Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 49

Igitabu c’Abalewi kiratwigisha ingene dukwiye gufata abandi

Igitabu c’Abalewi kiratwigisha ingene dukwiye gufata abandi

“Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”​—LEW. 19:18.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

INCAMAKE *

1-2. Ni ibiki twize mu kiganiro giheruka, kandi turimbura ibiki muri iki kiganiro?

MU KIGANIRO giheruka, twararimbuye impanuro zimwezimwe dusanga mu Balewi ikigabane ca 19. Nk’akarorero, ku murongo wa 3 twarabonye ko Yehova yahimirije Abisirayeli kwubaha abavyeyi babo. Twarabonye ingene natwe muri iki gihe twoshira mu ngiro iyo mpanuro, mu kuronsa abavyeyi bacu ivyo bakenera ku mubiri, mu vy’impwemu, tukongera tukabaremesha. Muri uwo murongo nyene, abasavyi b’Imana baribukijwe ko vyari bihambaye kwubahiriza Isabato. Twarahakuye icigwa c’uko naho muri iki gihe tudasabwa kwubahiriza Isabato, dushobora gushira mu ngiro ibivugwa muri iryo Tegeko, mu kwama twicungurira umwanya wo gukora ibikorwa bijanye no gusenga Yehova. Tubigenjeje gutyo, tuzoba twerekanye ko turiko turihatira kuba beranda, nk’uko mu Balewi 19:2 no muri 1 Petero 1:15 habidusaba.

2 Muri iki kiganiro, tugiye kubandanya turimbura ibindi bivugwa mu Balewi ikigabane ca 19. None iki kigabane kitwigisha iki ku bijanye no gusonera abafise ubumuga, kuba inzirabugunge mu rudandazwa, no kugaragariza urukundo bagenzi bacu? Nimuze turabe ivyo twohigira, kuko twipfuza kuba beranda nk’uko Imana yacu ari nyeranda.

NITUGARAGARIZE UBUNTU ABAFISE UBUMUGA

Mu Balewi 19:14 haturemesha gufata gute umuntu w’igipfamatwi canke impumyi? (Raba ingingo ya 3-5) *

3-4. Twisunze Abalewi 19:14, abantu b’ibipfamatwi n’impumyi bari bakwiye gufatwa gute?

3 Soma Abalewi 19:14. Yehova yari yiteze ko Abisirayeli bagaragariza ubuntu abafise ubumuga. Nk’akarorero, ntibategerezwa kuvuma igipfamatwi. Muri ukwo kumuvuma, hari harimwo kumugirako iterabwoba canke kumuvugako ikintu kibi. Gukorera ikintu nk’ico umuntu atumva vyari akamaramaza. Kubera ko atashobora kwumva ivyo baba bamuvuzeko, ntiyashobora kwishura.

4 Ku murongo wa 14, haravuga kandi ko abasavyi b’Imana batari bakwiye “[gushira] imbere y’impumyi ikintu co kuyitega.” Ku bijanye n’abantu bari bafise ubumuga, igitabu kimwe kivuga giti: “Mu karere ka kera k’ibihugu vy’Abarabu, [abo bantu] akenshi barabafata nabi bakongera bakabarenganya.” Umuntu ata co yibanga, kumbure yarashobora gushira imbere y’impumyi ikintu co kuyitega kugira ngo imererwe nabi, canke na ho kugira ngo abe aritwengera. Umve nawe ubwo bukozi bw’ikibi! Biciye kuri iryo tegeko, Yehova yarafashije abasavyi biwe kubona ko bari bakwiye kugaragariza impuhwe abari bafise ubumuga.

5. Twogaragariza gute impuhwe abafise ubumuga?

5 Yezu yaragaragarije impuhwe abari bafise ubumuga. Niwibuke ubutumwa yarungikiye Yohani Umubatizi. Bwagira buti: “Impumyi zirahumuka, abacumbagira baragenda, abanyamibembe barahumanurwa, ibipfamatwi birumva, [kandi] abapfuye barazurwa.” Ababonye ibitangaro vya Yezu ‘bose baciye bashemeza Imana.’ (Luka 7:20-22; 18:43) Abakirisu baripfuza kwigana Yezu, mu kugaragariza impuhwe abafise ubumuga. Ni co gituma twobagaragariza ubuntu, tukabafata neza, tukongera tukabihanganira. Ego ni ko Yehova ntiyaduhaye ububasha bwo gukora ibitangaro. Ariko rero, twaratewe agateka ko kubwira inkuru nziza yerekeye iparadizo impumyi nya mpumyi canke impumyi zo mu buryo bw’impwemu, aho ata muntu n’umwe azosubira kugira ubumuga bwo ku mubiri canke mu buryo bw’impwemu. (Luka 4:18) Iyo nkuru nziza iriko iratuma abantu benshi bashemeza Imana.

NITUBE INZIRABUGUNGE MU RUDANDAZWA

6. Ni mu buryo ki ibivugwa mu Balewi ikigabane ca 19, bituma turushiriza gutahura ibivugwa muri ya Mabwirizwa Cumi?

6 Imirongo imwimwe yo mu Balewi ikigabane ca 19, iradufasha kurushiriza gutahura ibivugwa muri ya Mabwirizwa Cumi. Nk’akarorero, ibwirizwa ry’umunani ryavuga gusa riti: “Ntukibe.” (Kuv. 20:15) Hari uwari kwiyumvira ko yirinze gutwara ikintu c’umuntu, yobaye agamburutse iryo bwirizwa. Ariko rero yoshoboye kwiba mu bundi buryo.

7. Umudandaza yoshobora gute kurenga kuri rya bwirizwa ry’umunani ribuza kwiba?

7 Umudandaza yoshobora kwibaza ko yera, kubera ko ata kintu c’umuntu yigeze atwara. Ariko none yoba yagumye ari uwera mu rudandazwa rwiwe? Mu Balewi 19:35, 36, Yehova yavuze ati: “Ntimuze murenganye . . . mu kugera ibintu, mu gupima uburemere canke mu kugera ibiseseka. Mukwiye kugira iminzane itabesha, amabuye y’umunzane atabesha, efa itabesha na hini itabesha.” Umudandaza rero yokoresheje umunzane be n’ibipimo bidakwiye kugira ngo ahende abakiriya, ni nk’aho yobaye abivye. Reka dusuzume iyindi mirongo yo mu kigabane ca 19 ibitomora neza.

Twisunze Abalewi 19:11-13, umukirisu yokwisuzuma gute ko ari inzirabugunge mu bijanye n’akazi? (Raba ingingo ya 8-10) *

8. Amakuru y’ido n’ido dusanga mu Balewi 19:11-13 yafashije gute Abayuda gushira mu ngiro ivyavugwa mw’ibwirizwa ry’umunani, kandi natwe yodufasha gute?

8 Soma Abalewi 19:11-13. Amajambo atangura mu Balewi 19:11, agira ati: “Ntimukibe.” Umurongo wa 13, uca werekana isano riri hagati yo kwiba no kugunga mu bijanye n’urudandaza, hati: “Ntukagunge mugenzawe.” Kugira amanyanga mu rudandaza rero, nta ho bitaniye no kwiba be no kunyaga. Mu gihe ibwirizwa ry’umunani ryabuza kwiba, amakuru y’ido n’ido dusanga mu gitabu c’Abalewi, yofashije Abayuda gutahura ingene boshize mu ngiro iryo bwirizwa. Kuzirikana ingene Yehova abona ubugunge be n’ubusuma, birashobora kutugirira akamaro. Umwe wese rero yokwibaza ati: ‘Nisunze ibivugwa mu Balewi 19:11-13, hoba hari aho nkwiye kwikebuka? Hoba hari ivyo noryohora mu bijanye n’urudandaza rwanje, canke mu kazi nkora?’

9. Itegeko dusanga mu Balewi 19:13, ryakingira abakozi gute?

9 Mu bijanye n’akazi, hariho ubundi buryo bwo kugunga umukirisu akwiye kubako maso. Mu Balewi 19:13 hasozera hati: “Impembo y’umucangero ntuze uyirarane gushika mu gitondo.” Muri Isirayeli, umukozi wo mu mirima yategerezwa guhembwa buri musi agodotse. Kutamuha impembo yiwe vyotumye ataronka amahera yo kugaburira umuryango wiwe kuri uwo musi. Yehova yasiguye ko ari kubera yuko ‘yaba ari mu ngorane, kandi ko impembo yiwe ari yo yazigako uburaro n’uburamuko.’​—Gus. 24:14, 15; Mat. 20:8.

10. Ni icigwa ikihe twokura mu Balewi 19:13?

10 Abakozi benshi, usanga bahembwa rimwe canke kabiri ku kwezi, aho guhembwa buri musi. Ariko rero ingingo ngenderwako dusanga mu Balewi 19:13, iracakora no muri kino gihe. Abakoresha bamwebamwe bararya imitsi abakozi babo, mu kubahemba intica ntikize. Baba bazi ko bazobandanya gukorera ako gashahara naho ari gato, kubera ko ata kundi baba bari bubigire. Abo bakoresha, ni nk’aho baba ‘bagumije impembo y’uwo mucangero.’ Umukirisu afise abo akoresha, arakwiye kugumiza ku mutima ico kintu. Reka ubu na ho turabe ibindi dushobora kwigira mu Balewi ikigabane ca 19.

NUKUNDE MUGENZAWE NK’UKO WIKUNDA

11-12. Igihe Yezu yasubiramwo amajambo yo mu Balewi 19:17, 18, yashimitse ku ki?

11 Ku bijanye n’ingene dufata abandi, Imana yipfuza ko dukora n’ibindi uretse kutabagirira nabi. Ivyo turabibonera mu Balewi 19:17, 18. (Soma.) Urabona ko hatanga itegeko ritomoye rigira riti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” Ico kintu ni ntahara ku mukirisu nimba yipfuza guhimbara Imana.

12 Raba ingene Yezu yashimitse ku kuntu iryo tegeko riri mu Balewi 19:18 rihambaye. Igihe kimwe, hari Umufarizayo yabajije Yezu ati: “Ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?” Yezu yamwishuye ko “ibwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere” ari ugukunda Yehova n’umutima wacu wose, n’ubuzima bwacu bwose, be n’umuzirikanyi wacu wose. Yezu ahejeje kuvuga ivyo, yaciye asubiramwo ibivugwa mu Balewi 19:18, ati: “Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” (Mat. 22:35-40) Hariho uburyo bwinshi bwo kwerekana ko dukunda bagenzi bacu. Nimuze n’ubu turabe bumwebumwe muri bwo mu Balewi ikigabane ca 19.

13. Inkuru yerekeye Yozefu, ihuje gute n’impanuro yahavuye yandikwa mu Balewi 19:18?

13 Uburyo bumwe bwo kwerekana ko dukunda bagenzi bacu ni ugushira mu ngiro impanuro dusanga mu Balewi 19:18. Igira iti: “Ntukihore canke ngo [ugire] inzika.” Abenshi muri twebwe, dushobora kuba tuzi umuntu vyashitse akagirira inzika uwo bakorana, uwo bigana, incuti canke uwo mu muryango, eka mbere akayimarana n’imyaka. Niwibuke ko benewabo na Yozefu bamubikiye inzika, bigatuma bamukorera ikibi kibishe. (Ita. 37:2-8, 25-28) Ariko Yozefu wewe ntiyabasubirije mu nkoko. Igihe yaba umutegetsi, yarabagaragarije imbabazi naho yari gushobora kubihora. Yozefu ntiyababikiye inzika. Ahubwo riho, yakoze ibihuye n’impanuro yahavuye yandikwa mu Balewi 19:18.​—Ita. 50:19-21.

14. Ni ibiki vyerekana ko ingingo ngenderwako dusanga mu Balewi 19:18 zikiri ngirakamaro no muri kino gihe?

14 Abakirisu bipfuza guhimbara Imana, barakwiye kwigana Yozefu, uwababariye benewabo, aho kubabikira inzika canke akabihora. Ivyo birahuye kandi n’ivyo Yezu yavuze muri rya sengesho ry’akarorero, kuko yaduhimirije kubabarira abatugirira nabi. (Mat. 6:9, 12) Intumwa Paulo na we nyene yahanuye abakirisu bagenziwe ati: “Ntimwihore, bakundwa.” (Rom. 12:19) Yabaremesheje kandi ati: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.” (Kol. 3:13) Ingingo ngenderwako za Yehova ntizihinduka. Ingingo ngenderwako ziri muri rya tegeko riri mu Balewi 19:18, ziracari ngirakamaro no muri kino gihe.

Kurya nyene atari vyiza kuguma ukorakora ku gikomere, ni ko nyene atari vyiza kuguma wiyumvira amakosa abandi bagukorera. Ukwiye kugerageza kuyirengagiza (Raba ingingo ya 15) *

15. Ni akarorero akahe katwereka ko dukwiye kwirengagiza amakosa abandi badukorera?

15 Raba akarorero. Umubabaro tugira iyo abandi batubabaje twoshobora kuwugereranya n’ibikomere. Ibikomere bimwebimwe usanga ari ibisanzwe, ibindi na vyo ugasanga ari binini. Nk’akarorero, igihe turiko turategura ibifungurwa, twoshobora kwitema gatoyi ku rutoke. Ivyo birashobora kutubabaza, ariko ntihateba gukira. Inyuma y’umusi umwe canke ibiri, hari n’igihe tutaba tucibuka aho twitemye. Muri ubwo buryo nyene, amakosa amwamwe abandi badukorera usanga ari ayasanzwe. Nk’akarorero, umugenzi arashobora gusanga yavuze canke yakoze ikintu kitubabaza, ariko mu nyuma tukamubabarira bitagoranye. Ariko igihe igikomere ari kinini cane, umuganga yoshobora kugishona, akongera akagitubika n’ipansuma. Hamwe twoguma tugikorako, nta kindi vyomara atari ukuguma twibabaza. Ikibabaje, umuntu yoshobora gukora ibintu nk’ivyo nyene iyo hagize uwumubabaza cane. Yoshobora kuguma yiyumvira ikibi uwo muntu yamukoreye be n’ingene camubabaje. Ariko ababika inzika ni bo nyene bigirira nabi. Ese rero ukuntu ari vyiza ko dukurikiza impanuro dusanga mu Balewi 19:18!

16. Twisunze Abalewi 19:33, 34, Yehova yipfuza ko Abisirayeli bafata gute ba kavamahanga, kandi ivyo bitwigisha iki?

16 Igihe Yehova yategeka Abisirayeli gukunda bagenzi babo, ntiyashaka kuvuga ko bari bakwiye gukunda abo mu bwoko bwabo gusa. Yaranababwiye ko bari bakwiye gukunda ba kavamahanga bari hagati muri bo. Ivyo nyene ni vyo dusanga mu Balewi 19:33, 34. (Soma.) Abisirayeli bategerezwa gufata kavamahanga “nk’imvukira,” kandi bategerezwa “kumukunda” nk’uko bikunda. Nk’akarorero, Abisirayeli bategerezwa kureka ba kavamahanga be n’abakene bagatorora mu mirima yabo. (Lew. 19:9, 10) Iyo ngingo ngenderwako ijanye no gukunda ba kavamahanga, irerekeye n’abakirisu muri iki gihe. (Luka 10:30-37) Uti gute? Muri iki gihe, hari abimukira amamiliyoni, kandi birashoboka ko bamwebamwe baba hafi yacu. Birahambaye rero ko dufatana iteka abo bagabo, abagore be n’abana, kandi tukabagaragariza icubahiro.

IGIKORWA KITAVUGWA MU BALEWI IKIGABANE CA 19

17-18. (a) Mu Balewi 19:2 no muri 1 Petero 1:15 haturemesha gukora iki? (b) Ni igikorwa gihambaye ikihe intumwa Petero aturemesha gukora?

17 Mu Balewi 19:2 no muri 1 Petero 1:15 harahimiriza abasavyi b’Imana kuba beranda. Hariho iyindi mirongo itari mike yo mu Balewi ikigabane ca 19, yodufasha kubona ivyo twokora kugira ngo Yehova adushime. Twarimbuye imirongo itwereka ibintu bikeya gusa twokora be n’ivyo twokwirinda. * Ivyanditswe vy’ikigiriki na vyo nyene biradusaba gushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako mu buzima bwacu. Ariko rero hariho ikindi kintu intumwa Petero yaciye yongerako.

18 Naho hari ibikorwa bitandukanye bijanye no gusenga Imana dushobora gukora, be n’ibikorwa vyiza vyinshi dushobora gukorera bagenzi bacu, hariho igikorwa gihambaye Petero ashimikako. Imbere yuko Petero aturemesha kuba beranda mu ngeso zacu zose, yavuze ati: “Mutubike imizirikanyi yanyu ku bw’igikorwa.” (1 Pet. 1:13, 15) None ico gikorwa ni ikihe? Petero yavuze ko abavukanyi ba Kristu barobanuwe “‘[bomenyesheje] hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara.” (1 Pet. 2:9) Mu bisanzwe, abakirisu bose muri iki gihe, baratewe iteka ryo gukora ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose, kikaba ari co kigirira akamaro abantu kuruta ibindi vyose. Ese ukuntu twatewe agateka kadasanzwe ko kuba abantu beranda, bama bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha babigiranye umwete! (Mrk. 13:10) Iyo dukoze ibishoboka vyose kugira ngo dushire mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu Balewi ikigabane ca 19, tuba twerekanye ko dukunda Imana yacu be na bagenzi bacu. Vyongeye, tuba twerekanye ko twipfuza “kuba beranda” mu ngeso zacu zose.

URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa

^ ing. 5 Naho twebwe abakirisu tutagengwa na rya Tegeko rya Musa, iryo Tegeko riravuga ibintu vyinshi dukwiye gukora be n’ivyo tudakwiye gukora. Kubimenya birashobora kudufasha kugaragariza abandi urukundo, gutyo tugahimbara Imana. Muri iki kiganiro, turabona ingene ivyigwa dusanga mu Balewi ikigabane ca 19 bishobora kudufasha.

^ ing. 17 Imirongo tutagize ico tuvugako muri iki kiganiro, ivuga ibijanye no kutagira nkunzi, kwambika ibara abandi, kurya amaraso, gukora ivy’ubupfumu, kuraguza, be n’ubusambanyi.​—Lew. 19:15, 16, 26-29, 31.​—Raba “Ibibazo vy’abasomyi” biri muri uwu Munara.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Icabona umwe ariko arafasha umuvukanyi w’umuragi kuvugana n’umuganga.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi umwe akora ivyo gusiga amarangi, arahemvye umukozi wiwe.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu yoshobora kwibagira bitagoranye agakomere gasanzwe. Yoba azohitamwo kubigenza ukwo nyene niyakomereka cane?