Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 30

Nuhe agaciro ikibanza ufise mu muryango wa Yehova

Nuhe agaciro ikibanza ufise mu muryango wa Yehova

“Wamugize uwuri munsi gatoyi y’abameze nk’Imana, uraheza umwambika urugori rw’ubuninahazwa n’ubwiza bwakaka.”​—ZAB. 8:5.

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

INCAMAKE *

1. Iyo tuzirikanye ku bintu vyose Yehova yaremye duca twibaza iki?

IGIHE tuzirikanye ibintu vyose Yehova yaremye, twoshobora kwibaza nka wa mwanditsi w’amazaburi Dawidi, uwasenze Yehova ati: “Iyo mbonye amajuru yawe, ibikorwa vy’intoke zawe, ukwezi n’inyenyeri wateguye, umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka, n’umwana w’umuntu yakuwe mw’ivu ku buryo umwitaho?” (Zab. 8:3, 4) Cokimwe na Dawidi, iyo twihweje ibintu vyose Yehova yaremye maze tukabona ingene turi nk’ubusa gusa, twoshobora kwibaza igituma Yehova aguma atwibuka. Ariko nk’uko tuza kubibona, Yehova ntiyitayeho gusa ba bantu ba mbere ari bo Adamu na Eva, ahubwo yaranabagize abo mu muryango wiwe.

2. Ni umugambi uwuhe Yehova yari afitiye abana biwe ba mbere bo kw’isi?

2 Adamu na Eva ni bo babaye abana ba mbere ba Yehova bo kw’isi, Yehova na we akaba yari Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru yabakunda cane. Yari yiteze ko boranguye ibikorwa yobashinze. Yababwiye ati: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Ita. 1:28) Bovyaye abana bakongera bakabungabunga isi babako. Iyo Adamu na Eva bagamburukira Yehova maze bagakora bahuza n’umugambi yari abafitiye, bo n’abobakomotseko, bogumye bari mu bagize umuryango w’Imana ibihe bidahera.

3. Kubera iki twovuga ko adamu na Eva bari bahawe ikibanza giteye iteka mu muryango wa Yehova?

3 Adamu na Eva bari bafise ikibanza giteye iteka mu muryango wa Yehova. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 8:5, Dawidi yihweje ingene Yehova yaremye umuntu, yavuze ati: “Wamugize uwuri munsi gatoyi y’abameze nk’Imana, [ni ukuvuga abamarayika] uraheza umwambika urugori rw’ubuninahazwa n’ubwiza bwakaka.” Ego ni ko Yehova ntiyahaye abantu ububasha, ubwenge, be n’ubushobozi nk’ivyo yahaye abamarayika. (Zab. 103:20) Naho ari ukwo, abantu bari “munsi gatoyi” gusa y’ivyo biremwa vy’impwemu vy’ububasha. Iyumvire ico kintu! Mu vy’ukuri, Yehova yari yahaye abavyeyi bacu ba mbere ubuzima bwiza igitangaza.

4. Kutagamburuka vyagize ico bikoze gute ku kibanza Adamu na Eva bari bafise mu muryango wa Yehova, kandi twihweza ibiki muri iki kiganiro?

 4 Ikibabaje, Adamu na Eva baratakaje ikibanza bari bafise mu muryango wa Yehova. Ivyo vyaragize ingaruka mbi ku babakomotseko, nk’uko tuza kubibona muri iki kiganiro. Ariko rero umugambi wa Yehova ntiwahindutse. Yipfuza ko abantu bagamburuka baba abana biwe ibihe bidahera. Nimuze tubanze turabe ingene Yehova yaduteye iteka. Mu nyuma, turaza kuraba ivyo twokora kugira twerekane ko twipfuza kuba mu bagize umuryango wiwe. Mu gusozera turaza kuraba imihezagiro abana ba Yehova bo kw’isi bazokwironkera ibihe bidahera.

INGENE YEHOVA YATEYE ITEKA ABANTU

Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yaduteye iteka? (Raba ingingo ya 5-11) *

5. Twotera iteka Imana gute kuba yaraturemye mw’ishusho yayo?

5 Yehova yaraduteye iteka mu kuturema mw’ishusho yiwe. (Ita. 1:26, 27) Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, na twebwe turashobora kugaragaza nyinshi muri kamere zayo nziza igitangaza, nk’urukundo, impuhwe, ukudahemuka, be n’ubugororotsi. (Zab. 86:15; 145:17) Igihe tugaragaje izo kamere tuba duteye iteka Yehova, gutyo tukaba twerekanye ko tumukengurukira. (1 Pet. 1:14-16) Igihe twigenjeje mu buryo butera iteka Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, turagira agahimbare. Vyongeye, kubera ko Yehova yaturemye mw’ishusho yiwe, turashobora kumera nk’abantu yipfuza ko baba mu muryango wiwe.

6. Yehova yateye iteka abantu gute igihe yarema isi?

6 Yehova yaraduteguriye ahantu heza cane ho kuba. Hagisigaye igihe kirekire ngo Yehova areme umuntu wa mbere, yabanje gutegurira isi abantu. (Yobu 38:4-6; Yer. 10:12) Kubera ko Yehova yitwararikana kandi atanga cane, yaraturonkeje ibintu vyinshi vyiza bituma duhimbarwa. (Zab. 104:14, 15, 24) Rimwe na rimwe yarihweza ivyo yaba yaremye, “[aka]bona ko ari vyiza.” (Ita. 1:10, 12, 31) Yarateye iteka abantu mu kubaha ububasha bwo “kuganza” ibintu vyose vyiza yaremye kw’isi. (Zab. 8:6) Imana yipfuza ko abantu batunganye baronkera umunezero mu kwitwararika ivyo bintu vyiza yaremye, gushika ibihe bidahera. Woba wama ukengurukira Yehova kuri uwo muhango mwiza cane?

7. Muri Yosuwa 24:15, herekana gute ko umuntu afise uburenganzira bwo kwihitiramwo?

7 Yehova yaraduhaye uburenganzira bwo kwihitiramwo. Turashobora kwihitiramwo ingene dukoresha ubuzima bwacu. (Soma Yosuwa 24:15.) Ivyo bishoboka kubera ko yaduhaye ubwo burenganzira. Imana yacu idukunda, irahimbarwa iyo duhisemwo kuyikorera. (Zab. 84:11; Imig. 27:11) Turashobora gukoresha neza ubwo burenganzira bwo kwihitiramwo mu mice myinshi. Reka turabe akarorero Yezu yadusigiye.

8. Ni akarorero akahe kerekana ingene Yezu yakoresheje uburenganzira bwiwe bwo kwihitiramwo?

8 Turashobora kwigana akarorero ka Yezu, mu guhitamwo gushira imbere ineza y’abandi aho gushira imbere iyacu. Umusi umwe Yezu n’intumwa ziwe bari barushe cane, baca baja ahantu hatekanye kugira ngo baruhuke. Ariko rero ntivyakunze ko baruhuka. Abantu isinzi baciye babasangayo, kandi bari bashashaye kwigishwa na Yezu. Ariko Yezu ntiyaciye ashavura. Ahubwo riho, abo bantu baramuteye ikigongwe. None Yezu yaciye akora iki? Yaciye “atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mrk. 6:30-34) Iyo twiganye Yezu mu gukoresha umwanya wacu n’inguvu zacu kugira dufashe abandi, tuba tuninahaje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Mat. 5:14-16) Tuba kandi tweretse Yehova ko twipfuza kuba mu bagize umuryango wiwe.

9. Abavyeyi bakwiye kuguma bibuka iki?

9 Yehova yarahaye abantu ubushobozi bwo kuvyara abana, be n’ibanga ryo kubigisha kumukunda no kumukorera. Nimba uri umuvyeyi, woba ukenguruka iyo ngabire idasanzwe? Naho Yehova yahezagiye cane abamarayika, ntiyabateye iryo teka. Ku bw’ivyo rero, abavyeyi barakwiye gukenguruka agateka ko kuba bafise abana. Abavyeyi barajejwe ibanga rihambaye kandi ryeranda, ryo kurera abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4; Gus. 6:5-7; Zab. 127:3) Kugira ngo ishirahamwe rya Yehova rifashe abavyeyi muri iryo banga, ryarasohoye ibikoresho vyinshi bishingiye kuri Bibiliya, nk’ibitabu, amavidewo, indirimbo be n’ibiganiro vyo ku rubuga rwacu. Ivyo birerekana ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’Umwana wiwe bakunda cane urwaruka rwacu. (Luka 18:15-17) Igihe abavyeyi bihetse kuri Yehova bakongera bagakora uko bashoboye kwose kugira bitwararike abana babo b‘agaciro, Yehova arahimbarwa. Vyongeye, abo bavyeyi baba batumye abana babo bashobora kuba mu bagize umuryango wa Yehova ibihe bidahera!

10-11. Ni igiki Yehova yatumye gishoboka biciye ku ncungu?

10 Yehova yatanze Umwana wiwe akunda cane, kugira ngo bizokunde ko dusubira kuba abo mu muryango wiwe. Nk’uko twabibonye mu  ngingo ya 4, Adamu na Eva baratakaje ikibanza bari bafise mu muryango wa Yehova, n’abana babo ntibaba bakironka ikibanza muri uwo muryango. (Rom. 5:12) Kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Imana n’ibigirankana, vyari bibereye ko bakurwa muri uwo muryango. Bite hoho ku ruvyaro rwabo? Yehova abigiranye urukundo, yaratunganije ko abomugamburukiye boshoboye kuba mu bagize umuryango wiwe. Ivyo yabigize mu gutanga Umwana wiwe w’ikinege Yezu Kristu ngo atubere incungu. (Yoh. 3:16; Rom. 5:19) Iyo ncungu ya Yezu, yaratumye abantu 144.000 b’abizigirwa bacika abana b’Imana.​—Rom. 8:15-17; Ivyah. 14:1.

11 N’ikindi kandi, hariho abandi bantu amamiliyoni bariko barakora ivyo Imana igomba babigiranye ukugamburuka. Barizigiye ko bazoba mu bagize umuryango w’Imana bimwe vyuzuye, inyuma ya ca kigeragezo ca nyuma kizoba ya Ngoma y’imyaka igihumbi irangiye. (Zab. 25:14; Rom. 8:20, 21) Ico cizigiro bafise, gituma mbere no muri iki gihe bita Yehova Umuremyi wabo ngo “Dawe.” (Mat. 6:9) Abazozuka na bo nyene bazoronka akaryo ko kwiga ivyo Yehova agomba. Abazomugamburukira, amaherezo bazoterwa n’agateka ko kuba mu bagize umuryango wiwe.

12. Ni ikibazo ikihe tugiye kuronderera inyishu?

12 Nk’uko twabibonye, Yehova yarateye iteka abantu mu buryo butandukanye. Abarobanuwe aramaze kubemerera ko baba abana biwe, abagize “isinzi rinini” na bo yabahaye icizigiro co kuzoba abana biwe bimwe vyuzuye mw’isi nshasha. (Ivyah. 7:9) None twokora iki ubu kugira twereke Yehova ko twipfuza kuba mu bagize umuryango wiwe ibihe bidahera?

NIWEREKE YEHOVA KO WIPFUZA KUBA MU BAGIZE UMURYANGO WIWE

13. Twokora iki kugira ngo tube mu bagize umuryango w’Imana? (Mariko 12:30)

13 Niwerekane ko ukunda Yehova mu kumukorera n’umutima wawe wose. (Soma Mariko 12:30.) Imana ibigiranye umutima mwiza yaraduhaye ibintu vyinshi vyiza. Kimwe muri ivyo ni ubushobozi bwo kuyisenga. Turereka Yehova ko tumukunda, mu ‘kwubahiriza amabwirizwa yiwe.’ (1 Yoh. 5:3) Rimwe mu mabwirizwa Yehova yipfuza ko tugamburuka, ni rya tegeko Yezu yaduha ryo guhindura abantu abigishwa no kubabatiza. (Mat. 28:19) Vyongeye, yaradutegetse gukundana. (Yoh. 13:35) Abagamburuka, Yehova arabaha ikaze mu muryango w’abamusenga ukwiye kw’isi yose.​—Zab. 15:1, 2.

14. Twokwerekana gute ko dukunda abandi? (Matayo 9:36-38; Abaroma 12:10)

14 Nukunde abandi. Urukundo ni co kintu nyamukuru kiranga Yehova. (1 Yoh. 4:8) Yehova yadukunze tutaranamumenya. (1 Yoh. 4:9, 10) Iyo dukunze abandi tuba tumwiganye. (Ef. 5:1) Bumwe mu buryo bwiza twokwerekana ko dukunda abandi, ni ukubafasha kumenya ivyerekeye Yehova bigishoboka. (Soma Matayo 9:36-38.) Tubigenjeje gutyo, tuba tubafashije kugira icizigiro co kuba mu bagize umuryango w’Imana. Igihe umuntu amaze kubatizwa, dutegerezwa kuguma tumukunda kandi tukamwubaha. (1 Yoh. 4:20, 21) None ivyo tubigira gute? Kimwe mu vyo dukora, ni ukumwizigira. Nk’akarorero, ntidukwiye kwikeka ko ivyo akora abitumwa n’ubwikunzi. Ahubwo riho, turakwiye gutera iteka umuvukanyi wacu, tukabona ko aturuta.​—Soma Abaroma 12:10; Flp. 2:3.

15. Ni bande dukwiye kugaragariza imbabazi n’ubuntu?

15 Nugaragarize abantu bose imbabazi n’ubuntu. Nimba dushaka kuba mu bantu bipfuza ko Yehova ababera Umuvyeyi ibihe bidahera, dutegerezwa kubaho twisunga Ijambo ryiwe. Nk’akarorero, Yezu yatwigishije ko dukwiye kugaragariza imbabazi n’ubuntu abantu bose, ushizemwo n’abansi bacu. (Luka 6:32-36) Rimwe na rimwe ivyo vyoshobora kutugora. Igihe ibintu bimeze gutyo, dutegerezwa kwiga kwiyumvira no gukora nka Yezu. Iyo dukoze uko dushoboye kwose tukagamburukira Yehova tukongera tukigana Yezu, tuba tweretse Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ko twipfuza kuba mu bagize umuryango wiwe ibihe bidahera.

16. Twokwirinda gute gutukisha umuryango wa Yehova?

16 Niwirinde gutukisha umuryango wa Yehova. Mu muryango, akenshi usanga umwana mutoyi yigana mukuru we. Iyo mukuru we akurikije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, aca abera akarorero keza mutoyi wiwe. Iyo na ho akora ibintu bibi, mutoyi wiwe aca yigana ako karorero kabi. No mu muryango wa Yehova ni ko bimeze. Iyo umukirisu yahora ari umwizigirwa abaye umuhuni, canke agakora ubuhumbu canke akabaho yigenza nabi, abandi boshobora kwigana iyo ngendo mbi yiwe. Abantu bakora ibintu nk’ivyo, baratukisha umuryango w’abasavyi ba Yehova. (1 Tes. 4:3-8) Dutegerezwa kwirinda uburorero bubi, no kutemera ko hagira ikintu na kimwe kidutandukanya n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda.

17. Ni ivyiyumviro ibihe dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?

17 Niwizigire Yehova aho kwizigira ibintu vy’umubiri. Yehova asezerana ko nitwabanza kurondera Ubwami bwiwe, tukongera tukabaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse, azoturonsa ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. (Zab. 55:22; Mat. 6:33) Ivyo bituma twirinda kwiyumvira ko ibintu vy’umubiri vyo muri iyi si bituma dutekanirwa tukagira n’agahimbare karamba. Turazi ko gukora ivyo Yehova agomba ari bwo buryo bwonyene butuma tugira amahoro nyakuri yo mu mutima. (Flp. 4:6, 7) Mbere naho twoba dufise uburyo bwo kugura ibintu vyinshi, dutegerezwa kurimbura nimba vy’ukuri dufise umwanya canke inguvu zo kubikoresha no kuvyitwararika. Twoba dukwiye gushira umutima cane ku vyo dutunze? Dutegerezwa kwibuka ko Imana yiteze ko twebwe abo mu muryango wayo dukora igikorwa yadushinze. Ivyo bisobanura ko tudakwiye kureka ngo hagire ikidusamaza. Nta nkeka ko tutipfuza kumera nka wa musore yanka agateka ko gukorera Yehova n’ako kuzoba mu bagize umuryango wiwe, kubera gusa kutavirira itunga ry’isi!​—Mrk. 10:17-22.

IVYIZA ABANA BA YEHOVA BAZOKWINOVORA IBIHE BIDAHERA

18. Ni iteka rihambaye irihe be n’imihezagiro iyihe abantu bagamburuka bazokwironkera ibihe bidahera?

18 Abantu bagamburuka bazoterwa iteka rihambaye kuruta ayandi yose, na ryo akaba ari ugukunda Yehova no kumusenga ibihe bidahera. Abafise icizigiro co kuba kw’isi, bazokwironkera kandi umunezero wo kwitwararika iyi si nziza Yehova yatunganije neza kugira bayibeko. Vuba, Ubwami bw’Imana buzotuma iyi si be n’ibinyabuzima vyose biyiriko bihindurwa bishasha. Yezu azokuraho ingaruka mbi zose zavuye ku kuba Adamu na Eva barafashe ingingo yo kwikura mu muryango w’Imana. Yehova azozura abantu amamiliyoni maze abahe akaryo ko kubaho ibihe bidahera bafise amagara meza kw’isi izoba yahindutse iparadizo. (Luka 23:42, 43) Uko abo mu muryango wa Yehova bo kw’isi bazogenda barashikira ugutungana, ni ko umwe wese azogira bwa “buninahazwa n’ubwiza bwakaka” Dawidi yavuze.​—Zab. 8:5.

19. Ni igiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi?

19 Nimba uri mu bagize rya “sinzi rinini,” urafise icizigiro ciza igitangaza. Yehova aragukunda kandi yipfuza ko uba mu bagize umuryango wiwe. Nukore uko ushoboye kwose rero kugira ngo umuhimbare. Nubeho buri musi ufise ku muzirikanyi ivyo yasezeranye. Nuhe agaciro agateka ufise ko gusenga Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, wongere ukenguruke icizigiro ufise co kumushemeza ibihe bidahera!

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

^ ing. 5 Kugira ngo mu muryango harangwe urutonde, umwe wese mu bawugize ategerezwa kumenya ivyo abandi bamwitezeko kandi agasenyera ku mugozi umwe na bo. Serugo arahagarikira umuryango abigiranye urukundo, inarugo akamushigikira, abana na bo bakagamburukira abavyeyi. Ni ko bimeze no mu muryango wa Yehova. Imana yacu iradufitiye umugambi, kandi nitwakora tuwisunga tuzoba abo mu muryango wayo ibihe bidahera.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kuba twaremwe mw’ishusho y’Imana, biratuma umugabo n’umugore wiwe bagaragarizanya urukundo n’impuhwe bakongera bakabigaragariza abana babo. Uwo mugabo n’uwo mugore barakunda Yehova. Barerekana ko bakenguruka agateka ko kuba bafise abana, mu kubigisha gukunda Yehova no kumukorera. Abo bavyeyi barakoresha ividewo kugira babasigurire igituma Yehova yatanze Yezu ngo abe incungu. Barabigisha kandi ko mw’Iparadizo igiye kuza, tuzokwitwararika isi be n’ibikoko ibihe bidahera.