe w’ihwaniro ry’akarere ryo mu 2017. Iryo hwaniro ryaratweretse ingene twokwihanganira ingorane zidushikira. Kuva ico gihe, haraheze imyaka ine tucihanganiye ingorane zo mu buzima bwo muri iyi si mbi.

2 Ni ingorane izihe ziheruka kugushikira? Ni ukubura incuti canke umugenzi? Ni ukurwara indwara ikomeye? Ni ingorane ziterwa n’ubusaza? Ni icago c’icaduka, ubukozi bw’ikibi canke uruhamo? Canke ni ingaruka zavuye ku ndwara y’ikiza nka wa mugera wa Korona? Ese ukuntu dushashaye kubaho igihe ivyo vyose bizoba bitakiriho, twaravyibagiye burundu!​—Soma Yesaya 65:16, 17.

3. Dutegerezwa gukora iki ubu, kandi kubera iki?

3 Ubuzima bwo muri iyi si ntibworoshe. Kandi muri kazoza twoshobora no kuzoshikirwa n’ingorane mbere zigoye kuruta. (Mat. 24:21) Ku bw’ivyo rero, turakeneye kuguma turushiriza kwihangana. Uti kubera iki? Kubera ko Yezu yavuze ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu.” (Luka 21:19) Kuzirikana ingene abandi bariko barihanganira ingorane zimeze nk’izo turimwo, birashobora gutuma turushiriza kwihangana.

4. Kubera iki twovuga ko Yehova ari akarorero ntangere mu bijanye no kwihangana?

4 None ni nde ari akarorero ntangere mu bijanye no kwihangana? Ni Yehova Imana. None ivyo vyoba bigutangaje? Utabanje kuzirikana, vyoshobora kugutangaza. Iyi si itwarwa na Shetani, akaba ari co gituma yuzuyemwo ingorane. Naho Yehova afise ububasha bwo kuzikuraho ubu nyene, ararindiriye umusi azozikuraho muri kazoza. (Rom. 9:22) Mu kurindira, Imana yacu iguma yihanganye, gushika ico gihe yashinze kigeze. Nimuze turabe ibintu icenda Yehova yemeye kwihanganira.

NI IBIKI YEHOVA YEMEYE KWIHANGANIRA?

5. Izina ry’Imana ryasizwe iceyi gute, kandi weho ubibona gute?

5 Iceyi izina ryiwe ryasizwe. Yehova arakunda izina ryiwe, kandi yipfuza ko uwo ari we wese aryubaha. (Yes. 42:8) Ariko ubu haraheze imyaka nk’ibihumbi bitandatu, izina ryiwe ryiza risigwa iceyi. (Zab. 74:10, 18, 23) Ivyo vyahereye mu murima wa Edeni, igihe wa Mubesheranyi (bisigura ngo “Uwambika ibara abandi”) yagiriza Imana ko yimye Adamu na Eva ikintu cari gutuma babaho bahimbawe. (Ita. 3:1-5) Kuva ico gihe, Yehova yagumye yagirizwa ko yima abantu ivyo bakeneye vy’ukuri. Yezu yari arajwe ishinga n’iceyi cambitswe izina rya Se. Ni co gituma yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.”​—Mat. 6:9.

6. Kubera iki Yehova yaretse hagaca umwanya uhagije ataratorera umuti ikibazo kijanye no kumenya ko ari we wenyene abereye gutegeka ijuru n’isi?

6 Kurwanya ubutegetsi bwiwe. Yehova ni we wenyene afise uburenganzira bwo gutegeka ijuru n’isi, kandi uburyo ategeka ni bwo bwiza kuruta ubundi bwose. (Ivyah. 4:11) Ariko rero Shetani yaragerageje kuzimiza abamarayika be n’abantu, atuma biyumvira ko Imana idafise ubwo burenganzira. Ico kibazo co kumenya nimba Yehova afise uburenganzira bwo kugaba no kuganza, cofashe igihe kirekire kugira ngo gitorerwe umuti. Imana ibigiranye ubukerebutsi, yararetse haraca umwanya uhagije kugira ngo abantu bibonere ko badashobora kwitegeka ngo baroranirwe, batisunze Umuremyi wabo. (Yer. 10:23) Ukwo kwihangana kw’Imana kuzotuma ico kibazo gitorerwa umuti burundu. Bose bazomenya ko ari we wenyene abereye gutegeka, be n’uko Ubwami bwiwe ari bwo bwonyene bushobora kuzana amahoro n’umutekano nyakuri kw’isi.

7. Ni bande bagararije Yehova, kandi azobakorera iki?

7 Ubugarariji bw’abana biwe bamwebamwe. Igihe Yehova yarema abana biwe, baba abamarayika canke abantu, bari batunganye batagira akanenge namba. Ariko rero mu nyuma, umumarayika umwe w’umugarariji ari we Shetani, (ni ukuvuga “Umurwanizi”) yaratumye ba bantu bari batunganye, ari bo Adamu na Eva, na bo bagarariza Yehova. Hari abandi bamarayika be n’abantu bahavuye bifatanya na we muri ubwo bugarariji. (Yuda 6) Mu nyuma, mbere n’abari bagize ihanga rya Isirayeli, abo Imana yari yaratoranije, barayiteye akagere maze basenga imana z’ikinyoma. (Yes. 63:8, 10) Birumvika yuko Yehova yabonye ko ahemukiwe. Ariko rero yarihanganye, kandi azoguma yihanganye gushika igihe co gukuraho abo bagarariji kigeze. Ivyo bizohumuriza abasavyi biwe b’intahemuka, abifatanya na we kwihanganira ibintu bibi bibashikira muri iyi si mbi.

8-9. Ni ibinyoma ibihe bivugwa kuri Yehova, kandi twobibeshuza gute?

8 Ibinyoma Shetani aguma avuga. Shetani yaragirije wa musavyi w’Imana agororotse Yobu, mu ntumbero yo kwerekana ko abasavyi ba Yehova bose b’intahemuka bamukorera babitumwe n’ubwikunzi. (Yobu 1:8-11; 2:3-5) Gushika n’uwu musi arabandanya kwagiriza abantu. (Ivyah. 12:10) Igihe twihanganiye ingorane kandi tukaguma turi intahemuka kuri Yehova tubitumwe n’urukundo tumukunda, tuba twerekanye ko Shetani ari umubeshi. Nk’uko vyagenze kuri Yobu, na twebwe tuzohezagirwa kubera ukwihangana kwacu.​—Yak. 5:11.

9 Shetani aratuma indongozi z’idini ry’ikinyoma zivuga ko Yehova ari umwicanyi, kandi ko ari we ateza abantu imibabaro. Hari n’abavuga ko iyo abana bapfuye, ari Imana iba ibatwaye kubera ko iba ikeneye abandi bamarayika mw’ijuru. Ese ukuntu ukwo ari ukuyambika ibara! Twebwe turazi ko atari vyo. Igihe turwaye indwara ikomeye canke tubuze uwacu, ntitwigera tuvyegeka ku Mana. Ahubwo turizigira ko umusi umwe Imana izobitorera umuti. Uwuvyipfuza wese turamubwira ingene Yehova ari Imana y’urukundo. Ivyo bituma Yehova ashobora kwishura uwumucokora.​—Imig. 27:11.

10. Muri Zaburi 22:23, 24, havuga iki ku vyerekeye Yehova?

10 Imibabaro ishikira abasavyi biwe yikundira. Yehova ni Imana y’impuhwe. Ntashimishwa no kwumva tuniha kubera ibintu bibi bidushikira, rwaba ari uruhamo, indwara, canke amakosa dukora. (Soma Zaburi 22:23, 24.) Yehova aratahura imibabaro dufise. Aripfuza kuyikuraho, kandi azobikora. (Gereranya no muri Kuvayo 3:7, 8; Yesaya 63:9.) Hazogera aho “[a]hanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyah. 21:4.

11. Yehova yiyumva gute ku bijanye n’abasavyi biwe b’intahemuka bapfuye?

11 Gutandukana n’abagenzi biwe bapfuye. Yehova yiyumva gute ku bijanye n’abagabo n’abagore b’abizigirwa bapfuye? Arashashaye gusubira kubabona! (Yobu 14:15) Iyumvire ingene Yehova akumbuye cane umugenzi wiwe Aburahamu! (Yak. 2:23) Canke Musa, uwo bavugana “amaso mu yandi!” (Kuv. 33:11) Vyongeye, iyumvire ingene ategerezwa kuba akumbuye Dawidi be n’abandi banditsi b’amazaburi bamuririmbira indirimbo nziza zimushemeza! (Zab. 104:33) Naho abo bagenzi ba Yehova basinziriye mu rupfu, ntiyabibagiye. (Yes. 49:15) Aribuka ibintu vyose vyari bibagize. Ni nk’aho “bose ari bazima kuri [we].” (Luka 20:38) Umusi umwe azobazura basubire kuba bazima, yongere yumvirize amasengesho yabo avuye ku mutima, yemere n’ugusenga kwabo. Nimba warabuze uwawe, ivyo vyiyumviro birashobora kuguhumuriza kandi bikagukomeza.

12. Ni ibiki canecane bibabaza Yehova muri iyi misi mibi ya nyuma?

12 Agahahazo abantu bagirirwa n’inkozi z’ikibi. Igihe ubugarariji bwatangura muri Edeni, Yehova yari azi ko ibintu vyobanje kumera nabi cane imbere y’uko bisubira kumera neza. Yehova aranka ubukozi bw’ikibi, akarenganyo, be n’ubukazi vyiraye muri iyi si. Yamye yumvira impuhwe canecane abantu bahahazwa kuruta abandi, nk’akarorero abantu bafise intege nke n’abatagira gitabara, nk’impfuvyi n’abapfakazi. (Zek. 7:9, 10) Yehova arababara na canecane iyo abonye abasavyi biwe b’abizigirwa bahahazwa bakongera bagapfungwa. Mwebwe mwese muriko murashikirwa n’ivyo bintu, nimumenye neza ko Yehova abakunda kandi ko yifatanije namwe!

13. Ni mu buryo ki abantu bariko barononekara imbere y’Imana, kandi izokora iki ku bijanye n’ivyo?

13 Ukwononekara kw’abantu. Shetani araryoherwa no kwonona abantu baremwe mw’ishusho y’Imana. Igihe Yehova “[y]abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye” mu misi ya Nowa, “[yaricujije] kuba yararemye abantu mw’isi, biramubabaza mu mutima.” (Ita. 6:5, 6, 11) None kuva ico gihe, ibintu vyoba vyarahindutse bikamera neza? Habe namba! Ese ukuntu Shetani ategerezwa kuba ahimbarwa no kubona ubushegabo bw’ubwoko bwose bwiraye hirya no hino, ushizemwo n’ibiterasoni bigirwa hagati y’abadasangiye igitsina canke abagisangiye. (Ef. 4:18, 19) Shetani arahimbarwa canecane igihe atumye abasenga Yehova bakora igicumuro. Ukwihangana kwa Yehova nikwarangira, azokwerekana ko yanka urunuka abagendera muri izo ngeso zose z’ubushegabo.

14. Abantu bariko bafata gute isi be n’ibintu Imana yaremye?

14 Guhonya ivyo yaremye. Umuntu ‘ntaganza uwundi mu kumugirira nabi’ gusa, ariko kandi aronona isi be n’ibikoko Yehova yamushinze. (Umus. 8:9; Ita. 1:28) Abahinga bamwebamwe bagabisha ko mu myaka mikeyi iri imbere, ibintu abantu bakora bishobora kuzotuma ubundi bwoko * umuliyoni bw’ibiremwa buzimangana. Ntibitangaje kuba bavuga ko ibidukikije bigeramiwe! Igishimishije, ni uko Yehova yasezeranye ko “[azo]honya abahonya isi” maze agatuma isi yose ihinduka iparadizo.​—Ivyah. 11:18; Yes. 35:1.

IVYIGWA DUKURA KU KWIHANGANA KWA YEHOVA

15-16. Ni igiki gikwiye gutuma twihangana nka Yehova? Tanga akarorero.

15 Iyumvire izo ngorane zose zibabaje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru amaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi yihanganira. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo Yehova yihanganira.”) Yehova yari gushobora gukuraho iyi si mbi igihe cose abishakiye. Ariko kuba yarihanganye vyaratubereye umuhezagiro. Tubitangire akarorero. Dufate ko umugabo n’umugore babwiwe ko umwana bazokwibaruka azovukana ubumuga bukomeye, be n’uko atazokwigera agira amagara meza kandi ko azopfa akiri muto. Naho abo bavyeyi boba bazi ko batazokworoherwa, iyo uwo mwana avutse bararyoherwa. Urukundo bakunda uwo mwana, ruratuma bihanganira ingorane iyo ari yo yose kugira bamubungabunge uko bashoboye kwose.

16 Cokimwe n’uwo mwana, abakomoka kuri Adamu na Eva bose bavuka badatunganye. Naho ari ukwo, Yehova arabakunda kandi akabitwararika. (1 Yoh. 4:19) Mu buryo butandukanye n’abo bavyeyi, Yehova wewe arashobora kugira ico akoze. Yarashinze igihe aho azokuraho ingorane zihanze abantu yaremye. (Mat. 24:36) None urukundo adukunda, wumva rudakwiye gutuma tumwigana mu kuguma twihanganye igihe cose gisigaye?

17. Ibivugwa kuri Yezu mu Baheburayo 12:2, 3, bituremesha gute kuguma twihanganye?

17 Yehova ni we karorero ntangere mu bijanye no kwihangana. Na Yezu yarashoboye kwihangana nka Se wiwe. Igihe Yezu yari umuntu yarihanganiye kuvugwa nabi, gusigwa iciye, be n’igiti co kubabarizwako ku neza yacu. (Soma Abaheburayo 12:2, 3.) Nta gukeka ko kuzirikana ku kwihangana kwa Yehova vyaronkeje Yezu inkomezi zo kwihangana. Na twebwe birashobora kudukomeza.

18. Muri 2 Petero 3:9, hadufasha gute gutahura ivyiza biva ku kwihangana kwa Yehova?

18 Soma 2 Petero 3:9. Yehova arazi igihe kibereye co gukuraho iyi si mbi. Ukwihangana kwiwe kwaratumye abagize isinzi rinini batororokanywa, bano bakaba baharurwa mu bantu amamiliyoni bamusenga bakongera bakamushemeza. Bose barahimbarwa no kuba Yehova yararetse hagaca igihe gihagije kugira bavuke, bige kumukunda, bongere bamwiyegurire. Igihe Yehova azoha impera abantu amamiliyoni bihanganye gushika kw’iherezo, ni ho bizoca bigaragara neza ko yafashe ingingo ibereye yo kwihangana.

19. Dukwiye kwiyemeza iki, kandi ni impera iyihe tuzoronka?

19 Yehova turamwigirako ukwihangana tunezerewe. Naho Shetani yateje ivyago n’imibabaro ukuraho, Yehova aguma ari “Imana ihimbawe.” (1 Tim. 1:11) Na twebwe turashobora kuguma tunezerewe, magingo tukirindiriye twihanganye ko Yehova yeza izina ryiwe, akemeza ubusegaba bwiwe, agakuraho ubukozi bw’ikibi bwose be n’ingorane zose zitwugarije muri iki gihe. Nimuze rero twiyemeze kwihangana, twongere duhumurizwe no kumenya ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru na we nyene acihanganye. Nitwabigenza gutyo, aya majambo azoturangukirako, ayagira ati: “Hahiriwe umuntu aguma yihanganiye ikigeragezo, kuko niyashimwa azoronka rwa rugori rw’ubuzima Yehova yasezeranira ababandanya kumukunda.”​—Yak. 1:12.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

^ ing. 5 Twese turashikirwa n’ingorane zitandukanye. Nyinshi muri zo ntidushobora kuzitorera umuti muri iki gihe, akaba ari co gituma dutegerezwa kuzihanganira. Ariko si twe twenyene twihangana. Na Yehova ubwiwe arihanganira ingorane nyinshi. Muri iki kiganiro, turaza kuraba icenda muri zo. Turaza no kubona ivyiza vyavuye muri ukwo kwihangana kwa Yehova, tubone n’ivyo twomwigirako.

^ ing. 14 Ubwo “bwoko” abahinga bavuga, buratandukanye n’ “ubwoko” buvugwa muri Bibiliya, ubwerekeza ku murwi munini w’ibinyabuzima.