Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 43

Ntucike intege!

Ntucike intege!

“Ntiduhebe . . . gukora ivyiza.”​—GAL. 6:9.

URURIRIMBO RWA 68 Tubibe imbuto z’Ubwami

INCAMAKE *

1. Ni igiki kidutera umunezero?

ESE ukuntu biteye umunezero kandi ari agateka kuba turi Ivyabona vya Yehova! Twitirirwa izina ry’Imana kandi tukabaho turyisunga, mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Turahimbarwa igihe dufashije umuntu afise “agatima kabereye kotuma aronka ubuzima budahera” akamenya ukuri. (Ivyak. 13:48) Duca twumva tumerewe nka Yezu, “[uwabogaboze] akanyamuneza mu mpwemu nyeranda,” igihe yatuma abigishwa biwe kwamamaza maze bakagaruka baroraniwe.​—Luka 10:1, 17, 21.

2. Twokwerekana gute ko duha agaciro igikorwa co mu ndimiro?

2 Turaha agaciro cane igikorwa co mu ndimiro. Intumwa Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe.” Paulo yaciye yongerako ati: “Niwakora ivyo uzokwikiza [ukize] n’abakwumviriza.” (1 Tim. 4:16) Ubuzima bw’abantu rero buri mu kaga. Tuguma twiyubara ubwacu kubera yuko turi abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. Twipfuza kwama twigenza mu buryo buteye iteka Yehova, kandi buhuje n’inkuru nziza twamamaza. (Flp. 1:27) Twerekana ko twiyubara ku nyigisho yacu mu kwitegurira neza indimiro, no mu gusenga Yehova tumusaba umuhezagiro, imbere y’uko tubwira inkuru nziza abandi.

3. Abantu bashobora gute kwakira ubutumwa bw’Ubwami? Tanga akarorero.

3 Ariko n’igihe dukora ibishoboka vyose kugira ngo tubwire ubutumwa bw’Ubwami abantu bo mu cibare cacu, boshobora kubwitaho buhoro canke ntibabwiteho namba. Raba akarorero k’ivyashikiye umuvukanyi Georg Lindal, uwamamaje ari wenyene hirya no hino muri Islande, kuva mu 1929 gushika mu 1947. Yaratanze ibitabu ibihumbi mirongo, ariko nta n’umwe yakiriye ukuri. Yanditse ati: “Hari abasa n’abiyemeje kurwanya ukuri, ariko abenshi usanga batitaho ukuri namba.” N’inyuma y’aho abamisiyonari basohotse Ishure rya Gileyadi bagiriye gukorerayo, haraciye iyindi myaka icenda imbere y’uko baronka abantu biyegurira Yehova maze bakabatizwa. *

4. Dushobora kumererwa gute igihe abantu banse inkuru nziza tubabwira?

4 Iyo abantu batakiriye neza inkuru nziza tubabwira, turababara. Twoshobora kumererwa nka Paulo, uwagize “intuntu nyinshi n’umubabaro udatezura,” kubera ko Abayuda nka bose banse kwemera ko Yezu yari Mesiya yasezeranywe. (Rom. 9:1-3) Bite ho nka hamwe wogira akigoro gakomeye ko gufasha uwo wigisha Bibiliya, ugatura n’amasengesho menshi ku bwiwe, ariko ntatere imbere hanyuma ugahitamwo guhagarika kumwigisha? Tuvuge iki hoho nka hamwe utoba urigera ufasha umuntu gutera imbere gushika kw’ibatisimu? Woba ukwiye kwiyagiriza kumbure ukiyumvira ko Yehova atahezagiye igikorwa cawe? Muri iki kiganiro, turaza kuronka inyishu z’ibibazo bibiri: (1) Kuroranirwa mu ndimiro birabirwa ku ki? (2) Ni ibiki dukwiye kwitega?

KURORANIRWA MU NDIMIRO BIRABIRWA KU KI?

5. Kubera iki igikorwa turangurira Yehova coshobora kutama kigenda nk’uko tuvyipfuza?

5 Ku bijanye n’umuntu akora ivyo Imana igomba, Bibiliya igira iti: “Ico azokora cose kizokunda.” (Zab. 1:3) Ariko rero, ntibisobanura yuko ivyo dukorera Yehova vyose bizogenda nk’uko tuvyipfuza. Ubuzima “[bwu]zuye umudugararo” bitumwe n’uko twebwe be n’abandi bantu turi abanyagasembwa. (Yobu 14:1) Vyongeye, abaturwanya boshobora kutuburabuza ntitwamamaze nk’uko twavyipfuza. (1 Kor. 16:9; 1 Tes. 2:18) None igihe ibintu vyifashe gutyo, Yehova arabira ku ki yuko twaroraniwe? Nimuze turabe ivyiyumviro bimwebimwe vyo muri Bibiliya bidufasha kwishura ico kibazo.

Yehova arashima akigoro tugira, twaba dusanga abantu iyo bari, canke biciye kw’ikete, canke kuri terefone (Raba ingingo ya 6)

6. Ni ryari Yehova abona ko igikorwa tumurangurira caroraniwe?

6 Yehova araba akigoro tugira be n’ukwihangana kwacu. Yehova abona ko igikorwa tumurangurira caroraniwe igihe tugikorana umwete n’urukundo, tutaravye uko abandi bavyakira. Paulo yanditse ati: “Imana [si] iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo, kuko mwakoreye aberanda kandi mukaba mubandanya kubakorera.” (Heb. 6:10) Yehova ntiyibagira akigoro kacu n’urukundo tugaragaza, naho tuba twakagize mugabo ntihagire ikivamwo. Ivyo Paulo rero yabwiye Abakorinto, na wewe birakwerekeye, naho ukubira akuya kwawe kutoba kwaravuyemwo ivyo wari witeze. Yagize ati: “Ukubira akuya kwanyu [si] ukw’ubusa mu Mukama.”​—1 Kor. 15:58.

7. Twigira iki ku vyo intumwa Paulo yavuze ku bijanye n’igikorwa yaranguye?

7 Intumwa Paulo yari umumisiyonari adasanzwe, yashinze amashengero menshi mu bisagara bitandukanye. Ariko igihe yiburanira kugira ngo yerekane ko yari umusuku wa Kristu abishoboye, ntiyashimitse ku gitigiri c’abantu yari yarafashije kumenya ukuri. Ahubwo mu kubeshuza ivyavugwa n’abashaka kwishira hejuru yiwe, Paulo yavuze ati: “Ndabarusha kubira akuya.” (2 Kor. 11:23) Cokimwe na Paulo, niwibuke yuko ivyo Yehova aha agaciro cane ari akigoro ugira be n’ukwihangana kwawe.

8. Dukwiye kwibuka iki mu bijanye n’igikorwa cacu?

8 Igikorwa turangura kirahimbara Yehova. Igihe Yezu yarungika abigishwa 70 kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, “[bagarukanye] akanyamuneza.” None ni igiki catumye bagira umunezero? Bavuze bati: “Mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe.” Ariko rero Yezu yaciye akosora ivyiyumviro vyabo mu kubabwira ati: “Ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru.” (Luka 10:17-20) Yezu yari azi ko bitokwamye bibagendera gutyo. Nkako, muri abo bantu bumvirije abo bigishwa, ntituzi abahavuye bizera uko bangana. Abo bigishwa ntibari bakwiye kuronkera umunezero mu vyo bari baranguye gusa, ahubwo icari gikwiye kubanezereza kuruta, kwari ukumenya ko Yehova ahimbarwa n’akigoro bari bagize.

9. Twisunze Abagalatiya 6:7-9, tuzoronka iki nitwihangana mu gikorwa cacu?

9 Nitwihangana mu gikorwa cacu, tuzoronka ubuzima budahera. Iyo dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo tubibe imbuto z’Ubwami, tuba kandi turiko “[tura]biba ku bw’impwemu” mu kureka impwemu y’Imana igakorera mu buzima bwacu ata kiyitangira. Igihe tudaciye ‘duheba’ canke ngo ‘tudebukirwe,’ Yehova adusezeranira kuzokwimbura ubuzima budahera, naho ata muntu twoba twarafashije kwiyegurira Imana akabatizwa.​—Soma Abagalatiya 6:7-9.

NI IBIKI DUKWIYE KWITEGA?

10. Ukuntu abantu bakira inkuru nziza tubabwira bivana n’iki?

10 Ahanini abantu bakira ukuri bivanye n’uko umutima wabo umeze. Ivyo Yezu yarabishize ahabona mu kigereranyo c’umubivyi yabivye imbuto ku bwoko butandukanye bw’ivu, mugabo bumwe gusa akaba ari bwo bwama ivyamwa. (Luka 8:5-8) Yezu yavuze ko ubwo bwoko butandukanye bw’ivu bugereranya imitima y’abantu yakira “ijambo ry’Imana” ugutandukanye. (Luka 8:11-15) Cokimwe n’uwo mubivyi, ntidushobora gutuma igikorwa cacu cama ivyamwa, kuko cama bivanye n’uko imitima y’abatwumviriza imeze. Twebwe ico tujejwe, ni ukuguma tubiba imbuto nziza z’ubutumwa bw’Ubwami. Nk’uko intumwa Paulo yabivuze, “umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya,” bitavanye n’ivyavuye mu gikorwa yakoze.​—1 Kor. 3:8.

Naho Nowa yamaze imyaka myinshi yamamaza adahemuka, nta n’umwe binjiranye mu bwato atari umuryango wiwe gusa. Naho ari ukwo, Nowa yararoraniwe kubera yuko yagamburukiye Imana! (Raba ingingo ya 11)

11. Kubera iki Imana yabonye ko Nowa yari “umwamamaji w’ubugororotsi” aroranirwa? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

11 Ivyabona vya Yehova bo mu bihe vya kera, barabwiye inkuru nziza abantu mugabo baranka kuyakira. Nk’akarorero, Nowa yari “umwamamaji w’ubugororotsi,” ivyo akaba ashobora kuba yabikoze imyaka mirongo. (2 Pet. 2:5) Nta nkeka ko yari yizigiye ko abantu bomwumvirije, naho ata cemeza Yehova yari yaramuhaye. Ahubwo, igihe Imana yategeka Nowa kwubaka ubwato, yamubwiye iti: “Uze winjirane mu bwato n’abahungu bawe n’umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe.” (Ita. 6:18) Vyongeye, Nowa afatiye ku kuntu ubwato Imana yamubwiye kwubaka bwangana, ashobora kuba yaciye atahura ko atari benshi bomwumvirije. (Ita. 6:15) Kandi nk’uko tubizi, nta muntu n’umwe wo muri iyo si yari yuzuye ububisha yumvirije Nowa. (Ita. 7:7) None Imana yoba yaciye ibona ko Nowa yananiwe n’ico gikorwa co kwamamaza? Habe namba! Yabonye ko Nowa yari yaroraniwe muri ico gikorwa, kubera yuko yari yakoze nk’uko nyene yari yamutegetse.​—Ita. 6:22.

12. Ni ibiki vyatumye umuhanuzi Yeremiya agumana umunezero mu gikorwa ciwe naho yabwira ubutumwa abantu batabinerwa kandi bamurwanya?

12 Umuhanuzi Yeremiya na we nyene, yaramaze imyaka mirongo abwira ubutumwa abantu batabinegwa, eka mbere n’abamurwanya. Yaracitse intege cane kubera ko abamurwanya ‘bamutuka bakongera bakamugira akamenyo,’ ku buryo yiyumviriye guhagarika ico gikorwa. (Yer. 20:8, 9) Ariko Yeremiya ntiyacitse intege. Ni ibiki none vyamufashije kudacika intege, akagumana umunezero mu gikorwa ciwe? Yagumije umutima ku bintu bibiri bihambaye. Ica mbere, ubutumwa bw’Imana Yeremiya yabwira abantu bwari gutuma bagira “kazoza n’icizigiro.” (Yer. 29:11) Ica kabiri, Yeremiya yitirirwa izina rya Yehova. (Yer. 15:16) Na twebwe tubwira abantu bo muri iyi si y’umwiza ubutumwa bw’icizigiro, kandi twitirirwa izina rya Yehova. Tugumije umutima kuri ivyo bintu bibiri bihambaye, turashobora kugumana umunezero, uko abantu bovyakira kwose.

13. Twigira iki ku kigereranyo Yezu yatanze dusanga muri Mariko 4:26-29?

13 Iterambere ryo mu vy’impwemu riba buhorobuhoro. Ivyo Yezu yarabishize ahabona mu kigereranyo c’umubivyi asinzira. (Soma Mariko 4:26-29.) Igihe uwo mubivyi yabiba imbuto, zagiye zirakura buhorobuhoro, kandi nta co yari gukora kugira ngo zikure ningoga. Na wewe rero hoshobora guca igihe utarabona ivyiza biva mu gikorwa ukora co guhindura abantu abigishwa, kubera ko ikura ryo mu vy’impwemu riba buhorobuhoro, intambwe ku yindi. Nka kurya nyene umurimyi adashobora guhata ibiterwa ngo bikure uko ashaka, ni ko tudashobora guhata abo twigisha Bibiliya ngo batere imbere ku rugero twipfuza. Ntucike intege rero canke ngo utane n’akabando igihe batanyarutse gutera imbere nk’uko wavyipfuza. Cokimwe n’igikorwa c’uburimyi, igikorwa co guhindura abantu abigishwa gisaba ukwihangana.​—Yak. 5:7, 8.

14. Ni akarorero akahe kerekana ko igikorwa cacu gishobora kuvamwo ivyiza buhorobuhoro?

14 Mu burere bumwebumwe, hoshobora guhera imyaka myinshi cane igikorwa cacu kitaravamwo ivyiza. Rimbura ivyashikiye bashiki bacu babiri bavukana, ari bo Gladys na Ruby Allen. Mu 1959, bararungitswe kuba abatsimvyi basanzwe mu gisagara co mu ntara ya Kebeke, muri Kanada. * Abantu ntibashaka kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami, kubera akosho ko mu kibano be n’idini rya gatolika. Gladys avuga ati: “Twaramaze imyaka ibiri buri musi twamamaza amasaha umunani ku nzu n’inzu, ariko turabura n’umwe atwumviriza. Abantu baraza kuraba uwudodoye ku muryango, batubonye bagaca bisubirira inyuma. Ariko rero ntitwacitse intege.” Mu nyuma, abantu baho bagiye barahinduka buhorobuhoro, maze ico cibare kirarushiriza kwimbuka. Ubu muri ico gisagara hariyo amashengero atatu.​—Yes. 60:22.

15. Mu 1 Abakorinto 3:6, 7, hatwigisha iki ku bijanye n’igikorwa co guhindura abantu abigishwa?

15 Igikorwa co guhindura abantu abigishwa si ic’umuntu umwe. Hari abivugiye ko ishengero ryose rigira uruhara mu gufasha umuntu gushika abatijwe. (Soma 1 Abakorinto 3:6, 7.) Nk’akarorero, dufate ko umwamamaji ahaye agapapuro k’inkuru nziza canke ikinyamakuru umuntu yashimishijwe. Mu nyuma, uwo muvukanyi arabonye ko bitazomukundira gusubira kuraba uwo muntu, agaca asaba uwundi mwamamaji ngo azomugendere. Uwo wundi mwamamaji aratangura kwigisha Bibiliya uwo muntu. Mu nyuma, aza arajana n’abavukanyi be na bashiki bacu batandukanye kwigisha uwo muntu, maze umwe wese muri bo akaza aramuremesha mu buryo kanaka. Umwe wese muri abo bavukanyi babonana n’uwo mwigishwa, aragira ico aterereye mu kuvomera urwo rubuto rw’ukuri. Muri ubwo buryo, nk’uko Yezu yabivuze, umubivyi be n’uwimbura baranezeranwa muri iryo yimbura ryo mu vy’impwemu.​—Yoh. 4:35-38.

16. Kubera iki ushobora kuronkera umunezero mu gikorwa co mu ndimiro naho woba usigaye ufise amagara make?

16 Bite ho nimba utakigira uruhara nka kera mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha inkuru nziza, kubera ko usigaye ufise amagara make? N’ico gihe nyene, urashobora kuronkera umunezero mu ruhara urangura mu gikorwa c’iyimbura. Rimbura ivyabaye igihe Umwami Dawidi be n’ingabo ziwe babohoza imiryango yabo be n’amatungo yabo vyari vyanyazwe n’akagwi k’abambuzi b’Abamaleki. Abagabo amajana abiri bararushe cane ku buryo batari kuja ku rugamba, baca basigara inyuma kugira ngo bacunge imizigo. Bamaze gutsinda urwo rugamba, Dawidi yategetse yuko ivyo bari banyaze babigabura bose bakanganya. (1 Sam. 30:21-25) Ni na ko bimeze ku gikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa kirangurirwa kw’isi yose. Igihe cose hagize uwutera imbere akabatizwa, twese ababa bakoze uko bashoboye kwose mu kumufasha, turasangira umunezero.

17. Ni igiki dushimira Yehova?

17 Turashimira Yehova ku kuntu abona mu buryo bwiza igikorwa tumurangurira. Arazi ko tudashobora guhatira abantu kuvyakira neza. Naho ari ukwo, arabona umwete be n’imvo nziza dukorana ico gikorwa, kandi araduhezagira. Aranatwigisha ingene tworonkera umunezero mu vyo dushoboye gukora vyose mu gikorwa kinini cane c’iyimbura. (Yoh. 14:12) Nitumenye neza rero ko nitutacika intege, tuzohimbara Imana!

URURIRIMBO RWA 67 ‘Niwigishe rya Jambo’

^ ing. 5 Iyo abantu bakiriye inkuru nziza turahimbarwa, iyo bayanse na ho tukababara. Bite ho nimba uwo wigisha Bibiliya atariko aratera imbere? Tuvuge iki hoho nimba utarigera wigisha umuntu Bibiliya gushika abatijwe? Vyoba bisigura ko igikorwa co guhindura abantu abigishwa cakunaniye? Muri iki kiganiro turaza kubona ingene twororanirwa mu gikorwa co mu ndimiro, n’ingene twogumana umunezero naho abantu boba bavyakira gute.

^ ing. 3 Raba Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 2005 (mu gifaransa), rup. 205-211.

^ ing. 14 Raba inkuru y’ubuzima ya Gladys Allen ivuga ngo “Nta kintu na kimwe nohindura!,” iri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2002.