Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 34

Ingene ‘wohonja’ ukumera neza kwa Yehova

Ingene ‘wohonja’ ukumera neza kwa Yehova

“Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe; hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we.”​—ZAB. 34:8.

URURIRIMBO RWA 117 Kamere yo kumera neza

INCAMAKE *

1-2. Twisunze Zaburi 34:8, twokora iki kugira ngo twibonere ukumera neza kwa Yehova?

IYUMVIRE hamwe hogira uwuguha ikintu ngo ufungure, kandi utari bwakirye na rimwe. Kucitegereza, kucimotereza, kuraba ibikigize canke kubaza abamaze kugifungura, birashobora gutuma umenya amakuru amwamwe acerekeye. Ariko kugira ngo umenye nimba kiryoshe, utegerezwa kugihonjako ubwawe.

2 Igihe dusomye Bibiliya be n’ibitabu vyacu tukongera tukumviriza n’abo Yehova yagiye arahezagira, turashobora kumenya ko Yehova ameze neza. Ariko kugira ngo dutahure neza ingene aryoshe, dutegerezwa ‘guhonja’ ubwacu ku kumera neza kwiwe. (Soma Zaburi 34:8.) Reka dutange akarorero k’ingene twobigira. Dufate ko twipfuza gutangura umurimo w’igihe cose. Ariko kugira ngo tubishikeko, tuzokenera kworosha ubuzima. Kumbure turamaze gusoma kenshi umuhango Yezu yatanze uvuga ko nitwashira imbere ivyungura Ubwami, Yehova azoturonsa ivyo dukeneye vy’ukuri, mugabo tukaba tutarigera twibonera ingene ivyo biturangukirako. (Mat. 6:33) Ariko kubera ko twizera yuko uwo muhango ari uw’ukuri, turagabanya amahera dukoresha, tukagabanya umwanya w’akazi k’umubiri, maze tukitunira ku gikorwa co kwamamaza. Tubigenjeje gutyo, turibonera koko ko Yehova aturonsa ivyo dukeneye. Muri ubwo buryo, ubwacu tuba ‘duhonjeje’ ku kumera neza kwiwe.

3. Twisunze Zaburi 16:1, 2, ni bande bibonera ukumera neza kwa Yehova?

3 “Yehova ni mwiza kuri bose,” mbere no ku batamuzi. (Zab. 145:9; Mat. 5:45) Ariko abamukunda bakongera bakamukorera n’umutima wabo wose, ni bo canecane aronsa imihezagiro myinshi. (Soma Zaburi 16:1, 2.) Nimuze turabe uburyo bumwebumwe twungukira ku kumera neza kwa Yehova.

4. Yehova agirira neza gute abantu bagitangura kumwiyegereza?

4 Igihe cose dushize mu ngiro ivyo Yehova atwigisha, turibonera ivyiza mu buzima bwacu. Igihe twamenya ibimwerekeye maze tukamukunda, yaradufashije gutsinda ingeso be n’ivyiyumviro vyatwigiza kure yiwe. (Kol. 1:21) Igihe na ho twamwiyegurira tukabatizwa, yaraduhaye n’ibindi vyiza, nko kugira ijwi ryo mu mutima ryiza be no kugiranira ubugenzi na we.​—1 Pet. 3:21.

5. Twibonera gute ukumera neza kwa Yehova mu gikorwa co kwamamaza?

5 Turabandanya kwibonera ukumera neza kwa Yehova igihe tugira uruhara mu ndimiro. Woba uri umuntu w’amasoni? Abasavyi ba Yehova benshi ni ko bameze. Kumbure utaraba Icabona ca Yehova, ntiwigera wiyumvira ko woshoboye kudodora ku muryango w’umuntu utazi, ngo umubwire ubutumwa abantu benshi batamenyereye. Ariko ubu, ivyo nyene ni vyo wama ukora. N’ikindi kandi, Yehova yaragufashije kuronkera umunezero muri ico gikorwa. Wariboneye n’ingene agushigikira mu buryo butandukanye. Yaragufashije kuguma utekanye igihe wahura n’umuntu atavyakira neza. Yaragufashije no kwibuka icanditswe wari ukeneye gusomera uwashimishijwe. Vyongeye, yaraguhaye inkomezi zo kubandanya wamamaza n’igihe abantu batavyakira neza.​—Yer. 20:7-9.

6. Ukuntu Yehova atumenyereza bitwereka gute ukumera neza kwiwe?

6 Yehova kandi yaratweretse ukumera neza kwiwe mu kutumenyereza ku bw’igikorwa co kwamamaza. (Yoh. 6:45) Kw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, turumviriza uburyo bwo gutanguza ibiyago bwateguwe neza, tukaremeshwa no kubukoresha mu ndimiro. Mu ntango twoshobora gutinya kugerageza gukoresha uburyo bushasha, ariko iyo tubugerageje, twoshobora gusanga ari bwo nyene bukora ku mutima abo mu cibare cacu. Vyongeye, ku makoraniro no ku mahwaniro turaremeshwa gukoresha imice yo kwamamaza kumbure tutari bwigere dukoresha. N’ico gihe nyene tubanza guhagarika umutima, ariko iyo tuyikoresheje tuba duhaye Yehova akaryo ko kuduhezagira. Nimuze turabe ivyiza bimwebimwe twironkera iyo dukoresheje uburyo bushasha kugira ngo dukorere Yehova uko dushoboye kwose, naho ivyacu vyoba vyifashe gute. Mu nyuma, turaza kuraba uburyo butandukanye twokwagura umurimo wacu.

YEHOVA ARAHEZAGIRA ABAMWIZIGIRA

7. Ni umuhezagiro uwuhe twironkera iyo twihatiye kwagura umurimo wacu?

7 Turarushiriza kwiyegereza Yehova. Raba akarorero k’umukurambere yitwa Samuel, * we n’umugore wiwe bakaba bakorera muri Kolombiya. Bari abatsimvyi mw’ishengero iwabo, ariko bakaba baripfuza kwagura umurimo wabo bakaja gukorera mw’ishengero ririmwo inkenero kuruta. Kugira ngo babishikeko vyabaye ngombwa ko bagira ivyo bahinduye. Samuel avuga ati: “Twarashize mu ngiro Matayo 6:33, turahagarika kugura ibintu tutari dukeneye. Ariko icatugoye cane kwari ukwimuka tukava mu nzu yacu. Yari yubatse uko dushaka, kandi twari twarahejeje kuyiriha.” Bageze mw’ishengero bimukiyemwo, basanze bashobora kubeshwaho n’amahera makeyi cane ugereranije n’ayo bahora bakoresha. Samuel yongerako ati: “Twariboneye ingene Yehova atuyobora n’ingene yishura amasengesho yacu. Turibonera ko Yehova adushima be n’uko adukunda mu buryo tutari bwigere tubona.” Woba nawe ushobora kwagura umurimo wawe mu buryo bumwe canke ubundi? Numenye neza ko niwabigira uzorushiriza kwiyegereza Yehova kandi ko azokwitwararika.​—Zab. 18:25.

8. Ivyavuzwe na Ivan be na Viktoria bikwigisha iki?

8 Turaronkera umunezero mu murimo turangura. Raba ivyavuzwe na Ivan be n’umugore wiwe Viktoria, bakaba ari abatsimvyi bakorera muri Kirgistani. Baroroheje ubuzima kugira ngo bashobore kwitanga mu gikorwa ico ari co cose, ushizemwo n’ubwubatsi. Ivan avuga ati: “Twarakorana umwete igikorwa cose badushinga. Naho twataha turushe cane twarumva ko tunezerewe kandi dufise amahoro, kubera ko twaba twakoresheje inguvu zacu mu gikorwa c’Ubwami. Twarahimbawe kandi no kuronka abagenzi be n’ibintu vyiza tuzoza turibuka.”​—Mrk. 10:29, 30.

9. Mushiki wacu umwe yari afise intambamyi yashoboye gute kwagura umurimo wiwe, kandi vyavuyemwo iki?

9 Turaronkera umunezero mu gikorwa ca Yehova n’igihe nyene tuba dufise intambamyi. Nk’akarorero, umupfakazi umwe ageze mu zabukuru yitwa Mirreh wo muri Afrika yo mu Burengero, yarakukurutse mu kazi k’ubuganga aca aratangura ubutsimvyi. Mirreh arwaye indwara ya rumatizime ikomeye, akaba adashobora kumara umwanya urenga isaha ariko aramamaza inzu ku nzu. Ariko arashobora kumara umwanya munini ariko aramamaza ku mugaragaro. Arafise amasubirayo menshi be n’inyigisho za Bibiliya, bamwe muri bo akaba abaganiriza biciye kuri telefone. Ni igiki none catumye Mirreh yipfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova? Avuga ati: “Ndakunda cane Yehova na Kristu Yezu. Vyongeye, nama nsenga Yehova ndamusaba ngo amfashe gukora vyinshi bishoboka mu murimo wiwe.”​—Mat. 22:36, 37.

10. Twisunze 1 Petero 5:10, ni igiki Yehova aronsa abitanga?

10 Yehova araduha ukumenyerezwa kwiyongereye. Umutsimvyi yitwa Kenny akorera mw’izinga rya Maurice, yariboneye ko ivyo ari ukuri. Igihe yamenya ukuri, yarahevye kaminuza, arabatizwa maze aca atangura umurimo w’igihe cose. Avuga ati: “Ndagerageza kubaho nisunga amajambo umuhanuzi Yesaya yavuze, ayagira ati: ‘Ndi hano! Ntuma!’” (Yes. 6:8) Kenny yarakoreye mu maporoje atandukanye y’ubwubatsi, kandi yaranafashije guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rwiwe kavukire. Avuga ati: “Nararonse ukumenyerezwa kwanyigishije ubuhanga nari nkeneye kugira ndangure ibikorwa nashingwa.” Ariko rero muri ukwo kumenyerezwa yarahigiye n’ibindi. Yongerako ati: “Naramenye ko hari ivyo ntashoboye nongera ndamenya kamere nari nkwiye gutsimbataza kugira ngo mbe umusavyi wa Yehova ameze neza.” (Soma 1 Petero 5:10.) Ubona gute usuzumye uko ivyawe vyifashe maze ukaraba nimba wokwitanga kugira Yehova akuronse ukumenyerezwa kwiyongereye?

Umugabo n’umugore bariko baramamaza mu karere gakeneye cane abamamaji b’Ubwami; mushiki wacu akiri muto ariko arafasha mu bwubatsi bw’ingoro y’Ubwami; umugabo n’umugore bitereye mu myaka bariko baramamaza biciye kuri terefone. Abo bose bararonkera umunezero mwinshi mu murimo barangura (Raba ingingo ya 11)

11. Ni utwigoro utuhe bashiki bacu bo muri Koreya y’Epfo bagize kugira ngo bamamaze, kandi vyavuyemwo iki? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

11 Mbere n’Ivyabona bamaze igihe kirekire, barungukira ku kumenyerezwa baronka igihe bagerageza umuce mushasha w’umurimo. Mu kiringo ca Korona, abakurambere bo mw’ishengero rimwe ryo muri Koreya y’Epfo banditse bati: “Hari abahoze biyumvira ko batoshoboye kugira uruhara mu gikorwa co mu ndimiro kubera ingorane z’amagara, ariko ubu basigaye babikora biciye ku buhinga bwa vidéoconférence. Hari bashiki bacu batatu barengeje imyaka 80 bize ubwo buhinga bushasha, baca batangura kubukoresha mu ndimiro hafi imisi yose.” (Zab. 92:14, 15) Woba nawe wokwagura umurimo wawe maze ukarushiriza guhonja ku kumera neza kwa Yehova? Raba ibintu bimwebimwe wokora vyogufasha gushika kuri uwo mugambi.

IVYO WOKORA NGO WAGURE UMURIMO

12. Yehova asezeranira iki abamwihekako?

12 Niwige kwiheka kuri Yehova. Asezerana ko nitwamwizigira tukongera tukamuha ivyiza kuruta ibindi dufise, azoturonsa imihezagiro myinshi. (Mal. 3:10) Mushiki wacu yitwa Fabiola wo muri Kolombiya yariboneye ko Yehova ashitsa uwo muhango. Yipfuza kuba umutsimvyi asanzwe akimara kubatizwa. Ariko rero akazi kiwe ni ko kari kababeshejeho n’umugabo wiwe n’abana babo batatu. Igihe rero yari ageze gukukuruka yaratakambiye cane Yehova ngo amufashe. Avuga ati: “Mu bisanzwe habanza guca igihe kirekire kugira ngo umuntu aronke amahera ya pansiyo, ariko jewe nayaronse haciye ukwezi kumwe gusa. Emwe, vyambereye nk’igitangaro!” Haciye amezi abiri yaciye atangura ubutsimvyi. Ubu arengeje imyaka 70, akaba amaze imyaka irenga 20 ari umutsimvyi. Muri ico kiringo cose, yarafashije abantu umunani barabatizwa. Avuga ati: “Naho rimwe na rimwe bishika nkumva ata tuguvu mfise, buri musi Yehova aramfasha kuguma nkurikiza urutonde nishingiye.”

Aburahamu na Sara, Yakobo, be na ba baherezi bajabuka Uruzi Yorodani berekanye gute ko bizigira Yehova? (Raba ingingo ya 13)

13-14. Ni uburorero ubuhe bwodufasha kwizigira Yehova maze tukagura umurimo?

13 Nugire ivyo wigiye ku burorero bw’abihetse kuri Yehova. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bitanze mu murimo wa Yehova. Abenshi muri bo, Yehova yabaronsa imihezagiro idasanzwe ari uko babanje kugira ico bakoze. Nk’akarorero, Yehova yahezagiye Aburahamu ari uko gusa avuye aho yaba akagenda, “naho atari azi iyo yariko araja.” (Heb. 11:8) Yakobo na we yagiye kuronka umuhezagiro udasanzwe ari uko amaze kunyinyurana n’umumarayika. (Ita. 32:24-30) Igihe ihanga rya Isirayeli ryagira ryinjire mu Gihugu c’isezerano, abantu bagiye kujabuka ari uko abaherezi babanje kwinjira mu Ruzi Yorodani.​—Yos. 3:14-16.

14 Urashobora kandi kugira ivyo wigiye ku burorero bw’Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe bihetse kuri Yehova maze baragura umurimo. Nk’akarorero, umuvukanyi Payton n’umukenyezi wiwe Diana, barakunda gusoma inkuru z’abavukanyi na bashiki bacu baguye umurimo barangurira Yehova, nk’izo dusanga muri rwa rukurikirane ruvuga ngo “Baritanze babikunze.” * Payton avuga ati: “Igihe twaba turiko turasoma izo nkuru, twabona ari nk’aho turiko turitegereza umuntu ariko arafungura ibifungurwa biryoshe cane. Uko twitegereza, ni ko natwe twarushiriza kwipfuza ‘guhonja maze tukabona ko Yehova aryoshe.’” Payton na Diana bahavuye bavyurirwa umutima wo kuja gufasha ahari inkenero kuruta. Woba umaze gusoma ivyo biganiro? Woba kandi umaze kuraba ividewo ivuga ngo Kwamamaza mu karere kari ukwa konyene muri Ostraliya be n’iyivuga ngo Kwamamaza mu karere kari ukwa konyene muri Irlande ziri kuri jw.org? Ayo makuru yogufasha kumenya uburyo butandukanye wokwagura umurimo wawe.

15. Abagenzi beza bodufasha gute?

15 Niwifatanye n’abagenzi beza. Igihe turi kumwe n’abantu bakunda ibifungurwa tutari bwigere turya, biroroha ko tubihonjako. Na twebwe nyene iyo twifatanya n’abashira imbere gukorera Yehova, twoshobora kurushiriza kurondera uburyo butandukanye bwo kwagura umurimo turangurira Imana. Uwitwa Kent n’umugore wiwe Veronica bariboneye ko ivyo ari ukuri. Kent avuga ati: “Abagenzi be n’abo mu muryango wacu baraturemesheje kugerageza imice itandukanye y’umurimo. Twarabonye ko kwifatanya n’abashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere vyatumye tudatinya kugerageza uburyo bushasha.” Ubu Kent na Veronica ni abatsimvyi badasanzwe muri Serbiya.

16. Twisunze ikigereranyo Yezu yatanze kiri muri Luka 12:16-21, ni kubera iki dukwiye kwemera kugira ivyo duhevye?

16 Nugire ivyo uhevye kugira ukorere Yehova. Si ngombwa ngo duhebe ibintu vyose dutunze kugira ngo duhimbare Yehova. (Umus. 5:19, 20) Ariko rero, hamwe tworeka gukora vyinshi mu murimo wa Yehova kugira gusa twirinde kugira ivyo duhevye, twoshobora gukora ikosa nk’irya wa mugabo avugwa mu kigereranyo ca Yezu, yirundaniriza amatungo akirengagiza Imana. (Soma Luka 12:16-21.) Umuvukanyi yitwa Christian wo mu Bufaransa avuga ati: “Sinariko ndaha Yehova be n’umuryango wanje umwanya be n’inguvu bikwiye.” We n’umugore wiwe baciye bafata ingingo yo gukora ubutsimvyi. Ariko kugira bashike kuri uwo mugambi, bompi bategerezwa guheba akazi. Kugira ngo bibesheho, baciye batangura gukora akazi kabayabaye ko gukora isuku mu nzu z’abantu, bongera bariga kubeshwaho na bike. None hoba hari ivyiza bironkeye? Christian avuga ati: “Ubu turaronkera umunezero mwinshi mu ndimiro, kandi turahimbarwa no kubona abo twigisha Bibiliya be n’abo dusubira kugendera biga ivyerekeye Yehova.”

17. Ni igiki cotuma tugonanwa kugerageza umuce mushasha mu gikorwa cacu co kwamamaza?

17 Nugerageze imice mishasha y’umurimo. (Ivyak. 17:16, 17; 20:20, 21) Umutsimvyi yitwa Shirley wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yabwirijwe guhindura uburyo bwo kwamamaza kubera ikiza ca Korona. Mu ntango yaragonanwa kwamamaza akoresheje terefone. Ariko rero igihe umucungezi w’umuzunguruko yabagendera maze akabamenyereza, yaciye atangura kuza aramamaza akoresheje ubwo buryo. Avuga ati: “Mu ntango narabitinya, ariko ubu ndabikunda cane. Ubu turaronka abantu benshi kuruta igihe twamamaza inzu ku nzu!”

18. Ni igiki codufasha guhangana n’ingorane igihe tugerageza kwagura umurimo wacu?

18 Niwishingire umugambi wongere urondere kuwushikako. Igihe turi mu ngorane, turasenga maze tukihatira gukoresha ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira kugira tumenye ico twokora. (Imig. 3:21) Umutsimvyi asanzwe yitwa Sonia wo mu mugwi ukoresha ururimi rw’ikiromani i Buraya, avuga ati: “Ndakunda kwandika ku rupapuro imigambi yanje ngaca ndarushira aho nshobora kuza ndarubona. Ndafise igicapo kiriko amabarabara abiri yerekeza ahantu hatandukanye. Iyo ngomba gufata ingingo, nca ndaba ico gicapo maze nkiyumvira aho ingingo ngira mfate ishobora kunshikana.” Sonia aragerageza kuguma abona ibintu mu buryo bwiza mu ngorane zimushikira. Avuga ati: “Ingorane yose inshikira yoshobora kumbera nk’uruhome runzibira canke nk’ikiraro kimfasha. Vyose bivana n’uko ndabibona.”

19. Dukwiye kwiyemeza iki?

19 Yehova araduhezagira mu buryo butandukanye. Turashobora kwerekana ko dukenguruka iyo mihezagiro mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira tumushemeze. (Heb. 13:15) Ivyo vyoshobora kubamwo ukugerageza imice itandukanye kugira twagure umurimo wacu, bigatuma turushiriza kwironkera n’iyindi mihezagiro. Buri musi, nimuze turondere uturyo two ‘guhonja maze tubone ko Yehova aryoshe.’ Ivyo bizotuma tumera nka Yezu, uwavuze ati: “Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”​—Yoh. 4:34.

URURIRIMBO RWA 80 “Nimuhonje mubone ko Yehova aryoshe”

^ ing. 5 Yehova ni we Soko ry’ivyiza vyose. Araha ivyiza abantu bose, mbere n’abanyakibi. Ariko canecane abo akunda kugirira neza, ni abasavyi biwe b’intahemuka. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yehova agirira neza abasavyi biwe. Turaza no kubona ingene abagura umurimo wabo bashobora kwibonera ukumera neza kwa Yehova mu buryo budasanzwe.

^ ing. 7 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 14 Urwo rukurikirane rw’ibiganiro rwahora rusohoka mu Munara w’Inderetsi, ariko ubu rusohoka kuri jw.org. Nuje (mu gifaransa) ahavuga ngo QUI SOMMES-NOUS? > TÉMOIGNAGES ET ANECDOTES > ILS CHERCHENT À ATTEINDRE DES OBJECTIFS SPIRITUELS.