Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 50

Niwumvirize ijwi rya wa mwungere w’agahebuza

Niwumvirize ijwi rya wa mwungere w’agahebuza

“Zizokwumviriza ijwi ryanje.”​—YOH. 10:16.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKE *

1. Ni imvo iyihe ishobora kuba yaratumye Yezu agereranya abayoboke biwe n’intama?

UBUCUTI Yezu afitaniye n’abayoboke biwe, yabugereranije n’ubucuti budasanzwe buri hagati y’umwungere n’intama ziwe. (Yoh. 10:14) Ico kigereranyo kirabereye. Intama zirazi umwungere wazo, kandi zirumvira ijwi ryiwe. Hari umugabo umwe w’ingenzi yiboneye ico kintu. Yavuze ati: “Twaragerageje guhamagara intama ngo zitwegere maze tuzifotore. Zaranse kuza kuko zitari zizi amajwi yacu. Mu nyuma, haciye haza umuhungu akiri muto yaziragira. Yavuze rimwe gusa zica ziramukurikira.”

2-3. (a) Abayoboke ba Yezu berekana gute ko bumviriza ijwi ryiwe? (b) Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turimbura ibiki?

2 Ivyo iyo ngenzi yiboneye, biratwibutsa ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’intama ziwe, ni ukuvuga abigishwa biwe. Yavuze ati: “Zizokwumviriza ijwi ryanje.” (Yoh. 10:16) None ko Yezu ari mw’ijuru, twokwumviriza gute ijwi ryiwe? Uburyo buhambaye twerekana ko twumviriza uwo Databuja wacu, ni mu kubaho dushira mu ngiro ivyo yigishije.​—Mat. 7:24, 25.

3 Iki kiganiro be n’igikurikira, biraca irya n’ino inyigisho zimwezimwe za Yezu. Nk’uko tuza kubibona, Yezu yaratwigishije ibintu bimwebimwe tudakwiye gukora be n’ivyo dukwiye gukora. Reka tubanze turabe ibintu bibiri wa mwungere w’agahebuza atubuza gukora.

“MUREKE KWAMIZA UMUTIMA MU KIRERE MWIGANYIRA”

4. Twisunze Luka 12:29, ni ibiki bishobora gutuma ‘twamiza umutima mu kirere twiganyira’?

4 Soma Luka 12:29. Yezu yahimirije abayoboke biwe ‘kureka kwamiza umutima mu kirere biganyira’ ku bijanye n’ibintu vy’umubiri. Turazi ko impanuro za Yezu zama ari nziza kandi ko zibereye. Turipfuza kuzishira mu ngiro naho rimwe na rimwe usanga bitatworohera. Uti kubera iki?

5. Ni ibiki bishobora gutuma bamwebamwe biganyira ku bijanye n’ivyo bakenera ku mubiri?

5 Bamwebamwe boshobora kwiganyira ku bijanye n’ivyo bakenera ku mubiri, nk’ibifungurwa, ivyambarwa be n’uburaro. Bashobora kuba baba mu gihugu gikenye. Canke bishobora kuba bibagora kuronka amahera akwiye yo gutunga umuryango wabo. Canke na ho uwari atunze umuryango ashobora kuba yarapfuye, bigatuma abandi basigara mu ngorane z’ivy’ubutunzi. Abandi bashobora kuba baratakaje akazi kubera ikiza ca Korona. (Umus. 9:11) None nimba twarashikiwe na kimwe muri ivyo bintu canke tugashikirwa n’izindi ngorane, twokurikiza gute impanuro ya Yezu idusaba kureka kwiganyira?

Aho kunyika kubera ukwiganyira ku bijanye n’ivy’umubiri, turakwiye kwizigira Yehova (Raba ingingo ya 6-8) *

6. Igana ivyashikiye Petero igihe kimwe.

6 Igihe kimwe, Petero be n’izindi ntumwa bari mu bwato mu Kiyaga c’i Galilaya carimwo igihuhusi, igihe babona Yezu ariko aragendagenda ku mazi. Petero yaciye avuga ati: “Mukama, nimba ari wewe, ntegeka nze aho uri ngendera ku mazi.” Yezu amaze kumubwira ngo ‘nagende,’ Petero yaciye yururuka ubwato, “agendera ku mazi, agana Yezu.” Raba ivyaciye bikurikira. “Aravye ikirura c’umuyaga agira ubwoba, hanyuma atanguye kunyika, akoma induru ati: ‘Mukama, ntabara!’” Yezu yaciye aramvura ukuboko aramufata maze aramutabara. Birashimishije kubona Petero yarashoboye kugendera ku kiyaga cari cuzuye imipfunda, igihe cose yari ahanze amaso Yezu. Ariko igihe Petero yashira amaso kuri ico gihuhusi, yaciye agira ubwoba bwinshi yongera arakekeranya, aca atangura kunyika.​—Mat. 14:24-31.

7. Ni icigwa ikihe dukura ku vyashikiye Petero?

7 Turashobora kugira ivyo twigiye ku vyashikiye Petero. Igihe yururuka ubwato akagendera ku kiyaga, ntiyari azi ko hari icomusamaje bigatuma atangura kunyika. Yipfuza kuguma agendera ku mazi gushika ashikiriye Shebuja. Ariko rero vyaramunaniye kuguma ahanze amaso Yezu. Naho muri iki gihe tudashobora kugendera ku mazi, turahura n’ibigerageza ukwizera kwacu. Hamwe tutoguma duhanze amaso Yehova be n’ivyo yasezeranye, twoca dutangura kunyika mu buryo bw’impwemu. Naho twoshikirwa n’ingorane zikomeye nk’ibihuhusi, dutegerezwa kuguma duhanze amaso Yehova, tukibuka n’uko ashoboye kudufasha. None ivyo twobigira gute?

8. Ni igiki codufasha kudahagarika umutima cane ku bijanye n’ivyo dukenera ku mubiri?

8 Aho kwiganyira ku ngorane zacu, turakwiye kwizigira Yehova. Niwibuke yuko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova adukura amazinda ko azoturonsa ivyo dukenera ku mubiri, nitwashira imbere ivy’impwemu. (Mat. 6:32, 33) Yama ashitsa ico kintu adusezeranira. (Gus. 8:4, 15, 16; Zab. 37:25) Nimba Yehova yitwararika inyoni n’amashurwe, nta cotuma duhagarika umutima ku bijanye n’ivyo tuzorya canke ivyo tuzokwambara. (Mat. 6:26-30; Flp. 4:6, 7) Kurya nyene urukundo rutuma abavyeyi baronsa abana babo ibibatunga, ni ko nyene urukundo Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru akunda abasavyi biwe rutuma abaronsa ivyo bakenera ku mubiri. Ego cane, turakwiye kwizigira tudakeka ko Yehova azotwitwararika.

9. Wokwigira iki ku vyashikiye umugabo n’umugore umwe?

9 Zirikana ikintu cashitse cerekana ingene Yehova yitwararika kuturonsa ivyo dukenera. Hari umugabo n’umugore bari mu murimo w’igihe cose bafashe urugendo rw’isaha irenga n’umuduga wabo ushaje, baja gutora bashiki bacu bamwebamwe bari mw’ikambi y’impunzi kugira ngo babajane kw’ikoraniro. Uwo mugabo yavuze ati: “Ikoraniro riheze, twaratumiye abo bashiki bacu ngo tujane gusangira udufungurwa, mu nyuma twibuka ko tudafise ivyo kubaha.” None vyahavuye bigenda gute? Uwo mugabo abandanya ati: “Dushitse i muhira, twasanze ibisaho bibiri bininibinini vyuzuye ibifungurwa biteretse imbere y’umuryango. Ntitwamenye uwabizanye. Yehova yaraturonkeje ivyo twari dukeneye.” Haciye igihe, imodoka yabo yarapfuye. Ni yo bakoresha mu ndimiro, ariko nta mahera bari bafise yo kuyikoresha. Igihe baja kuyisuzumisha kw’igaraje kugira ngo bamenye amahera vyobasaba, hari umugabo yaciye aza maze abaza ati: “Iyi modoka ni iya nde?” Uwo muvukanyi yaciye avuga ko ari rwiwe, kandi ko yari ikeneye gukorwa. Nya mugabo yaciye avuga ati: “Nta ngorane, umugore wanje akeneye imodoka nk’iyi nyene kandi isa uku nyene. None ndaguhe angahe?” Uwo muvukanyi yaciye awugurisha amahera yashobora kugura uwundi muduga. Yavuze ati: “Sinokubwira ingene ku mugoroba w’uwo musi twumvise turyohewe. Twarabonye ko atari ibintu vyapfuye gushika. Kwari ukuboko kwa Yehova.”

10. Muri Zaburi 37:5, haturemesha gute kutiganyira ku bijanye n’ivyo dukenera ku mubiri?

10 Iyo twumvirije wa mwungere w’agahebuza tukareka kwiganyira bidakenewe ku bijanye n’ivyo dukenera ku mubiri, turashobora kwizigira ko Yehova azoturonsa ivyo dukenera. (Soma Zaburi 37:5; 1 Pet. 5:7) Zirikana za ngorane twavuga mu ngingo ya 5. Gushika ubu, Yehova ashobora kuba yarakoresheje serugo canke umukoresha kanaka kugira ngo badufashe kuronka ivyo dukenera buri musi. Ariko nimba uwo serugo atagishoboye kubituronsa canke tugatakaza akazi, Yehova azotwitwararika mu bundi buryo. Ntidukwiye gukekeranya. Ubu na ho, nimuze turabe ikindi kintu wa mwungere w’agahebuza adusaba kureka gukora.

“NIMUREKE GUCA URUBANZA”

Kudafatira ku biboneka inyuma gusa, birashobora kudufasha kudacira abandi urubanza (Raba ingingo ya 11, 14-16) *

11. Twisunze Matayo 7:1, 2, Yezu yadusavye kureka gukora iki, kandi ni kubera iki ivyo bishobora kutubera urugamba?

11 Soma Matayo 7:1, 2Yezu yari azi ko abariko baramwumviriza bari abantu badatunganye, kandi ko bari bafise impengamiro yo kunegura abandi. Ni co gituma yavuze ati: “Nimureke guca urubanza.” Turashobora kugerageza kudacira urubanza abo dusangiye ukwemera. Ariko rero ntivyama bitworohera, kuko twese turi abanyagasembwa. None ubonye ko bishika ugatora amahinyu abandi woca ukora iki? Niwumvirize Yezu, maze ukore uko ushoboye kwose kugira ngo ureke gucira abandi urubanza.

12-13. Kuzirikana ku kuntu Yehova yabona Umwami Dawidi, vyodufasha gute kureka gucira abandi urubanza?

12 Kuzirikana ku karorero ka Yehova birashobora kudufasha. Yibanda ku kubona iciza mu bandi. Ivyo turabibonera ku kuntu yafashe Umwami Dawidi, uwakoze amakosa akomeye. Nk’akarorero, yararenze ibigo na Batisheba, mbere aricisha n’umugabo wiwe. (2 Sam. 11:2-4, 14, 15, 24) Ivyo ntivyakwegeye ingorane Dawidi gusa, ariko vyaranazikwegeye umuryango wiwe, ushizemwo n’abandi bagore biwe. (2 Sam. 12:10, 11) Ikindi gihe, Dawidi yarananiwe kwiheka kuri Yehova, igihe yategeka ko baharura ingabo za Isirayeli kandi bitari vyemewe. Ashobora kuba yabitumwe no kwishimira ko ingabo ziwe zari nyinshi be n’uko zomukingiye. None vyavuyemwo iki? Abisirayeli nka 70.000 barahitanywe n’ikiza.​—2 Sam. 24:1-4, 10-15.

13 Iyo uza kuba waba muri Isirayeli ico gihe, wari kubona gute Dawidi? Woba wari kumucira urubanza ko atabereye imbabazi za Yehova? Yehova wewe si ko yabibona. Yibanze ku kuntu Dawidi yagiye araba umwizigirwa mu buzima bwiwe, be n’ukuntu yigaya abikuye ku mutima. Ivyo vyatumye Yehova aharira Dawidi ayo makosa akomeye. Yehova yari azi ko Dawidi yamukunda cane be n’uko yipfuza gukora ibibereye. None ntukenguruka kubona Imana yacu ituronderamwo iciza?​—1 Abm. 9:4; 1 Ngo. 29:10, 17.

14. Ni igiki cofasha abakirisu kureka gucira abandi urubanza?

14 Kubona Yehova atahura ko turi abanyagasembwa, birakwiye gutuma natwe dutahurana maze tukarondera iciza mu bandi. Mu bisanzwe, biroroshe kubona amakosa y’abandi no kubatora amahinyu. Ariko umuntu akomeye mu vy’impwemu yoshobora kubona amakosa y’abandi, mugabo bakaguma bakorana neza. Ubutare bwa diyama butarahingurwa, ntibuba busa neza. Mugabo umuntu abona kure, ntabona ukwo kuntu busa gusa, ahubwo ashira umutima ku gaciro buzogira nibwamara guhingurwa. Cokimwe na Yehova na Yezu, aho gushira umutima ku kuntu abantu baboneka inyuma, dukwiye kubona kamere nziza bafise.

15. Kuzirikana uko ivy’abantu vyifashe, vyodufasha gute kutabacira urubanza?

15 None uretse kwibanda kuri kamere nziza abandi bafise, ni ikindi kintu ikihe codufasha kutabacira urubanza? Ni ukugerageza kwiyumvira uko ivyabo vyifashe. Raba aka karorero. Umusi umwe Yezu ari ku rusengero, yarabonye umupfakazi umwe w’umukene yatereye mu gasandugu ko mw’ishikaniro uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane. Ntiyabajije ati: “Kubera iki adatereyemwo menshi?” Aho kwibanda ku gitigiri c’amahera uwo mupfakazi yatanze, Yezu yitayeho icatumye ayatanga be n’ukuntu ivyiwe vyari vyifashe, maze aramushemagiza kubona yari yakoze ivyo ashoboye vyose.​—Luka 21:1-4.

16. Ivyashikiye Veronica bikwigisha iki?

16 Kurimbura ivyashikiye mushiki wacu yitwa Veronica, biradufasha kubona igituma bihambaye kuzirikana uko ivy’abandi vyifashe. Mw’ishengero yarimwo, hari hariho mushiki wacu umwe yari yireranye umwana w’umuhungu. Veronica avuga ati: “Nabona umengo ntibagirira umwete ibikorwa vy’impwemu. Ico kintu catuma ndabiyumvira nabi. Ariko umusi umwe narajanye mu ndimiro n’uwo muvyeyi. Yaransiguriye ingorane afise, kubera umuhungu wiwe yari arwaye mu mutwe. Yarakora uko ashoboye kwose kugira ngo baronke ivyo bakeneye ku mubiri no mu vy’impwemu. Rimwe na rimwe, kubera amagara y’umwana wiwe, vyaraba ngombwa ko yitaba ikoraniro mu rindi shengero.” Veronica yongeyeko ati: “Sinari nzi ko yariko araca mu ngorane ziraho. Ubu ndakunda uwo mudada nkongera nkamwubaha cane ku bw’ibintu vyose akorera Yehova.”

17. Muri Yakobo 2:8, hadusaba gukora iki, kandi twobishira mu ngiro gute?

17 Twokora iki hamwe twobona ko hari uwo dusangiye ukwemera twaciriye urubanza? Dutegerezwa kwibuka ko dukwiye gukunda abavukanyi bacu. (Soma Yakobo 2:8.) Vyongeye, turakwiye gusenga Yehova tubigiranye ubwira, tukamusaba ngo adufashe kureka gucira abandi urubanza. Turashobora gukora duhuza n’amasengesho tuba twatuye, mu kwibwiriza kuja kuyaga n’uwo muntu twaciriye urubanza. Ivyo vyoshobora gutuma tumenya ibimwerekeye. Twoshobora kumusaba ngo dukorane mu ndimiro, canke tukamutumira kugira ngo dusangire udufungurwa. Tumenye neza umuvukanyi wacu, turashobora kugerageza kwigana akarorero ka Yehova na Yezu, mu kurondera iciza muri we. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko turiko turumviriza rya tegeko rya wa mwungere w’agahebuza ridusaba kureka gucira abandi urubanza.

18. Twokwerekana gute ko twumviriza ijwi rya wa mwungere w’agahebuza?

18 Nk’uko intama zumviriza ijwi ry’umwungere wazo, ni ko n’abayoboke ba Yezu bumviriza ijwi ryiwe. Nitwihatira kureka kwiganyira ku bijanye n’ivyo dukenera ku mubiri no kureka gucira abandi urubanza, Yehova na Yezu bazohezagira utwo twigoro twacu. Twaba turi abo mu “busho buto” canke abo mu “zindi ntama,” nimuze tubandanye kwumviriza no kugamburuka ijwi rya wa mwungere w’agahebuza. (Luka 12:32; Yoh. 10:11, 14, 16) Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ibintu bibiri Yezu yabwiye abigishwa biwe ko bakwiye gukora.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

^ ing. 5 Igihe Yezu yavuga ko intama ziwe zokwumvirije ijwi ryiwe, yashaka kuvuga ko abigishwa biwe bokwumvirije inyigisho ziwe, bakongera bakazishira mu ngiro mu buzima bwabo. Muri iki kiganiro, tuza kurimbura ibintu bibiri bihambaye Yezu yigishije, ni ukuvuga kureka kwiganyira ku bijanye n’ibintu vy’umubiri, be no kureka gucira abandi urubanza. Turaza no kubona ingene twobishira mu ngiro.

^ ing. 51 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yatakaje akazi, ntakironka amahera akwiye yo gutunga umuryango, kandi arakeneye kuronka aho bokika umusaya. Atabaye maso, yoshobora kwiganyira ku buryo adashira imbere ibijanye no gusenga Yehova.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi ashitse mw’ikoraniro yacerewe. Ariko rero aragaragaza kamere nziza mu kwamamaza akaryo kizanye, mu gufasha uwugeze mu zabukuru, no mu gukora isuku ku Ngoro y’Ubwami.