Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 33

Nunezererwe uduteka ufise

Nunezererwe uduteka ufise

“Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima.”​—UMUS. 6:9.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

INCAMAKE *

1. Ni gute benshi bariko bararondera gukora vyinshi mu murimo wa Yehova?

 UKO iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza, ni ko tugira vyinshi vyo gukora. (Mat. 24:14; Luka 10:2; 1 Pet. 5:2) Twese twipfuza gukorera Yehova uko dushoboye kwose. Abenshi bariko baragura umurimo wabo. Hari abipfuza kuba abatsimvyi. Abandi na bo bipfuza gukorera kuri Beteli, canke kugira uruhara mu bwubatsi bw’inyubakwa z’ishirahamwe. Vyongeye, abavukanyi batari bake bariko barakwiza ibisabwa kugira babe abakozi b’ishengero canke abakurambere. (1 Tim. 3:1, 8) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa abonye ako gatima ko kwitanga abasavyi biwe bafise!​—Zab. 110:3; Yes. 6:8.

2. Dushobora kumererwa gute igihe hari imigambi imwimwe y’ivy’impwemu tudashobora gushikako?

2 Ariko rero iyo tubonye ko haciye igihe tutarashika ku migambi imwimwe y’ivy’impwemu twishingiye, twoshobora gutangura kuvunika umutima. Canke na ho, twoshobora gucika intege nimba hari amabanga tudashobora gushingwa kubera twitereye mu myaka, canke bivanye n’uko ivyacu vyifashe. (Imig. 13:12) Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Melissa. * Yaripfuza kuba Umunyabeteli canke kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Ariko avuga ati: “Ndarengeje imyaka isabwa. Ubu kuri jewe utwo duteka ni nk’indoto nsa. Birashika ngacika intege.”

3. Ni intambwe izihe bamwebamwe boshobora gutera kugira bakwize ibisabwa maze baterwe uduteka tumwetumwe?

3 Abakiri bato bamwebamwe kandi bafise amagara meza, boshobora gukenera kubanza kuba abahumuye no kugaragaza kamere zimwezimwe imbere y’uko baterwa uduteka twiyongereye. Ku ruhande rumwe boshobora kuba ari inkerebutsi, banyaruka gufata ingingo kandi bashashaye gukora, ariko ku rundi ruhande boshobora kuba bakeneye kwiga kurushiriza kwihangana, gukora ibintu neza, canke kwubaha abandi. Hamwe wokwihatira gukwiza kamere zisabwa, woshobora guterwa agateka k’umurimo igihe utari uvyiteze. Zirikana akarorero k’uwitwa Nick. Igihe yari afise imyaka 20, yaravunitse umutima kubera ko atari yagenywe ngo abe umukozi w’ishengero. Avuga ati: “Numvise umengo hari ikitagenda neza kuri jewe.” Ariko Nick yagumye yihanganye. Yaciye yitwararika cane uduteka yashobora gushikira. Ubu ari mu bagize Komite y’ishami.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Woba ucitse intege kubera ko hari agateka kanaka utaraterwa? Nimba ari ukwo bimeze, nubibwire Yehova mw’isengesho. (Zab. 37:5-7) N’ikindi kandi, niwiture abavukanyi bahumuye bokugira inama y’ivyo woryohora mu murimo urangurira Imana, uce wihatira gushira mu ngiro impanuro baguha. Ubigenjeje gutyo, woshobora gushikira ako gateka. Ariko cokimwe n’umwe Melissa twavuga mu ntango, hari aho ubu utoshikira agateka wipfuza. None wokora iki kugira ngo ugumane umunezero? Iki kiganiro kiraza kwishura ico kibazo. Kigiye guca irya n’ino (1) icotuma ugira umunezero, (2) ingene worushiriza kugira umunezero, (3) imigambi wokwishingira yotuma urushiriza kugira umunezero.

ICOTUMA UGIRA UMUNEZERO

5. Kugira turonke umunezero, dukwiye gushira umutima ku biki? (Umusiguzi 6:9)

5 Mu Musiguzi 6:9, haratubwira icotuma tugira umunezero. (Soma.) Umuntu anezerererwa ‘ivyo abonesha amaso’ arabumbwa n’ivyo afise, ni ukuvuga ko ashima ukwo ivyiwe vyifashe ubu. Ariko umuntu yangaza umutima aguma yipfuza ivyo atari buronke. None icigwa ni ikihe? Kugira turonke umunezero, dukwiye gushira umutima ku vyo dufise, be no ku vyo dushobora gushikako.

6. Ni umugani uwuhe tugiye kurimbura, kandi uza kutwigisha iki?

6 Vyoba bishoboka vy’ukuri ko umuntu abumbwa n’ivyo asanzwe afise? Abantu benshi biyumvira ko bidashoboka kubera ko twipfuza kuguma twiga ibintu bishasha. Ariko mu vy’ukuri birashoboka. Uretse ko dushobora kubumbwa n’ivyo “[tu]bonesha amaso,” turashobora no kubinezerererwa. None ivyo twobishikako gute? Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, nimuze turimbure umugani Yezu yavuze w’italanto, dusanga muri Matayo 25:14-30. Uwo mugani uraza kutwereka ingene tworonka umunezero be n’ingene tworushiriza guhimbarirwa uko ivyacu vyifashe ubu.

INGENE WORUSHIRIZA KUGIRA UMUNEZERO

7. Vuga muri make umugani wa Yezu werekeye italanto.

7 Muri uwo mugani havugwamwo umugabo yagira afate urugendo. Imbere y’uko agenda yarahamagaye abashumba biwe, maze umwe wese amuha italanto yodandaje. * Yisunze ubushobozi bw’abo bashumba, uwa mbere yamuhaye zitanu, uwa kabiri zibiri, uwa gatatu na we amuha imwe. Abo babiri ba mbere barazidandaje barunguka. Ariko umushumba wa gatatu, nta na kimwe yakoresheje amahera yari yahawe, bica bituma shebuja amwirukana.

8. Kubera iki umushumba wa mbere avugwa muri uwo mugani ashobora kuba yaranezerewe cane?

8 Umushumba wa mbere ategerezwa kuba yaranezerejwe no kuba shebuja yaramwizeye akamuha italanto zitanu. Ayo yari amahera menshi cane, ivyo bikaba vyerekana ukuntu shebuja yamwizigira cane. Tuvuge iki ku mushumba wa kabiri? Ashobora kuba yaracitse intege, kubera ko ataronse italanto zingana n’iz’uwa mbere. Ariko none yavyifashemwo gute?

Ni ivyigwa ibihe dukura kuri wa mushumba agira kabiri avugwa mu mugani wa Yezu? (1) Shebuja yamuhaye italanto zibiri. (2) Yarakoranye umwete kugira yungukire shebuja. (3) Yungukiye shebuja izindi talanto zibiri (Raba ingingo ya 9-11)

9. Ni ibiki Yezu atavuze ku bijanye n’umushumba wa kabiri? (Matayo 25:22, 23)

9 Soma Matayo 25:22, 23. Yezu ntiyavuze ko umushumba wa kabiri yaciye ashavura kandi akagira inzigo kubera ko yaronse italanto zibiri gusa. Vyongeye, Yezu ntiyerekanye ko uwo mushumba yoba yaridoze, ati: ‘Izi zonyene ni zo databuja ampaye? Erega urya ahawe zitanu nta co yari andushije! Nimba databuja atanyemera, izi talanto zibiri nozihamba maze nkikorera ivyanje.’

10. Wa mushumba agira kabiri yakoresheje gute italanto yahawe?

10 Cokimwe n’umushumba wa mbere, uwo mushumba wa kabiri yaritwararitse cane ibanga yari yajejwe, maze arakorera shebuja abigiranye umwete. Ivyo vyatumye yunguka izindi talanto zibiri. Umwete wiwe be n’ububangutsi bwiwe vyaratumye yironkera impera. Uretse ko shebuja yaryohewe, yaranavuze ko uwo mushumba yari abereye gushingwa ayandi mabanga!

11. Twokora iki kugira ngo turushirize kugira umunezero?

11 Na twebwe nyene, iyo dukoranye umwete igikorwa ico ari co cose dushingwa mu murimo wa Yehova, biratuma turushiriza kugira umunezero. ‘Nufatirwe cane’ mu gikorwa co kwamamaza, wongere ukorane umwete ibikorwa vyo mw’ishengero. (Ivyak. 18:5; Heb. 10:24, 25) Nutegure neza amakoraniro kugira ngo utange inyishu ziremesha abandi. Nufatane uburemere ikiganiro ico ari co cose c’abanyeshure ushingwa mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Igihe hari igikorwa kanaka bagushinze mw’ishengero, niwame ucitwararika kandi ube umwizigirwa. Ntihagire igikorwa na kimwe usuzugura ngo ubone ko kugikora ari uguta umwanya. Niwihatire kugikora neza. (Imig. 22:29) Uko witwararikana umwete ibikorwa vy’impwemu n’amabanga ushingwa, ni ko uzonyaruka gutera imbere no kugira umunezero mwinshi. (Gal. 6:4) Bizokworohera no kunezeranwa n’abandi, nibaterwa agateka wari wipfuza.​—Rom. 12:15; Gal. 5:26.

12. Ni ibiki vyafashije Melissa na Nick kurushiriza kugira umunezero?

12 Woba wibuka umwe mushiki wacu Melissa yipfuza gukorera kuri Beteli canke kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Naho bitakunze ko abishikako, avuga ati: “Ndakorana umwete igikorwa canje c’ubutsimvyi, kandi nkagira uruhara mu mice itandukanye y’igikorwa co kwamamaza. Ivyo bituma ngira umunezero mwinshi.” Umwe Nick na we yavyifashemwo gute igihe yavunika umutima kubera ko atari yagenywe ngo abe umukozi w’ishengero? Avuga ati: “Nagumije umutima ku duteka nashobora gushikira, nko kugira uruhara mu ndimiro no gutanga inyishu ziremesha abandi mu makoraniro. Narasavye kandi gukorera kuri Beteli, maze mu mwaka ukurikira nca ndemererwa.”

13. Niwitwararikana umwete agateka ufise ubu, bizovamwo iki? (Umusiguzi 2:24)

13 Woba uzoshingwa amabanga yiyongereye muri kazoza hamwe wokwitwararikana umwete agateka ufise ubu? Hari aho vyoshoboka nka kumwe kwa Nick. Bidashobotse na ho nka kumwe kwa Melissa, urashobora kurushiriza kugira umunezero kandi ugahimbarwa cane n’igikorwa uriko urarangurira Yehova. (Soma Umusiguzi 2:24.) N’ikindi kandi uranezererwa cane no kumenya ko utwigoro ugira duhimbara Databuja wacu, Yezu Kristu.

IMIGAMBI YOTUMA URUSHIRIZA KUGIRA UMUNEZERO

14. Dukwiye kuguma twibuka iki ku bijanye n’imigambi yacu?

14 Gushira umutima ku duteka dufise ubu, vyoba bisobanura ko tudakwiye kurondera uturyo two kwagura umurimo turangurira Yehova? Habe namba! Turakwiye kwishingira imigambi yotuma turushiriza kuba kirumara mu ndimiro, no gufasha abavukanyi na bashiki bacu. Ivyo turabishikako iyo twitwararitse gukorera abandi tubigiranye ubukerebutsi n’ukwifata ruto, aho kwitwararika ivyacu.​—Imig. 11:2; Ivyak. 20:35.

15. Ni imigambi imwimwe iyihe yotuma urushiriza kugira umunezero?

15 Ni imigambi iyihe wokwishingira? Nusabe Yehova agufashe kumenya imigambi ushoboye gushikako. (Imig. 16:3; Yak. 1:5) Woba ushobora kwishingira umwe mu migambi yavuzwe mu  ngingo ya mbere y’iki kiganiro, nko kuba umutsimvyi afasha canke umutsimvyi asanzwe, gukorera kuri Beteli, canke gukorera mu bwubatsi? Canke na ho woshobora kwiga urundi rurimi kugira ngo wamamaze ku baruvuga, canke mbere uje kwamamaza mu kindi gihugu. Kugira ngo umenye ingene woshika ku migambi imwimwe muri iyo, woshobora kuraba ikigabane ca 10 mu gitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba, canke ukayaga n’abakurambere bo mw’ishengero. * Niwarondera gushikira iyo migambi, iterambere ryawe rizokwibonekeza, wongere urushirize kugira umunezero.

16. Wokora iki nimba udashobora gushikira umugambi kanaka ubu?

16 Bite ho hamwe muri iyo migambi yose twavuze ata n’umwe woba ushobora gushikako ubu? Icogufasha ni ukwishingira uwundi mugambi ushobora gushikako. Reka turabe imwimwe muri yo.

Ni imigambi imwimwe iyihe woshobora gushikako? (Raba ingingo ya 17) *

17. Twisunze 1 Timoteyo 4:13, 15, umuvukanyi yokora iki kugira ngo abe umwigisha mwiza?

17 Soma 1 Timoteyo 4:13, 15. Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, urashobora kuryohora ubuhanga bwawe bwo kuvuga no kwigisha. Kubera iki? Kubera ko niwijukira gusoma, kuvuga be no kwigisha, bizogirira akamaro abakwumviriza. Niwishingire umugambi wo kwiga no gushira mu ngiro icigwa kimwekimwe co muri ka gatabu Niwijukire gusoma no kwigisha. Nuze uriga icigwa kimwekimwe, wimenyereze uri muhira, maze igihe ushikiriza ikiganiro uba washinzwe ugerageze gushira mu ngiro ico cigwa. Nusabe impanuro umuhanuzi w’inyongera, canke abandi bakurambere “bakora cane mu kuvuga no mu kwigisha.” * (1 Tim. 5:17) Ntiwitwararike gusa gushira mu ngiro ubuhanga wize, ariko witwararike no gufasha abakwumviriza gukomeza ukwizera kwabo, canke kubavyurira umutima wo kugira ico bakoze. Ubigenjeje gutyo, mwese muzorushiriza kugira umunezero.

Ni imigambi imwimwe iyihe woshobora gushikako? (Raba ingingo ya 18) *

18. Ni ibiki vyodufasha gushikira imigambi yacu mu bijanye n’indimiro?

18 Twese turafise agateka ko kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20; Rom. 10:14) Woba wipfuza kurushiriza kuba umuhanga muri ico gikorwa gihambaye? Uko wiga agatabu Kwigisha, nuze urishingira imigambi yogufasha gushira mu ngiro ivyo uba wize. Woshobora kuronka ibindi vyiyumviro mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, no mu mavidewo y’ingene twotanguza ibiyago yama yerekanwa mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Nugerageze gukoresha ivyiyumviro bitandukanye muri ivyo, kugira urabe ivyoba ngirakamaro kuruta ibindi. Niwakurikiza ivyo vyiyumviro, nta nkeka ko uzorushiriza kuba umukirisu ahumuye, maze bitume ugira umunezero ntangere.​—2 Tim. 4:5.

Ni imigambi imwimwe iyihe woshobora gushikako? (Raba ingingo ya 19) *

19. Wotsimbataza gute kamere zishimwa n’Imana?

19 Igihe wishingira imigambi, ntiwibagire umwe mu migambi ihambaye kuruta, na wo ukaba ari ugutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. (Gal. 5:22, 23; Kol. 3:12; 2 Pet. 1:5-8) None wobishikako gute? Dufate ko wipfuza kugira ukwizera gukomeye. Woshobora gusoma ibiganiro vyo mu bitabu vyacu birimwo ivyiyumviro vyogufasha gukomeza ukwizera kwawe. Nta nkeka ko kuraba ibiganiro vyo kuri ya Televiziyo ya JW, vyerekana ingene abavukanyi na bashiki bacu bagaragaje ukwizera kudasanzwe mu bigeragezo bitandukanye, na vyo nyene bishobora kugukomeza. Nuce rero uzirikana ingene wokwigana ukwizera kwabo.

20. Tworushiriza gute kugira umunezero maze tukagabanya ivyiyumviro bica intege?

20 Nta nkeka ko twese twipfuza gukorera Yehova ibiruta ivyo dukora ubu. Mw’isi nshasha, tuzomukorera bimwe vyuzuye. Mu kurindira, dushize umutima ku vyo dushoboye gukora ubu, turashobora kurushiriza kugira umunezero, gutyo tukagabanya ivyiyumviro bica intege. N’igihambaye kuruta, tuzoshemeza twongere dutere iteka Yehova, ya ‘Mana yacu ihimbawe.’ (1 Tim. 1:11) Nimuze rero tunezerererwe uduteka dufise ubu!

URURIRIMBO RWA 82 ‘Mureke umuco wanyu wake’

^ ing. 5 Turakunda cane Yehova, kandi twipfuza gukora ivyo dushoboye vyose mu murimo wiwe. Ivyo vyoshobora gutuma twipfuza kwagura umurimo wacu, canke gukwiza ibisabwa kugira dushingwe amabanga yiyongereye mw’ishengero. Ariko none vyogenda gute hamwe twokora uko dushoboye kwose, mugabo ntidushobore gushika ku migambi imwimwe? Ni gute twoguma dukora vyinshi maze tukagumana umunezero? Inyishu tuyisanga mu mugani w’italanto Yezu yatanze.

^ ing. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 7 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Italanto imwe yangana n’umushahara umukozi asanzwe yahembwa mu myaka nka 20.

^ ing. 15 Abavukanyi babatijwe baremeshwa kwihatira gukwiza ibisabwa kugira babe abakozi b’ishengero n’abakurambere. Ushaka kumenya ivyo bisabwa, raba ikigabane ca 5 n’ica 6, mu gitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba.

^ ing. 17 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Umuhanuzi w’inyongera ni umukurambere ajejwe guha impanuro abakurambere n’abakozi b’ishengero mu mwiherero igihe bikenewe, ku bijanye n’ibiganiro bashikiriza mw’ishengero.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kugira umuvukanyi ashike ku mugambi yishingiye wo kuba umwigisha mwiza, aragira ubushakashatsi mu bitabu vyacu.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu amaze kwishingira umugambi wo gushinga intahe akaryo kizanye, araha agakarata ka jw.org uwumusereva.

^ ing. 68 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu yipfuza gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, arahaye ingabire uwo basangiye ukwizera igihe atari avyiteze.