Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 36

Nuhe agaciro inkomezi z’abakiri bato

Nuhe agaciro inkomezi z’abakiri bato

“Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo.”​—IMIG. 20:29.

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

INCAMAKE *

1. Ni umugambi mwiza uwuhe twokwishingira igihe turiko turasaza?

 IGIHE turiko turasaza, hari aho twotinya ko tutazoshobora gukora vyinshi mu murimo wa Yehova nk’uko twahoze. Naho inkomezi zacu zoshobora kuba zaragabanutse, turashobora kwikora ku tuntu n’utundi twagiye turamenya kugira ngo dufashe abakiri bato gutera imbere maze baterwe uduteka twiyongereye. Umukurambere umwe w’inararibonye yavuze ati: “Igihe natangura kubona ko hari ivyo ntari ngishoboye gukora kubera ubusaza, nararyohewe no kubona hari hariho abavukanyi bakiri bato bashobora kunsubirira.”

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarabonye ingene abakiri bato bibagirira akamaro iyo biyegereje abitereye mu myaka. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene kamere y’ukwicisha bugufi, ukwifata ruto, ugukenguruka be n’ugutanga zishobora gufasha abitereye mu myaka gukorana neza n’abakiri bato, maze ivyo bikabera umuhezagiro ishengero ryose.

NIWICISHE BUGUFI

3. Twisunze Abafilipi 2:3, 4, ukwicisha bugufi ni iki, kandi gushobora gute gufasha umukirisu?

3 Abitereye mu myaka bategerezwa kwicisha bugufi nimba bipfuza gufasha abakiri bato. Umuntu yicisha bugufi abona ko abandi bamuruta. (Soma Abafilipi 2:3, 4.) Abitereye mu myaka bicisha bugufi, baratahura ko akenshi hariho uburyo butandukanye bwo gukora igikorwa kanaka, kandi buhuye n’ivyanditswe. Ku bw’ivyo, ntibakwiye kwitega ko ibintu bikorwa nk’uko bahoze babikora kera. (Umus. 7:10) Naho baba bazi ibintu vyinshi bobwira abakiri bato, baratahura ko “ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka,” be n’uko vyoshobora kuba ngombwa ko bajana n’amahinduka.​—1 Kor. 7:31.

Abitereye mu myaka barasangira n’abandi utuntu n’utundi bazi (Raba ingingo ya 4-5) *

4. Abacungezi b’imizunguruko bagaragaza gute agatima nka kamwe k’Abalewi?

4 Abitereye mu myaka bicisha bugufi, baratahura yuko iyo bashaje badashobora gukora nk’ivyo bahoze bakora. Rimbura nk’akarorero ibijanye n’abacungezi b’imizunguruko. Iyo bashikanye imyaka 70 baca bashingwa ikindi gikorwa. Ivyo vyoshobora kutaborohera. Baba barakunda agateka bari bafise ko gukorera abavukanyi babo. Baba bagikunda ico gikorwa kandi baba bagishashaye kukibandanya. Naho ari ukwo, baratahura ko ico gikorwa kiba gikwiye kwitwararikwa n’abakiri bato. Baragaragaza rero agatima nk’ak’Abalewi bo muri Isirayeli ya kera, basabwa guhagarika igikorwa co kw’itaberenakulo bashikanye imyaka 50. Umunezero w’abo Balewi ntiwavana n’ubwoko bw’igikorwa bashingwa. Barakorana umwete igikorwa cose bashingwa, bagafasha Abalewi bakiri bato uko bashoboye kwose. (Guh. 8:25, 26) Muri iki gihe, naho abahoze ari abacungezi b’imizunguruko usanga batagifasha amashengero menshi, barafasha cane ishengero baba barimwo.

5. Akarorero ka Dan na Katie kakwigisha iki?

5 Rimbura akarorero k’uwitwa Dan, uwamaze imyaka 23 ari umucungezi w’umuzunguruko. Igihe Dan yakwiza imyaka 70, we n’umugore wiwe Katie baciye bagenwa kuba abatsimvyi badasanzwe. None bavyifatamwo gute muri ico gikorwa bashinzwe? Dan avuga ko ubu afise ibintu vyinshi vyo gukora kuruta ikindi gihe cose. Aritwararika amabanga ashinzwe mw’ishengero, agafasha abavukanyi gukwiza ibisabwa kugira ngo babe abakozi b’ishengero, akamenyereza abandi kwamamaza mu bisagara bininibinini no mu mabohero. Yemwe abitereye mu myaka, murashobora gufasha cane abandi, mwaba muri mu murimo w’igihe cose canke mutawurimwo. Uti gute? Niwige guhuza n’uko ivyawe vyifashe ubu, wishingire imigambi mishasha, wongere witwararike gukora ivyo ushoboye, aho kurazwa ishinga n’ivyo udashoboye.

NIWIFATE RUTO

6. Kubera iki ari vyiza kwifata ruto? Tanga akarorero.

6 Umuntu yifata ruto aremera ko hari ivyo adashoboye. (Imig. 11:2) Ukwifata ruto biratuma atitega gukora ibirenze ivyo ashoboye. Ivyo biratuma agumana umunezero kandi akaguma akora ivyo ashoboye vyose. Umuntu yifata ruto twomugereranya n’umushoferi anyonga umuduga ku musozi uduga cane. Kugira ngo agume aduga, ategerezwa kuza aramanura ibitensi. Naho ivyo bituma agenda bukebuke, aguma abandanya urugendo. N’umuntu yifata ruto, aramenya ico twokwita igihe co kugabanya igitensi, kugira ngo abandanye gukorera Yehova yongere afashe abandi.​—Flp. 4:5.

7. Baruzilayi yerekanye gute ko yifata ruto?

7 Zirikana akarorero ka Baruzilayi, uwari afise imyaka 80 igihe Umwami Dawidi yamusaba ngo aje gukora ku kirimba i bwami. Kubera ko Baruzilayi yifata ruto, yaranse ivyo umwami amusavye. Yaratahura ko hari ivyo atari agishoboye kubera ubusaza, maze aca asaba umwami ko uwukiri muto yitwa Kimuhamu ari we yogenda mu kibanza ciwe. (2 Sam. 19:35-37) Nk’ukwo kwa Baruzilayi, abavukanyi bitereye mu myaka barahimbarwa no kureka abavukanyi bakiri bato bakabasubirira mu bikorwa kanaka.

Umwami Dawidi yaremeye ingingo Imana yari yafashe y’uko umuhungu wiwe ari we yokwubatse urusengero (Raba ingingo ya 8)

8. Igihe Umwami Dawidi yipfuza kwubaka urusengero yerekanye gute ko yifata ruto?

8 Umwami Dawidi na we nyene yarabaye intangakarorero mu kwifata ruto. Yaripfuje cane kwubaka inzu ya Yehova. Ariko igihe Yehova yamumenyesha ko ico gikorwa coranguwe na Salomo uwari akiri muto, Dawidi yaremeye iyo ngingo Yehova yari afashe, maze arashigikira ico gikorwa n’umutima wiwe wose. (1 Ngo. 17:4; 22:5) Dawidi ntiyiyumviriye ko ari we yari gukora neza ico gikorwa kubera ko Salomo yari ‘akiri muto kandi atari bwamenye utuntu n’utundi.’ (1 Ngo. 29:1) Dawidi yari azi ko ico gikorwa kitoshobotse bivuye ku myaka y’uwokwubatse urwo rusengero canke ku kuba azi utuntu n’utundi, ariko ko coshobotse bivuye ku muhezagiro wa Yehova. Muri iki gihe, abitereye mu myaka barigana Dawidi mu kuguma bakorera Yehova n’igihe ibikorwa bahora bakora biba vyahindutse. Vyongeye, barazi ko Yehova azohezagira abakiri bato babasubirira mu bikorwa bahora barangura.

9. Umuvukanyi umwe wo muri Komite y’ishami yerekanye gute ko yifata ruto?

9 Umuvukanyi yitwa Shigeo, ni akarorero ko muri iki gihe ku bijanye no kwifata ruto. Mu 1976, akaba yari afise imyaka 30, yaragenywe gukorera muri Komite y’ishami. Mu 2004, yaciye aba umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami. Mu nyuma yarabonye ko inkomezi zariko ziragabanuka bigatuma atanyarutsa igikorwa. Yarasenze yongera arazirikana ku vyiza vyovamwo igihe iryo banga ryoshingwa uwukiri muto. Naho Shigeo atakiri umuhuzabikorwa, arabandanya gukorana neza n’abandi bagize Komite y’ishami. Nk’uko twabibonye mu karorero ka Baruzilayi, ak’Umwami Dawidi be n’aka Shigeo, umuntu yicisha bugufi kandi yifata ruto ntashira umutima ku kuba abakiri bato batazi utuntu n’utundi, ahubwo yibanda ku nkomezi zabo. Ntababona nk’abakeba, ahubwo ababona nk’abo basangiye igikorwa.​—Imig. 20:29.

NUBE UMUNTU AKENGURUKA

10. Abitereye mu myaka babona gute abakiri bato bari kumwe mw’ishengero?

10 Abitereye mu myaka, babona ko abakiri bato ari ingabire Yehova yabahaye bakwiye gukenguruka. Uko inkomezi zabo zigenda ziragabanuka, barakenguruka kubona hariho abakiri bato bashobora kubasubirira bagakorera ishengero.

11. Muri Rusi 4:13-16 herekana gute ivyiza biva ku kwemera gufashwa n’abakiri bato?

11 Nawomi avugwa muri Bibiliya, ni akarorero keza k’uwitereye mu myaka yemeye gufashwa n’uwukiri muto. Mu ntango, Nawomi yahimirije Rusi umukazana wiwe w’umupfakazi, gusubira mu bantu b’i wabo. Ariko igihe Rusi yaguma ashimika ko bojana i Betelehemu, Nawomi yaremeye ko Rusi amuherekeza akamushigikira. (Rusi 1:7, 8, 18) Ivyo vyatumye bompi bironkera imihezagiro. (Soma Rusi 4:13-16.) Abitereye mu myaka bicisha bugufi, bazokwigana akarorero ka Nawomi.

12. Intumwa Paulo yerekanye gute ko ari umuntu akenguruka?

12 Intumwa Paulo, yarakenguruka igihe abandi baba bamufashije. Nk’akarorero, yarakengurukiye abakirisu b’i Filipi kubera ibintu bari baramurungikiye. (Flp. 4:16) Yarakengurutse no kubona yarafashijwe na Timoteyo. (Flp. 2:19-22) Vyongeye, yarakengurukiye Imana ku bw’abaje kumuremesha igihe yariko ajanwa i Roma ari imbohe. (Ivyak. 28:15) Paulo yari umugabo akomeye cane yagenze ibilometero ibihumbi n’ibihumbi aja kwamamaza no gukomeza amashengero. Ariko ntiyagize ubwibone ku buryo yanka gufashwa n’abavukanyi.

13. Abitereye mu myaka bokwerekana gute ko bakengurukira abakiri bato?

13 Yemwe abitereye mu myaka, murashobora kwerekana mu buryo butandukanye ko mukengurukira abakiri bato muri kumwe mw’ishengero. Igihe bipfuza kubafasha mu bijanye no kwiyunguruza, gusuma canke mu bindi bintu mukenera, nimuvyemere kandi mubikenguruke. Nimubone ko ari uburyo Yehova abagaragarizamwo urukundo. Ivyo vyoshobora gutuma mugiranira na bo ubugenzi bukomeye. Nimwame mwitaho kubafasha gutera imbere mu vy’impwemu, mwongere mubabwire ingene muhimbarwa no kubona abakiri bato bitanga kugira ngo bakore vyinshi mw’ishengero. Vyongeye, nimufate umwanya mubayagire ivyo mwagiye muracamwo mu buzima. Nimwabigira, muzoba ‘mwerekanye ko mushimira’ Yehova kuba yarakwegereye abakiri bato mw’ishengero.​—Kol. 3:15; Yoh. 6:44; 1 Tes. 5:18.

NUBE UMUNTU ATANGA

14. Umwami Dawidi yerekanye gute ko ari umuntu atanga?

14 Akarorero k’Umwami Dawidi turagasangamwo iyindi kamere ihambaye abitereye mu myaka bakeneye kugaragaza, na yo akaba ari ugutanga. Yaratanze ibintu vyinshi cane akuye kw’itunga ryiwe kugira ashigikire igikorwa c’ukwubaka urusengero. (1 Ngo. 22:11-16; 29:3, 4) Ivyo yarabikoze naho yari azi ko urwo rusengero rwokwitiriwe umuhungu wiwe Salomo. Igihe tutagifise utuguvu two kugira uruhara mu bwubatsi, turashobora kubandanya dushigikira ivyo bikorwa mu gutanga intererano bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Vyongeye, turashobora gufashisha abakiri bato utuntu n’utundi twamenye uko imyaka yagiye irarengana.

15. Ni ikintu c’agaciro ikihe intumwa Paulo yahaye Timoteyo?

15 Intumwa Paulo na we nyene yarabaye akarorero mu bijanye no gutanga. Yarasavye Timoteyo ngo bajane mu gikorwa c’ubumisiyonari, yongera aramwereka abigiranye umutima mwiza ubuhanga bwiwe bwo kwamamaza no kwigisha. (Ivyak. 16:1-3) Kuba Timoteyo yaramenyerejwe na Paulo, vyatumye aba kirumara mu kwamamaza inkuru nziza no mu kwigisha. (1 Kor. 4:17) Timoteyo na we yarakoresheje ubwo buhinga bwa Paulo mu kumenyereza abandi.

16. Kubera iki Shigeo yamenyereje abandi?

16 Abitereye mu myaka bo muri iki gihe ntibabona ko nibamenyereza abakiri bato mu bikorwa bahora bakora, ata co bazoba bakimaze mw’ishengero. Nk’akarorero, umwe Shigeo twavuga, yaramaze imyaka itari mike amenyereza abavukanyi bakiri bato bo muri Komite y’ishami. Ivyo yabikora kugira ngo ateze imbere igikorwa c’Ubwami mu gihugu akoreramwo. Igihe rero hagera ko ahagarika ibanga ryo kuba umuhuzabikorwa, harabonetse umuvukanyi ashoboye kumusubirira. Shigeo arabandanya gusangira n’abakiri bato utuntu n’utundi yamenye mu myaka irenga 45 amaze muri Komite y’ishami. Ese ukuntu abantu nk’abo ari umuhezagiro ku basavyi b’Imana!

17. Twisunze Luka 6:38, abitereye mu myaka bashobora guha abandi iki?

17 Yemwe bavukanyi namwe bashiki bacu mwitereye mu myaka, muratubera ikimenyamenya kitwereka ko gukorera Yehova tubigiranye ukwizera n’ukudahemuka, ari bwo buryo bwiza bwo kubaho. Akarorero kanyu, karerekana ko bibereye ko twiga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya tukongera tukazishira mu ngiro mu buzima bwacu. Murazi ingene ibintu vyakorwa kera, ariko kandi murabona ko bikenewe ko muhuza n’uko ibintu vyifashe ubu. Namwe mwitereye mu myaka muheruka kubatizwa, murafise vyinshi mwotanga. Murashobora kubwira abandi ingene kumenya Yehova mu busaza bwanyu vyatumye mugira umunezero. Abakiri bato bazohimbarwa no kwumva mubiganira ivyo mwaciyemwo be n’ico vyabigishije. ‘Nimwagira akamenyero ko gutanga’ ku tuntu n’utundi muzi, Yehova azobahezagira cane.​—Soma Luka 6:38.

18. Abitereye mu myaka be n’abakiri bato bashigikirana gute?

18 Igihe mwebwe mwitereye mu myaka mwiyegereje abakiri bato, murashigikirana. (Rom. 1:12) Umwe wese arafise ikintu c’agaciro uwundi adafise. Abitereye mu myaka barazi utuntu n’utundi bagiye baramenya uko imyaka yagiye irarengana. Abakiri bato na bo barafise inkomezi. Iyo abakiri bato be n’abitereye mu myaka bakoranye nk’abagenzi, baratuma Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ashemezwa bakongera bakabera umuhezagiro abagize ishengero bose.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

^ ing. 5 Mu mashengero yacu turafise abavukanyi na bashiki bacu benshi bakiri bato, bihatira gushigikira ishirahamwe rya Yehova. Mu mico kama iyo ari yose, abitereye mu myaka barashobora gufasha abakiri bato gukoresha inkomezi zabo bimwe bishitse mu murimo barangurira Yehova.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Igihe umucungezi umwe w’umuzunguruko yashikana imyaka 70, we n’umukenyezi wiwe baciye bahindurirwa igikorwa. Utuntu n’utundi bagiye baramenya mu myaka n’iyindi, baradukoresha mu kumenyereza abandi mw’ishengero barimwo.