Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukorana neza n’abandi?

Woba ukorana neza n’abandi?

“NABAYE iruhande yiwe ndi umukozi w’umuhanga, . . . mpimbarwa igihe cose imbere yiwe.” (Imig. 8:30) Ukwo ni ko Bibiliya idondora Umwana w’Imana mu myaka myinshi cane yakoranye na Se imbere y’uko aza kw’isi. Uwo murongo uratubwira kandi ingene Yezu yumvise amerewe igihe yariko arakorana n’Imana. ‘Yarahimbarwa’ ari imbere yayo.

Yezu yarigiye kuri Se kamere zatumye aba intangakarorero ku bantu bakoranye na we ng’aha kw’isi. None twokwungukira gute ku karorero ka Yezu? Gusuzuma ako karorero twitonze biratuma tubona impanuro zitatu zodufasha kuba abantu bakorana neza n’abandi. Izo mpanuro zizotuma turushiriza gukorana mu bumwe n’abandi.

Nugume wibuka akarorero ka Yehova na Yezu, wame witeguriye gusangira n’abandi utuntu n’utundi uzi

IMPANURO YA 1: ‘NUTERE ITEKA ABANDI’

Umuntu akorana neza n’abandi arabaha agaciro kandi akirinda kubiratako. Yezu yarigiye kuri Se wiwe ico kintu kiranga ukwicisha bugufi. Naho Yehova ari we wenyene abereye kwitwa Umuremyi, yarerekanye uruhara Umwana wiwe yaranguye mu bikorwa bakoranye. Ivyo turabibonera mu majambo Imana yavuze, agira ati: “Tureme umuntu mw’ishusho yacu.” (Ita. 1:26) Yezu ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima n’ayo majambo Yehova yavuze aranga ukwicisha bugufi.​— Zab. 18:35.

Igihe Yezu yari kw’isi, na we nyene yaricishije bugufi. Igihe abantu baba bamushemagije ku vyo yaba yakoze, yaca yerekeza ubuninahazwa kuri Se wiwe. (Mrk. 10:17, 18; Yoh. 7:15, 16) Yezu yaragerageje gukorana mu mahoro n’abigishwa biwe, kandi yabafata nk’abagenzi aho kubafata nk’abashumba. (Yoh. 15:15) Yarabogeje n’ibirenge kugira abigishe kwicisha bugufi. (Yoh. 13:5, 12-14) Na twebwe turakwiye gutera iteka abandi aho gushira imbere ineza yacu. Igihe duteye iteka abandi kandi ntiturazwe ishinga n’uwokwitirirwa ivyaranguwe, turashobora gukora ibintu vyinshi.​—Rom. 12:10.

Umuntu yicisha bugufi aremera kandi yuko ‘mu bajanama indiri hagira igishitsweko.’ (Imig. 15:22) Naho twoba tuzi ibintu bingana gute canke dufise ububangukirwe bumeze gute, dukwiye kwibuka ko ata muntu azi vyose. Na Yezu yaremeye ko hari ibintu atari azi. (Mat. 24:36) Yaripfuje kumenya ivyo abigishwa biwe b’abanyagasembwa bari bazi canke biyumvira. (Mat. 16:13-16) Ntibitangaje rero kubona abo bakorana barumva bisanze igihe baba bari kumwe na we. Na twebwe, iyo twicishije bugufi tukibuka ko hari ivyo tudashoboye kandi tukareka abandi bagashikiriza ivyiyumviro vyabo, turakorana na bo mu mahoro maze turi kumwe ‘hakagira igishitsweko.’

Birahambaye canecane ko abakurambere bigana ukwicisha bugufi kwa Yezu igihe baba bariko barakorana. Barakwiye kwibuka ko impwemu nyeranda ishobora gukorera ku mukurambere uwo ari we wese mu bagize inama y’abakurambere. Igihe bari mu nama, iyo bagerageje gutuma umwe wese ashikiriza ivyiyumviro yorohewe, biratuma bafata ingingo zigirira akamaro ishengero ryose.

IMPANURO YA 2: ‘NUBE UMUNTU AKORA IBITEGEREKA’

Umuntu akorana neza n’abandi usanga akora ibitegereka. Mu vyo akorana na bo usanga atadadaza kandi akagira ivyo ahevye. Nta gukeka ko Yezu yaronse uturyo twinshi two kwihweza ingene Se wiwe yakora ibitegereka. Nk’akarorero, Yehova yaramurungitse kugira ngo acungure abantu abakureko igihano co gupfa.​—Yoh. 3:16.

Yezu yaremera kugira ivyo ahinduye igihe cose vyaba bikenewe. Naho Yezu yari yatumwe ku Bisirayeli, niwibuke ingene yafashije Umunyafenisiyakazi. (Mat. 15:22-28) Vyongeye, yarakora ibitegereka ku vyo yaba yiteze ku bigishwa biwe. Igihe umugenzi wiwe somambike Petero yamwihakana mu bantu, Yezu yaramubabariye. Mu nyuma, Yezu yaramushinze amabanga ahambaye. (Luka 22:32; Yoh. 21:17; Ivyak. 2:14; 8:14-17; 10:44, 45) Ako karorero ka Yezu karatwereka neza ko dukwiye kureka “ukugira ibitegereka [kwacu] kukamenyekana ku bantu bose” aho kudadaza.​—Flp. 4:5.

Gukora ibitegereka bizodufasha kandi kuba abantu bagerageza guhuza n’abandi, kugira dukorane mu bumwe n’abantu b’uburyo bwose. Yezu yarafata neza abandi ku buryo abansi biwe bagize ishari bakamwagiriza ko yari “umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi” bakiriye neza ubutumwa yababwira. (Mat. 11:19) Vyoba bishoboka ko natwe dukorana neza n’abandi nk’ukwo kwa Yezu? Umuvukanyi yitwa Louis, uwamaze igihe kinini akorana n’abantu batandukanye mu gikorwa co kugendera amashengero be no muri Beteli, avuga ati: “Buri mugwi w’abantu twakoranye nagerageza kuwufata nk’uruhome rwubakishijwe amabuye adatumberanye. Amabuye amwamwe ugiye urayahindurira ikibanza, usanga uruhome ruca rugororoka. Nanje naragerageje kugira ivyo mpinduye kugira ngire ico nterereye mu gutuma urwo ruhome rugororoka.” Umve nawe ako gatima keza!

Uwukorana neza n’abandi ntabahisha amakuru kugira gusa ngo agume yifatiye ibintu mu minwe

Ni ryari none twogaragaza agatima ko gukorana mu bumwe n’abandi mw’ishengero iwacu? Turaronka akaryo ko kubigira igihe turi kumwe n’umugwi wacu wo gusohoka mu ndimiro. Turashobora gukorana n’abamamaji usanga ivyabo bitandukanye n’uko ivyacu vyifashe mu muryango canke dutandukanye mu myaka. Twoba twokora ibitegereka tugahindura uburyo twari dusanzwe dukora kugira ngo tubafashe kurushiriza kuronkera umunezero mu ndimiro?

IMPANURO YA 3: NUBE UMUNTU YITEGURIYE “GUSANGIRA N’ABANDI”

Umuntu akorana neza n’abandi usanga yiteguriye ‘gusangira na bo’ ivyo azi. (1 Tim. 6:18) Igihe Yezu yariko arakorana na Se wiwe, ategerezwa kuba yarabonye ko Yehova ata co yamuhisha. Igihe Yehova “yategura amajuru,” Yezu ‘niho yari’ kandi yaragize ivyo amwigiyeko. (Imig. 8:27) Mu nyuma, Yezu na we yarahimbawe no gusangira n’abigishwa biwe ‘ibintu yari yarumvanye’ Se. (Yoh. 15:15) Ako karorero karatwereka ko natwe dukwiye kuba abiteguriye gusangira n’abandi utuntu n’utundi tuzi. Mu vy’ukuri, umuntu akorana neza n’abandi ntakwiye kubahisha amakuru akenewe canke yobafasha, kugira gusa ngo agume ari we yifatiye ibintu mu minwe. Arahimbarwa no gusangira n’abandi ibintu vyose azi.

Turashobora no kubwira amajambo aremesha abo dukorana. None iyo hagize uwubona ikintu twakoze neza maze akadukeza abikuye ku mutima ntitunezerwa? Yezu yarafata akanya ko gukeza abigishwa biwe ku vyiza baba bakoze. (Gereranya na Matayo 25:19-23; Luka 10:17-20) Yarababwiye ko bokoze ibikorwa biruta ivyo yakoze. (Yoh. 14:12) Mw’ijoro buca apfa, yarakeje intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ni mwebwe mwumiye kuri jewe mu bigeragezo vyanje.” (Luka 22:28) Iyumvire ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarabakoze ku mutima maze agatuma babandanya igikorwa! Na twebwe nitwafata akanya ko gukeza abo dukorana bizotuma barushiriza kunezerwa maze bakore ibintu vyinshi.

URASHOBORA GUKORANA NEZA N’ABANDI

Umuvukanyi yitwa Kayode avuga ati: “Umuntu akorana neza n’abandi si ngombwa ngo abe atagira agahaze. Ariko aratuma abo bakorana bagira umunezero, agatuma igikorwa bakora kitababera umuzigo.” Woba umeze gutyo nawe? Ubona gute ubajije abavukanyi bamwebamwe mukorana kugira ngo umenye ico bakwiyumvirako muri uwo muce? Nimba bavuze ko bahimbarwa no gukorana nawe nk’uko abigishwa ba Yezu bahimbarwa no gukorana na we, urashobora kuvuga amajambo nk’ayo intumwa Paulo yavuze, ati: “Turi abakozi bagenzi banyu ku bw’akanyamuneza kanyu.”​—2 Kor. 1:24.