Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 47

Ukwizera kwawe kuzoba gukomeye ukungana iki?

Ukwizera kwawe kuzoba gukomeye ukungana iki?

“Imitima yanyu ntihagarare. Mwizere Imana.”​—YOH. 14:1.

URURIRIMBO RWA 119 Dutegerezwa kugira ukwizera

INCAMAKE *

1. Ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza?

VYOBA bishika ugahagarika umutima iyo wiyumviriye ibintu biraririye kudushikira, nko gusangangurwa kw’idini ry’ikinyoma, igitero ca Gogi w’i Magogi, be na ya ntambara ya Harumagedoni? Woba umaze kwibaza uti: ‘Ico gihe nicagera, noba nzoshobora kurengana ivyo bintu biteye ubwoba ntahemutse?’ Nimba umaze kuvyibaza, iki kiganiro gishingiye ku majambo Yezu yavuze mu canditswe c’ishimikiro, kiraza kugufasha cane. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Imitima yanyu ntihagarare. Mwizere Imana.” (Yoh. 14:1) Kugira ukwizera gukomeye, bizotuma duhangana n’ibizoshika muri kazoza dutekanye.

2. Twokomeza gute ukwizera kwacu, kandi turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Kurimbura ingene tuvyifatamwo mu bigeragezo bidushikira muri iki gihe, birashobora gutuma dukomeza ukwizera kwacu kugira ngo tuzoshobore kwihanganira ibigeragezo bizodushikira muri kazoza. Iyo tuzirikanye ukuntu tuvyifatamwo mu bitugerageza muri iki gihe, turashobora kubona imice dukeneye kugiramwo ukwizera kwinshi. Uko dutsinze ikigeragezo, ni ko n’ukwizera kwacu kurushiriza gukomera. Ivyo biratuma tuzoshobora kwihanganira ibigeragezo vyo muri kazoza. Muri iki kiganiro, turaca iryo n’ino ibintu bine vyashikiye abigishwa ba Yezu, vyerekanye ko bari bakeneye kurushiriza kugira ukwizera. Mu nyuma, turabona ingene natwe twoshobora guhangana n’ibintu nk’ivyo nyene muri iki gihe, be n’ingene bidutegura ku bwa kazoza.

KWIZERA KO IMANA IZOTURONSA IBITUBESHAHO

Twoshobora gushikirwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi, ariko ukwizera kuzotuma dushira imbere ivyungura Ubwami (Raba ingingo ya 3-6)

3. Twisunze Matayo 6:30, 33, ni ikintu ikihe Yezu yatomoye kijanye n’ukwizera?

3 Ni ibisanzwe ko serugo yipfuza kuronsa umugore wiwe n’abana biwe ibifungurwa bikwiye, ivyambarwa be n’uburaro. Ariko rero ivyo ntivyama vyoroshe muri ibi bihe bigoye. Mu bihe bimwebimwe abavukanyi bacu baratakaje akazi, kandi naho bagize akigoro gakomeye, nta kandi bashoboye kuronka. Abandi na bo barahevye akazi bakora, kuko katari kabereye ku bakirisu. Muri ivyo bihe vyose, turakenera kurushiriza kwizera ko Yehova azokwitwararika kuronsa umuryango wacu ivyo ukenera. Ivyo Yezu yarabitomoreye abigishwa biwe muri ya Nsiguro yo ku Musozi. (Soma Matayo 6:30, 33.) Iyo twizeye tudakeka ko Yehova atazoduheba, duca tugumiza umutima ku vyungura Ubwami. Igihe tubonye ingene Yehova aturonsa ivyo dukeneye ku mubiri, duca turushiriza kubona ko abaho koko, ukwizera kwacu na kwo kukarushiriza gukomera.

4-5. Ni igiki cafashije abagize umuryango umwe kuvyifatamwo neza mu maganya yo kuronka icobabeshaho?

4 Raba ingene umuryango umwe wo muri Venezuwela wiboneye ingene Yehova yawufashije igihe wari ufise amaganya yo kuronka ikiwutunga. Umuryango wa Miguel Castro warigeze kuba ufise itongo ryabaronsa ivyababeshaho. Mu nyuma, hari umugwi witwaje ibirwanisho waje kubanyaga itongo ryabo, uca ubategeka kurivamwo. Serugo Miguel, avuga ati: “Ubu ahanini tubeshwaho n’akarima gatoyi abandi badutijije. Buri musi ndawutangura mu gusaba Yehova ngo aze kuturonsa ivyo dukenera kuri uwo musi.” Naho ubuzima butorohera abagize umuryango wa Miguel, bama bitaba amakoraniro bakongera bakagira uruhara mu ndimiro, kubera ko bizigira baherejeko ko Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru ashoboye kubaronsa ivyo bakenera buri musi. Kubera ko bashira imbere ivyungura Ubwami, Yehova na we arabaronsa ivyo bakenera.

5 Mu ngorane zose Miguel n’umugore wiwe Yurai bagiye baracamwo, bagiye barazirikana ku kuntu Yehova yagiye arabafasha. Mu bihe bimwebimwe, Yehova yagiye arakoresha abavukanyi kugira ngo baronse uwo muryango imfashanyo y’ivy’umubiri, canke bagafasha Miguel kuronka akazi kabereye. Mu bindi bihe na ho, Yehova yatumye baronka ivya nkenerwa biciye ku mfashanyo yatangwa n’ibiro vy’ishami. Yehova ntiyigeze abaheba. Ivyo vyaratumye ukwizera kwabo kurushiriza gukomera. Umukobwa wabo w’imfura Yoselin ahejeje kuvuga ibijanye n’igihe kimwe Yehova yabafashije, aca avuga ati: “Kwibonera neza ukuboko kwa Yehova, birakora ku mutima. Mbona ko ari umugenzi nzokwama nihekako mu buzima.” Yongerako ati: “Ibigeragezo umuryango wacu waciyemwo, vyaraduteguye ku bw’ibigeragezo bikomeye kuruta bizoshika muri kazoza.”

6. Igihe uri mu ngorane z’ivy’ubutunzi, wokora iki kugira ngo ukwizera kwawe kurushirize gukomera?

6 Woba uriko urashikirwa n’ingorane z’ivy’ubutunzi? Nimba ari ko biri, ntibikworoheye. Ariko rero, naho uri mu bihe bitoroshe, urashobora gukoresha ako karyo kugira ngo ukomeze ukwizera kwawe. Nusenge, usome amajambo Yezu yavuze muri Matayo 6:25-34, wongere uyazirikaneko. Nuzirikane ku burorero bw’abantu bo muri iki gihe bwerekana ko Yehova aronsa ivya nkenerwa abashira imbere igikorwa ciwe. (1 Kor. 15:58) Niwabigenza gutyo, uzorushiriza kwizigira ko Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru azogufasha nk’uko nyene yagiye arafasha abandi mu bihe nk’ivyo. Arazi ivyo ukeneye, akamenya n’ingene abikuronsa. Niwibonera ingene Yehova agufasha mu buzima bwawe, ukwizera kwawe kuzorushiriza gukomera, maze bigufashe kuzokwihanganira ibigeragezo bikomeye kuruta bizogushikira muri kazoza.​—Hab. 3:17, 18.

TURAKENEYE UKWIZERA KUGIRA NGO TWIHANGANIRE ‘IGIHUHUSI GIKOMEYE’

Ukwizera gukomeye kuradufasha guhangana n’igihuhusi gikomeye, caba igihuhusi buhuhusi, canke ic’ikigereranyo (Raba ingingo ya 7-11)

7. Twisunze Matayo 8:23-26, ‘igihuhusi gikomeye’ cagerageje gute ukwizera kw’abigishwa ba Yezu?

7 Igihe Yezu n’abigishwa biwe bahura n’igihuhusi mu kiyaga, Yezu yaciye afatiraho akaryo kugira ngo abafashe kubona aho bari bakeneye kurushiriza kugira ukwizera. (Soma Matayo 8:23-26.) Igihe igihuhusi cakara maze amazi agatangura kubasanga mu bwato, Yezu yari yiryamiye atekanye. Igihe abigishwa biwe batekerwa n’ubwoba bakamuvyura bamusaba ngo abakize, Umukama yarabakariye mu bugwaneza ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe?” Abo bigishwa bari batekewe n’ubwoba, bari bakwiye kumenya ko Yehova yari ashoboye gukingira Yezu n’abo bari kumwe kugira ngo ntihagire ico baba. None ni icigwa ikihe tuhakura? Kugira ukwizera gukomeye birashobora gutuma duhangana n’‘igihuhusi gikomeye,’ caba igihuhusi buhuhusi, canke igihuhusi c’ikigereranyo.

8-9. Ukwizera kwa Anel kwageragejwe gute, kandi ni ibiki vyamufashije?

8 Raba ingene ikigeragezo gikomeye mushiki wacu umwe atarubaka urwiwe yitwa Anel wo muri Porto Riko yaciyemwo, catumye ukwizera kwiwe kurushiriza gukomera. Yashikiwe n’igihuhusi nya gihuhusi. Ico kigeragezo cabaye mu 2017 igihe Igihuhusi cataziriwe Maria cahitana inzu ya Anel. Ico gihuhusi caratumye kandi atakaza akazi. Anel avuga ati: “Muri ivyo bihe bitoroshe naragize amaganya, ariko narize kwizigira Yehova biciye kw’isengesho no kutareka ngo amaganya ampungabanye.”

9 Anel avuga ko ikindi kintu camufashije kwihanganira ico kigeragezo, ari ukugamburuka. Agira ati: “Gukurikiza ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe rya Yehova vyaratumye nguma ntekanye. Nariboneye ukuboko kwa Yehova biciye ku ndemesho be n’imfashanyo y’ivy’umubiri abavukanyi bandonkeje.” Yongerako ati: “Yehova yarandonkeje ibiruta kure n’iyo ivyo nari kumusaba, kandi ivyo vyarakomeje cane ukwizera kwanje.”

10. Wokora iki nimba uriko urashikirwa n’‘igihuhusi gikomeye’?

10 Woba nawe uriko urashikirwa n’‘igihuhusi gikomeye’? Gishobora kuba ari ingorane watewe n’icago c’icaduka. Canke na ho gishobora kuba ari igihuhusi c’ikigereranyo, nk’akarorero ingorane ikomeye y’amagara yatumye wihebura cane ntubone n’ico wokora. Rimwe na rimwe woshobora kwiganyira, ariko rero ntureke ngo amaganya atume ureka kwizigira Yehova. Numwiyegereze mu kumusenga ubigiranye ubwira. Nukomeze ukwizera kwawe, mu kuzirikana ku bihe Yehova yagufashije muri kahise. (Zab. 77:11, 12) Numenye neza ko Yehova atazokwigera aguheba, haba ubu canke muri kazoza.

11. Kubera iki dukwiye kwiyemeza kugamburukira abatuja imbere?

11 Ni ikindi kintu ikihe cogufasha kwihanganira ibigeragezo? Nk’uko Anel yabivuze, ni ukugamburuka. Niwige kwizigira abo Yehova na Yezu bizigira. Rimwe na rimwe, abo Yehova yagenye boshobora gutanga ubuyobozi twobona umengo ntibwumvikana. Ariko rero, Yehova arahezagira abagamburuka. Ibivugwa mw’Ijambo ryiwe be n’ivy’abasavyi biwe b’intahemuka bagiye baracamwo, birerekana ko kugamburuka birokora ubuzima. (Kuv. 14:1-4; 2 Ngo. 20:17) Nuzirikane kuri mwene ubwo burorero. Niwabigenza gutyo, uzorushiriza kugira umwiyemezo wo kugamburuka ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe ubu, eka mbere no muri kazoza. (Heb. 13:17) Ivyo bizotuma udatinya ca gihuhusi gikomeye cane cimirije gushika.​—Imig. 3:25.

TURAKENEYE UKWIZERA KUGIRA NGO TWIHANGANIRE AKARENGANYO

Kuguma dusenga Yehova bizokomeza ukwizera kwacu (Raba ingingo ya 12)

12. Ibivugwa muri Luka 18:1-8, vyerekana gute isano riri hagati yo kugira ukwizera no kwihanganira akarenganyo?

12 Yezu yari azi ko akarenganyo kohungabanije ukwizera kw’abigishwa biwe. Kugira ngo abafashe kukihanganira, yarabahaye ikigereranyo dusanga mu gitabu ca Luka. Yezu yarababwiye inkuru y’umupfakazi yaguma atakambira umucamanza atagororotse, kugira ngo amutunganirize. Uwo mupfakazi yari azi ko kuguma yitura uwo mucamanza vyotumye aheba akamutunganiriza. Amaherezo, nya mucamanza yaramutunganirije. None ni icigwa ikihe tuhakura? Yehova si Imana itagororotse. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro?” (Soma Luka 18:1-8; akajambo k’epfo.) Yaciye yongerako ati: “Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwo kwizera kw’isi?” Igihe turiko turarenganywa, turakwiye kwihangana no kwumirako, gutyo tukaba twerekanye ko dufise ukwizera gukomeye nk’ukw’uwo mupfakazi. Dufise ukwizera nk’ukwo, turizigira yuko impera n’imperuka Yehova azogira ico akoze. Turakwiye kandi no kwemera ko isengesho rifise ububasha. Rimwe na rimwe, amasengesho dutura arashobora gutuma twibonera ivyo tutari twiteze.

13. Isengesho ryafashije gute umuryango umwe wariko urakubagurwa?

13 Raba ivyashikiye mushiki wacu yitwa Vero wo muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Vero n’umugabo wiwe atizera be n’umukobwa wabo w’imyaka 15 barahunze igisagara babamwo, igihe caterwa n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho. Bariko barahunga, barashitse kw’ibariyeri yari yashinzwe n’uwo mugwi, barabahagarika bongera babatera ubwoba ko babica. Vero yaciye atangura kurira. Mu kugerageza kumuhoza, umukobwa wiwe yaciye asenga n’ijwi ryumvikana, aguma avuga izina Yehova. Uwo mukobwa ahejeje gusenga, umukomanda w’uwo mugwi yaciye amubaza ati: “Wa muko, ni nde yakwigishije gusenga?” Na we yishura ati: “Ni mawe yabinyigishije yisunze isengesho ry’akarorero dusanga muri Matayo 6:9-13.” Uwo mukomanda yaciye avuga ati: “Nimugende amahoro mwe n’abavyeyi bawe, kandi Yehova Imana yanyu ibakingire.”

14. Ni igiki gishobora kugerageza ukwizera kwacu, kandi ni ibiki bizodufasha kwihangana?

14 Ibintu nk’ivyo, biratwigisha kutigera dufatira mu rwara ububasha isengesho rifise. Tuvuge iki hoho hamwe amasengesho yawe atoca yishurwa ubwo nyene, canke mu buryo bwigaragaza? Cokimwe na wa mupfakazi wo mu kigereranyo ca Yezu, nugume usenga wizigiye ko Imana yawe itazokwigera iguheba, be n’uko izoteba ikakwishura mu buryo bumwe canke ubundi. Nubandanye utakambira Yehova ngo akuronse impwemu yiwe nyeranda. (Flp. 4:13) Niwibuke ko vuba Yehova azoguhezagira cane, ku buryo utazosubira kwibuka ikintu na kimwe cakubabaje muri kahise. Igihe Yehova agufashije kwihanganira ibigeragezo udahemuka, urarushiriza gukomera, bigatuma uzoshobora kwihanganira ibigeragezo biraririye gushika.​—1 Pet. 1:6, 7.

TURAKENEYE UKWIZERA KUGIRA NGO DUTSINDE INTAMBAMYI

15. Twisunze Matayo 17:19, 20, abigishwa ba Yezu bashikiwe n’ingorane iyihe?

15 Yezu yarigishije abigishwa biwe ko ukwizera kwotumye batsinda intambamyi. (Soma Matayo 17:19, 20.) Igihe kimwe barananiwe gusenda idayimoni, naho mu bindi bihe bari barabishoboye. None ingorane yari iyihe? Yezu yabasiguriye ko bari bakeneye kugira ukwizera kwinshi. Yababwiye ko kugira ukwizera kwinshi vyotumye batsinda intambamyi zimeze nk’imisozi. Muri iki gihe, na twebwe twoshobora gushikirwa n’ingorane zisa n’iziturengeye.

Turashobora kugira intuntu, ariko ukwizera kuzotuma tuguma dukorera Yehova (Raba ingingo ya 16)

16. Ukwizera kwafashije gute Geydi kwihanganira icago camushikiye be n’intuntu ikomeye?

16 Raba akarorero ka mushiki wacu wo muri Gwatemala yitwa Geydi. Umugabo wiwe Edi, yagandaguwe igihe bari batashe bavuye kw’ikoraniro. None ukwizera kwa Geydi kwamufashije gute kwihanganira intuntu yagize? Avuga ati: “Iyo nsenze ngaterera umuzigo wanje kuri Yehova, nca numva ngize amahoro. Ndibonera ingene Yehova anyitwararika biciye ku bagize umuryango wanje be n’abagenzi bo mw’ishengero. Kuguma ngira uruhara mu gikorwa ca Yehova, biratuma ntarengerwa n’umubabaro, bikongera bikamfasha kutiganyira cane ku vy’ejo. Ivyo bintu ndiko ndacamwo, vyaranyigishije ko naho muri kazoza nohura n’ikigeragezo kimeze gute, nzoshobora kucihanganira ndabifashijwemwo na Yehova, na Yezu, be n’ishirahamwe.”

17. Twokora iki hamwe twoba duhanganye n’ingorane imeze nk’umusozi?

17 Woba utuntujwe no kubura uwawe? Nufate umwanya wo gukomeza ukwizera kwawe ku bijanye n’izuka, mu gusoma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyerekeye abazutse. Woba ubabajwe n’uko hari uwo mu muryango wanyu yaciwe? Niwiyigishe kugira ngo urushirize kujijuka ko uburyo Imana itoza indero bwama ari bwiza kuruta. Ingorane yose igushikira, nuyibone nk’akaryo ko gukomeza ukwizera kwawe. Nubwire Yehova ingene wiyumva. Aho kwigungira ukwawe, nugume wiyegereza abavukanyi bawe. (Imig. 18:1) Nugire uruhara mu bikorwa bigufasha kwihangana, naho mbere vyoshika ukarira wibutse ivyabaye. (Zab. 126:5, 6) Nugume witaba amakoraniro, uja mu ndimiro kandi usoma Bibiliya. Vyongeye, nugumize umutima ku mihezagiro myiza igitangaza Yehova agusezeranira muri kazoza. Kwibonera ingene Yehova agufasha bizotuma urushiriza kumwizera.

“TWONGEREREZE UKWIZERA”

18. Wokora iki ubonye aho ukwizera kwawe kugoyagoya?

18 Nimba ingorane waciyemwo muri kahise canke izo uriko uracamwo ubu zarerekanye aho ukwizera kwawe kugoyagoya, ntucike intege. Ahubwo nubibone nk’akaryo ko gukomeza ukwizera kwawe. Nusabe nk’ico intumwa za Yezu zasavye, izagize ziti: “Twongerereze ukwizera.” (Luka 17:5) Vyongeye, nuzirikane ku burorero twavuze muri iki kiganiro. Cokimwe na Miguel na Yurai, niwibuke ibihe vyose Yehova yagiye aragufasha. Cokimwe n’umukobwa wa Vero be na Anel, nusenge Yehova ubigiranye ubwira, canecane igihe uri mu ngorane ikomeye. Cokimwe kandi na Geydi, nujijuke ko Yehova ashobora kugufasha biciye ku muryango wawe canke abagenzi. Niwareka Yehova akagufasha mu ngorane uriko uracamwo ubu, bizotuma urushiriza kwizigira ko azogufasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose yogushikira muri kazoza.

19. Yezu yari yizigiye iki, kandi ni igiki nawe wokwizigira udakeka?

19 Naho Yezu yafashije abigishwa biwe kubona aho bari bafise ukwizera guke, ntiyigeze akekeranya ko babifashijwemwo na Yehova boshoboye kwihanganira ibigeragezo vyobashikiye muri kazoza. (Yoh. 14:1; 16:33) Yari yizigiye ko ukwizera gukomeye kwotumye haboneka isinzi rinini ryorokotse ya makuba akomeye yimirije. (Ivyah. 7:9, 14) Woba uzoba uri muri bo? Biciye ku buntu bwa Yehova, uzoba uri muri bo niwakora ibishoboka vyose ubu kugira ngo ukomeze ukwizera kwawe.​—Heb. 10:39.

URURIRIMBO RWA 118 “Twongereze ukwizera”

^ ing. 5 Si twe tuzobona iherezo ry’iyi si mbi rirashitse! Ariko rero, vyoshika tukibaza nimba ukwizera kwacu kuzoba gukomeye ku buryo turengana ico kiringo amahoro. Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ibintu vyagiye biraba be n’ivyigwa tuhakura vyoshobora gukomeza ukwizera kwacu.