Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 38

Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu

Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu

“Ngira nduge kwa Dawe ari we So.”​—YOH. 20:17.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKE *

1. Ni ubucuti ubuhe abantu b’abizigirwa bashobora kugiranira na Yehova?

 MU MURYANGO w’abasavyi ba Yehova, harimwo Yezu, we “mfura mu biremwa vyose,” be n’isinzi ry’abamarayika. (Kol. 1:15; Zab. 103:20) Igihe Yezu yari kw’isi, yaravuze ko abantu b’abizigirwa bashobora kwita Yehova Umuvyeyi wabo. Igihe Yezu yariko aravugana n’abigishwa biwe, yavuze ku bijanye na Yehova ngo “Dawe ari we So.” (Yoh. 20:17) Igihe rero twiyeguriye Yehova tukabatizwa, tuba twinjiye mu muryango ukundana w’abavukanyi na bashiki bacu.​—Mrk. 10:29, 30.

2. Twihweza iki muri iki kiganiro?

2 Hari abo bigora kubona Yehova nk’Umuvyeyi abakunda. Abandi na bo boshobora kutamenya ingene bagaragariza urukundo abo basangiye ukwemera. Muri iki kiganiro, turihweza ingene Yezu adufasha kubona Yehova nk’Umuvyeyi adukunda kandi dushobora kwiyegereza. Turaza no kubona uburyo butandukanye twokwigana Yehova mu kuntu dufata abavukanyi na bashiki bacu.

YEHOVA YIPFUZA KO UMWIYEGEREZA

3. Rya sengesho ry’akarorero ridufasha gute kwiyegereza Yehova?

3 Yehova ni Umuvyeyi akundana. Yezu yipfuza ko tubona Yehova nk’uko amubona, ni ukuvuga umuvyeyi arangwa igishika, akundana kandi yoroshe kwegera, atari nk’umuntu atinyitse. Ivyo turabibonera mu vyo Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga basaba. Muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, yatanguye avuga ati: “Dawe wa twese.” (Mat. 6:9) Yezu yari gushobora kutubwira ngo twite Yehova “Mushoboravyose,” “Umuremyi,” canke “Umwami w’ibihe bidahera,” ayo yose akaba ari amazina y’icubahiro amukwiriye kandi ari muri Bibiliya. (Ita. 49:25; Yes. 40:28; 1 Tim. 1:17) Ariko Yezu yerekanye ko twokoresha ijambo ryerekana ubucuti bukomeye, ari ryo “Dawe.”

4. Twemezwa n’iki yuko Yehova yipfuza ko tumwiyegereza?

4 Vyoba bikugora kubona Yehova nk’Umuvyeyi arangwa urukundo? Ni ko biri kuri bamwebamwe muri twebwe. Nimba twakuze duturubikwa n’umuvyeyi yatuvyaye, vyoshobora kutugora kwemera ko hariho umuvyeyi arangwa urukundo. Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova atahura ukwo kuntu twiyumva! Aripfuza kutwiyegereza. Ni co gituma Ijambo ryiwe riduhimiriza riti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yak. 4:8) Yehova aradukunda, kandi adusezeranira kutubera Umuvyeyi mwiza kuruta abandi bose.

5. Twisunze Luka 10:22, Yezu adufasha gute kurushiriza kwiyegereza Yehova?

5 Yezu arashobora kudufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Arazi neza Yehova kandi aragaragaza neza kamere ziwe ku buryo yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yoh. 14:9) Nka kurya kw’umwana w’imfura, Yezu aratwigisha ingene twosonera Umuvyeyi wacu tukongera tukamugamburukira, ingene twokwirinda kumubabaza, be n’ivyo twokora kugira ngo adushime. Mugabo ukuntu Yezu yabayeho hano kw’isi, ni vyo canecane bitwereka ko Yehova ameze neza kandi arangwa urukundo. (Soma Luka 10:22.) Nimuze turabe uburorero bumwebumwe.

Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi arangwa urukundo, yararungitse umumarayika gukomeza Umwana wiwe (Raba ingingo ya 6) *

6. Tanga uturorero tw’ukuntu Yehova yumvirije amasengesho ya Yezu.

6 Yehova arumviriza abana biwe. Zirikana ukuntu Yehova yumvirije Umwana wiwe w’imfura. Nta nkeka ko yumvirije amasengesho menshi Umwana wiwe yamutuye igihe yari ng’aha kw’isi. (Luka 5:16) Yarumvirije Yezu igihe yamusenga ashaka gufata ingingo zikomeye, n’igihe yahitamwo intumwa ziwe 12. (Luka 6:12, 13) Yehova yarumvirije Yezu kandi igihe yari mu bihe bitesha umutwe. Imbere gato yuko Yuda agurisha Yezu, Yezu yarasenze Se wiwe abigiranye ubwira, ku bijanye n’ikigeragezo gikomeye cagira kimushikire. Yehova ntiyumvirije gusa iryo sengesho rya Yezu, ahubwo yararungitse n’umumarayika wiwe kugira ngo akomeze uwo Mwana wiwe yikundira.​—Luka 22:41-44.

7. Kumenya ko Yehova yumviriza amasengesho tumutura, bikwiye gutuma tumererwa gute?

7 No muri iki gihe, Yehova arabandanya kwumviriza amasengesho y’abasavyi biwe, kandi arayishura ku gihe kibereye no mu buryo bwiza kuruta. (Zab. 116:1, 2) Zirikana ingene mushiki wacu umwe wo mu Buhindi yavyiboneye. Yari afise ingorane yo kwiganyira birenze, kandi yarabibwiye Yehova mw’isengesho abigiranye ubwira. Avuga ati: “Ikiganiro co muri Rusama 2019 co kuri Televiziyo ya JW cavuga ingene twovyifatamwo igihe dufise ubwoba n’amaganya, ni co nyene nari nkeneye. Cambereye inyishu y’amasengesho yanje.”

8. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yerekanye ko akunda Yezu?

8 Yehova aradukunda akongera akatwitwararika nk’uko nyene yakunze Yezu akongera akamwitwararika, igihe yariko ararangura igikorwa kitoroshe ng’aha kw’isi. (Yoh. 5:20) Yararonkeje Yezu ivyo yakenera vyose mu vy’impwemu, ku mutima, no ku mubiri. Vyongeye, Yehova yarabwiye Umwana wiwe ko amukunda kandi ko amushima. (Mat. 3:16, 17) Kubera ko Yezu yama yiheka ku Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru, ntiyigera yumva ko ari wenyene.​—Yoh. 8:16.

9. Twemezwa n’iki ko Yehova adukunda?

9 Cokimwe na Yezu, twese twariboneye ibintu vyinshi vyerekana ko Yehova adukunda. Zirikana gato: Yehova yaradukwegereye yongera aduha umuryango w’abavukanyi bakundana kandi bunze ubumwe, kugira batume duhimbarwa bongere baturemeshe. (Yoh. 6:44) Yehova kandi aguma aturonsa ibifungurwa vyo mu vy’impwemu bikomeza ukwizera kwacu. Aranadufasha kandi kuronka ivyo dukenera ku musi ku musi. (Mat. 6:31, 32) Tuzirikanye ukuntu Yehova adukunda, natwe duca turushiriza kumukunda.

NUFATE ABO MUSANGIYE UKWIZERA NK’UKO YEHOVA ABAFATA

10. Twokwigira iki ku kuntu Yehova afata abavukanyi na bashiki bacu?

10 Yehova arakunda abavukanyi na bashiki bacu. Ariko rero twebwe, vyoshobora kutama bitworohera kubiyumvamwo no kubagaragariza urukundo. Nakare imico kama yacu be n’ivyo twakuriyemwo biratandukanye. Vyongeye, twese turakora amakosa ashobora kubabaza abandi. Naho ari ukwo, turashobora kugira ico duterereye kugira umuryango wacu wo mu vy’impwemu ugume urangwamwo urukundo. Uti gute? Mu kwigana ingene Umuvyeyi wacu agaragariza urukundo abavukanyi na bashiki bacu. (Ef. 5:1, 2; 1 Yoh. 4:19) Nimuze turabe ivyo twigira kuri Yehova.

11. Yezu yagaragaje gute “impuhwe z’ikibabarwe” za Yehova?

11 Yehova aragaragaza “impuhwe z’ikibabarwe.” (Luka 1:78) Umuntu afise ikibabarwe arababara igihe abonye ko abandi bari mu ngorane. Aca arondera ingene yobafasha akanabahumuriza. Ukuntu Yezu yafata abantu vyarerekanye ingene Yehova abitwararika. (Yoh. 5:19) Igihe kimwe Yezu yarabonye isinzi ry’abantu, baca “bamutera ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Yezu ntiyagira impuhwe gusa, ahubwo yaragira n’ico akoze. Yarakijije abarwayi yongera araruhurira “abacumukura n’abaremerewe.”​—Mat. 11:28-30; 14:14.

Niwigane Yehova mu kuba umuntu atanga no mu kugaragariza impuhwe abo musangiye ukwemera (Raba ingingo ya 12-14) *

12. Tanga akarorero k’ingene twogaragariza abandi impuhwe.

12 Kugira tugaragarize impuhwe abavukanyi na bashiki bacu, turakeneye kumenya ingorane bariko baracamwo. Nk’akarorero, mushiki wacu yoshobora kuba afise ingorane ikomeye y’amagara. Naho atokwigera abivuga, yoryoherwa hagize uwumufasha. Yoba ashobora kwitwararika ivyo umuryango wiwe ukenera? Ubwo ntiyobishima hagize uwitanga akamufasha guteka canke kugira isuku mu nzu? Canke na ho, umuvukanyi yoshobora kuba yarakuwe mu kazi. Hamwe twomufashisha uduhera dukeyi kumbure tutanamubwiye uwatumuhaye, ubwo ntivyomusahiriza gushika aronse akandi kazi?

13-14. Twokwigana gute Yehova mu bijanye no gutanga?

13 Yehova aratanga cane. (Mat. 5:45) Ntidukwiye kugaragariza impuhwe abavukanyi na bashiki bacu ari uko gusa babanje gusaba ngo tubafashe. Turakwiye kwibwiriza nka Yehova. Buri musi yama aduha akazuba tutarinze kukamusaba! Kandi abantu bose barungukira kuri ako kazuba, ushizemwo n’intashima. None ntiwemera ko igihe Yehova aturonsa ivyo dukenera, aba ariko aragaragaza urukundo adukunda? Ese ukuntu dukunda Yehova kubera ko ameze neza kandi atanga cane!

14 Abavukanyi na bashiki bacu barigana Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru, mu kwibwiriza kuba abantu batanga. Nk’akarorero, mu 2013 haradutse igihuhusi gikomeye cataziriwe Haiyan, cayogeje ibintu muri Filipine. Amazu y’abavukanyi batari bake yarasambutse, bongera baratakaza n’ibintu vyabo. Ariko umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose warabaserutseko. Benshi baratanze amahera canke baritanga mu gusanura ivyasambutse, ivyo bikaba vyatumye bubaka bongera barasanura amazu hafi 750 mu kiringo kidashika umwaka! Mu kiringo c’ikiza ca Korona, Ivyabona barakoze baratama kugira bafashe abo basangiye ukwizera. Igihe twihutiye gufasha abavukanyi na bashiki bacu, tuba tuberetse ko tubakunda.

15-16. Twisunze Luka 6:36, ni mu buryo buhambaye ubuhe twokwigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

15 Yehova ni umunyembabazi. (Soma Luka 6:36.) Buri musi turibonera ingene Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ari umunyembabazi. (Zab. 103:10-14) Naho abigishwa ba Yezu batari batunganye, yarabagaragariza imbabazi. Yaremeye mbere no gutanga ubuzima bwiwe kugira duharirwe ibicumuro vyacu. (1 Yoh. 2:1, 2) Kuba Yehova na Yezu ari abanyembabazi, ntibituma urushiriza kubiyegereza?

16 Igihe ‘tubabarira abavukanyi na bashiki bacu ata gahigihigi,’ urwo dukundana ruca rurushiriza gukomera. (Ef. 4:32) Ariko rero rimwe na rimwe kubabarira abandi birashobora kutugora, akaba ari co gituma dukwiye kwihata. Mushiki wacu umwe yariboneye ko ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi cavuga ngo “Mubabarirane ata gahigihigi,” camufashije kubishikako. * Agira ati: “Kwiga iki kiganiro vyaratumye mpindura ivyiyumviro, nsigara mbona neza ivyo kubabarira abandi. Carasiguye ko kubabarira abandi n’umutima ukunze, bidasobanura ko wemera inyifato yabo itabereye, canke ngo ufatire mu rwara ingaruka iteza. Mugabo bisobanura kwikuramwo ishavu, maze ukagumana amahoro.” Igihe tubabariye abavukanyi na bashiki bacu ata gahigihigi, tuba twerekanye ko tubakunda be n’uko twiganye Umuvyeyi wacu Yehova.

NUKENGURUKE IKIBANZA UFISE MURI UWO MURYANGO

Abato n’abakuze barerekanye ko bitwararikana urukundo abo basangiye ukwemera (Raba ingingo ya 17) *

17. Twisunze Matayo 5:16, twotera iteka gute Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

17 Kuba mu muryango ukwiye kw’isi yose urangwa urukundo, ni agateka ntangere. Twipfuza ko abantu benshi bashoboka baza kwifatanya natwe mu gusenga Imana yacu. Dufise ivyo ku muzirikanyi, turakwiye kwirinda gukora ikintu ico ari co cose cotukisha abasavyi ba Yehova, canke Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Turagerageza kwigenza mu buryo butuma abantu bemera inkuru nziza tubabwira.​—Soma Matayo 5:16.

18. Ni igiki codufasha kwamamaza ata bwoba?

18 Rimwe na rimwe, hari aboshobora kudutwenga canke mbere bakaturwanya, kubera ko tugamburukira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Bite ho iyo tugize ubwoba igihe turiko turabwira abandi ivyo twemera? Turashobora kwizigira ko Yehova be n’Umwana wiwe badufasha. Yezu yarahumurije abigishwa biwe ko batari bakwiye guhagarika umutima, ku bijanye n’ivyo bovuze canke ukuntu bobivuze. Kubera iki? Yababwiye ati: “Ivyo muzovuga muzobihabwa muri iyo saha; kuko atari mwebwe gusa muzovuga, mugabo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe.”​—Mat. 10:19, 20.

19. Tanga akarorero k’uwashinze intahe abigiranye umutima rugabo.

19 Zirikana akarorero k’uwitwa Robert. Igihe yari akiri umwigishwa wa Bibiliya ataramenya vyinshi, yararengukijwe imbere ya sentare ya gisirikare yo muri Afrika y’Epfo. Abigiranye umutima rugabo, yarasiguriye iyo sentare ko yipfuza kuguma ata ho ahengamiye mu vya politike, kubera ko akunda abavukanyi biwe. Yaraha agaciro ikibanza afise mu muryango wacu wo mu vy’impwemu. Umucamanza yaciye amubaza ati: “Abavukanyi bawe ni bande?” Naho Robert atari yiteze ico kibazo, ubwo nyene yaciye yibuka icanditswe c’uwo musi. Cari Matayo 12:50, ahagira hati: “Uwo wese akora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru, uwo ni we mwene wacu, na mushikanje, na mawe.” Naho Robert yari akiri umwigishwa mushasha wa Bibiliya, impwemu ya Yehova yaramufashije kwishura ico kibazo, be n’ibindi vyinshi atari yiteze. Ese ingene Robert ategerezwa kuba yaranezereje Yehova! Na twebwe turanezereza Yehova, igihe tumwizigira tukamamaza n’umutima rugabo mu bihe bitoroshe.

20. Dukwiye kwiyemeza gukora iki? (Yohani 17:11, 15)

20 Ese twobandanya guha agaciro agateka twatewe ko kuba mu muryango wo mu vy’impwemu urangwa urukundo. Turifitiye Umuvyeyi mwiza igitangaza hamwe n’abavukanyi na bashiki bacu benshi badukunda. Ntidukwiye kwigera tubifata minenerwe. Shetani n’abayoboke biwe, baragerageza gutuma dukekeranya ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda, no gusenyura ubumwe bwacu. Ariko Yezu yaradusengeye, asaba Umuvyeyi wacu kuturinda kugira umuryango wacu ugume wunze ubumwe. (Soma Yohani 17:11, 15.) Yehova ariko arishura iryo sengesho. Ese rero cokimwe na Yezu, tutokwigera dukekeranya ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda kandi adushigikira. Nimuze twiyemeze kubandanya turushiriza kwiyegereza umuryango wacu wo mu vy’impwemu.

URURIRIMBO RWA 99 Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi

^ ing. 5 Turi n’agateka ntangere ko kuba turi mu muryango urangwa urukundo w’abavukanyi na bashiki bacu. Twese turipfuza gukomeza urukundo dufitaniye. None ivyo twobigira gute? Ni mu kwigana ingene Umuvyeyi wacu mwiza adufata be no mu gukurikiza akarorero ka Yezu be n’ak’abavukanyi na bashiki bacu.

^ ing. 16 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2012, rup. 26-30.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yehova yararungitse umumarayika gukomeza Yezu mw’itongo ry’i Getsemani.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu kiringo c’ikiza ca Korona, abavukanyi benshi baregeranije ibifungurwa bongera barabishira abari mu nkenero.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Inabibondo ariko arafasha agakobwa kiwe kagira karungikire umuvukanyi apfunzwe ikete ryo kumuremesha.