Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 48

“Mutegerezwa kuba beranda”

“Mutegerezwa kuba beranda”

“Namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose.”​—1 PET. 1:15.

URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana

INCAMAKE *

1. Ni impanuro iyihe intumwa Petero yahaye abakirisu bagenziwe, kandi kubera iki umengo ntivyoshoboka ko tuyishira mu ngiro?

TWABA dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke ng’aha kw’isi, turashobora kwungukira ku mpanuro intumwa Petero yahaye abakirisu barobanuwe bo mu kinjana ca mbere. Petero yavuze ati: “Nk’uko wa Mweranda yabahamagara ari, namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose, kuko vyanditswe ngo: ‘Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.’” (1 Pet. 1:15, 16) Ayo majambo aratwereka ko dushobora kwigana Yehova, we mweranda ntangere. Dutegerezwa kuba beranda mu ngeso zacu, kandi birashoboka. Ariko kubera ko tudatunganye, ivyo umengo ntibishoboka. Naho Petero ubwiwe yakoze amakosa atari make, akarorero kiwe karatwereka yuko dushobora ‘kuba beranda.’

2. Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

2 Muri iki kiganiro, tuza kurimbura ibibazo bikurikira: Ubweranda ni iki? Bibiliya itwigisha iki ku bijanye n’ubweranda bwa Yehova? Dushobora gute kuba beranda mu ngeso zacu? Vyongeye, kuba beranda bifitaniye isano gute n’ubucuti dufitaniye na Yehova?

UBWERANDA NI IKI?

3. Abantu benshi biyumvira ko umuntu mweranda ameze gute, ariko ni hehe twokura amakuru yizigirwa ku bijanye n’ubweranda?

3 Abantu benshi biyumvira ko umuntu mweranda ari umuntu atigera atwenga, yambara impuzu ziranga ko ari umunyedini, kandi aboneka nk’uwubaha Imana. Ariko rero ivyo si vyo biranga umuntu mweranda. Yehova ya Mana nyeranda, Bibiliya ivuga ko ari “Imana ihimbawe.” (1 Tim. 1:11) Ivuga ko n’abamusenga ari abantu ‘bahiriwe.’ (Zab. 144:15) Yezu yariyamirije abantu bambara impuzu zabatandukanya n’abandi, bakongera bakiyerekana ko ari abagororotsi imbere y’abantu. (Mat. 6:1; Mrk. 12:38) Twebwe abakirisu dufatiye ku vyo Bibiliya ivuga, turazi ico bisobanura kuba mweranda. Turazi ko Imana yacu nyeranda kandi idukunda, itokwigera iduha itegeko tudashobora kugamburuka. Igihe rero Yehova atubwira ati: “Mutegerezwa kuba beranda,” ntidukekeranya ko bishoboka. Ariko rero imbere y’uko tuba beranda mu ngeso zacu, dutegerezwa kubanza gutahura ubweranda ico ari co.

4. Ijambo “umweranda” be n’ijambo “ubweranda” asobanura iki?

4 None ubweranda ni iki? Muri Bibiliya, ijambo “umweranda” n’ijambo “ubweranda,” ahanini yerekeza kuba uwutanduye canke uwutyoroye mu bijanye no gusenga be no mu nyifato runtu. Ayo majambo arashobora no gusigura ugushirwa ku ruhande kugira ngo ukorere Imana. Mu yandi majambo, tubonwa ko turi beranda igihe tudahumanye mu bijanye n’inyifato runtu, tugasenga Yehova mu buryo yemera, tukongera tukagirana ubucuti somambike na we. Kuba vyonyene dushobora kugiranira ubucuti n’Imana yacu nyeranda, biradukora ku mutima cane, na canecane iyo tuzirikanye ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ubweranda bwa Yehova.

“MWERANDA, MWERANDA, MWERANDA NI YEHOVA”

5. Ivyo abamarayika b’intahemuka bavuze bitwigisha iki ku bijanye na Yehova?

5 Yehova aratyoroye kandi ni mweranda mu mice yose. Ivyo turabibonera mu kuntu abaserafi bamudondoye, na bo bakaba ari abamarayika bama bari hafi y’intebe y’ubwami yiwe. Bamwe muri bo basemereye bati: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova nyen’ingabo.” (Yes. 6:3) Ariko ntiwumve, kugira ngo abo bamarayika bagiranire ubucuti somambike n’Imana yabo nyeranda, bategerezwa kuba beranda, kandi ni ko bari. Ni co gituma ikibanza umumarayika wa Yehova yatangiramwo ubutumwa ng’aha kw’isi, caca gihinduka ahantu heranda. Ni ko vyagenze igihe Musa yari iruhande ya ca gisaka caka umuriro.​—Kuv. 3:2-5; Yos. 5:15.

Amajambo avuga ngo “Ubweranda ni ubwa Yehova” yari ku gaparati k’inzahabu kari gahometse ku gitambara c’umuherezi mukuru (Raba ingingo ya 6-7)

6-7. (a) Twisunze Kuvayo 15:1, 11, Musa yashimitse gute ku bweranda bw’Imana? (b) Ni igiki cibutsa Abisirayeli bose ko Imana ari nyeranda? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

6 Inyuma y’aho Musa ayoboreye Abisirayeli bakajabuka Ikiyaga Gitukura, yarabibukije ashimitse ko Imana yabo Yehova ari nyeranda. (Soma Kuvayo 15:1, 11.) Kubera ko Abanyamisiri basenga imana z’ikinyoma, ingeso zabo ntizari nyeranda. Ni ko vyari bimeze no ku basenga imana z’i Kanani. Mu gusenga kwabo harajamwo no gutanga abana babo kw’ibimazi, be n’imigenzo yo guhuza ibitsina iteye isoni. (Lew. 18:3, 4, 21-24; Gus. 18:9, 10) Ariko Yehova wewe, ntiyari kwigera asaba abamusenga gukora ikintu ico ari co cose cobatesheje ubuntu. Ni mweranda ijana kw’ijana. Ivyo vyaragaragarira ku vyari vyanditse ku gaparati k’inzahabu kari ku gitambara c’umuherezi mukuru. Kari kanditseko ngo: “Ubweranda ni ubwa Yehova.”​—Kuv. 28:36-38.

7 Ivyari vyanditse kuri ako gaparati vyarakura amazinda uwabibona wese ko Yehova ari mweranda vy’ukuri. Tuvuge iki ho ku Mwisirayeli atashobora kubona ako gaparati kubera ko atashobora kwegera umuherezi mukuru? Yoba atigera amenya ayo makuru ahambaye yari yanditseko? Habe namba! Umwisirayeli wese yaramenya ayo makuru igihe iryo Tegeko ryaba ririko rirasomerwa imbere y’abagabo, abagore be n’abana. (Gus. 31:9-12) Iyo uza kuba uhari, wari kwumva aya majambo agira ati: “Ndi Yehova Imana yanyu; kandi mutegerezwa . . . kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.” “Mutegerezwa kwerekana ko muri beranda kuri jewe, kuko jewe Yehova ndi mweranda.”​—Lew. 11:44, 45; 20:7, 26.

8. Kubera iki dukwiye kurimbura ibivugwa mu Balewi 19:2 no muri 1 Petero 1:14-16?

8 Nimuze ubu na ho twibande ku majambo Yehova yavuze ko yosomerwa Abisirayeli bose, ayo dusanga mu Balewi 19:2. Yehova yabwiye Musa ati: “Vugana n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, ubabwire uti: ‘Mukwiye kwerekana ko muri beranda, kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda.’” Petero ashobora kuba yariko asubiramwo ayo majambo igihe yahimiriza abakirisu ngo “[ba]be beranda.” (Soma 1 Petero 1:14-16.) Ni ivy’ukuri ko tutakigengwa na rya Tegeko rya Musa. Ariko rero ivyo Petero yanditse, biremeza ibivugwa mu Balewi 19:2 ko Yehova ari mweranda, be n’uko abamukunda bose bakwiye kwihatira kuba beranda. Ivyo biraturaba twese, twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi izoba yabaye iparadizo.​—1 Pet. 1:4; 2 Pet. 3:13.

“MUBE BERANDA MU NGESO ZANYU ZOSE”

9. Kurimbura ibivugwa mu Balewi kigabane ca 19, biza kudufasha gute?

9 Turashashaye kumenya ingene twoba beranda, kuko twipfuza guhimbara Imana yacu nyeranda. Yehova araduha impanuro zimwezimwe zishobora kubidufashamwo. Izo mpanuro tuzisanga ahanini mu Balewi ikigabane ca 19. Umuhinga umwe w’Umuheburayo yitwa Marcus Kalisch yavuze ko “ico kigabane gishobora kuba ari co gihambaye kuruta ibindi vyo mu gitabu c’Abalewi, kumbure mbere kikaba na co kigabane gihambaye kuruta ibindi muri vya bitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya.” Niwibuke ko mu ntango z’ikigabane ca 19 havuga ngo: “Mukwiye kwerekana ko muri beranda.” Reka ubu na ho turabe imirongo mikeyi yo muri ico kigabane irimwo ivyigwa bihambaye vyerekeye imice imwimwe y’ubuzima bwacu bwa misi yose.

Itegeko ryerekeye abavyeyi dusanga mu Balewi 19:3, rikwiye gutuma abakirisu bazirikana iki? (Raba ingingo ya 10-12) *

10-11. Ni umuce uwuhe uranga ingeso nyeranda uvugwa mu Balewi ikigabane ca 19, kandi dukwiye kubona gute iryo tegeko?

10 Yehova ahejeje kuvuga ko Abisirayeli bari bakwiye kuba beranda, yaciye yongerako ati: “Mukwiye gutinya umwe wese nyina wiwe na se wiwe . . . Ndi Yehova Imana yanyu.”​—Lew. 19:2, 3.

11 Biragaragara rero ko dukwiye kugamburuka itegeko Imana yatanze ryo gutera iteka abavyeyi bacu. Niwibuke ivyo Yezu yavuze igihe umugabo umwe yamubaza ati: “Ni iciza ikihe ntegerezwa gukora kugira ndonke ubuzima budahera?” Kimwe mu vyo yabwiye uwo mugabo, ni uko yari akwiye gutera iteka se na nyina. (Mat. 19:16-19) Yezu mbere yariyamirije Abafarizayo n’abanditsi bagerageza kurondera ingene bokwirengagiza gutera iteka abavyeyi babo. Muri ubwo buryo, “[baratitura] ijambo ry’Imana.” (Mat. 15:3-6) Muri iryo “jambo ry’Imana” batitura hari harimwo ibwirizwa rya gatanu muri ya Mabwirizwa Cumi, be n’ibivugwa mu Balewi 19:3. (Kuv. 20:12) N’ubu kandi, urabona ko iryo tegeko yatanze mu Balewi 19:3 ryerekeye kwubaha abavyeyi, rikurikira amajambo avuga ati: “Mukwiye kwerekana ko muri beranda, kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda.”

12. Twisunze impanuro dusanga mu Balewi 19:3, ni ikibazo ikihe umwe wese yokwibaza?

12 Twisunze iyo mpanuro Yehova aduha yo gutera iteka abavyeyi, umwe wese yoshobora kwibaza ati: ‘Noba ntera iteka abavyeyi banje?’ Nimba ubona ko hari ivyo ukwiye kuryohora, urakwiye guca ubigira ubu. Naho udashobora guhindura kahise, kuva ubu urashobora kwiyemeza kurushiriza kugira ivyo ufashije abavyeyi bawe. Kumbure wotegekanya kuza urarushiriza kumarana umwanya na bo. Canke na ho, woshobora kurushiriza kubaronsa ivyo bakeneye ku mubiri, mu vy’impwemu canke ukabaremesha. Ubigenjeje gutyo, uba ushize mu ngiro ibivugwa mu Balewi 19:3.

13. (a) Ni iyindi mpanuro iyihe dusanga mu Balewi 19:3? (b) Twisunze ibivugwa muri Luka 4:16-18, twokwigana gute akarorero ka Yezu muri iki gihe?

13 Mu Balewi 19:3 haratwigisha ikindi kintu kijanye no kuba beranda. Haravuga ivyo kwubahiriza Isabato. Kubera ko abakirisu batagengwa na rya Tegeko, ntitwubahiriza Isabato ya buri ndwi. Naho ari ukwo, hariho ivyo dushobora kwigira ku kuntu Abisirayeli bubahiriza Isabato, be n’ukuntu vyabagirira akamaro. Isabato cari igihe co kuruhuka ibikorwa vy’umubiri, maze bakitwararika ivy’impwemu. * Ni co gituma kuri uwo musi Yezu yaja mw’isinagogi yo mu gisagara iwabo, agasoma Ijambo ry’Imana. (Kuv. 31:12-15; soma Luka 4:16-18.) Itegeko Imana yatanze mu Balewi 19:3 risaba ‘kwubahiriza amasabato yayo,’ rirakwiye gutuma buri musi twicungurira umwanya kugira ngo turushirize kwitwararika ivy’impwemu. Woba ubona ko hari ivyo ukwiye kuryohora muri uwo muce? Niwama ufata umwanya wo kwitaho ivy’impwemu, uzogiranira ubugenzi somambike na Yehova, na bwo akaba ari ntahara kugira ngo ube mweranda.

NUKOMEZE UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA

14. Ni ikintu gihambaye ikihe gishimikwako mu Balewi ikigabane ca 19?

14 Mu Balewi ikigabane ca 19, haravuga incuro n’izindi ikintu gihambaye gishobora kudufasha kuguma turi beranda. Umurongo wa 4 usozera uvuga uti: “Ndi Yehova Imana yanyu.” Ayo majambo canke ayandi asa n’ayo, aboneka incuro 16 muri ico kigabane. Ivyo bica bitwibutsa rya bwirizwa rya mbere, irigira riti: “Ndi Yehova Imana yawe . . . Ntukagire izindi mana izo ari zo zose unzana mu maso.” (Kuv. 20:2, 3) Umukirisu wese yipfuza kuba mweranda, ategerezwa kuba maso ngo ntihagire ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe arutisha ubucuti afitaniye n’Imana. Vyongeye, kubera ko twitwa Ivyabona vya Yehova, turakwiye kwirinda gukora ikintu ico ari co cose cosiga iceyi izina ry’Imana ryeranda, canke corihumanya.​—Lew. 19:12; Yes. 57:15.

15. Imirongo yo mu Balewi ikigabane ca 19 ivuga ibijanye no gutanga ibimazi, ikwiye gutuma dukora iki?

15 Abisirayeli berekana ko Yehova ari Imana yabo mu kwubahiriza amategeko yiwe atandukanye. Mu Balewi 18:4 hagira hati: “Ingingo zanje z’ubutungane mukwiye kuzishitsa, n’ivyagezwe vyanje mukwiye kubigumya kugira mugendere muri vyo. Ndi Yehova Imana yanyu.” Ikigabane ca 19 kirimwo “ivyagezwe” bimwebimwe yahaye Abisirayeli. Nk’akarorero, ku murongo wa 5-8, 21, 22 havuga ibijanye no gutanga ibimazi vy’ibitungwa. Ivyo bimazi bari kubitanga mu buryo “[budahumanya] ikintu ceranda ca Yehova.” Gusoma iyo mirongo, birakwiye gutuma twipfuza guhimbara Yehova no kumushikanira ibimazi vy’amashemezo bimuhimbara, nk’uko mu Baheburayo 13:15 habidusaba.

16. Ni ingingo ngenderwako iyihe itwibutsa itandukaniro riri hagati y’abasenga Yehova n’abatamusenga?

16 Kugira ngo tube beranda, bisaba ko twemera kuba abantu batandukanye n’abandi. Ariko rero si icoroshe. Rimwe na rimwe, abo twigana, abo dukorana, incuti zacu tudasangiye ukwizera be n’abandi, boshobora kuturemera ngo tugire uruhara mu bikorwa biteye kubiri n’ukwemera kwacu. Muri ico gihe, tuba duhanganye no gufata ingingo ihambaye. None ni igiki codufasha gufata ingingo ibereye? Raba ingingo ngenderwako ishimishije dusanga mu Balewi 19:19, iyigira iti: “Ntukishireko impuzu z’ubwoko bubiri bw’inyuzi, buvanganije.” Iryo tegeko ryatuma umuntu ashobora gutandukanya Abisirayeli n’abantu bo mu mahanga yari abakikuje. Muri iki gihe, ntitureka kwambara impuzu zikozwe mu bintu bivanze, nk’izikozwe mw’ipampa be n’ubwoya bw’intama. Ariko rero, turanka kumera nk’abantu usanga ivyo bemera be n’imigenzo yabo biteye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha, naho boba ari abo twigana, abo dukorana canke incuti zacu. Ego ni ko turakunda incuti zacu, eka mbere na bagenzi bacu. Ariko rero mu mice ihambaye yo mu buzima, turagamburukira Yehova naho ivyo bituma tuboneka ko dutandukanye n’abandi. Ico kintu kirahambaye cane, kubera yuko nimba twipfuza kuba beranda dutegerezwa kwemera gushirwa ku ruhande tukegukira Imana.​—2 Kor. 6:14-16; 1 Pet. 4:3, 4.

Ni igiki Abisirayeli bategerezwa kuba barigiye ku bivugwa mu Balewi 19:23-25, kandi ni icigwa ikihe nawe wohakura? (Raba ingingo ya 17-18) *

17-18. Ni icigwa gihambaye ikihe dukura mu Balewi 19:23-25?

17 Imvugo ngo “Ndi Yehova Imana yanyu” itegerezwa kuba yaribukije Abisirayeli gushira imbere ubucuti bari bafitaniye na Yehova. Uti gute? Mu Balewi 19:23-25 harabitwereka. (Soma.) Zirikana ico ayo majambo yosobanuye ku Bisirayeli bamaze kwinjira mu Gihugu c’isezerano. Uwoteye igiti kiribwa, yomaze imyaka itatu atariye ku vyamwa vyaco. Mu mwaka ugira kane, ivyamwa vyaco vyoshizwe ku ruhande, bikajanwa aho bosengeye Imana. Mu mwaka ugira gatanu, ni ho gusa nyeneco yoriye kuri ivyo vyamwa. Iryo tegeko, ritegerezwa kuba ryarafashije Abisirayeli gutahura ko ibiberekeye atari vyo boshize imbere. Bategerezwa kwizigira ko bashize imbere ibijanye no gusenga Yehova, yobaronkeje ibintu vyose bokeneye. Yokwitwararitse kubaronsa ibifungurwa bihagije. Vyongeye, Imana yarabaremesheje gutanga ingabirano babikuye ku mutima, bakazijana mu kibanza yosengewemwo.

18 Iryo tegeko ryo mu Balewi 19:23-25 riratwibutsa ivyo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi. Yavuze ati: “Mureke kuganyira ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke ivyo muzonywa.” Yongeyeko ati: “So wo mw’ijuru azi ko ivyo vyose mubikenera.” Imana izoturonsa ibidutunga kurya nyene ibironsa n’inyoni. (Mat. 6:25, 26, 32) Turizigira ko Yehova azotwitwararika. Vyongeye, ‘turafasha abari mu nkenero’ tutarinze kwiyerekana. N’ikindi kandi, turihutira gutanga intererano ku bw’ibikenewe mw’ishengero. Yehova arabona umutima nk’uwo wo gutanga, kandi azobitwishura. (Mat. 6:2-4) Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dutahura ivyigwa biri mu Balewi 19:23-25.

19. Wungukiye gute ku vyo twarimbuye muri iki gice co mu Balewi?

19 Mu mirongo mikeya gusa twarimbuye yo mu Balewi ikigabane ca 19, twabonye uburyo butandukanye dushobora kuba beranda nk’Imana yacu. Iyo tuyiganye, tuba turiko turagerageza ‘kuba beranda mu ngeso zacu zose.’ (1 Pet. 1:15) Abantu benshi badasenga Yehova bariboneye izo ngeso nziza zacu. Nkako, zaratumye bamwe baninahaza Yehova. (1 Pet. 2:12) Ariko rero, hariho n’ibindi twokwigira mu Balewi ikigabane ca 19. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura iyindi mirongo yo muri ico kigabane izodufasha kubona iyindi mice y’ubuzima dukwiye ‘kubamwo beranda,’ nk’uko Petero yabiduhimirije.

URURIRIMBO RWA 80 “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe”

^ ing. 5 Turakunda cane Yehova, kandi twipfuza kumuhimbara. Yehova ni mweranda, kandi yiteze ko n’abasavyi biwe baba beranda. None ivyo vyoba bishoboka koko ku bantu badatunganye? Neza cane. Gusuzuma twitonze impanuro Petero yahaye abakirisu bagenziwe be n’amabwirizwa Yehova yahaye Isirayeli ya kera, biraza kudufasha kumenya ingene twoba beranda mu ngeso zacu zose.

^ ing. 13 Wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’Isabato be n’ivyigwa tuyigirako, raba ikiganiro kivuga ngo: “Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Kigarama 2019.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umugabo yagiye kuraba abavyeyi biwe, mu nyuma arajana umugore wiwe n’abana biwe kubaramutsa, ikindi gihe akaza arabaganiriza biciye ku buhinga bwa none.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umurimyi w’Umwisirayeli ariko arasuzuma ivyamwa vyo ku biti yateye.